Back to Languages

Rundi - Chapter 12 - Yusuf

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah Yusuf 12:1

Alif,Laam,Miiym, (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa.) Aya majambo nayari mugitabu c’Imana gitagatifu kigaragaza ibintu vyose

Verse 2 — Surah Yusuf 12:2

Mu vy’ukuri nitwebwe twamanuye iyi Qur’ani ntagatifu mururimi rw’icarabu kugira ngo mushobore gutahura

Verse 3 — Surah Yusuf 12:3

Twebwe tukuganiriza ibiganiro vyiza mukukwereka yuko iyi Qur’ani ntagatifu mu vy’ukuri wewe imbere yibi vyose ntiwari mubantu bafise izi nkuru

Verse 4 — Surah Yusuf 12:4

Mugihe intumwa y’Imana Yussufu (iii) yabwira Se wiwe ati:- Data wanje, mu vy’ukuri jewe nabonye inyenyeri cumi n’imwe hamwe n’Izuba n’Ukwezi nabibonye bimpfukamira

Verse 5 — Surah Yusuf 12:5

Se wiwe avuga ati:- ewe mwana wanje, izi ndoto zawe ntuzibwire bene wanyu ntibaze bakugirire inabi, mu vy’ukuri Shetani ku muntu n’umwansi ari k’umugaragaro

Verse 6 — Surah Yusuf 12:6

Uku niko Umuremyi wawe azogutora n’ukukwigisha ukuri kw’ibintu, kandi izokwiza imigisha yayo kuri wewe hamwe no kuruvyaro rw’intumwa y’Imana Yaaqubu (iii), nkuko yahaye kuva kera kuri ba So wanyu intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Is’haqa (iii) ntankeka Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi n’ubuhizi buhagije

Verse 7 — Surah Yusuf 12:7

Mu vy’ukuri kuntumwa y’Imana Yussufu (iii) hamwe na bene wabo harimwo icirwa cugufata nkankama ku bantu babaza kugira ngo batahure

Verse 8 — Surah Yusuf 12:8

Bene wabo mugihe bavuga bati:- mu vy ‘ukuri Yussufu hamwe na mwene wabo nibo bakundwa cane n’Umuvyeyi wacu gusumba twebwe mugihe twebwe ari umurwi w’abantu b’inguvu mu vy’ukuri umuvyeyi wacu ari mubuzimire buri k’umugaragaro

Verse 9 — Surah Yusuf 12:9

Nimu mugandagure uyo Yussufu (iii) canke mumute mugisagara cakure kugira ngo amaso ya So wanyu abahindukirire mwebwe hanyuma munyuma y’ibi vyose mwebwe muzoca muba mu bantu beranda

Verse 10 — Surah Yusuf 12:10

Umwe muribo avuga ati:- ntimu mugandagure Yussufu (iii) mugabo nimu mujugunye mw’iriba rirerire hanyuma baze bamutore bamwe bazoba bari mungendo zabo, kuko muri mwebwe murafise uruhara rwukugira ikintu icarico cose

Verse 11 — Surah Yusuf 12:11

Nabo baciye bavuga bati:- ewe Data wacu, ni kuki utatwizera kubera Yussufu (iii), mu vy’ukuri twebwe turi mubantu bamwipfuriza amahoro

Verse 12 — Surah Yusuf 12:12

Nimu mutware ejo hamwe natwe hanyuma azofungura n’akanyamuneza ntangere nugukina natwe, kandi ntankeka twebwe tuzomukingira bimwe bihagije

Verse 13 — Surah Yusuf 12:13

Umuvyeyi wabo avuga ati:- mu vy’ukuri jewe biranteye agahinda kuri mwebwe kujana nawe iyo mugiye, kandi nkaba ntinya yuko yoribwa n’imbwebwe namwe aho muri mwasamaye

Verse 14 — Surah Yusuf 12:14

Nabo bishura Umuvyeyi wabo bati:- niyaribwa n’imbwebwe natwe turi umurwi ukomeye cane, ntankeka twebwe tuzoba turi muruhombo runiniya atakamaro dufise

Verse 15 — Surah Yusuf 12:15

Rero mugihe bamutwara bumvikanye yuko bamushira mukinogo c’iriba rirerire, natwe duca tumumenyesha yuko azobabwira iri jambo ryabo nabo batabizi

Verse 16 — Surah Yusuf 12:16

Bagaruka kwa Se wabo mw’ijoro bariko bararira

Verse 17 — Surah Yusuf 12:17

Baca bavuga bati :- ewe Data wacu, mu vy’ukuri twebwe twagiye guhiganwa mubijanye n’ukwinonora imitsi hanyuma dusiga Yussufu (iii) aho ibintu vyacu biri, rero imbwebwe ica iramurya, mugabo wewe muvyeyi wacu ntushobora kutwemera nagatoyi nayo twebwe aho turi tuvugisha ukuri kwama

Verse 18 — Surah Yusuf 12:18

Baca bazana hejuru y’impuzu yiwe amaraso y’ububeshi, Se wabo avuga ati:- nkumbure imitima yanyu isharijwe niri jambo, rero ukwihangana kuri jewe niko kwiza, n’Imana niyo isabwa imfashanyo kuri ibi vyose muvuga

Verse 19 — Surah Yusuf 12:19

Haca hashika abari murugendo kuri rya riba, barungika umuvomyi w’amazi wabo, nawe aca yibiza indobo yiwe muri ryariba ry’amazi adugije yandobo aza abona umwana aca avuga ati:- ehe! n’akanyamuneza keza k’uyu musore w’umuhungu nabo baca baramunyegeza bavuga yuko baronse mubidandazwa baguze, n’Imana ikaba yari ifise ubumenyi bw’ivyo bahora bagira vyose

Verse 20 — Surah Yusuf 12:20

Baca baramugurisha kukiguzi kibayabaye c’amafaranga y’imparurwa kuko batari bamukeneye nukumwitaho cane

Verse 21 — Surah Yusuf 12:21

Nuwamuguze ari mugisagara ca Misiri (Egypte) yaciye abwira umutambukanyi wiwe ati:- nimumutegurire aho azoba uyu mushumvyi nkumbure azotugirira akamaro canke tukazomugena kuba ikibondo cacu, kuri ivyo rero Yussufu twaramutsimbataje muri ico gisagara ca Misiri n’umunezero ntangere kugira ngo tumwigishe ukuri kw’amajambo, n’Imana niyo nyene intsinzi hejuru y’ijambo ryayo mugabo abantu benshi ntanakimwe bazi

Verse 22 — Surah Yusuf 12:22

Nawe Yussufu (iii) mugihe yashika mubigero twaciye tumuha ubutegetsi n’ubumenyi nkuko turiha abagira neza

Verse 23 — Surah Yusuf 12:23

N’umukenyezi yari munzu mwa Yussufu (iii) yabamwo yaramugomwe nawe atavyipfuza kuriwe, aca arugara imiryango n’ukumubwira ati:- nuze ngaha, nawe amwishura ati:- jewe ndikinze ku Mana yanje mu vy’ukuri niyo data wanje yanteguriye ubu bwicaro bwanje ngaha bwiza, mu vy’ukuri abahemukiye imitima yabo ntantsinzi bafise

Verse 24 — Surah Yusuf 12:24

Aca amwishiramwo n’ivyipfuzo vyiwe vyose iyo atabona ibimenyetso vy’Umuremyi wiwe, twabigize gutyo kugira ngo tumukingire n’amabi yose, mu vy’ukuri yari mu bantu bacu basukuwe neza

Verse 25 — Surah Yusuf 12:25

Bose uko ari babiri baciye birukira kumuryango, wamukenyezi aca amutaburirako impuzu yiwe imugongo baca batubirana n’umutambukanyi wiwe imbere y’urwo rugi, uyo mupfasoni aca avuga ati:- nta mpembo y’uwugomba kugira amabi nkayo n’umutambukanyi wawe atari uko yobohwa mw’ibohero canke agahabwa ibihano bibabaza cane

Verse 26 — Surah Yusuf 12:26

Yussufu nawe aca avuga ati:- uyu mupfasoni niwe yangomwe nanje ntamugomwe n’icabona cari muri uwo murwi wuyu mupfasoni nawe aca atanga ivyemezo vyiwe n’ukuvuga ati:- niyaba impuzu yiwe yatabuwe imbere, uyo mupfasoni azoba avugishije ukuri, nawe Yussufu (iii) azoba ariwe mubeshi

Verse 27 — Surah Yusuf 12:27

Nayo impuzu yiwe ikaba yatabuwe inyuma rero uyo mukenyezi niwe azoba ariwe mubeshi nawe Yussufu (iii) azoba avugishije ukuri

Verse 28 — Surah Yusuf 12:28

Umugabo wiwe abonye yuko impuzu yiwe yatabuwe inyuma aca avuga ati:- mu vy’ukuri ibi vyose kuri mwebwe bagore nimungeso zanyu, ntankeka ingeso zanyu mwebwe bagore nininiya cane

Verse 29 — Surah Yusuf 12:29

Yussufu (iii) ibi vyose nubireke, na wewe mupfasoni nusabe ikigongwe kubicumuro vyawe, mu vy’ukuri wewe uri mubantu bagize amakosa

Verse 30 — Surah Yusuf 12:30

Babapfasoni bico gisagara baca baronka inkuru baguma baguma bavuga bati :- Umupfasoni w’umusikiranganji yagomye umukozi wiwe nawe atamugomwe, mu vy’ukuri yari yaramukoze k’umutima wiwe kubera urukundo, ntankeka natwe tumubona yuko ari mubantu bazimiye bari k’umugaragaro

Verse 31 — Surah Yusuf 12:31

Wa mukenyezi w’Umushikiranganji mugihe yumva imvugo yabo bakenyezi yarabahamagaje nukubazimana nuguha umw’umwe muribo imbugita nuguca abwira Yussufu (iii) ngo yibonekeze imbere yabo bakenyezi, rero mugihe bamubona babonye yuko ari ikintu kininiya cane nuguca bitemagura amaboko yabo nukuvuga bati:- eka! uyu s’umuntu, ntiyari kuba uyu atari Umumarayika mutagatifu

Verse 32 — Surah Yusuf 12:32

Wa mupfasoni w’umushikiranganji aca avuga ati:- uyu niwa muntu mwantayeko umwikomo, mu vy’ukuri nanje naramugomwe kubisumba umutima wanje, mugabo yarikinze rero natagira ivyo ndamutegetse mu vy’ukuri azoca atabwa mw’ibohero kandi azoba ari mubantu bakengerwa

Verse 33 — Surah Yusuf 12:33

Yussufu (iii) aca avuga ati:- ewe Muremyi wanje nikundiye cane ibohero gusumba ibi bampamagarirako, rero nutankurira izi ngeso zabo, jewe nzobatumbera kandi nzoba ndi mubantu b’ibijuju

Verse 34 — Surah Yusuf 12:34

Rero Umuremyi wiwe yaritabiriye igisabisho ciwe nukumukurira izo ngeso zabo bakenyezi, ntankeka Imana niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije

Verse 35 — Surah Yusuf 12:35

Munyuma baciye babonekerwa bamaze kubona ibimenyetso yuko yoja mw’ibuye kukiringo kigufiya

Verse 36 — Surah Yusuf 12:36

Baca binjirana nawe mw’ibohero bari kumwe n’imisore ibiri, umwe muribo aca avuga ati:- mu vy’ukuri jewe nisanze ndiko ndakanyura urukanywa, n’uwundi nawe avuga ati:- jewe mu vy’ukuri nisanze nikoreye imikate kumutwe wanje, n’inyoni nazo ziyindirako, none n’udusigurire ivyarivyo, mu vy’ukuri twebwe tukubona yuko uri mubantu b’intungane

Verse 37 — Surah Yusuf 12:37

Nawe Yussuf (iii) yavuze ati:- ntabifungurwa bizobashikira muzohabwa atari uko nzobamenyesha insiguro yavyo imbere yuko bibashikira, kuko ibi vyose nimuvyo Umuremyi wanje yanyigishije, mu vy’ukuri jewe sinkurikira imico y’abantu batemera Imana y’ukuri kandi batemera umusi w’umuhero w’Isi

Verse 38 — Surah Yusuf 12:38

Jewe nkurikiye imico yaba Data banje ariyo ntumwa y’Imana Ibrahimu (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Is’haqa (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Ya’aqubu (iii) kandi ntaburenganzira dufise bw’ukugereranya Imana n’ibindi bintu, iyi nimumihezagiro y’Imana iri hejuru yacu no hejuru y’abandi bantu, mugabo abantu benshi muri twebwe ntibashima

Verse 39 — Surah Yusuf 12:39

Mwambohe bagenzi banje, mbega Imana nyinshi zitandukanye n’izindi nizo nziza canke n’Imana imwe yonyene rudende ifise ububasha buri hejuru y’ibintu vyose

Verse 40 — Surah Yusuf 12:40

Ntimusenga atariyo yonyene n’amazina mwatondesheje mwebwe nyene hamwe n’abavyeyi banyu, Imana ntiyamanuye ivyemezo kuri ivyo, kandi ntategeko atari itegeko ry’Imana gusa yategetse yuko mutosenga uwariwe wese atari Imana yonyene gusa, iyo rero niyo dini igororotse mugabo abantu benshi ntabumenyi bafise

Verse 41 — Surah Yusuf 12:41

Emwe mbohe bagenzi banje uko muri babiri, umwe muri mwebwe azosubizwa mubuzi bwiwe agende kunywesha Se buja wiwe urukanywa, n’uwundi nawe azokwicwa abambwe, hanyuma inyoni nazo zirye umutwe wiwe, urubanza rwamaze gucibwa kuri iryo jambo mwariko murabaza

Verse 42 — Surah Yusuf 12:42

Yusufu yabwiye umwe yamenye yuko azorokoka muri babantu babiri ati:- unyibuke imbere y’umutegetsi wawe, mugabo Shetani yaramwibagije kwibuka Se buja wiwe kuri ivyo yaciye aguma mw’ibohero kumyaka itari mikeyi

Verse 43 — Surah Yusuf 12:43

N’umwami yavuze ati:- mu vy’ukuri jewe nabonye mundoto zanje inka indwi zivyibushe cane ziribwa n’izindi indwi nazo zinamvye, kandi nabonye ibigega indwi bitotahaye neza, n’ibindi bigega indwi vyumye, emwe bakuru nimunsigurire kuri iyi ndoto yanje nimwaba mwebwe mushobora gusigura iyi ndoto

Verse 44 — Surah Yusuf 12:44

Bavuze bati :- izi ndoto zidasobanutse neza natwe ntanakimwe tuzi munsiguro y’izo ndoto

Verse 45 — Surah Yusuf 12:45

Aca avuga umwe yarokotse muri bamwe babiri aca yibuka inyuma y’igihe n’ukuvuga ati:- jewe ndababwira insiguro yavyo ahubwo nimundungike

Verse 46 — Surah Yusuf 12:46

Ewe ntumwa y’Imana Yussufu (iii) wimvugakuri, nutubwire ukuri kwama kw’izi nka indwi zivyibushe cane zizoribwa n’inka indwi zinamvye, hamwe n’ibigega indwi vy’ibiterwa bitotahaye n’ibindi bigega vyumye, kugira ngo nsubire kubantu banje bashobore kumenya inkuru y’imvaho

Verse 47 — Surah Yusuf 12:47

Intumwa y’Imana Yussufu (iii) abishura ati:- mwebwe muzorima imyaka indwi ikurikirana bivanye n’ubwira bwanyu mufise, n’ivyo muzo kwimbura muze mubigumize mubigega vyavyo, mukuyemwo bikeya muzohora mufungura

Verse 48 — Surah Yusuf 12:48

Hanyuma y’ivyo vyose hazoza iyindi myaka indwi y’ingorane izorya ivyo mwayihaye atari bikeyi muzoba mwaziganije

Verse 49 — Surah Yusuf 12:49

Hanyuma munyuma y’ibi vyose hazoboneka umwaka waho abantu bazofashwa, no muri uwo mwaka abantu bazokama intungwa zabo

Verse 50 — Surah Yusuf 12:50

N’umwami yaciye avuga ati:- nimumuzane ngaha iwanje, yantumwa mugihe yashikira intumwa y’Imana Yussufu, yamubwiye ati:- nusubire kwa So buja wawe umubaze inkuru yaba bakenyezi bikomeretsa kumaboko yabo, ntankeka Umuremyi wanje niwe afise ubumenyi bw’ingeso zabo bakenyezi

Verse 51 — Surah Yusuf 12:51

Yavuze ati:- n’ikihe kintu canyu cabaye kuri mwebwe bapfasoni mugihe mwagomwa intumwa y’Imana Yussufu (iii) kandi biteye kubiri n’igomwa ryiwe kuri mwebwe, nabo bishura bati:- eka! twebwe ntaco twari tuzi kumabi ayariyo yose kuriwe, umukenyezi w’Umushikiranganji aca avuga ati:- ukuri kugiye ahabona, ni jewe namugomwe biteye kubiri n’umutima wanje, ntankeka ari mubantu bavugisha ukuri

Verse 52 — Surah Yusuf 12:52

Ivyo vyose nukubera yuko yomenya yuko jewe ntamuhemukiye inyuma yiwe, kandi Imana ntiha abantu bene ingeso z’abadashima ngo batekanirwe

Verse 53 — Surah Yusuf 12:53

Nanje sinsukura umutima wanje, mu vy’ukuri umutima uwariwo wose n’uwutegeka cane kugira amabi dukuyemwo uwo Umuremyi wanje yahaye impuhwe zawo, mu vy’ukuri Umuremyi wanje niwe nyene ikigongwe n’impuhwe zihagije

Verse 54 — Surah Yusuf 12:54

Hanyuma Umwami yavuze ati:- nimumuzane iwanje ndamutore abe umuntu wanje bwite, rero amaze kuganira nawe yaciye avuga ati:- mu vy’ukuri kuva uno musi wewe kuri twebwe ubaye umuntu w’iteka kandi wizigiwe

Verse 55 — Surah Yusuf 12:55

Yussufu (iii) aca avuga ati:- nungire mbe uwuraba ububiko bw’igihugu cose, mu vy’ukuri jewe ndi mubareretsi beza kandi ndafise ubumenyi n’ubukerebutsi buhagije

Verse 56 — Surah Yusuf 12:56

Uko niko twahaye intumwa y’Imana Yussufu (iii) ubutegetsi muri ico gihugu ca Misiri (Egypte) nukubamwo aho ashaka kuba hose, natwe dushikiriza imigisha yacu kuwo twishakiye, kandi natwe ntitwirengagiza kumpembo yabagira ineza

Verse 57 — Surah Yusuf 12:57

Kandi ntankeka impembo y’umusi w’imperuka niyo nziza gusumba, cane cane kuri barya bemeye Imana yabo y’ukuri kandi bakaba bayitinya

Verse 58 — Surah Yusuf 12:58

Baraje bene wabo na Yussufu (iii) nukwinjira iwe, atako arabamenya mugabo ntiba mutahura uwariwe

Verse 59 — Surah Yusuf 12:59

Mugihe yabaha ibifungurwa vyabo yavuze ati:- nimunzanire mwene wanyu muvukana kwa So wanyu, mbega ntimubona yuko jewe ndabapimira ibifungurwa kurugero rukwiye nanje nkaba ndi mubantu beza bazi kwakira abashitsi

Verse 60 — Surah Yusuf 12:60

Rero nimuta nzanira uyo mwene wanyu mumenye yuko mutaronka igipimo icarico cose iwanje, kandi ntimunyegere

Verse 61 — Surah Yusuf 12:61

Bamwishuye bati:- twebwe tuzo muyenga yenga Se wiwe, ntankeka natwe tuzogira ibi vyose

Verse 62 — Surah Yusuf 12:62

Nawe Yusufu (iii) aca abwira abakozi biwe ati:- amatungo yabo bantu bazanye kugira ngo bakabishe n’ibifungurwa nimubishire mumatu yabo, kugira ngo bibonere yuko mugihe bazogaruka mungo zabo rero tugize gutyo nkumbure bozogaruka

Verse 63 — Surah Yusuf 12:63

Mugihe basubira kwa Se wabo, bamubwiye bati:- ewe Data wacu, batwimye ibifungurwa tutajanye na mwene wacu, rero reka tumujane uyu mwene wacu kugira ngo dupimirwe ivyo bifungurwa, kandi mu vy’ukuri twebwe tuzo mukingira bimwe bihagije uyo mwene wacu

Verse 64 — Surah Yusuf 12:64

Se wabo abishura ati:- nivyo jewe ndabemerere hejuru y’uyu nk’uko nabemereye kuri mwene wanyu aho hambere, Imana niyo nziza mugukingira, kandi niyo nyene impuhwe z’ukuri kwama gusumba abafise impuhwe bose

Verse 65 — Surah Yusuf 12:65

Mugihe bugurura amatu yabo basanze amatungo yabo yasubijwe iwabo, baca bavuga bati:- mbega Data wacu ikindi dushaka n’igiki ?Aya matungo yacu yasubijwe iwacu, tukaba twazanye ibifungurwa kubera abantu bacu, natwe tuzomukingira mwene wacu kandi tuzoronka igipimo c’Ingamiya imwe irenzeko ico naco nico gipimo kibayabaye

Verse 66 — Surah Yusuf 12:66

Se wabo abishura ati:- jewe sinzomutwara umwana wanje hamwe namwe kugeza aho muzompa amasezerano kw’izina ry’Imana yuko ari ngombwako mwene wanyu muzo musubiza iwanje, kiretse mukikujwe mwese n’isanganya canke urupfu, rero mugihe bagirirana ayo masezerano yabo Se wabo yaciye avuga ati:- Imana yonyene niyo ikingira kuri ibi vyose tuvuga

Verse 67 — Surah Yusuf 12:67

Se wabo avuga ati:- bana banje ntimwinjire mu muryango umwe gusa, ahubwo ni mwinjire mu miryango itandukanye, nanje ntaco nobamarira imbere y’Imana kuko nta ntahe ihari atari intahe y’Imana yonyene gusa, kuko iwe niho nizeye, n’abizera nibizere kuriyo yonyene gusa

Verse 68 — Surah Yusuf 12:68

Mugihe binjira muri ico gihugu ca Misiri (Egypte) nkuko Se wabo yababwiye, ntaco vyabamariye imbere y’Imana atari ivyari kumutima wa Se wabo Yaa’qubu (iii) yashikanye, ntankeka uyo Se wabo Yaa’qubu (iii) yari afise ubumenyi kubera yuko twamwigishije, mugabo abantu benshi ntavyo bazi

Verse 69 — Surah Yusuf 12:69

Mugihe binjira kwa Yussufu (iii) yaramuhobereye uyo mwene wabo avuga ati:- mu vy’ukuri jewe nimwene wanyu ntuteterwe kubera ivyo bahora bagira

Verse 70 — Surah Yusuf 12:70

Mugihe yaheza kubaha ibifungurwa vyabo yaciye ashiramwo idahiro ry’ukunyweramwo amazi mw’itu rya mwene wabo, hanyuma uwuhamagara arahamagara ati:- mwebwe muri murugendo, mu vy’ukuri mwebwe muri ibisuma

Verse 71 — Surah Yusuf 12:71

Mugihe bari babatumbereye baciye bavuga bati:- mbega mwoba mwatakaje iki

Verse 72 — Surah Yusuf 12:72

Bavuze bati:- twebwe twatakaje idahiro ry’Umwami rero uwuzorizana azohabwa ibintu vy’uburemere bw’Ingamiya, n’intumwa y’Imana Yussufu (iii) avuga ati:- nanje kuri ivyo ndashigikiye kuri ibi vyose

Verse 73 — Surah Yusuf 12:73

Bavuze bati:- kw’izina ry’Imana mwebwe muramaze kumenya yuko twebwe tutaje kugira ubwononyi muri iki gihugu, kandi twebwe ntituri ibisuma

Verse 74 — Surah Yusuf 12:74

Bavuga bati:- impembo yiwe izoba ari iyihe nimwaba mwebwe mubesha

Verse 75 — Surah Yusuf 12:75

Bavuga bati:- impembo nurya muntu hazoboneka mw’itu ryiwe ico gipimo niyo mpembo kuko uko niko duhemba abahemukiye imitima yabo

Verse 76 — Surah Yusuf 12:76

Aca atangura kuraba mumatu yabo imbere yuko araba mw’itu rya mwene wabo, hanyuma nyagipimo agikura mw’itu rya mwene wabo, uku niko twagiriye amahinyu intumwa y’Imana Yussufu (iii) kuko atashoboye gukingira mwene wabo kumategeko y’Umwami, atari uko Imana yonyene yabishatse, natwe duha iteka rininiya kubo twishakiye, no hejuru y’uwufise ubumenyi hariho uwufise ubumenyi kumurusha

Verse 77 — Surah Yusuf 12:77

Baca bavuga bati:- niyaba yarivye, na mwene wabo yarivye kuva kera, mugabo intumwa y’Imana Yussufu (iii) abinyegeza k’umutima wiwe kandi ntiyabiserura aca avuga ati:- mwebwe mumerewe nabi n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo muvuga vyose

Verse 78 — Surah Yusuf 12:78

Nabo baca bavuga bati:- ewe mutware, uyu arafise umuvyeyi wiwe ashaje cane, rero nutware umwe muri twebwe aho gutwara uyu, ntankeka twebwe tukubona yuko uri mubantu bagira ineza

Verse 79 — Surah Yusuf 12:79

Intumwa y’Imana Yussufu (iii) abishura ati:- Imana ikingire kure mugufata uwutari urya twasanze mumatungo yacu ariwe, kugirango ntitube abahemukiye imitima yacu

Verse 80 — Surah Yusuf 12:80

Rero mugihe bihebura kuriwe baciye bagenda kwiherera n’ukwongorerana, umukuru wabo aca avuga ati:- mbega ntimuzi yuko So wanyu yafashe indagano kuri mwebwe kandi kw’izina ry’Imana nakera mwaragize amakosa yanyu kundagano yanyu hejuru y’intumwa y’Imana Yussufu (iii) nanje sinzova muri iki gihugu kugeza aho Data wanje azompa uruhusha, canke Imana incire urubanza rw’ukuva ngaha kuko ariyo nziza z’abacamanza

Verse 81 — Surah Yusuf 12:81

Nimusubire kwa So wanyu hanyuma muze muvuge muti:- ewe Data wacu, umwana wawe yivye, natwe ntitwemeje yuko umusuma yofatwa atari kuvyo dufitiyeko ubumenyi yuko atamusuma hagati yacu twamenye, kandi ntabumenyi twari dufise bijanye n’amabanga

Verse 82 — Surah Yusuf 12:82

Kandi mubaze abantu bo mugisagara twarimwo hamwe nabo twari kumwe murugendo, mu vy’ukuri twebwe tuvugisha ukuri kwama

Verse 83 — Surah Yusuf 12:83

Se wabo Ya aqubu avuga ati:- ahubwo imitima yanyu isharijwe nukumugirira ikintu, rero nihabe ukwihangana kwiza, nkumbure Imana yobagarurira bose uko bangana ntankeka Imana niyo nyene ubumenyi n’ubuhizi buhagije

Verse 84 — Surah Yusuf 12:84

Aca avavanura nabo n’ukuvuga ati:- yoh! agahinda kanje kuri Yussufu (iii), kubera ukurira kwinshi n’amaso yiwe araserura kubera agahinda nawe yuzuranywe nako gahinda

Verse 85 — Surah Yusuf 12:85

Bavuze bati:- kw’izina ry’Imana ntushobora kutibuka Yussufu (iii) kugeza naho uzorwara canke ube mubazo honywa

Verse 86 — Surah Yusuf 12:86

Aca avuga ati:- mu vy’ukuri jewe ntakambira uku kwidoga kwanje hamwe n’aka gahinda kanje ku Mana, kandi ndafise ubumenyi ku Mana, kuvyo mwebwe mutazi

Verse 87 — Surah Yusuf 12:87

Bana banje nimugende murondere mwene wanyu Yussufu (iii) hamwe na mwene wabo, kandi ntimwihebure hamwe n’imigisha y’Imana, kuko ntibihebura hamwe n’imigisha y’Imana atari abantu b’abahakanyi b’Imana gusa

Verse 88 — Surah Yusuf 12:88

Mugihe binjira kuntumwa y’Imana Yussufu (iii) bavuze bati:- ewe mushingantahe, ingorane dufise twebwe hamwe n’abantu bacu, nuko twazanye ibidandazwa bitemewe ngaha, rero nudupimire kugipimo gikwiye kandi utugirire naza mpuhwe zawe, mu vy’ukuri Imana iriha abagira impuhwe kuri bagenzi babo

Verse 89 — Surah Yusuf 12:89

Se wabo yavuze ati:- mbega murazi ivyo mwagiriye Yussufu (iii) hamwe na mwene wabo mugihe mwari mubujuju

Verse 90 — Surah Yusuf 12:90

Nabo bishura bati:- mbega wewe ni wewe Yussufu (iii) ? Nawe abishura ati:- ni jewe Yussufu (iii) nuyu niwe mwene wanje, Imana yaratugiriye impuhwe, mu vy’ukuri uwutinya Imana yiwe hamwe n’ukwihangana, mu vy’ukuri Imana ntiyirengagiza n’impembo y’abagira ineza

Verse 91 — Surah Yusuf 12:91

Bishura bati:- kw’izina ry’Imana Imana yaragutoye hejuru yacu, mu vy’ukuri twebwe twari mumakosa

Verse 92 — Surah Yusuf 12:92

Yussufu (iii) avuga ati:- kuri uno musi ntamwikomo uri kuri mwebwe, Imana izobagirira ikigongwe kuko niyo nyene impuhwe nyinshi gusumba abagira izo mpuhwe bose

Verse 93 — Surah Yusuf 12:93

Nimugende n’iyi mpuzu yanje hanyuma muyishire imbere y’amaso ya Data wanje nawe aho ari azoca asubira kubona hanyuma muce mugaruka mwese hamwe n’abantu banyu bose

Verse 94 — Surah Yusuf 12:94

Mugihe bagenda bose bava mugihugu ca Misiri (Egypte), Se wabo yaciye avuga ati:- jewe ndiko ndamoterwa n’akamoto ka Yussufu (iii) naho ntariho ndizeye yuko nataye ubwenge

Verse 95 — Surah Yusuf 12:95

Bavuga bati:- kw’izina ry’Imana, wewe uracari mubantu bakiri mubuzimire bwawe bwakera

Verse 96 — Surah Yusuf 12:96

Mugihe yashika umuvugizi w’ubutumwa bwiza aca ashira impuzu ya Yussufu imbere y’amaso yiwe, mumwanya aca arabona nuguca avuga ati:- mbega sinababwiye yuko jewe mfise ubumenyi buvuye ku Mana w’ivyo mwebwe mutazi

Verse 97 — Surah Yusuf 12:97

Nabo bavuga bati:- ewe Data wacu dusabire imbabazi kubera ibicumuro vyacu, ntankeka twebwe twari mubantu bari mumakosa

Verse 98 — Surah Yusuf 12:98

Aca avuga ati:- birashoboka yuko nzobasabira ikigongwe kumuremyi wanje mu vy’ukuri niyo nyene ikigongwe cinshi hamwe n’impuhwe zihagije

Verse 99 — Surah Yusuf 12:99

Mugihe binjira kwa Yussufu (iii) yarabahobeye abavyeyi biwe aca avuga ati:- ni mwinjire muri iki gisagara ca Misiri (Egypte) Imana ibishatse muri mumahoro

Verse 100 — Surah Yusuf 12:100

Yaciye abarerura abavyeyi biwe nukubashira kunyegamo ya cami, bose hamwe baca baramanuka hasi baramupfukamira, nawe Yussufu (iii) aca avuga ati:- ewe Data wanje, iyi niyo nsiguro y’ukuri y’indoto yanje yakera, ntankeka Umuremyi wanje yayemeje kandi yangiriye impuhwe n’ukunkura mw’ibohero nukubazana mwebwe ibakuye mubugararwa munyuma yaho Shetani yakokeza hagati yanje na bene mama, mu vy’ukuri Umuremyi wanje niwe nyene gushikira ico yishakiye, kandi ntankeka Imana niyo nyene ubumenyi n’ubuhizi buhagije

Verse 101 — Surah Yusuf 12:101

Ewe Muremyi wanje, mu vy’ukuri urampaye ubwami, kandi uranyigishije insiguro y’amajambo, ewe Muremyi w’Amajuru n’Isi, n’undengutse imbere yawe nanje ndi umu Isilamu kandi unteranye nabagira ineza

Verse 102 — Surah Yusuf 12:102

Izi nimuri zankuru ziri mumbari twakweretse, kandi ntiwari kumwe nabo mugihe bapfundika imigambi yabo n’abandi nukugira ivyago bibi cane

Verse 103 — Surah Yusuf 12:103

Kandi benshi mubantu ntibazo kwemera naho wokwihangana gute

Verse 104 — Surah Yusuf 12:104

Kandi ntubasaba impembo yibi vyose, ibi vyose ntivyari kuba atari uko ari ubutumwa buri ku bantu bose

Verse 105 — Surah Yusuf 12:105

N’ibimenyetso bingahe biri mumajuru no kw’isi bacamwo mugihe nabone batavyitaho

Verse 106 — Surah Yusuf 12:106

Benshi muribo ntibemera Imana yabo y’ukuri, atari uko babishiramwo ubugereranyi bw’Imana n’ibindi bintu

Verse 107 — Surah Yusuf 12:107

Mbega biyemeje yuko batazo shikirwa n’ivyago vy’ibihano vy’Imana, canke batazo shikirwa n’umusi w’imperuka giturumbuka nabo batabizi

Verse 108 — Surah Yusuf 12:108

Vuga uti:- iyi niyo nzira yanje nshikirizamwo ubutumwa bw’Imana n’ubumenyi bw’ukuri, kuri jewe hamwe nabari inyuma yanje bankurikira, n’Imana irisukuye n’igabanuko iryariryo ryose kuriyo, kandi jewe sindi mubantu bagereranya Imana n’ibindi bintu

Verse 109 — Surah Yusuf 12:109

Natwe ntitwarungitse imbere yawe atari abagabo twahaye mubantu bo mubisagara, mbega ntibagenzuye kuri iy’Isi nukuraba ingene habaye impera n’imperuka kuba bayeho imbere yabo? N’inzu y’umusi w’imperuka niyo nziza kuri barya bantu batinya Imana yabo y’ukuri, mbega murategera

Verse 110 — Surah Yusuf 12:110

N’intumwa z’Imana mugihe zihebura n’ukwiyumvira yuko babwiwe amajambo y’ububeshi, imfashanyo yacu mugihe yabashikira baciye barokorwa mubo dushaka, rero n’ibihano vyacu ntibihungwa kubantu b’inkozi z’ibibi

Verse 111 — Surah Yusuf 12:111

Ntankeka mubiganiro vyabo nk’ibi harimwo icirwa kubantu bafise ubwenge, kuko s’amajambo yiyadukije ahubwo n’icemezo c’ivyabaye imbere yiwe, kandi n’ibiganiro vy’ibintu vyose, kandi n’uburongozi n’impuhwe ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri