Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 14 - Ibrahim
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Ibrahim 14:1
Alif, Laam, Ra. (Insiguro yizi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo zose n’Imana yonyene gusa). Iki gitabu twakimanuriye kuri wewe kugira ngo ubakure abantu mumwijima ubashire mumuco kw’itegeko ry’Umuremyi wabo, hanyuma ubashikane munzira yurya nyene intsinzi kandi ahayagizwa hose nayo ikaba ari Imana
Verse 2 — Surah Ibrahim 14:2
Imana niyo nyene ivyayo rudende mubiri mw’Ijuru no kw’Isi, n’ingorane zizoshikira abahakanyi b’Imana y’ukuri kubihano bikaze cane
Verse 3 — Surah Ibrahim 14:3
Bamwe bakunda cane ubuzima bwo ng’aha kw’Isi gusumba ubuzima budahera bwo mw’Ijuru, bagaca bakingira abantu munzira y’Imana, bakaba bashaka kuyihuvya, abo nibo bari mubuzimire buri kure y’ukuri
Verse 4 — Surah Ibrahim 14:4
Ntitwarungitse intumwa y’Imana iyariyo yose atari mururimi rw’abantu biwe kugira ngo ishobore kubasobanurira, hanyuma Imana itakaza uwo yishakiye nukurongora uwo yishakiye, nayo niyo ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije
Verse 5 — Surah Ibrahim 14:5
Twaramutwaye intumwa y’Imana Mussa (iii) afise n’ibitangaro vyacu, hanyuma tumubwira duti:- nukure abantu bawe mumwijima ubajane ahari umuco, kandi ubibutse imisi y’Imana, ntankeka muri ivyo vyose harimwo ubutumwa k’umuntu uwariwe wese yihangana n’ugushima
Verse 6 — Surah Ibrahim 14:6
Wibutse abantu bawe mugihe intumwa y’Imana Mussa (iii) yavuga kubantu biwe ati:- nimwibuke imigisha y’Imana iri kuri mwebwe mugihe yabarokora kubantu bokwa Fir’auni babahaye ibihano bibi cane batako bakerera ibibondo vyanyu vy’abahungu nukureka kugandagura ibibondo vyanyu vy’abigeme, no kuri ivyo vyose harimwo ibibazo bininiya bivuye kumuremyi wanyu
Verse 7 — Surah Ibrahim 14:7
Mugihe yamenyesha Umuremyi wanyu avuga yuko nimwashima jewe nzobongereza, nayo nimwahakana Imana yanyu mumenye yuko ibihano vyanje bibabaza cane
Verse 8 — Surah Ibrahim 14:8
N’intumwa y’Imana Mussa (iii) yavuze ibwira abantu biwe iti:- mwebwe nimwa hakana Imana yanyu y’ukuri hamwe n’abari kw’Isi bose mu vy’ukuri Imana irihagije kandi niyo ibikwiye vyose
Verse 9 — Surah Ibrahim 14:9
Mbega ntimwashikiwe n’inkuru zabamwe bamyeho imbere yanyu, aribo bantu bo kuntumwa y’Imana Nuhu (iii) no kuntumwa y’Imana Aadi (iii) hamwe na Thamuda (iii) hamwe nabamyeho munyuma zabo atanuwubazi atari Imana yonyene gusa, kuko bashikiwe n’intumwa zabo bafise n’ivyemezo biri k’umugaragaro, baca basubiza amaboko yabo hejuru y’iminwa yabo baca babwira izo ntumwa bati:- mu vy’ukuri twebwe turahakanye ivyo mwarungikanywe, kandi mu vy’ukuri twebwe turafise amakenga aducamwo hirya no hino kubera ivyo muduhamagarira
Verse 10 — Surah Ibrahim 14:10
Intumwa zabo zavuze ziti:- mbega muyigirira Imana amakenga, ariyo muremyi w’Amajuru n’Isi, niyo ibahamagarira kugira ngo ibagirire ikigongwe kubera ibicumuro vyanyu, kandi ibahe ikiringo kugeza kugihe cagenewe, nabo bishura bati:- ntimwari kuba mwebwe atari uko muri abantu nkatwe, mushaka yuko mutuzitirira nivyo abavyeyi bacu bamye basenga, rero nimutuzanire ivyemezo biri k’umugaragaro
Verse 11 — Surah Ibrahim 14:11
Intumwa zabo zishura ziti:- twebwe ntitwari kuba atari uko turi abantu nkamwe, mugabo Imana ibagirira impuhwe kubo yishakiye mubantu bayo, nayo twebwe ntidushobora kubazanira ivyo vyemezo atari kuruhusha rw’Imana, no kumana aba Isilamu bose nibizere abayizera
Verse 12 — Surah Ibrahim 14:12
Mbega dufise iki kugira ngo ntitwizere Imana yacu mugihe yatweretse inzira zacu, kandi tukazo kwihangana kuvyo mutugirira, rero ni kumana honyene gusa ariho bizera abayizera
Verse 13 — Surah Ibrahim 14:13
Nayo abahakanye Imana yabo y’ukuri nukubwira intumwa zabo z’Imana yuko tuzobakura mugisagara cacu canke ari ngombwa musubire mumigenzo yacu, rero Imana yabo ica ibazanira ubutumwa bwuko tuzobahonya abahemukiye Imitima yabo bose
Verse 14 — Surah Ibrahim 14:14
Mwebwe tuzobicarika ngaha kw’Isi munyuma yabo, hanyuma baze boronke ibi bamwe batinya guhagarikwa imbere yanje nugutinya amatuzo yanje
Verse 15 — Surah Ibrahim 14:15
Bararondeye hirya no hino, arananirwa uwari wese yari afise ubushobozi n’amanyama
Verse 16 — Surah Ibrahim 14:16
Uwuzoba imbere yiwe hari umuriro witiriwe Jahannamu azonyweshwa amazi y’amashira n’amaraso yabo bonyene muri uwo muriro wa Jahannamu
Verse 17 — Surah Ibrahim 14:17
Azoba ariko aragigimizwa kandi nawe adashoboye kuyamira, n’abitavye Imana yabo bazomushikira kumpande zose nawe ntazo cikana, no hejuru y’ivyo vyose hariho ibihano bikaze cane
Verse 18 — Surah Ibrahim 14:18
Akarorero ninka bahakanye Umuremyi wabo w’ukuri, ibikorwa vyabo nink’umunyota uguruwe n’inguvu z’umuyaga k’umusi w’igihuhusi gikaze cane, rero ntibashobora kuronka icarico cose muvyo bagize vyose, ubwo rero nibwo buzimire buri kure cane
Verse 19 — Surah Ibrahim 14:19
Mbega ntubona yuko Imana yaremye Amajuru n’Isi bimwe vy’ukuri? Ishatse yoba kuraho nukuzana ibindi biremwa bishasaha
Verse 20 — Surah Ibrahim 14:20
N’ivyo vyose kumana s’ibigoye
Verse 21 — Surah Ibrahim 14:21
Bose uko bangana bazoshika imbere y’Imana, rero abadafise aho bavugira bazovuga babwira bamwe bishima bati:- twebwe twahora tubakurikira mwebwe, none mwebwe murashobora kudukurira ikintu gitoyi mubihano vy’Imana? Nabo bazokwishura bati:- iyo Imana iturongora ntankeka twari kubarongora, vyose nikimwe kuri twebwe nitwadebukirwa canke tukigumya ntamahungiro dufise
Verse 22 — Surah Ibrahim 14:22
Na Shetani izovuga mugihe hazocibwa urubanza hanyuma ivuge iti:- Imana yarabemereye indagano y’ukuri, nanje narayibemereye mugabo sinazishize mungiro izo ndagano, kandi sinari mfise ubushobozi kuri mwebwe atari uko nabahamagaye gusa namwe muranyitaba, rero ntimunteko umwikomo ahubwo nimwiteko uwo mwikomo mwebwe nyene, kuko jewe ntaco mfise cukubafasha namwe ntaco mufise muzomfasha mwo, mu vy’ukuri jewe naranse yuko mwebwe mwongereranya n’ikindi kintu kuva kera, mu vy’ukuri abahemukiye imitima yabo bazoba bafise ibihano bibabaza cane
Verse 23 — Surah Ibrahim 14:23
Na bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, abo bantu bazokwinjizwa mumirima icamwo inzuzi imbere yabo, hanyuma babeyo mubuzima bwabo bwose kw’itegeko ry’Umuremyi wabo, n’indamutso zabo ziyo mw’Ijuru zizoba ari z’amahoro kumpande zose
Verse 24 — Surah Ibrahim 14:24
Mbega ntiwabonye ingene Imana yatanze akarorero k’ijambo ryiza, nink’igiti ciza imizi yaco itsimbataye neza hamwe n’amashami yaco agororotse neza hejuru
Verse 25 — Surah Ibrahim 14:25
Gitanga ivyamwa vyaco umwanya uwariwo wose kw’itegeko ry’Umuremyi waco, n’Imana yama itanga uburorero bwayo kubantu kugira ngo bame bibuka
Verse 26 — Surah Ibrahim 14:26
N’akarorero k’ijambo ribi ni nk’igiti kibi casituwe kw’isi kidahagaze neza
Verse 27 — Surah Ibrahim 14:27
Imana niyo itsimbataza bamwe bayemeye kumajambo yabo y’ukuri no kubuzima bwo ng’aha kw’Isi hamwe no k’umusi w’imperuka, n’Imana yama ireka abo bantu bagatakara nabo bahemukiye imitima yabo, n’Imana igira ivyo yishakiye
Verse 28 — Surah Ibrahim 14:28
Mbega ntiwabonye bamwe bahinduye imigisha y’Imana muguhakana nugushikana abantu babo mumazu y’uguhonerezwa mwo
Verse 29 — Surah Ibrahim 14:29
Nimumuriro witiriwe Jahannamu bazokwinjira mwo kandi n’ahantu habi cane hokubayo
Verse 30 — Surah Ibrahim 14:30
Barayigiriye Imana mukuyigereranya n’ibindi bintu kugira ngo batakaze abantu munzira yayo, wewe nuvuge uti:- mwebwe nimwinezereze gatoyi gusa hanyuma ingaruka yanyu ni mumuriro udahera
Verse 31 — Surah Ibrahim 14:31
Nimubwire abantu banje banyemeye yuko bohagarika amasengesho nugutangata muvyo twabahaye haba mumwiherero no k’umugaragaro imbere yuko mushikirwa n’umusi utari uwu kwikombora canke atari umusi w’ubugenzi
Verse 32 — Surah Ibrahim 14:32
Imana niyo yaremye Amajuru n’Isi n’ukumanura amazi avuye mubicu nokuriyo inagisha ivyamwa kuba ariyo migisha kubera mwebwe, itako ibagambutsa amato kugira ngo arengane mubiyaga kw’itegeko ryayo nukuba gamburukiza inzuzi
Verse 33 — Surah Ibrahim 14:33
Yaraba gamburukije Izuba n’Ukwezi, vyose ari bishasha kuri mwebwe nukuba gamburukiza ijoro n’umutaga
Verse 34 — Surah Ibrahim 14:34
Nukubaha muvyo mwayisavye vyose, rero nimwa harura imigisha y’Imana ntimushobora kuyiharura, ntankeka umuntu n’umuhemu mukuru adashima
Verse 35 — Surah Ibrahim 14:35
Mugihe intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yavuga ati:- muremyi wanje, n’uhezagire iki gisagara c’IMakkat kibe igisagara c’amahoro kandi unkingire jewe hamwe n’ibibondo vyanje mukudasenga amasanamu
Verse 36 — Surah Ibrahim 14:36
Muremyi wanje, mu vy’ukuri aya masanamu yarazimije abantu benshi, rero uwankurikiye jewe niwe muntu wanje, nayo uwiyonkoye kuri jewe suko wewe uri nyene ikigongwe cinshi hamwe n’impuhwe zihagije
Verse 37 — Surah Ibrahim 14:37
Muremyi wacu, mu vy’ukuri jewe narabicaritse bamwe muruvyaro rwanje mumwaba udafise n’igiterwa na kimwe, mungoro yawe ntagatifu, muremyi wacu n’ubahezagire bahagarike amasengesho, kandi uhezagire imitima y’abantu itumbere kuribo kandi ubahe n’ivyamwa kugira ngo bashime
Verse 38 — Surah Ibrahim 14:38
Muremyi wacu, mu vy’ukuri wewe urafise ubumenyi bw’ivyo tunyegeza hamwe nivyo duserura kandi ntakintu nakimwe cinyegeza ku Mana mubiri ngaha kw’Isi canke mubiri mw’Ijuru
Verse 39 — Surah Ibrahim 14:39
Ndashimiye Imana yo yampaye hejuru y’ubu busaza bwanje mukumpa ibibondo bibiri arivyo Ismaili (iii) hamwe na Is’haqa (iii) mu vy’ukuri Umuremyi wanje niwe yumva ibisabisho vy’abantu bose
Verse 40 — Surah Ibrahim 14:40
Muremyi wanje, numpezagire mbe mubantu bahagarika amasengesho hamwe n’uruvyaro rwanje, muremyi wacu niwakire ibisabisho vyanje
Verse 41 — Surah Ibrahim 14:41
Muremyi wacu, nungirire ikigongwe jewe hamwe n’abavyeyi banje bose uko ari babiri hamwe n’abemera umusi wuguhagarara kw’iharurwa ry’abantu bose
Verse 42 — Surah Ibrahim 14:42
Kandi ntiwiyumvire yuko Imana yibagira kuri ibi bagira abahemukiye Imana yabo y’ukuri, mu vy’ukuri irabarorereza gusa kugeza k’umusi waho amaso yabo azonogoka
Verse 43 — Surah Ibrahim 14:43
Bagenda birukanga imitwe nayo iri hejuru n’amaso yabo adakebaguzwa, n’imitima yabo igaragara
Verse 44 — Surah Ibrahim 14:44
Kandi utuze abantu k’umusi bazoshikirwa n’ibihano vy’Imana, hanyuma baze bavuge bamwe bahemukiye imitima yabo bati:- Muremyi wacu, turindirize umwanya mutoyi gusa hanyuma twitabire ubutumwa bwawe, hanyuma dukurikire intumwa z’Imana, mbega ntimwari mwarahiye kuva kera yuko mwebwe mutazo kwimuka muja ahariho hose
Verse 45 — Surah Ibrahim 14:45
Muricara ahantu harya nyene bamye bicara bamwe bahemukiye imitima yabo, hanyuma mubonekerwa n’ingene twabagize kandi twaraba menyesheje uburorero bwose
Verse 46 — Surah Ibrahim 14:46
Mu vy’ukuri baragize ingeso zabo, ngo nizo ngeso zabo ziri ku Mana, kandi ntiziba ingeso zabo ngo zishobore gukuraho imisozi
Verse 47 — Surah Ibrahim 14:47
Rero ntiwikeke kumana yuko uwudohoka kundagano y’intumwa yayo, ntankeka Imana niyo nyene intsinzi kandi niyo yihora
Verse 48 — Surah Ibrahim 14:48
Umusi Isi izohindurwa ikaba iyindi Si, n’Amajuru nayo abe mubundi buryo nabo bazoseruka imbere y’Imana yonyene rudende nyene ubushobozi buhagije
Verse 49 — Surah Ibrahim 14:49
Uzobabona abagize amakosa kuri uwo musi baboshwe n’iminyororo
Verse 50 — Surah Ibrahim 14:50
N’impuzu zabo zizoba zisa nkikaburimbi n’umucanwa uzoshikira amaso yabo
Verse 51 — Surah Ibrahim 14:51
Kugira ngo Imana ize irihe umutima w’umwumwe kuvyo wakoze, mu vy’ukuri Imana iroroshe muguharura
Verse 52 — Surah Ibrahim 14:52
Ibi vyose birahagije kubantu kugira ngo batuzwe kuri ivyo, kandi bamenye yuko Imana ari imwe yonyene gusa, hanyuma abafise ubwenge nabo bibuke