Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 17 - Al-Isra
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Al-Isra 17:1
Iteka niryiwe uwatwaye umushumvyi wiwe mw’ijoro imukuye mw’isengero ritagatifu ry’IMakkat kugeza aho imushikana kw’isengero rya kure ryitiriwe (Baytul’muqaddas) ariwo twahezagiye ivyari muriwo kuruhande rwayo kugira ngo twereke bimwe mubimenyetso vyacu, mu vy’ukuri Imana niyo yumva n’ukubona
Verse 2 — Surah Al-Isra 17:2
Twaramuhaye intumwa y’Imana Mussa (iii) igitabu, hanyuma tukigira kuba ariyo ndongozi kuri bene Israeri, mugabo Imana yababwiye iti:- ntimuyigire iyizobakingira gusumba jewe
Verse 3 — Surah Al-Isra 17:3
Mwebwe ruvyaro rwa bamwe twadugije mubwato hamwe n’intumwa y’Imana Nuhu (iii) mu vy’ukuri yari umushumvyi ashima
Verse 4 — Surah Al-Isra 17:4
Twarabiberetse bene Israeri mugitabu ca Taurati yuko atankeka kuri mwebwe yuko muzogira ubwononyi kuri iy’Isi incuro zibiri, kandi mu vy’ukuri muzo kwishima bimwe birengeje urugero
Verse 5 — Surah Al-Isra 17:5
Nihashika isango ryambere ryubwo bwononyi uko ari bubiri bubiri niho tuzobazanira abanu bacu bafise ibitero bikaze cane, nabo bazo kwinjira mubisagara vyanyu kumpande zose, nayo ikazoba ari indagano yagenywe
Verse 6 — Surah Al-Isra 17:6
Hanyuma tuzobagarurira ubushobozi bwanyu hejuru yabo, hanyuma tubongereze amatungo n’ibibondo, hanyuma tubagire abantu b’umurwi muniniya kubasumba
Verse 7 — Surah Al-Isra 17:7
Rero nimwagira ineza mwigirira kumitima yanyu, hanyuma nimwagira inabi naho muyigirira kumitima yanyu nyene, nihashika igihe c’isango ryanyuma kugira ngo batetereze amaso yanyu, hanyuma bace binjira mw’isengero nkuko binjiyemwo ubwambere, hanyuma bonone ivyo bonona bininiya cane kugeza kukiringo bazoba kubutegetsi bwabo
Verse 8 — Surah Al-Isra 17:8
Nkumbure Umuremyi wanyu azobagirira impuhwe, nimwa garuka naho tuzogaruka, natwe twagize umuriro udahera witiriwe Jahannamu kuba ariryo bohero kubera abahakanyi b’Imana
Verse 9 — Surah Al-Isra 17:9
Mu vy’ukuri iyi Qurani ntagatifu irongora munzira igororotse y’ukuri, kandi ikabaha inkuru nziza kuba Isilamu bagira ibikorwa vyiza, yuko bazoronka impembo niniya cane
Verse 10 — Surah Al-Isra 17:10
Nayo bamwe batemera umusi w’imperuka twarabateguriye ibihano bibabaza cane
Verse 11 — Surah Al-Isra 17:11
N’umuntu yama asaba ishari nkuo yama asaba amahoro, kuko umuntu n’umwe afise igihababu c’ibintu
Verse 12 — Surah Al-Isra 17:12
Twagize Ijoro n’Umutaga kuba ari ibimenyetso bibiri, hanyuma duca duhanagura ikimenyetso c’Ijoro duca tukigira ikimenyetso c’Umutaga ariwo muco kugira ngo murondere imigisha ivuye k’Umuremyi wanyu, kandi mumenye yuko igitigiri c’imyaka hamwe n’ibindi bintu, n’ibintu vyose twara bimenyesheje neza na neza
Verse 13 — Surah Al-Isra 17:13
N’umuntu uwariwe wese twara mutekereye ibikorwa mw’izosi ryiwe, hanyuma k’Umusi w’imperuka niho tuzo musohorera igitabu ciwe azosanga cuguruwe
Verse 14 — Surah Al-Isra 17:14
Nusome igitabu cawe, n’umutima wawe uno musi urahagije kuguharurira
Verse 15 — Surah Al-Isra 17:15
Uwarongotse aba arongotse kumahirwe y’umutima wiwe wenyene, nuwazimiye nawe azimira kuruhombo rw’umutima wiwe wenyene, kandi ntazo kwikorera uwuzo kwikorera itu ry’uwundi muntu, natwebwe ntituri mubazo hanisha abantu kugeza aho tuzoba rungikira intumwa y’Imana
Verse 16 — Surah Al-Isra 17:16
N’igihe dushakiye guhonya igisagara dutegeka abo bononyi, bareke kugira amabi yabo, mugabo baguma babandanya n’ubwo bwononyi bwabo, aho niho imvugo iba ijanye n’ingiro kuribo, nuguca duhonya ico gisagara akagirire
Verse 17 — Surah Al-Isra 17:17
N’ibinjana bingahe twahoneje munyuma y’intumwa y’Imana Nuhu (iii), n’Umuremyi wawe arahagije kubera ibicumuro vy’abashumvyi biwe yuko ariwe ibafitiye ubumenyi n’ukubibona
Verse 18 — Surah Al-Isra 17:18
Uwushaka umunezero wo ngaha kw’Isi vyihutirwa tuzobimuha ningoga na ningoga muvyo dushaka kuwo twishakiye, hanyuma twamugiriye umuriro udahera witiriwe Jahannamu azo kwinjiramwo nawe akengerwa n’ukwirukanwa hirya no hino
Verse 19 — Surah Al-Isra 17:19
N’uwushaka Ijuru n’ukwihanganira ibikorwa vyiwe mugihe ari umu Isilamu, rero uko kwihangana kwabo kuzoba ari uko gushimirwa
Verse 20 — Surah Al-Isra 17:20
Abo bose duha aba hamwe nabariya kw’itanga ry’Umuremyi wawe, n’itanga ry’Umuremyi wawe ntizikingirwa
Verse 21 — Surah Al-Isra 17:21
Nurabe ingene twahezagiye bamwe muribo gusumba abandi, kandi ntankeka Ijuru niryo riryo rifise iteka rininiya gusumba hamwe n’imigisha myinshi gusumba iyindi
Verse 22 — Surah Al-Isra 17:22
Ntugire iyindi Mana hamwe n’Imana y’ukuri hanyuma ntuze uterweko n’umwikomo hamwe n’ukubura uwuzo gutabara
Verse 23 — Surah Al-Isra 17:23
N’umuvyeyi wawe yaciye urubanza rwuko mutazosenga uwariwe wese atari Imana yonyene gusa, hamwe nukugirira ineza ntangere abavyeyi bose uko ari babiri, hanyuma umwe muribo ageze muzabukuru muri kumwe nabo, canke bose uko ari babiri, rero ntubabwire ijambo rivuga riti:- Ah! kandi ntuba kankamire, kandi ubavugishe imvugo y’urupfasoni rwiza
Verse 24 — Surah Al-Isra 17:24
Kandi ubamanurire ibaba ry’ubu gamburutsi hamwe n’ikigongwe hanyuma uvuga uti:- Muremyi wanje, nubahezagire nkuko bandeze nkiri uruhinja
Verse 25 — Surah Al-Isra 17:25
Umuremyi wanyu niwe afise ubumenyi bw’ibiri mumishaha yanyu, nimwaba muri mubantu beranda kuriyo n’uwuzoba girira ikigongwe kubantu bagaruka muruhongore rwiwe
Verse 26 — Surah Al-Isra 17:26
Kandi umuhe incuti yawe ibikenewe kuriwe, n’umworo hamwe n’uwononekewe ari murugendo, kandi ntusesagure amatungo yawe nabi nabi
Verse 27 — Surah Al-Isra 17:27
Mu vy’ukuri abakoresha amatungo yabo nabi nabi abo nibo bagenzi b’ama Shetani, na Shetani niyo nyene guhakana Umuremyi wayo
Verse 28 — Surah Al-Isra 17:28
Niwaba hakana mugabo urondera imigisha y’Umuremyi wawe wizera, rero nuvugane nabo amajambo yoroshe
Verse 29 — Surah Al-Isra 17:29
Kandi ntugire ukuboko kwawe nkukwabohewe mw’izosi ryawe, canke ntukuzingurure nabi nabi bazoca baguterako umwikomo nukurwa mubukene
Verse 30 — Surah Al-Isra 17:30
Mu vy’ukuri Umuremyi wawe azingururira imigisha yayo kuwo yishakiye, nukuyima uwo yishakiye mu vy’ukuri nayo kubashumvyi bayo niyo ibazi nukuba bona
Verse 31 — Surah Al-Isra 17:31
Kandi ntimuhekure ibibondo vyanyu mugutinya ubukene, ni twebwe tubaha imigisha yacu hamwe namwe, mu vy’ukuri ukubica n’igicumuro kininiya cane
Verse 32 — Surah Al-Isra 17:32
Kandi ntimwegere ubushurashuzi mu vy’ukuri ubwo bushurashuzi n’umwanda muniniya cane, kandi n’inzira mbi cane
Verse 33 — Surah Al-Isra 17:33
Kandi ntimwice umutima waho Imana yabujije kuwica atari munzira y’ukuri, n’uwiciwe munzira z’ubuhemu tuzomuha inguvu uwuzo sigarira, kandi mu vy’ukuri azofashwa
Verse 34 — Surah Al-Isra 17:34
Kandi ntimwegere amatungo y’Impfuvyi atari munzira nziza kugeza aho izo mpfuvyi zizoba zageze mubigero vy’ugukura, kandi mwitegereze amasezerano yanyu mu vy’ukuri amasezerano azobazwa k’umusi w’imperuka
Verse 35 — Surah Al-Isra 17:35
Kandi nimukwize ibipimo mupimirako, kandi mupime kuminzani ikwiye, ivyo navyo nivyo vyiza kuri mwebwe kandi bikaba ari vyiza mumpera ya vyose
Verse 36 — Surah Al-Isra 17:36
Kandi ntukurikire uwudafise ubumenyi mu vy’ukuri amatwi hamwe n’amaso n’umutima, ivyo vyose bizobazwa
Verse 37 — Surah Al-Isra 17:37
Kandi ntugire kuri iy’Isi wishima, mu vy’ukuri wewe ntushobora gusatura iy’Isi, canke ngo ushikire k’uburebure bw’Imisozi yayo
Verse 38 — Surah Al-Isra 17:38
Ibi vyose ububi bwavyo nubwo gushavuza imbere y’Umuremyi wawe
Verse 39 — Surah Al-Isra 17:39
Ibi vyose nimuri vyabindi Umuremyi wawe yakweretse mubuhizi bwayo, kandi ntushire hamwe n’Imana izindi Mana ntuze utabwe mumuriro udahera witiriwe Jahannamu bagutako umwikomo nuwirukanwa hirya nohino
Verse 40 — Surah Al-Isra 17:40
Mbega Umuremyi wanyu niwe yabatoreye ibibondo vy’abahungu, nawe kubwiwe yigirira ibibondo vy’ukuri mwebwe muvuga amajambo akoma komeye
Verse 41 — Surah Al-Isra 17:41
Kandi turamaze kuku menyesha muri iyi Qur’ani ntagatifu kugira ngo bashobore kwibuka, mugabo ntaco bibafasha mwo atari ukuyanka gusa
Verse 42 — Surah Al-Isra 17:42
Vuga uti:- iyo bobaye hamwe n’Imana hamwe n’izindi Mana nkuko bivugira bari kurondera iyindi nzira yoba shikana Kumana
Verse 43 — Surah Al-Isra 17:43
Irisukuye Imana kandi iri kure n’ivyo bavuga vy’ukuba kure yivyo cane
Verse 44 — Surah Al-Isra 17:44
Amajuru yose uko ari indwi hamwe n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose kandi ntakintu nakimwe kiriyo atari uko kininahaza Imana nkuko bayininahaza kuvyiza vyayo vyiza, mugabo mwebwe ntimutegera ukugene ihayagizwa kwayo, mu vy’ukuri Imana n’intungane, kandi niyo ifise ikigongwe gihagije
Verse 45 — Surah Al-Isra 17:45
Mugihe uriko urasoma iyi Qur’ani ntagatifu ni nuko twashize hagati yawewe no hagati yabamwe batemera umusi w’imperuka uruzitiro rupfutswe neza
Verse 46 — Surah Al-Isra 17:46
Twashizeho imipfundikizo mumitima yabo kugira ngo ntibaze batahure ibiriwo no mumatwi yabo tuhashiramwo uburemere bw’ukutumva, rero mugihe uvuze Umuremyi wawe muri iyi Qur’ani ntagatifu yonyene baca bahindukiza imigongo yabo n’ishavu ryinshi cane
Verse 47 — Surah Al-Isra 17:47
Turazi neza impamvu z’ivyo bumviriza n’igihe bakwumviriza nigihe bongorerana n’igihe abo bahemu bahemukiye imitima yabo bavuze bati:- mwebwe ntawundi muntu mukurikira atari umuntu yarozwe
Verse 48 — Surah Al-Isra 17:48
Namwe nimurabe igene bakugirirako uburorero n’ukuzimira, kuri ivyo ntibashobora kuronka inzira ibashikana k’ukuri kwama
Verse 49 — Surah Al-Isra 17:49
Nabo bavuze bati:- mbega mugihe tuzoba turi amagufa masa nukuba ibihimba vyamaze kuba ubuvungu vungu, tuzozurwa tube ibindi biremwa bishasha
Verse 50 — Surah Al-Isra 17:50
Vuga uti:- nimube amabuye canke ivyuma
Verse 51 — Surah Al-Isra 17:51
Canke mube ikiremwa icarico cose mubiremwa biboneka yuko bikomeye mumitima yanyu, aho niho bazovuga bati:- ni nde azodusubiza nkuko twamye? Nawe bishure uti:- n’urya yabaremye ubwa mbere, aho niho bazozunzagiza imitwe yabo hanyuma bavuge bati:- ibi vyose bizoba ryari? Wewe vuga uti:- nkumbure vyoba biri hafi
Verse 52 — Surah Al-Isra 17:52
Bizoba umusi Imana izoba hamagara namwe muzoyitaba muyikengurukira, kandi muzotegera yuko mutabaye ngaha kw’Isi atari umwanya mugufiya cane
Verse 53 — Surah Al-Isra 17:53
Kandi ubwire abashumvi banje imisi yose bavuge amajambo meza, kuko Shetani yama ikokeza urwanko hagati yabo, mu vy’ukuri Shetani ku bantu n’umwansi aboneka neza k’umugaragaro
Verse 54 — Surah Al-Isra 17:54
Umuremyi wanyu arabazi cane, ishatse izoba girira impuhwe, kandi ibishatse izoba hana, natwe ntitwakurungitse kuba umuhagaritsti kuribo
Verse 55 — Surah Al-Isra 17:55
N’Umuremyi wawe arabazi neza cane abari mu Majuru yose no kw’Isi mu vy’ukuri intumwa z’Imana twaraziteye iteka gusumba izindi nintumwa y’Imana Daudi (iii) niwe twahaye igitabu c’Imana gitagatifu ca Zaburi
Verse 56 — Surah Al-Isra 17:56
Vuga uti:- nimu hamagare bamwe muvuga yuko arizo Mana nukureka Imana yonyene kugira ngo ibakurire ivyago bibashikira, ntibazo shobora kuba kurikira ivyago shari canke kuba hindurira kugira ngo abe amahoro
Verse 57 — Surah Al-Isra 17:57
Abo babasaba barondera ukuba hafi n’Umuremyi wabo n’abari hafi cane muribo bizeye imigisha yayo hamwe n’abatinya ibihano vyayo, mu vy’ukuri ibihano vy’Umuremyi wawe nivyugutinywa
Verse 58 — Surah Al-Isra 17:58
Ntihazoba igisagara icarico cose atari uko twebwe tuzogihonya imbere y’umusi w’imperuka, canke tuzowuhane ibihano bikaze cane, ibi nivyanditswe mugitabu canditswe mwo ibintu vyose
Verse 59 — Surah Al-Isra 17:59
Ntakituzitira kuzana ibitangaro mugabo nuko abantu bakera babihakanye, duca tubaha abantu bo kwa Thamudu Ingamiya y’inyana kuba arico kimenyetso kiri k’umugaragaro mugabo baramuhakanye, natwe ntidutwara ivyo bimenyetso atari ukubagabisha
Verse 60 — Surah Al-Isra 17:60
Mugihe twakubwira duti:- mu vy’ukuri Umuremyi wawe aramaze kubakikuza abo bantu babi, kandi natwe ntitwagize yandoto twakwereka atari ukuba gerageza abantu n’igiti cavumwe canditswe mugitabu c’Imana gitagatifu ca Qur’ani nukuba gabisha, mugabo ntaco vyabongereje atari ukwiyonkora kuniniya
Verse 61 — Surah Al-Isra 17:61
Mugihe twabwira Abamarayika duti:- nimu pfukamire intumwa y’Imana Adamu (iii), bose baramu pfukamiye dukuyemwo uwitwa Ibilisi yavuze ati:- mbega jewe nopfukamira umwe waremwe mw’ivu
Verse 62 — Surah Al-Isra 17:62
Avuga ati :- urabona uyu wahaye iteka gusumba jewe, rero umpaye umwanya kugeza k’umusi w’imperuka, ntankeka jewe nzohonya uruvyaro rwiwe rwose dukuyemwo bakeyi gusa
Verse 63 — Surah Al-Isra 17:63
Imana ivuga iti:- mvira ngaho uwuzo gukurikira muribo mu vy’ukuri umuriro udahera witiriwe Jahannamu niwo uzoba ari impembo yanyu ikwiye
Verse 64 — Surah Al-Isra 17:64
Niwegeranye abo ushoboye bose muribo kw’ijwi ryawe kandi wegeranye aburira ifarasi n’abagenda n’amaguru, kandi ushigikirane nabo mumatungo yabo hamwe n’ibibondo vyabo, kandi ubemerere mugabo Shetani ntiha abagira indagano atari z’ububeshi gusa
Verse 65 — Surah Al-Isra 17:65
Mu vy’ukuri abashumvyi banje ntabutegetsi ubafitiyeko, n’Umuremyi wawe arahagije kuba ariwe abakingira
Verse 66 — Surah Al-Isra 17:66
Umuremyi wanyu nurya aba gendeshereza amato yanyu mubiyaga kugira ngo murondere imigisha yayo, ntankeka niyo nyene impuhwe kuri mwebwe bantu
Verse 67 — Surah Al-Isra 17:67
Mugihe mushikiwe n’ingorane muri mukiyaga, haca hazimira bamwe bitwa yuko arizo Mana dukuye mwo Imana y’ukuri, mugabo ibashikanye amahoro kw’Isi, muca muyihakana, yamara umuntu yama ahakana imigisha y’Imana
Verse 68 — Surah Al-Isra 17:68
Mbega muremeje yuko Imana itazoba honya kuruhande urwarirwo rwose rwo kw’Isi, canke itazo bazanira Isegenya ry’umusenyi hanyuma ntimuronke uwuzoba kingira
Verse 69 — Surah Al-Isra 17:69
Canke mwiyemeje yuko itazoba subiza mukiyaga ubugira kabiri n’ukuba zanira igihuhusi gikaze cane kigaca kibibiza muri ayo mazi kubera ubuhakanyi bwanyu, hanyuma ntimuze muronke uwuzoba shigikira hejuru yacu kuri ivyo
Verse 70 — Surah Al-Isra 17:70
Mu vy’ukuri abantu twarabateye iteka ntangere, tubaha nivyo burirako bari ngaha kw’Isi no mubiyaga, n’ukubaha ibintu vyiza vyiza, kandi tubaha n’iteka ntangere gusumba benshi mubo twaremye kw’iteka rininiya cane
Verse 71 — Surah Al-Isra 17:71
Umusi tuzoba hamagara abantu bose hamwe n’abayobozi babo, rero abazoronswa ibitabu vyabo mu maboko y’iburyo, abo nibo bazosoma ibitabu vyabo n’akanyamuneza ntangere, kandi ntibazo hemukirwa naho hoba ikiri hagati yicamwa kimeze nk’urunyuzi rw’icamwa c’itende ntibazo hemukirwa n’ikintu nakimwe
Verse 72 — Surah Al-Isra 17:72
N’uwuzoba ari impumyi kuri iy’Isi amenye yuko azoba ar’impumyi k’umusi w’imperuka, nawe azoba ari uwazimiye inzira
Verse 73 — Surah Al-Isra 17:73
Mu vy’ukuri bari hafi cane yuko wohakana kuvyo twagushikirije kugira ngo ushobore kwadukana ibitari ibi, aha rero ntankeka bari kukugira umugenzi wabo mukuru
Verse 74 — Surah Al-Isra 17:74
Iyo tutagu tsimbataza wari kuba hafi yabo yukuba tumbera gatoyi
Verse 75 — Surah Al-Isra 17:75
Aho ntankeka twari kugu honjesha ibihano bikoma komeye bijanye n’ubuzima bwo ngaha kw’Isi hamwe n’ibihano bininiya vyo mubuzima bwo mw’ijuru, hanyuma ntiwari kuronka umufasha w’ukugukingira kuri twebwe
Verse 76 — Surah Al-Isra 17:76
Mu vy’ukuri baregereje kukwirukana mugisagara kugira ngo bagukureyo, kandi nabo ntibari kubayo munyuma yawe atari mukiringo kigufiya cane
Verse 77 — Surah Al-Isra 17:77
Izo nizo ngeso zabamwe twarungitse imbere yawe muntumwa zacu, kandi ntuzoronka ihindagurika ry’ingeso zacu
Verse 78 — Surah Al-Isra 17:78
N’uhagarike amasengesho mugihe Izuba ryahengamye kugeza kumwijima w’ijoro, kandi ntureke gusoma iQur’ani yo mugicugu, mu vy’ukuri gusoma iQur’ani ntagatifu mugusenga igisabisho co mumutwenzi nikiba gikora niwemwo n’Abamarayika
Verse 79 — Surah Al-Isra 17:79
No mw’ijoro niwikuremwo itiro mugusoma iyi Qur’ani ntagatifu mumasengesho yawe, kuko ayo niyo masengesho wongerejeko nkumbure Umuremyi wawe yokudugiriza iteka rihayagizwa hose
Verse 80 — Surah Al-Isra 17:80
Nuvuge uti:- Muremyi wanje, nunyinjize mubwinjiriro bwiza, kandi unsohore ahantu hisohokero ryiza kandi umpe inguvu zivuye iwawe zifasha
Verse 81 — Surah Al-Isra 17:81
Uvuge uti:- ukuri kwashitse n’ikinyoma kirazima nganye
Verse 82 — Surah Al-Isra 17:82
Natwe turamanura muri iyi Qur’ani ntagatifu mugihe ari urukizwa hamwe n’impuhwe kubantu bemera Imana yabo y’ukuri, kandi ntaco bibongereza abo bahemukiye imitima yabo atari uruhombo gusa
Verse 83 — Surah Al-Isra 17:83
Mugihe duhaye umuntu imigisha yacu aca ayanka nukuja kurundi ruhande, mugihe ahuye n’ivyago aca adebukirwa
Verse 84 — Surah Al-Isra 17:84
Vuga uti:- umwe wese akora ibikorwa vyiwe munzira ziwe, n’Umuremyi wacu niwe afise ubumenyi bw’uwarongotse munzira bakurikira
Verse 85 — Surah Al-Isra 17:85
Urabazwa inkuru ijanye n’umutima, wewe nuvuge uti:- Umutima n’ikintu kijejwe n’Umuremyi wanje, namwe ntimwahawe kubijanye n’ubumenyi atari ikintu gitoyi gusa
Verse 86 — Surah Al-Isra 17:86
Ntankeka iyo dushaka twari gukura muvyo twaguhaye, hanyuma ntiwari kuronka kuri iri jambo uwu kurwanira hejuru yacu
Verse 87 — Surah Al-Isra 17:87
Atari kumpuhwe zivuye ku Muremyi wawe, mu vy’ukuri imigisha yayo iri hejuru yawe ni mininiya cane
Verse 88 — Surah Al-Isra 17:88
Vuga uti:- naho bokoranya abantu bose hamwe n’ibisigo vyose kugira ngo bazane ivyoba bimeze nkiyi Qur’ani ntagatifu, ntibari gushobora kuyizana iyimeze nkiyi Qur’ani ntagatifu, naho bofashanya bamwe n’abandi
Verse 89 — Surah Al-Isra 17:89
Ntankeka twaramenyesheje abantu muburyo bwinshi buri muri iki gitabu ceranda ca Qur’ani kuburorero butagira uko bungana, mugabo abantu benshi barahakana atari ubuhakanyi bwabo gusa
Verse 90 — Surah Al-Isra 17:90
Baravuze bati:- twebwe ntidu shobora kukwemera kugeza aho uzo tuzanira isoko ry’amazi mri iki gisagara cacu
Verse 91 — Surah Al-Isra 17:91
Canke ube ufise umurima w’ivyamwa vy’imitende hamwe n’imizabibu, hanyuma ucishe mwo inzuzi hagati yayo ashunguruka ari menshi cane
Verse 92 — Surah Al-Isra 17:92
Canke udusenyurire ijuru ribe ibimanyu manyu nkuko wavyivugiye, canke utuzanire Imana hamwe n’Abamarayika tubibonere amaso kuyandi
Verse 93 — Surah Al-Isra 17:93
Canke ube ufise inzu y’inzahabu, canke uduge mw’ijuru, kandi ntituzo kwemera kw’uko kuduga kwawe utatumanuriye igitabu tugisome, nawe vuga uti:- nihaninahazwe Imana yanje ntagatifu kuko jewe sinari kuba atari uko nd’intumwa y’Imana gusa, sindi umumarayika canke Imana
Verse 94 — Surah Al-Isra 17:94
Ntacabujije abantu kwemera Imana y’ukuri mugihe wabashikira n’uburongozi atari uko bavuze bati:- mbega Imana ihora irungika umuntu kuba intumwa yayo
Verse 95 — Surah Al-Isra 17:95
Vuga uti:- iyo haba ng’aha kw’Isi Abamarayika bagenda bitonze, ntankeka twari kuba manurira kuva mw’Ijuru Abamarayika kuba arizo ntumwa zabo
Verse 96 — Surah Al-Isra 17:96
Vuga uti:- Imana irahagije kuba ariyo cabona hagati yanje na mwebwe, mu vy’ukuri niyo ibazi neza abashumvyi biwe, kandi iraba bona
Verse 97 — Surah Al-Isra 17:97
Uwo Imana yarongoye uwo niwe yarongotse, kandi ireka umuntu akazimira, rero wewe ntuzoba ronsa ababakingira batari Imana yonyene gusa, kandi tuzo begeranya k’umusi w’imperuka mugihe bazoba bakwegwa hejuru y’amaso yabo, nabo ari impumyi n’ibiragi hamwe n’abatumva, hanyuma ubwicaro bwabo n’ubwo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu naho usinziriye gatoyi duzoca tubongereza ibindi bihano
Verse 98 — Surah Al-Isra 17:98
Iyo niyo mpembo yabo kubera yuko bahakanye ivyemezo vyacu, baca bavuga bati:- mbega mugihe tuzoba amagufa masa, hamwe n’ibimanyu vyavungaguritse, tuzozurwa ngo dusubire kuba ibiremwa bishasha
Verse 99 — Surah Al-Isra 17:99
Mbega ntibabonye yuko Imana yaremye Amajuru n’Isi ikaba ariyo ifise ubushobozi bw’ukurema abameze nkabo? Kandi yaraba shiriyeho umwanya udafise amakenga mugabo abahemukiye imitima yabo y’ukuri barahakanye ibintu vyose atari ukubandanya n’ubuhakanyi bwabo gusa
Verse 100 — Surah Al-Isra 17:100
Vuga uti:- mbega iyo muganza ububiko hamwe n’imigisha y’Umuremyi wanyu, ntankeka mwari kuzitira mugutinya kuyakoresha, n’umuntu n’ingumyi cane
Verse 101 — Surah Al-Isra 17:101
Mu vy’ukuri twarahaye intumwa y’Imana Mussa (iii) ivyemezo bishika icenda biri kumugaragaro, ariko ni mubabaze bene Israeri mugihe yabashikira hamwe na Fir’auni ababwi ati:- mu vy’ukuri jewe ndakubona yuko wewe Mussa (iii) warozwe
Verse 102 — Surah Al-Isra 17:102
Intumwa y’Imana Mussa (iii) yishura Fir’auni iti :- ntankeka wewe uramaze kumenya yuko atawamanuye ibi ivyemezo nk’ibi atari Umuremyi w’Amajuru n’Isi, kuba arivyo vyemezo mu vy’ukuri jewe ndakubona yuko wewe Fir’auni umaze kuba uri mubantu batakaye
Verse 103 — Surah Al-Isra 17:103
Rero Fir’auni yashatse kubirukana mugihugu cabo, kuri ivyo twaciye tumwibiza hamwe nabo bari kumwe nabo bose
Verse 104 — Surah Al-Isra 17:104
Hanyuma munyuma yaho twabwiye bene Israeri duti:- nimwicare muri iki gisagara nihashika isango ry’umusi w’umuhero w’Isi tuzoba zana mwese muri hamwe
Verse 105 — Surah Al-Isra 17:105
Kubera ukuzana ukuri kwama ngaha kw’Isi niho twamanuye iyi yamanutse, kandi ntitwakuzanye ngo ube umutanzi w’amakuru meza n’uwutuza
Verse 106 — Surah Al-Isra 17:106
N’iyi Qur’ani ntagatifu twayigabuye mwo ibice bitandukanye kugira ngo ubasomere abantu kugituro n’ikindi, kandi twayimanuye buhoro buhoro kugira ngo yorohe gufata mumutwe
Verse 107 — Surah Al-Isra 17:107
Vuga uti:- ni mwemere iyi Qur’ani canke ntimuyemere, mu vy’ukuri bamwe bahawe ubumenyi imbere yukumanuka kw’iyi Qur’ani ntagatifu, mugihe bayisomewe baca barwa hasi bubamye n’ugushira imitwe yabo hasi
Verse 108 — Surah Al-Isra 17:108
Bavuga bati:- Umuremyi wacu n’umutagatifu, mu vy’ukuri indagano itangwa n’Umuremyi wacu irakwiye
Verse 109 — Surah Al-Isra 17:109
Bama barwa hasi bubamye, bararira n’ukubongereza ubugamburutsi ntangere
Verse 110 — Surah Al-Isra 17:110
Vuga uti:- nimusabe kw’izina ry’Imana canke musabe kw’izina rya nyene imigisha canke kw’izina iryariryo ryose muyi hamagarira ko, kuko ifise amazina meza meza, kandi ntusome iyi Qur’ani kw’ijwi rininiya, canke ntuyisome kw’ijwi rigufiya, nawe uri muma sengesho yawe mu vy’ukuri ahubwo nufate inzira iri hagati y’izo
Verse 111 — Surah Al-Isra 17:111
Kandi uvuge uti:- ihayagizwa ryiza ryose niryo rikwiye Imana, kuko itigiriye ikibondo, kandi idafise umufasha mubwami bwayo, kandi ntamugenzi ifise kubera ukuti shobora kwayo bw’ugukenera icarico cose, kandi uhayagize kwihayagizwa rimwe rininiya