Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 19 - Maryam
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Maryam 19:1
Kaaf, Hha, Ya, Aayn, Swaad. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa)
Verse 2 — Surah Maryam 19:2
N’icibutso hamwe n’impuhwe z’Umuremyi wawe muguha impuhwe zayo umushumvyi wayo intumwa y’Imana Zakariya (iii)
Verse 3 — Surah Maryam 19:3
Mugihe Umuremyi wiwe yamu shikiriza ubutumwa abumu shikiriza mw’ibanga
Verse 4 — Surah Maryam 19:4
Avuga ati:- Muremyi wanje, ntankeka amagufa yanje ntagikomeye, n’umutwe wanje usigaye uyagayaga kubera uruyenzi, kandi sinari mfise imigisha mibi Muremyi wanje, muku gusaba wewe
Verse 5 — Surah Maryam 19:5
Mu vy’ukuri jewe ntewe n’amakenga kuncuti zanje zo munyuma yanje, n’umutambukanyi wanje n’ingumba, rero ndagusavye umpe uwuzo nsigarira avuye iwawe
Verse 6 — Surah Maryam 19:6
Uwuzo nsigarira hamwe n’ugusigarira uruvyaro rwa bene Yaaqubu (iii) kandi umugire wewe Muremyi wanje abe mubantu bakwemera
Verse 7 — Surah Maryam 19:7
Ewe Zakariya! Tuguhaye inkuru nziza yuko uzo kwibaruka ikibondo n’izina ryiwe ni Yahya (iii) ntituragira imbere yiwe kuwufise izina rimeze nk’iryo
Verse 8 — Surah Maryam 19:8
Nawe avuga ati:- Muremyi wanje, mbega nzoronka gute ikibondo mugihe umutambukanyi wanje ari ingumba nanje nkaba nshitse muza bukuru burengeje urugero
Verse 9 — Surah Maryam 19:9
Avuga ati:- nuko nyene bimeze ivyo Umuremyi wawe yavuze yuko ibi vyose ari ibintu vyoroshe kuri jewe, mu vy’ukuri nakuremye kuva kera na wewe ataco wari bwabe
Verse 10 — Surah Maryam 19:10
Avuga ati:- Muremyi wanje, nungirire ikimenyetso, nayo imwishura iti:- ikimenyetso cawe nuko utazo shobora kuvugana n’abantu kukiringo c’imisi itatu, mugihe wewe uri muzima
Verse 11 — Surah Maryam 19:11
Hanyuma aca aseruka ku bantu biwe ari imbere yaho umuyobozi w’amasengero ahagarara abereka akoresheje ukuboko kwiwe gusa y’uko boninahaza Imana yabo kuva mugitondo no kumugoroba
Verse 12 — Surah Maryam 19:12
Ewe Yahya! nufate iki gitabu wahawe n’Imana nkankama, natwe duca tumuha ubuhizi akiri mutoyi
Verse 13 — Surah Maryam 19:13
Tumuha n’ikigongwe kivuye iwacu hamwe n’isukuriro nukuba umugamburutsi
Verse 14 — Surah Maryam 19:14
N’umugira neza kubavyeyi biwe kandi ntiyari mubishima canke mubiyonkora
Verse 15 — Surah Maryam 19:15
N’amahoro y’Imana yari hejuru yiwe kuva k’umusi yavuka, no k’umusi yitaba Umuremyi wiwe, no k’umusi azozurwa ari muzima
Verse 16 — Surah Maryam 19:16
N’umuvuge Mariyamu (iii) muri iki gitabu gitagatifu mugihe yatandukana n’umuryango wiwe n’ukugenda ahantu k’uruhande rw’ubuseruko bw’iryo sengero
Verse 17 — Surah Maryam 19:17
Aca ahashira uruzitiro rw’ukwikingira n’abantu, duca tumurungikira uwazanye amategeko yacu ariwe Jibrilu (iii) aca yigira nk’umuntu akwiye nkawe
Verse 18 — Surah Maryam 19:18
Mariyamu (iii) aca avuga ati:- mu vy’ukuri jewe ndikinze ku Mana nyene impuhwe nyinshi ankingire na wewe niwaba utinya Imana yawe
Verse 19 — Surah Maryam 19:19
Wa mumarayika aca avuga ati:- mu vy’ukuri jewe ndi intumwa y’Umuremyi wawe, kugira ngo ndaguhe ikibondo gitagatifu
Verse 20 — Surah Maryam 19:20
Mariyamu aca avuga ati:- nshobora gute kuronka ikibondo mugihe jewe ntarakorwako n’umugabo nanje nkaba ntari umugore ashurashura
Verse 21 — Surah Maryam 19:21
Wamumarayika avuga ati:- nuko nyene Umuremyi wawe yavuze yuko ari ibintu vyoroshe kuri jewe, kugira ngo tumugireko igitangaro ku bantu bose n’impuhwe zivuye iwacu, n’iri n’ijambo ryaciriwe ko intahe
Verse 22 — Surah Maryam 19:22
Mariyamu (iii) aca arasama imbanyi yiwe aca agenda ahantu hakure
Verse 23 — Surah Maryam 19:23
Hanyuma ibise bimutwara kugishitsi c’igiti c’umutende avuga ati:- iyo nsandaba imbere y’ibi vyose nkaba nk’uwibagiwe burundu
Verse 24 — Surah Maryam 19:24
Mumwanya aca ashikirwa n’ijwi rivuye munsi yiwe rivuga riti:- ntugire agahinda, mu vy’ukuri Umuremyi wawe yamaze kushiraho ikiriba c’amazi aho munsi yawe
Verse 25 — Surah Maryam 19:25
Nunyiganze kuri ico gishitsi c’igiti c’umutende hazoca hakoroka ivyamwa vyiza vy’imitende zihiye neza
Verse 26 — Surah Maryam 19:26
Hanyuma ufungure n’ukunywa, n’ijisho ryawe riture, niwa bona umuntu uwariwe wese ukubajije inkuru zico kibondo wewe nuvuge uti:- mu vy’ukuri jewe nagize icipfuzo canje ku Mana nyene imigisha y’abantu mu kwisonzesha, kuri ivyo rero jewe uno musi uri hejuru sinzo vugisha n’umuntu n’umwe
Verse 27 — Surah Maryam 19:27
Aca agenda nawe kubagenzi biwe ahetse cakibondo ciwe baca bavuga bati:- ewe Mariyamu (iii) mu vy’ukuri wewe uzanye ikintu c’igitangaza
Verse 28 — Surah Maryam 19:28
Ewe mushiki w’intumwa y’Imana Haruna (iii) So wawe ntiyari umuntu mubi canke nyoko wawe ntiyari umushurashuzi
Verse 29 — Surah Maryam 19:29
Mariyamu yaberetse ca kibondo ngo kibe arico babaza, bavuga bati:- tuganira gute n’uruhinja rukiri mubusaswa bwiwe
Verse 30 — Surah Maryam 19:30
Wamwana avuga ati:- mu vy’ukuri jewe nd’umushumvyi w’Imana yampaye igitabu nukungira kuba nd’intumwa y’Imana
Verse 31 — Surah Maryam 19:31
Kandi yangize ngo mbe uwahezagiwe ahondi hose, kandi yansigiye iragi ry’ugusenga n’ugutanga imperezwa mugihe nkiri muzima
Verse 32 — Surah Maryam 19:32
Yansigiye iragi ryukugirira ineza umuvyeyi wanje, kandi ntiyangize ngo mbe umuntu yishima canke kuba kuba mu bantu babi
Verse 33 — Surah Maryam 19:33
N’amahoro y’Imana ari kuri jewe kuva k’umusi mvuka, n’umusi nzosandabira, no k’umusi nzozurwa nukuba muzima
Verse 34 — Surah Maryam 19:34
Uwu niwe ntumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii) niyo mvugo y’ukuri bagirirako amakenga
Verse 35 — Surah Maryam 19:35
Ntibibaho ku Mana kugira ikibondo, ahubwo irisukuye mugihe ishakiye ijambo iribwira gusa kuba rigaca riba
Verse 36 — Surah Maryam 19:36
Mu vy’ukuri Imana n’Umuremyi wanje kandi n’umuremyi wanyu, rero nimuyisenge kuko iyi niyo nzira igororotse
Verse 37 — Surah Maryam 19:37
Mugabo iyo mirwi yabo bantu babi baracanye mwo bamwe kubandi, rero ibihano bikaze cane bizoba shikira bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, mugushera kuri uwo musi mukuru
Verse 38 — Surah Maryam 19:38
Bazokwumva kandi babone neza na neza kuri uwo musi bazo dushikira, mugabo abahemukiye imitima yabo ubu bari mubuzimire buri k’umugaragaro
Verse 39 — Surah Maryam 19:39
Kandi ubatuze k’umusi w’agahinda mugihe itegeko rizoba ryamaze kwemezwa nabo basamaye kandi batemera
Verse 40 — Surah Maryam 19:40
Ntankeka twebwe tuzo sigirwa iy’Isi hamwe nabari hejuru yayo, n’iwacu niho bazosubizwa yo
Verse 41 — Surah Maryam 19:41
Numuvuge intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) muri iki gitabu gitagatifu, ntankeka yari umuntu w’imvuga kuri cane kandi yari intumwa y’Imana
Verse 42 — Surah Maryam 19:42
Bibutse mugihe yabwira Se wiwe ati:- ewe data wanje, ni kuki usenga ibitumva hamwe n’ibitabona hamwe n’ibitagufitiye akamaro na kamwe
Verse 43 — Surah Maryam 19:43
Ewe data wanje, mu vy’ukuri jewe nashikiwe n’ubumenyi butagushikira, rero n’unkurikire ndakurongore munzira y’ukuri kwama
Verse 44 — Surah Maryam 19:44
Ewe data wanje, ntusenge Shetani mu vy’ukuri Shetani niyo idohokera Imana nyene impuhwe zihagije
Verse 45 — Surah Maryam 19:45
Ewe data wanje, mu vy’ukuri jewe ntinya yuko woshikirwa n’ibihano bivuye kwa nyene impuhwe zihagije hanyuma ukazoba uri umugenzi wa Shetani
Verse 46 — Surah Maryam 19:46
Se wiwe amwishura ati:- mbega wewe urashavujijwe nizi Mana zanje ewe Ibrahimu (iii)? Rero nuta reka ibi uriko uravuga, ni ngombwa yuko nzogutera amabuye, kandi umvireho uje kure yanje, kandi mumwanya mugufiya cane
Verse 47 — Surah Maryam 19:47
Intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) ivuga iti:- amahoro y’Imana abekuri wewe, jewe nzogusabira ikigongwe ku Muremyi wanje kuko niyo ingirira ikigongwe cane
Verse 48 — Surah Maryam 19:48
Nanje ndigiriye nikingiye nivyo musenga biteye kure n’Imana, kandi nzogusabira ku Muremyi wanje kandi sinzobura ico nshaka ndagisavye Umuremyi wanje
Verse 49 — Surah Maryam 19:49
Mugihe yavavanura nabo hamwe n’ivyo bahora basenga biteye kubiri n’Imana y’ukuri, twaciye tumuha intumwa y’Imana Is’haqa (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Ya’aqubu (iii) n’umwe wese muribo twaciye tumugira intumwa y’Imana
Verse 50 — Surah Maryam 19:50
Duca tntumwa y’Imana iubaha impuhwe zacu n’ukuba girira ihayagizwa ry’ukuri ryiza
Verse 51 — Surah Maryam 19:51
Kandi uvuge intumwa y’Imana Mussa (iii) muri iki gitabu gitagatifu mu vy’ukuri yari mubatowe n’Imana kandi yari intumwa y’Imana
Verse 52 — Surah Maryam 19:52
Twara muvugishije kuruhande rw’iburyo bw’uwo musozi mutagatifu tura mwegereza ngo tuganire natwe mumwiherero
Verse 53 — Surah Maryam 19:53
Natwe kumpuhwe zacu tumuha mwene wabo Haruna (iii) ngo abe intumwa y’Imana
Verse 54 — Surah Maryam 19:54
Kandi umuvuge muri iki gitabu gitagatifu intumwa y’Imana Ismaili (iii), ntankeka yari imvuga kuri y’indagano nyakuri, kandi yari intumwa y’Imana
Verse 55 — Surah Maryam 19:55
Nawe yarategeka abantu biwe kugira amasengesho n’ugutanga imperezwa, kandi yari mubizigirwa imbere y’umuremyi wiwe
Verse 56 — Surah Maryam 19:56
Kandi umuvuge muri iki gitabu gitagatifu intumwa y’Imana Idirisa (iii) ntankeka yari mubantu bimvuga kuri cane nukuba intumwa y’Imana
Verse 57 — Surah Maryam 19:57
Twaramuhaye iteka ryo hejuru cane
Verse 58 — Surah Maryam 19:58
Abo nibo bahawe imigisha n’Imana, muntumwa z’Imana bo muruvyaro rw’intumwa y’Imana Adamu (iii), hamwe no muruvyaro rwabo twakiye hamwe n’intumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe no muruvyaro rw’ntumwa y’Imana Ibrahimu (iii) na bene Israeri, hamwe nabo twayoboye nukuba tora mugihe basomewe amajambo ya nyene Imigisha myinshi baca barwa hasi bunamika imitwe yabo hasi nugu korora amosozi
Verse 59 — Surah Maryam 19:59
Mugabo munyuma yabo haciye hategurwa imisore mibi ititaho amasengesho y’Imana n’ugukurikira ivyo imitima yabo mibi yishakiye, kuri ivyo bazohura n’ibihano bikaze cane
Verse 60 — Surah Maryam 19:60
Atari uko, nibasaba imbabazi nukuguma bemera Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, abo nibo bantu bazokwinjira mw’ijuru, kandi ntibazo hemukirwa n’ikintu nakimwe
Verse 61 — Surah Maryam 19:61
Amajuru adahera y’Imana nyene imigisha mininiya yemereye abashumvyi biwe mumbari, ntankeka indagano yiwe niyizoshika
Verse 62 — Surah Maryam 19:62
Muri ayo majuru ntibazo kwumva mwo amajambo y’insaku atari amajambo y’amahoro gusa, kandi bazoronkerayo imigisha yabo yo mugitondo niyo kumugoroba
Verse 63 — Surah Maryam 19:63
Iryo niryo juru tuzoba sigira mubashumvyi bacu bamwe mubabaye abatinya Imana yabo y’ukuri
Verse 64 — Surah Maryam 19:64
Natwe ntitumanuka atari kw’itegeko ry’umuremyi wawe, kuko ariyo ifise ubumenyi bw’ibiri imbere yacu hamwe n’ibiri inyuma yacu hamwe n’ibiri hagati y’ivyo vyose, n’Umuremyi wawe si uwibagira
Verse 65 — Surah Maryam 19:65
Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri hagati yavyo vyose, rero nimuyisenge yonyene gusa, kandi ubandanye n’amasengesho yayo, mbega uramuzi nyene izina ryiwe
Verse 66 — Surah Maryam 19:66
N’abantu bavuga bati:- mbega ninaba narapfuye ni vy’ukuri nzozurwa nsubire kuba muzima
Verse 67 — Surah Maryam 19:67
Mbega umuntu ntiyibuka yuko twamuremye imbere yuko ataraba ikintu icarico cose
Verse 68 — Surah Maryam 19:68
Rero ndarahiye ku Muremyi wawe yuko mu vy’ukuri abantu bose tuzobegeranya hamwe n’amashetani, hanyuma tuberekana kuruhande rw’umuriro witiriwe Jahannamu, bace bahapfukamira
Verse 69 — Surah Maryam 19:69
Hanyuma mu vy’ukuri tuzoba kurayo mumoko yabo yose, bamwe muri barya bahakanye Imana yabo y’ukuri gusumba nyene imigisha ihagije
Verse 70 — Surah Maryam 19:70
Kandi mu vy’ukuri twebwe turabazi neza cane abakwiwe guturirwa muri uwo muriro udahera
Verse 71 — Surah Maryam 19:71
Kandi nta n’umwe muri mwebwe atari uwuzoshikira uwo muriro udahera witiriwe Jahannamu, kandi ningombwa ku Muremyi wawe yamaze gucira urwo rubanza
Verse 72 — Surah Maryam 19:72
Hanyuma tuzorokora bamwe batinya Imana yabo bimwe biboneka, hanyuma dusigaze abahemukiye Imana yabo y’ukuri bapfukamye muri uwo muriro udahera
Verse 73 — Surah Maryam 19:73
No mugihe basomewe amajambo yacu ari k’umugaragaro, baca bavuga bamwe bahakana Imana y’ukuri babwira abemeye Imana y’ukuri bati:- ni igiki kiri hagati y’imirwi ibiri ifise ubwicaro bwiza hamwe n’uwufise abantu b’iteka
Verse 74 — Surah Maryam 19:74
N’ibinjana bingahe twahoneje imbere y’abo vyari bifise ibisharizo vyiza gusumba n’amaratiro meza cane
Verse 75 — Surah Maryam 19:75
Vuga uti:- abari mubuzimire nyene imigisha myinshi izo bongereza ikiringo kugeza aho bazo kwibonera muvyo batujijwe, kumbure vyoba ari ibihano canke n’umusi w’umuhero w’Isi, aho niho bazomenya uwuzoba afise ubwicaro bubi canke n’uwuzoba afise ingabo zidafise ubushobozi
Verse 76 — Surah Maryam 19:76
N’Imana yama ibongereza uburokoke bamwe barokotse, n’ibikorwa vyiza bisigara nibirya n’ivyo vyiza mugihe c’impembo yawe imbere y’Umuremyi wawe kandi bikaba ari vyiza mu vyabaye
Verse 77 — Surah Maryam 19:77
Mbega wabonye umwe mubahakanye amajambo yacu nukuvuga ati:- mu vy’ukuri jewe narahawe amatungo n’ibibondo
Verse 78 — Surah Maryam 19:78
Mbega yaronse inkuru zitazwi, canke yaronse indagano ku Mana nyene imigisha myinshi ihagije
Verse 79 — Surah Maryam 19:79
Sivyo none, mu vy’ukuri turandika ivyo avuga vyose, kandi tuzo mwongereza ikiringo kirekire c’ibihano
Verse 80 — Surah Maryam 19:80
Tuzotorana muvyo avuga vyose, kandi azo kwishikana wenyene
Verse 81 — Surah Maryam 19:81
Baragize izindi mana atari Imana y’ukuri kugira ngo babatere intege mukuba fasha
Verse 82 — Surah Maryam 19:82
Oya! Bazohakana amasengesho yabo, kandi bazoba abatumvikana nabo
Verse 83 — Surah Maryam 19:83
Mbega ntubona yuko twarungitse amashetani hejuru ya bamwe batemera Imana y’ukuri baguma bakokeza kugira amabi
Verse 84 — Surah Maryam 19:84
Rero ntubatware ningoga na ningoga abo bahakanyi b’Imana y’ukuri kugira ngo bahanwe, mugabo duharura igitigiri c’imisi yabo
Verse 85 — Surah Maryam 19:85
Umusi tuzo begeranya abatinya Imana yabo y’ukuri tubajana kwa nyene imigisha yuko ari abashitsi bayo
Verse 86 — Surah Maryam 19:86
Hanyuma tuzoba sunika abantu babi mumuriro udahera witiriwe Jahannamu mugihe bazoba bafise inyota y’amazi y’umurengera
Verse 87 — Surah Maryam 19:87
Ntabushobozi bazoba bafise bwugu sabirwa atari bamwe bafashe amasezerano ku Mana nyene imigisha n’impuhwe zihagije
Verse 88 — Surah Maryam 19:88
N’abahakanyi b’Imana bavuga bati:- nyene imigisha ihagije yarigiriye ikibondo
Verse 89 — Surah Maryam 19:89
Ntankeka mwazanye ijambo rishavuza cane mukuvuga ibi vyose
Verse 90 — Surah Maryam 19:90
Mukuvuga yuko nyene imigisha ifise ikibondo
Verse 91 — Surah Maryam 19:91
Nkuko bivugira yuko nyene imigisha ihagije yoba ifise ikibondo
Verse 92 — Surah Maryam 19:92
Kandi ntibibaho kwa nyene imigisha ihagije yuko yoba ifise ikibondo
Verse 93 — Surah Maryam 19:93
Nta n’umwe ari mw’Ijuru no kw’Isi atari uko azoshika kwa nyene imigisha ihagije mugihe nawe ari umushumvyi wayo
Verse 94 — Surah Maryam 19:94
Yabafashe nukuba harura bimwe bikwiye
Verse 95 — Surah Maryam 19:95
N’umwe muribo azoshikira Imana yiwe k’umusi w’imperuka ari wenyene
Verse 96 — Surah Maryam 19:96
Mu vy’ukuri bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, nyene imigisha ihagije izoba girira urukundo
Verse 97 — Surah Maryam 19:97
Mu vy’ukuri iyi Qur’ani ntagatifu twarayoroheje mururimi rwawe rw’icarabu, kugira ngo ubashikirize ubutumwa bwayo kubatinya Imana yabo y’ukuri nukuba tuza kuriyo abantu bafise amatati
Verse 98 — Surah Maryam 19:98
N’ibinjana bingahe vy’abantu twahoneje imbere yabo, mbega urabona mwo n’umwe muribo canke urumva n’imigambi yabo