Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 20 - Ta-Ha
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Ta-Ha 20:1
Twa,Hha. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa)
Verse 2 — Surah Ta-Ha 20:2
Nti twakumanuriye iyi Qur’ani ntagatifu kugira ngo ugire amakenga
Verse 3 — Surah Ta-Ha 20:3
Ahubwo ikubere ubutumwa ku bantu bayigamburukira
Verse 4 — Surah Ta-Ha 20:4
N’imanurwa rivuye kuwaremye Isi n’Amajuru yadugijwe hejuru
Verse 5 — Surah Ta-Ha 20:5
Niyo Mana nyene imigisha n’inganji iri hejuru y’inyegamo yiwe nyeranda
Verse 6 — Surah Ta-Ha 20:6
Ibiri mu Majuru n’ibiri kw’Isi hamwe n’ibiri hagati yavyo hamwe n’ibiri hasi y’Isi vyose nirwiwe
Verse 7 — Surah Ta-Ha 20:7
Niwavuga kw’ijwi rininiya mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’amabanga hamwe nivyinyegeje cane biri mumbari
Verse 8 — Surah Ta-Ha 20:8
Imana, ntayindi isengwa mu vy’ukuri atari yo yonyene rudende gusa, nayo niyo ifise amazina meza
Verse 9 — Surah Ta-Ha 20:9
Mbega warashikiwe n’ikiyago c’intumwa y’Imana Musa (iii)
Verse 10 — Surah Ta-Ha 20:10
Mugihe yabona umuriro aca abwira umuryango wiwe ati:- nimu rindire gatoyi mu vy’ukuri jewe nabonye umuriro kumbure ndaba zanira igishirira muri uwo muriro canke ndaza kuronka mwo uwundongora muri uwo muriro
Verse 11 — Surah Ta-Ha 20:11
Mugihe yashikayo yarahamagawe abwirwa ati:- ewe Musa (iii)
Verse 12 — Surah Ta-Ha 20:12
Ntankeka ni jewe Muremyi wawe, rero niwambure inkweto zawe mu vy’ukuri wewe uri mumwaba mutagatifu witiriwe Twuwaa
Verse 13 — Surah Ta-Ha 20:13
Nijewe nagutoye rero niwumvirize ubutumwa ushikirizwa
Verse 14 — Surah Ta-Ha 20:14
Mu vy’ukuri nijewe Mana, kuko ntayindi isengwa bimwe vy’ukuri atari jewe jenyene, rero nimunsenge kandi muhagarike amasengesho yose kandi mumpayagiza
Verse 15 — Surah Ta-Ha 20:15
Ntankeka umusi w’umuhero w’Isi uzoshika, nanje nkaba nshaka kuwunyegeza uwo musi kubigira mpaka kugira ngo umutima w’umwumwe wese urihwe kuvyo wakoze
Verse 16 — Surah Ta-Ha 20:16
Ntibakuzitire kuri ivyo, bamwe batavyemera nugukurikira ivyo imitima yabo yishakira, nawe ntuze urwe muruhombo
Verse 17 — Surah Ta-Ha 20:17
None ico kiri mukuboko kwawe kw’iburyo n’igiki ewe ntumwa y’Imana Musa (iii)
Verse 18 — Surah Ta-Ha 20:18
Intumwa y’Imana Musa (iii) ibishura iti:- iyi n’inkoni yanje negamira ko kandi niyo mpungurisha ivyatsi kubera ibitungwa vyanje, kandi nkayikoresha mubindi bikorwa
Verse 19 — Surah Ta-Ha 20:19
Imana ivuga iti:- nuyite hasi iyo nkoni yawe ewe ntumwa y’Imana Musa (iii)
Verse 20 — Surah Ta-Ha 20:20
Arayita hasi, mumwanya ica ihinduka inzoka yiruka cane
Verse 21 — Surah Ta-Ha 20:21
Imana ivuga iti:- nuyifate iyo nzoka kandi ntugire ubwoba, ubu rero duca tuyisubiza nkuko yamye aho hambere
Verse 22 — Surah Ta-Ha 20:22
Hanyuma ukurikize ukuboko kwawe mukwaha kwawe kuzoca kuvayo kwera derere atanabi gufise kukaba ari ikindi gitangaro kuri wewe
Verse 23 — Surah Ta-Ha 20:23
Kugira ngo tukwereke ibitangaro vyacu binini biniya
Verse 24 — Surah Ta-Ha 20:24
Nugende kwa Fir’auni, ntankeka niwe yarenze imbibe zagenywe
Verse 25 — Surah Ta-Ha 20:25
Intumwa y’Imana Musa (iii) ivuga iti:- ewe Muremyi wanje nunyagurire igikiriza canje
Verse 26 — Surah Ta-Ha 20:26
Kandi unyorohereze ibikorwa vyanje wampaye
Verse 27 — Surah Ta-Ha 20:27
Kandi unziturire ipfundo riri hagati y’ururimi rwanje
Verse 28 — Surah Ta-Ha 20:28
Bashobore gutahura amajambo yanje nzobabwira
Verse 29 — Surah Ta-Ha 20:29
Kandi ungirire umushikira nganji wo mumuryango wanje
Verse 30 — Surah Ta-Ha 20:30
Mwene wanje Haruna (iii) abe ariwe mufasha wanje
Verse 31 — Surah Ta-Ha 20:31
Umuhe ubushobozi bukwiye kuri we
Verse 32 — Surah Ta-Ha 20:32
Kandi umushire hamwe nanje muri ubu buzi bwanje
Verse 33 — Surah Ta-Ha 20:33
Kugira ngo tuguhayagize cane
Verse 34 — Surah Ta-Ha 20:34
Kandi tukuvuge wewe cane na cane
Verse 35 — Surah Ta-Ha 20:35
Mu vy’ukuri ni wewe utubona
Verse 36 — Surah Ta-Ha 20:36
Imana ivuga iti:- mu vy’ukuri wewe urahawe muvyo ntumwa y’Imana Musa (iii).
wasavye
ewe
Verse 37 — Surah Ta-Ha 20:37
Mu vy’ukuri twarakugiriye impuhwe ubugira kabiri
Verse 38 — Surah Ta-Ha 20:38
Mugihe twereka umuvyeyi wawe ivyerekanywe
Verse 39 — Surah Ta-Ha 20:39
Yuko woshira ikibondo cawe mw’isandugu hanyuma urishire mumwonga, n’uwo mwonga uzomuta kunkengera yarwo kugira ngo umwansi wanje aze amutore n’umwansi wiwe, kandi nashizemwo urukundo ruvuye iwanje kandi umunye ibiri mumaso yanje
Verse 40 — Surah Ta-Ha 20:40
Wibuke igihe mushiki wawe yagenda ku bantu ba Fir’auni avuga ati:- mbega ndaba menyeshe umuntu yomurera? Duca tumusubiza kwa nyoko wawe kugira ngo amaso yiwe anezerwe kandi ntagire agahinda, kandi waragandaguye umuntu duca turakurokora nako gahinda, dutako turaku gerageza kubigeragezo vyinshi hanyuma ubaho imyaka myishi n’abantu bokwa Madiani, hanyuma wagarutse ngaha nkuko vyateguwe ewe ntumwa y’Imana Musa (iii)
Verse 41 — Surah Ta-Ha 20:41
Kandi nagutoye kubera jewe ngo ube intumwa yanje
Verse 42 — Surah Ta-Ha 20:42
N’ugende hamwe na mwene wanyu mufise ivyemezo vyanje, kandi ntimuruhe mukunyibuka
Verse 43 — Surah Ta-Ha 20:43
Nimugende kwa Fir’auni, ntankeka yarengeje akarimbi
Verse 44 — Surah Ta-Ha 20:44
Mumubwire amajambo yoroshe nkumbure yoshobora gufata ubwo butumwa canke agatinya
Verse 45 — Surah Ta-Ha 20:45
Nabo bavuga bati:- ewe Muremyi wacu mu vy’ukuri twebwe turatinya yuko atorenga akarimbi kubera twebwe canke akatwishima ko
Verse 46 — Surah Ta-Ha 20:46
Imana ivuga iti:- ntimutinye, ntankeka ni jewe ndikumwe namwe kuko ni jewe numva kandi mbona
Verse 47 — Surah Ta-Ha 20:47
Rero ni mugende iwe kandi mumubwire muti:- mu vy’ukuri twebwe turi intumwa z’Umuremyi wawe, rero n’ubareke abo bene Israeri tujane nabo kandi ntubahane, mu vy’ukuri tukuzaniye ibimenyetso bivuye k’Umuremyi wawe, n’amahoro azoba ari ku bantu bakurikira uburokoke
Verse 48 — Surah Ta-Ha 20:48
Mu vy’ukuri twazaniwe ubutumwa yuko ibihano bizoshikira bamwe bahakana aya majambo y’Imana y’ukuri n’ukuyaha umugongo
Verse 49 — Surah Ta-Ha 20:49
Fir’auni avuga ati:- Umuremyi wanyu ni nde ewe Mussa
Verse 50 — Surah Ta-Ha 20:50
Intumwa y’Imana Musa (iii) amwishura ati:- Umuremyi wacu nurya yahaye ikintu cose ishusho ryaco bwite hanyuma arakirongora
Verse 51 — Surah Ta-Ha 20:51
Avuga ati:- mbega ni gute bamyeho mubinjana vyaho hambere mukahise utarashika
Verse 52 — Surah Ta-Ha 20:52
Avuga ati:- ubumenyi bwivyo vyose buri k’Umuremyi buri mugitabu cayo, Umuremyi wanje atazimira canke atibagira
Verse 53 — Surah Ta-Ha 20:53
Ariyo yabagiriye iy’Isi kuba ubusaswa nukuba girira muriyo amayira hamwe nukuba manurira amazi avuye mubicu, no kuriyo twanagishijeko ubwoko bw’imbuto zitandukanye
Verse 54 — Surah Ta-Ha 20:54
Nimufungure kandi murishe ibitungwa vyanyu, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bafise ubwenge
Verse 55 — Surah Ta-Ha 20:55
Kuri iy’Isi niho twabaremeye, no muriyo niho tuzoba subizamwo, no kuva muriyo niho tuzoba kuramwo ubugira kabiri
Verse 56 — Surah Ta-Ha 20:56
Mu vy’ukuri twaramweretse Fir’auni ibimenyetso vyacu vyose, mugabo yarabi hakanye aravyanka
Verse 57 — Surah Ta-Ha 20:57
Avuga ati:- uje kudukura mugihugu cacu ukoresheje uburozi bwawe wewe Musa
Verse 58 — Surah Ta-Ha 20:58
Rero twebwe tuzo kuzanira uburozi bumeze nkubwo bw’iwawe, rero nugire isango riri hagati yacu na wewe, atari ayo twebwe tuzosenyura canke wewe, hanyuma tuze duhurire ahantu hateguwe neza
Verse 59 — Surah Ta-Ha 20:59
Intumwa y’Imana Musa (iii) ivuga iti:- isango ryanyu n’umusi mukuru w’ibisharizo n’abantu baze bakoranywe mugitondo
Verse 60 — Surah Ta-Ha 20:60
Fir’auni aragaruka nugutegura imigambi yiwe hanyuma arashika n’abarozi biwe
Verse 61 — Surah Ta-Ha 20:61
Intumwa y’Imana Musa (iii) ibabwira iti: mwa bantu mwe! ntimwadukane ububeshi hejuru y’Imana ntize ibahanagure kubera ibihano vyayo, nayo uwadukana ibintu ntantsinzi afise
Verse 62 — Surah Ta-Ha 20:62
Rero barahaririye kuri urwo rubanza ruri hagati yabo, baca barupfundika mumwiherero
Verse 63 — Surah Ta-Ha 20:63
Bavuga bati:- mu vy’ukuri aba bantu babiri n’abarozi bagomba babakura mugihugu canyu bakoresheje uburozi bwabo, kandi bagomba kubakurira imico n’imigenzo yanyu myiza mufise
Verse 64 — Surah Ta-Ha 20:64
Kuri ivyo rero nimwegeranye ivyanyu vyose hanyuma muje iwabo mutonze kumirongo, mu vy’ukuri kuri uno musi uri hejuru hazotsinda uwuzotsinda
Verse 65 — Surah Ta-Ha 20:65
Bavuga bati:- ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) mbega ni wewe utangura kujugunya canke ni twebwe bambere dutangura kujugunya
Verse 66 — Surah Ta-Ha 20:66
Intumwa y’Imana Mussa (iii) ibishura iti:- nimutangure mwebwe kujugunya, bagize gutya baza babona yamigozi yabo hamwe n’inkoni zabo zibonekana imbere y’Intumwa y’Imana Mussa (iii) kubera uburozi bwabo zigenda ningoga na ningoga
Verse 67 — Surah Ta-Ha 20:67
Intumwa y’Imana Mussa (iii) ica itangura kugira ubwoba mumutima wiwe
Verse 68 — Surah Ta-Ha 20:68
Duca tumubwira duti:- ntugire ubwoba mu vy’ukuri wewe niwe uzoba uri nyene intsinzi
Verse 69 — Surah Ta-Ha 20:69
Nujugunye ikiri mukuboko kwawe kw’iburyo, kizoca kimira ivyo vyose bagize, mu vy’ukuri bagize ingeso z’umurozi gusa, nayo umurozi wese ntantsinzi afise ahariho hose
Verse 70 — Surah Ta-Ha 20:70
Babarozi bose baratsindwa baca barapfukama bashira imitwe yabo hasi bavuga bati:- turamwemeye Umuremyi w’intumwa y’Imana Haruna (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Mussa (iii)
Verse 71 — Surah Ta-Ha 20:71
Fir’auni aca avuga ati:- mbega mwamwemeye imbere yuko ndabaha uruhusha, ntankeka niwe mukuru wanyu yabigishije ubu burozi, rero, nzobaca amaboko yanyu hamwe n’amaguru yanyu ndabikabishije ukuboko kw’iburyo n’ukuguru kw’ibubanfu n’ukuboko kw’ibubanfu hamwe n’ukuguru kw’iburyo hanyuma nce ndaba bamba kubishitsi vy’ibiti vy’imitende, ntankeka muzoca mutahura neza uwariwe muri twebwe akaze cane muguhana nukubi bandanya
Verse 72 — Surah Ta-Ha 20:72
Nabo bavuga bati:- twebwe ntituzo gutora wewe gusumba vyabimenyetso biri k’umugaragaro vyadushikiye, tukaba turahiye kuwa turemye yuko tutazo gutora, rero nugire ivyo ushaka kugira, wewe urashobora gutanga itegeko rijanye n’ubu buzima bwo ngaha kw’Isi gusa
Verse 73 — Surah Ta-Ha 20:73
Mu vy’ukuri twebwe twemeye Umuremyi wacu kugira ngo atugirire ikigongwe kubijanye n’amakosa yacu twagize hamwe n’uburozi bwawe wadutegetse kugira, n’Imana niyo nziza n’iyiramba
Verse 74 — Surah Ta-Ha 20:74
Mu vy’ukuri uwuzoshika imbere y’Umuremyi wiwe afise ivyaha, mu vy’ukuri amenye yuko azoronka umuriro udahera witiriwe Jahannamu, muriwo ntazopfira muriwo canke ntazowuba mwo mubuzima bwiza
Verse 75 — Surah Ta-Ha 20:75
Nuwuzo shikirwa nawe ari umu Isilamu w’ukuri yagize ibikorwa vyiza, rero abo nibo bazoronswa ubutegetsi bwo hejuru
Verse 76 — Surah Ta-Ha 20:76
N’imirima idahera icamwo imyonga imbere y’abo, bakazoba mwo mubuzima bwabo bwose, n’ivyo rero niyo mpembo y’abantu bisukuye
Verse 77 — Surah Ta-Ha 20:77
Mu vy’ukuri twebwe twara murungikiye ubutumwa intumwa y’Imana Mussa (iii) ngo atware abantu banje mw’ijoro, hanyuma abagirire inzira yo kunkengera y’ikiyaga rero ntuze utinye gufatwa kandi ntutinye ikintu icarico cose
Verse 78 — Surah Ta-Ha 20:78
Fir’auni yaciye aba kurikira ari kumwe n’ingabo ziwe, baca bubikirwa mukiyaga nicabubitse
Verse 79 — Surah Ta-Ha 20:79
Na Fir’auni aca atakaza ingabo ziwe zose kandi ntiyashoboye kuzirongora
Verse 80 — Surah Ta-Ha 20:80
Mwebwe bene Israeri, mu vy’ukuri twarabarokoye n’umwansi wanyu nuku bemerera yuko mwoja kuruhande bw’iburyo bw’uwo musozi nukuba manurira ubuki bwitiriwe Manna hamwe n’inyoni ziryoshe zitiriwe Salwaa
Verse 81 — Surah Ta-Ha 20:81
Nimu fungure muri ivyo bintu vyiza twabahaye mugabo ntimurenge imbibe kuri ivyo, ntimuhave mumanukirwa n’ishavu ryanje, kuko uwozo manukirwa n’ishavu ryanje uyo azoba ari mubatakaye
Verse 82 — Surah Ta-Ha 20:82
Mu vy’ukuri jewe ndi mubagirira ikigongwe cinshi cane ku bantu basavye ico kigongwe n’ukwemera bimwe biboneka hamwe nukugira ibikorwa vyiza, kandi akagumana n’uburokoke
Verse 83 — Surah Ta-Ha 20:83
None n’igiki catumye wihuta nugusiga abantu bawe ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii)
Verse 84 — Surah Ta-Ha 20:84
Avuga ati:- bari inyuma yanje bankurikira, nanje naje ndakwihutira wewe Muremyi wanje kugira ngo ungwirize imihezagiro yawe
Verse 85 — Surah Ta-Ha 20:85
Imana ivuga iti:- tubashiriyeho ibibazo abo bantu bawe munyuma yawe, nuyo Samiriyyu niwe yabatakaje
Verse 86 — Surah Ta-Ha 20:86
Intumwa y’imana Mussa (iii) ica isubira inyuma kubantu bayo n’ishavu ryinshi n’agahinda kenshi, aca avuga ati:- bantu banje mbega Umuremyi wanyu ntiyabemereye indagano nziza? None iyo ndagano yayo yabaye ndende kuri mwebwe canke mwashatse yuko mumanukirwa n’ishavu rivuye ku Muremyi wanyu, kuri ivyo mwarenze kumasezerano yanje
Verse 87 — Surah Ta-Ha 20:87
Baca bavuga bati:- twebwe ntitwarenze kumasezerano yawe kugushaka kwacu mugabo twarikorejwe amatu y’inzahabu twatijije ku bantu turayata, uku niko Samiriyyu yabitaye
Verse 88 — Surah Ta-Ha 20:88
Aca abazimana intama y’umubiri ukwiye, ifise n’ijwi baca bavuga bati:- iyi niyo Mana yanyu hamwe n’Imana ya Mussa (iii), mugabo uyu Mussa (iii) yibagiye
Verse 89 — Surah Ta-Ha 20:89
Mbega ntibabonye yuko iyo ntama ataco ibasubiza mw’ijambo canke ataco baganza mukuba girira inabi canke mukuba girira ineza
Verse 90 — Surah Ta-Ha 20:90
Intumwa y’Imana Haruna (iii) yarababwiye kuva kera ati:- emwe bantu banje! Mu vy’ukuri mwebwe mwara teranijwe n’inzigo gusa kuri iki n’IMana ifise impuhwe, rero ni munkurikire kandi mu ngamburukire kumategeko yanje
Verse 91 — Surah Ta-Ha 20:91
Nabo bishura bati:- twebwe ntituzoreka namba kumusenga kugeza aho intumwa y’Imana Mussa (iii) azogaruka iwacu
Verse 92 — Surah Ta-Ha 20:92
Mugihe intumwa y’Imana Mussa (iii) yagaruka yavuze ati:- ewe Haruna (iii) n’igiki cakubujije kuta nkurikira mugihe wababona bazimiye
Verse 93 — Surah Ta-Ha 20:93
Mbega icakubujije kuta nkurikira, mbega wiyonkoye kumategeko yanje
Verse 94 — Surah Ta-Ha 20:94
Avuga ati:- ewe mwene Mama wanje, ntunfate kubwanwa bwanje canke kumutwe wanje, mu vy’ukuri jewe naratinye kugira ngo ntuze uvuge yuko ari wewe watandukanije bene Israeri hanyuma ntiwarindira ijambo rivuye kuri jewe
Verse 95 — Surah Ta-Ha 20:95
Intumwa y’Imana ivuga iti:- ewe Samiriyyu, vyabaye gute kugira ngo ugire gutyo
Verse 96 — Surah Ta-Ha 20:96
Nawe yishura ati:- jewe nabonye ivyo abandi batabonye nca mfata urugendo rugufiya rw’intumwa y’Imana, hanyuma ndaruvamwo, uku rero niko umutima wanje wantumye
Verse 97 — Surah Ta-Ha 20:97
Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- nugende mu vy’ukuri hazoba kuri wewe mubuzima bwawe uvuga uti:- ntunkoreko wewe ntankeka urafise amasezerano atamenwa kandi urabe Imana yawe wabandanije gusenga, ntankeka tuzo muturira hanyuma tumwibize mukiyaga azimangane burundu
Verse 98 — Surah Ta-Ha 20:98
Mu vy’ukuri uwusengwa wanyu n’Imana yonyene gusa, kuko atayindi Mana isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene rudende, kuko niyo ikwijije mubintu vyose k’ubumenyi bwayo
Verse 99 — Surah Ta-Ha 20:99
Uku niko tukubwira muri zankuru zivyabaye, kandi ntankeka twebwe tuguhaye ubutumwa buvuye kuri twebwe
Verse 100 — Surah Ta-Ha 20:100
Abazo kwiyonkora kuriwe mu vy’ukuri k’umusi w’imperuka bazokwikorera amatu y’ibicumuro vyabo
Verse 101 — Surah Ta-Ha 20:101
Bazoba muri ivyo bicumuro mubuzima bwabo bwose, naho n’ahantu habi hameze gute k’umuntu kuri uwo musi w’imperuka kwikorera ayo matu y’ibicumuro
Verse 102 — Surah Ta-Ha 20:102
Umusi hazovuzwa inzamba nukwegeranya abafise ivyaha kuri uwo musi w’imperuka, mugihe amaso yabo azoba asa n’ubururu kubera ubwoba
Verse 103 — Surah Ta-Ha 20:103
Bazo kwongorerana bamwe n’abandi nukuvuga bati:- mbega ntimwabaye kw’Isi atari nk’imisi icumi gutya
Verse 104 — Surah Ta-Ha 20:104
Twebwe turafise ubumenyi buhanitse bw’ivyo bazovuga, mugihe bazovuga abantu babo bababona ko aria bantu b’iteka muribo no munyifato zabo, bababwira yuko mwebwe mutabayeho kw’Isi atari umusi umwe gusa
Verse 105 — Surah Ta-Ha 20:105
Barakubaza inkuru zijanye n’imisozi, wewe n’ubabwire uti:- Umuremyi wanje azoyisenya gura yose
Verse 106 — Surah Ta-Ha 20:106
Azosiga ari imbuga iringaniye neza cane
Verse 107 — Surah Ta-Ha 20:107
Ntuzobona kuri iy’Isi ahari ahantu hashunguruka canke ahaduga
Verse 108 — Surah Ta-Ha 20:108
Kuri uwo musi bazokurikira uwukeneye icarico cose ataco adafise ubuzimire, hanyuma amajwi yose azo gamburukira ijwi ry’Imana nyene Impuhwe kandi ntuzokwumva atari imidiho y’amaguru y’abantu gusa
Verse 109 — Surah Ta-Ha 20:109
Kuri uwo musi ntagisabisho c’uwundi muntu kizofasha atari uwuzoba yahawe uruhusha na nyene Impuhwe hamwe nukumemererwa amajambo yiwe
Verse 110 — Surah Ta-Ha 20:110
Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibiri imbere yabo hamwe n’ibiri inyuma yabo, kandi nabo ntiba shobora kuyimenya Imana ukuri kwama
Verse 111 — Surah Ta-Ha 20:111
N’ayandi maso y’abantu azoteterwa imbere y’Imana ifise ubuzima budahera, igira ibintu vyose, kandi nabononekewe abantu bagira ubuhemu
Verse 112 — Surah Ta-Ha 20:112
Nayo uwuzogira ibikorwa vyiza nawe ari umu Isilamu, ntazotinya guhemukirwa canke kwimwa ivyiwe
Verse 113 — Surah Ta-Ha 20:113
Uku niko twamanuye iyi Qur’ani ntagatifu mururimi rw’icarabu, kandi tukaba twarasiguye muri ico gitabu umwanya uwariwo wose harimwo ituzwa ry’ubwoko bwose kugira ngo abantu bashobore gutinya n’ukubaha ivyibutso bishasha
Verse 114 — Surah Ta-Ha 20:114
Nihaninahazwe Imana rugira vyose Umwami w’ukuri, kandi ntiyihutire iyi Qur’ani imbere mukuyisoma imbere yuko yuguhera kw’ubutumwa bwayo, kandi uvuge uti:- Muremyi wanje nunyongereze ubumenyi bukwiye
Verse 115 — Surah Ta-Ha 20:115
Aho hambere twaramuhaye isango intumwa y’Imana Adamu (iii) mugabo yararyibagiye kandi ntitwabonye kuriwe ishaka rininiya
Verse 116 — Surah Ta-Ha 20:116
N’igihe twababwira Abamarayika duti:- nimu pfukamire intumwa y’Imana Adamu (iii) baragamburutse bose dukuyemwo uwitwa (Shetani) niwe yanse gupfukamira intumwa y’Imana Adamu (iii)
Verse 117 — Surah Ta-Ha 20:117
Duca tuvuga duti:- ewe Adamu (iii) mu vy’ukuri uyu n’umwansi wawe hamwe n’umutambukanyi wawe, rero ntabakure mw’Ijuru muzoba mwitaye mungorane
Verse 118 — Surah Ta-Ha 20:118
Mu vy’ukuri iyo mw’ijuru ntuzo sonzerayo kandi ntuzobura ico wambara
Verse 119 — Surah Ta-Ha 20:119
Mu vy’ukuri muri ayo Majuru ntuzo nyoterwayo canke ntuzo ronkerayo ubushuhe
Verse 120 — Surah Ta-Ha 20:120
Mugabo Shetani yaramwoheje imubwira iti:- ewe Adamu (iii) mbega ndakumenyeshe igiti c’ubuzima budahera hamwe n’Ubwami budahera
Verse 121 — Surah Ta-Ha 20:121
Baca batarukira gufungura kuri cagiti uko ari babiri, hanyuma ibitsina vyabo bica birabonekana, baca batangura kwimadika ivyatsi vyo mw’Ijuru, nayo intumwa y’Imana Adamu (iii) ica ihemukira Umuremyi wayo nuguca ihuvya inzira gatoyi
Verse 122 — Surah Ta-Ha 20:122
Hanyuma Umuremyi wiwe yaciye imutora nuku mwemerera ikigongwe ciwe nuku murongora
Verse 123 — Surah Ta-Ha 20:123
Imana ica ivuga iti:- nimumvire ngaha mwese, mugihe mwabaye abansi kubandi, nimwashikirwa n’uburokoke buvuye iwanje, nayo uwuzo kurikira ubwo burokoke bwanje uwo muntu ntazozimira canke ntazogira ingorane
Verse 124 — Surah Ta-Ha 20:124
Nayo uwuzoba kure n’ubutumwa bwanje, mu vy’ukuri uwo muntu azoronka ubuzima bw’ingorane, hanyuma k’umusi w’umuhero w’Isi tuzomuzura nawe ari impumyi
Verse 125 — Surah Ta-Ha 20:125
Nawe azokwishura ati:- ewe Muremyi wanje, mbegako unzuye ndi impumyi, nanje nari nkomeye mbona
Verse 126 — Surah Ta-Ha 20:126
Imana izovuga iti:- egome nuko nyene washikiwe n’amajambo yacu urayibagira, nawe uno musi uzokwibagirwa
Verse 127 — Surah Ta-Ha 20:127
Uku niko tuzohemba umwe wese yimonogoje mukurenga akarimbi n’ukutemera amajambo y’Umuremyi wiwe, kandi ntankeka ibihano vy’umusi w’imperuka birakaze cane kandi n’ibiguma bibandanya igihe cose
Verse 128 — Surah Ta-Ha 20:128
Mbega ntivya menyekanye yuko ari ibinjana bingahe twahoneje imbere yabo, n’aba baguma bijanda jandira mumazu yabo, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bafise ubwenge
Verse 129 — Surah Ta-Ha 20:129
Iyo hataba ijambo ryabanje kuba rivuye ku Muremyi wawe, hamwe n’umwanya wagenewe, ntankeka hari gushika ibihano vy’uguhonywa abo bantu babi
Verse 130 — Surah Ta-Ha 20:130
Niwihangane kuvyo bakuvuga ko vyose kandi uhayagize Umuremyi wawe hamwe n’ukuyitakambira imbere yaho izuba ritaraseruka n’imbere yaho ritaragoroba hamwe no mumyanya hamwe no mumyanya y’ijoro nahone uyitakambire, no hagati y’umurango kugira ngo uronke ivyo guhumuriza
Verse 131 — Surah Ta-Ha 20:131
Kandi ntusamarire n’amaso yawe kuvyo twanezereje bamwe mu bantu muribo, ivyo navyo n’ihiganwa ry’ubuzima bwo ngaha kw’Isi gusa kugira ngo tubahe ibibazo kurivyo, n’imigisha y’Umuremyi wawe niyo myiza cane kandi iguma ibandanya
Verse 132 — Surah Ta-Ha 20:132
Kandi utegeke abantu bawe bose gusenga, kandi nawe kubwawe ugume ubandanya nivyo, twebwe ntidugusaba imigisha iyariyo yose ahubwo ni twebwe tuyiguha, n’impera nziza izomenyekana kubatinya Imana yabo y’ukuri
Verse 133 — Surah Ta-Ha 20:133
N’abahakanyi b’Imana y’ukuri bavuze bati:- ni kuki atatuzaniye ibitangaro bivuye ku Muremyi wiwe, mbega ntimwashikiwe n’ivyemezo biri k’umugaragaro biri mubitabu vyaho hambere
Verse 134 — Surah Ta-Ha 20:134
Iyo tubahonya n’ibihano imbere yukuza kw’iyo ntumwa y’Imana, bari kuvuga bati:- ewe Muremyi wacu ni kuki utatuzaniye intumwa y’Imana tugaca dukurikira ayo majambo yawe imbere yuko twebwe tumaramara gutya n’uguteterwa
Verse 135 — Surah Ta-Ha 20:135
Vuga uti:- umwe wese muri twebwe ararindiriye impembo yiwe, rero namwe nimurindire ubu vuba muzotahura uwariwe uwuzoba ari munzira y’ukuri n’uwuzoba ari muburokoke