Back to Languages

Rundi - Chapter 21 - Al-Anbiya

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah Al-Anbiya 21:1

Hageze aho abantu iharurwa ryabo ry’umusi w’imperuka ryashitse nabo ataco bibuka n’uguhakana gusa

Verse 2 — Surah Al-Anbiya 21:2

Ntabutumwa bushasha buzobashikira buvuye ku Muremyi wabo atari uko babwumva nabo babifata minenegwe

Verse 3 — Surah Al-Anbiya 21:3

Imitima yabo yaribagijwe nabo bongorerana mumbari bamwe bahemukiye imitima yabo babwirana bati:- uyu Muhammadi (aui) atari uko ari umuntu nkamwe, noneho mwashikiye kuburozi namwe aho muri mwibonera

Verse 4 — Surah Al-Anbiya 21:4

Intumwa y’Imana Muhammadi (iii) yavuze iti:- Umuremyi wanje niyo ifise ubumenyi bwibivugirwa mw’Ijuru no kw’Isi, nayo niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije

Verse 5 — Surah Al-Anbiya 21:5

Mugabo abahakanyi b’Imana bavuze bati:- ibi vyose n’indoto zivanganye n’izindi, ahubwo nivyo yigiriye kubwiwe, kandi uyu muntu n’umwanditsi yiyandikira amajambo y’ubuhizi gusa, rero natuzanire ibitangaro nkuko barungitswe izindi ntumwa z’Imana zaho hambere

Verse 6 — Surah Al-Anbiya 21:6

Ntibemeye abari imbere yabo aribo banyagihugu baba Qurayshi bo mugisagara icarico twahoneje, mbega aba bantu bazokwemera

Verse 7 — Surah Al-Anbiya 21:7

Ntitwaba rungitse imbere yawe atari abagabo twahaye ubutumwa, rero nimubabaze abacibuka nimwaba mwebwe mutabizi

Verse 8 — Surah Al-Anbiya 21:8

Natwe ntitwabahaye imibiri idafungura ibifungurwa, kandi ntibari kuba ari abantu bokubaho mubuzima bwabo bwose

Verse 9 — Surah Al-Anbiya 21:9

Hanyuma twarabemereye amasezerano nukubarokora hamwe nabo twishakiye, nuguhonya abamaze kurenga imbibe z’Imana

Verse 10 — Surah Al-Anbiya 21:10

Ntankeka twaraba manuriye igitabu, murico harimwo ubutumwa kuri mwebwe, mbega ntimutegera

Verse 11 — Surah Al-Anbiya 21:11

N’ibisagara bingahe twahoneje ku bantu bamye bahemukira imitima yabo, natwe munyuma duca turema abandi bantu

Verse 12 — Surah Al-Anbiya 21:12

Mugihe bikeka ibihano vyacu, mumwanya baciye batangura kwiruka

Verse 13 — Surah Al-Anbiya 21:13

Ntimwiruke ahubwo nimugaruke kuvyo mwahora mwinezereza ko mumazu yanyu kugira ngo mubazwe

Verse 14 — Surah Al-Anbiya 21:14

Nabo bavuga bati:- Oh! mu vy’ukuri twari mubahemukiye imitima yacu

Verse 15 — Surah Al-Anbiya 21:15

Haca habandanya ivyitwazo vyabo kugeza naho tubagira nk’abatemwe nukuzimwa impwemu zabo nugucikana

Verse 16 — Surah Al-Anbiya 21:16

Ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri hagati nkugufyinata

Verse 17 — Surah Al-Anbiya 21:17

Iyo dushaka gufyinata twari kwigirira twebwe nyene nkiyo tuba dushaka gufyinata

Verse 18 — Surah Al-Anbiya 21:18

Ahubwo ivyo dushaka kugira nibi:- nuguta ukuri hejuru y’ikinyoma kugaca kumena ifufu ry’umutwe hanyuma ikinyoma kikazimangana, n’ibihano vy’Imana birabarindiriye kubera ibi vyose muvuga

Verse 19 — Surah Al-Anbiya 21:19

N’ibiri mumajuru yose no kw’Isi ni vy’Imana, n’abari iwe ntibishima mukuyi senga kandi ntibaruha

Verse 20 — Surah Al-Anbiya 21:20

Bayininahaza ijoro n’umutaga kandi ntibadebukirwa

Verse 21 — Surah Al-Anbiya 21:21

Canke baronse izindi Mana kw’Isi bakurikira

Verse 22 — Surah Al-Anbiya 21:22

Nkiyo hobayeho iyo mw’Ijuru no kw’Isi izindi Mana atari Imana y’ukuri, ntankeka ayo majuru n’Isi yari kwononekara, mugabo Imana irisukuye, Umuremyi w’inyegamo yayo hamwe n’ivyo bayihayagiza ko

Verse 23 — Surah Al-Anbiya 21:23

Imana ntibazwa ivyo ikora mugabo ibiremwa bantu bose nibo bazobazwa

Verse 24 — Surah Al-Anbiya 21:24

Canke bafashe aho bofashe izindi Mana nk’Imana y’ukuri, wewe vuga uti:- nimuzane ivyemezo vyanyu kuko ivyo ndababwira n’icibutso c’abari kumwe nanje, hamwe nabamweho imbere yanje, mugabo benshi muribo ntabumenyi bw’ukuri bafise, kuri ivyo ntibavyitayeho

Verse 25 — Surah Al-Anbiya 21:25

Ntawe ntitwa rungitse imbere yawe intumwa iyariyo yose mugabo twaramweretse yuko atayindi Mana isengwa atari jewe gusa, rero nimunsenge

Verse 26 — Surah Al-Anbiya 21:26

N’abahakanyi b’Imana bavuga bati:- nyene imigisha myinshi yigiriye ikibondo, Imana irisukuye ahubwo abo bamarayika n’abashumvyi b’Imana bafise iteka ntangere

Verse 27 — Surah Al-Anbiya 21:27

Ntibayitanguza ko ijambo, nabo bakorera kw’itegeko ryayo

Verse 28 — Surah Al-Anbiya 21:28

Niyo ifise ubumenyi bw’ibiri imbere yabo hamwe n’ibiri inyuma yabo, nabo Bamarayika ntibasabira uwariwe wese ku Mana atari uwo Imana yemereye ivyo bisabisho vyiwe, nabo kubera ukuyitinya baragamburuka

Verse 29 — Surah Al-Anbiya 21:29

N’uwuzovuga muribo ati:- jewe nd’Imana aho kubayo nyezina, uyo muntu tuzo muriha impembo y’umumuriro udahera witiriwe Jahannamu, uko rero niko duhemba abahemukiye imitima yabo

Verse 30 — Surah Al-Anbiya 21:30

Mbega ntibabonye bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri yuko Amajuru n’Isi vyose vyakurikirana hanyuma turabi tandukanya hanyuma tugira mubijanye n’amazi ubuzima bw’ibintu vyose, mbega ntimwemera

Verse 31 — Surah Al-Anbiya 21:31

Dushira kw’Isi imisozi, kugira ngo ntinyigange, hanyuma dushiramwo amayira aboneka ari k’umugaragaro kugira ngo abantu batumbere inzira bacamwo

Verse 32 — Surah Al-Anbiya 21:32

Hanyuma tugira Ijuru kuba ari urusenge ruzitiwe neza mugabo abahakanyi b’Imana y’ukuri bararengwa mukutemera n’ivyo bimenyetso vy’Imana

Verse 33 — Surah Al-Anbiya 21:33

Nayo niyo yaremye Ijoro n’Umutaga hamwe n’Izuba n’Ukwezi, rero ivyo vyose bireremba mumizingi y’avyo vyagenewemwo

Verse 34 — Surah Al-Anbiya 21:34

Natwe ntitwaremye ikiremwa muntu uwariwe wese w’imbere yawe ngo abe uwuzoramba burundu, none wewe niwasandaba nibo bazoramba mubuzima bw’abo bwose

Verse 35 — Surah Al-Anbiya 21:35

Umutima w’umuntu uwariwe wese uzohonja urupfu, kandi turaba gerageza mubijanye n’ishari hamwe n’amahoro, n’iwacu mwese niyo muzosubizwa yo

Verse 36 — Surah Al-Anbiya 21:36

Bakubonye bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri nta nakimwe bakugira, ahubwo bara kwimwenyura bavuga bati:- mbega uyu niwe avuga Imana zanyu nabi kandi abo nibo bahakana Imana nyene imigisha ihagije

Verse 37 — Surah Al-Anbiya 21:37

Umuntu awariwe wese yaremwe yihutirwa, ubu vuba jewe nzobereka ibimenyetso vyanje, kuri ivyo rero ntimumputagize

Verse 38 — Surah Al-Anbiya 21:38

Bavuga bati:- iri sango twemerewe ryuguhanwa rizoba ryari nimwaba muvugisha ukuri

Verse 39 — Surah Al-Anbiya 21:39

Iyo babimenya bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri mugihe batazokingira umuriro uzoba uri mumaso yabo canke mumigongo yabo kandi batazofashwa

Verse 40 — Surah Al-Anbiya 21:40

Ahubwo uzoba shikira giturumbuka kandi uze ubahendeshe hanyuma ntibazo shobora kuwusubiza inyuma canke ntibazohabwa ikiringo kanaka

Verse 41 — Surah Al-Anbiya 21:41

Ntankeka barakengereye intumwa z’Imana zabayeho aho hambere yabo, rero bamwe bakengereye izo ntumwa z’Imana muribo barashikiwe nivyo bahora bakengera ko

Verse 42 — Surah Al-Anbiya 21:42

Vuga uti:- ni nde ashobora kubakingira mw’Ijoro no k’Umutaga n’ibihano vy’Imana, mugabo kuribo ntibitaho mukwibuka Umuremyi wabo

Verse 43 — Surah Al-Anbiya 21:43

Mbega barafise izindi Mana zibakingira gusumba twebwe, none ntibashobora kwifasha bonyene, kandi ntibazo kingirwa natwe

Verse 44 — Surah Al-Anbiya 21:44

Ahubwo twaraba nezereje cane abo bahakanyi b’Imana y’ukuri hamwe n’abavyeyi babo kugeza naho ubuzima bwabo buba burebure kubera ivyo, mbega ntibabona yuko tugira kuri iy’Isi yabo nukugabanya imbibe zayo? Mbega nibo bene intsinzi

Verse 45 — Surah Al-Anbiya 21:45

Vuga uti:- jewe ndiko ndabatuza kumajambo y’ubutumwa bw’Imana, rero intumva ntizumva ubutumwa naho zotuzwa

Verse 46 — Surah Al-Anbiya 21:46

Naho bokorwako n’igice gitoyi gusa c’ibihano vy’Umuremyi wawe, ntankeka bovuze bati:- ibi bihano vyacu mu vy’ukuri twebwe twarahemukiye imitima yacu

Verse 47 — Surah Al-Anbiya 21:47

Natwe tuzo shiraho iminzani y’ukuri k’umusi w’imperuka n’umutima w’umuntu uwariwe wese ntuzo hemukirwa na gatoyi naho coba ico kintu gifise uburemere bw’igishishwa c’umutende tuzo bishikiriza natwe turahagije kuba abamenyi buguharura

Verse 48 — Surah Al-Anbiya 21:48

Mu vy’ukuri twarahaye intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Haruna (iii) igitabu gitandukanya n’umuco hamwe n’ubutumwa kubantu bagamburukira Imana y’abo y’ukuri

Verse 49 — Surah Al-Anbiya 21:49

N’abatinya Umuremyi wabo mugihe biherereye, kandi bagatinya n’umusi w’imperuka

Verse 50 — Surah Al-Anbiya 21:50

N’iyi Qur’ani n’ubutumwa bwahezagiwe twamanuriye kuri wewe, mbega mwebwe murabuhakana

Verse 51 — Surah Al-Anbiya 21:51

Mu vy’ukuri twarahaye intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) uburongozi bwiwe kuva kera kandi twari tumuzi neza

Verse 52 — Surah Al-Anbiya 21:52

Mugihe yabwira Se wiwe hamwe n’abantu biwe ati:- mbega aya masanamu mwicarirako imisi yose muyasenga

Verse 53 — Surah Al-Anbiya 21:53

Nabo bamwishura bati:- twebwe twasanze basogokuru bacu bayasenga

Verse 54 — Surah Al-Anbiya 21:54

Nawe abishura ati:- ntankeka mwebwe hamwe nabaso banyu mwari mubuzimire buri k’umugaragaro

Verse 55 — Surah Al-Anbiya 21:55

Nabo bamwishura bati:- mbega waje ngaha ufise amajambo y’ukuri canke uri mubantu bafyinata

Verse 56 — Surah Al-Anbiya 21:56

Nawe abishura ati:- ahubwo Umuremyi wanyu n’urya muremyi w’Amajuru n’Isi yayaremye, nanje ndi muvyabona vyemeza ibi vyose

Verse 57 — Surah Al-Anbiya 21:57

Ndarahiye kw’izina ry’Imana yuko jewe nzoyagirira nabi aya masanamu yanyu nimwampa umugongo mugenda iyo mugenda

Verse 58 — Surah Al-Anbiya 21:58

Rero aca arasenyura yamasanamu yose ayagira ibimanyu manyu, asigaza ryasanamu rininiya muriyo kugira ngo barisubire mwo

Verse 59 — Surah Al-Anbiya 21:59

Bagarutse bavuze bati:- ni nde yagize gutya izi Mana zacu? Mu vy’ukuri uyu muntu ari mubahemu bakuru

Verse 60 — Surah Al-Anbiya 21:60

Baca bavuga bati:- twumvise umusore umwe yitwa Ibrahiimu (iii)

Verse 61 — Surah Al-Anbiya 21:61

Bati:- nimu murengutse imbere y’amaso y’ishengero ry’abantu bamubone neza kumabi yiwe

Verse 62 — Surah Al-Anbiya 21:62

Bavuga bati:- mbega ni wewe wagize gutya izi Mana zacu wewe Ibrahimu

Verse 63 — Surah Al-Anbiya 21:63

Nawe abishura ati:- Oya! uwabigize gutyo n’iri sanamu rikuru ryabo, rero nimuribaze yuko ashobora kuvuga kubijanye n’ibi bintu

Verse 64 — Surah Al-Anbiya 21:64

Baca bisubirako babaza imitima yabo nukuvuga bati:- mu vy’ukuri mwebwe mwamye muhemukira imitima yanyu

Verse 65 — Surah Al-Anbiya 21:65

Hanyuma baca bunamika imitwe y’abo hasi bavuga bati:- mu vy’ukuri uramaze kumenya yuko aya masanamu atavuga n’ikintu nakimwe

Verse 66 — Surah Al-Anbiya 21:66

Abishura ati:- mbega mwebwe musenga iyitari Imana ataco ibamarira n’ikintu na kimwe kandi ata nabi ibagirira

Verse 67 — Surah Al-Anbiya 21:67

Nimuceceke nivyo musenga biteye kubiri n’amasengesho y’Imana, mbega mwebwe ntimutegera

Verse 68 — Surah Al-Anbiya 21:68

Bavuga bati:- nimu muturire n’umucanwa kugira ngo murokore Imana zanyu nimwaba mwebwe muri mubagira ikintu nyaco

Verse 69 — Surah Al-Anbiya 21:69

Natwe duca tuvuga duti:- wa mukomezwa we! nube imbeho n’amahoro kubera intumwa y’Imana Ibrahiimu (iii)

Verse 70 — Surah Al-Anbiya 21:70

Bamusabiye inabi mugabo twaciye tubagira kuba aribo bene uruhombo

Verse 71 — Surah Al-Anbiya 21:71

Duca turamurokora hamwe n’intumwa y’Imana Lutwi (iii) tubajana mukindi gisagara twahezagiye kubera abantu bose

Verse 72 — Surah Al-Anbiya 21:72

Nayo intumwa y’Imana Ibrahiimu (iii) twamuhaye ikibondo citiriwe izina rya Is’haqa (iii) hamwe n’uwundi yitwa Ya’aqubu (iii) kuba ariwe mwuzukuru wiwe, na bose twaciye tubagira kuba ari abantu beranda

Verse 73 — Surah Al-Anbiya 21:73

Hanyuma turaba hezagira kuba indongozi ziyobora abandi bantu kw’itegeko ryacu, nukuba rungikira ubutumwa nukuba bwereka nukugira ineza hamwe n’uguhagarika amasengesho hamwe n’ugutanga imperezwa, kandi iwacu bamye ari abantu batu gamburukira

Verse 74 — Surah Al-Anbiya 21:74

Intumwa y’Imana Lutwi (iii) twaramuhaye amategeko n’ubumenyi nukumurokora n’abantu b’ico gisagara camye kigira amarorerwa mabi cane, ntankeka abo bantu bari abantu babi cane basenyura amategeko y’Imana

Verse 75 — Surah Al-Anbiya 21:75

Duca twinjiza iyo ntumwa y’Imana Lutwi (iii) mumihezagiro yacu, mu vy’ukuri yari mubagira ineza

Verse 76 — Surah Al-Anbiya 21:76

Kandi bibuke intumwa y’Imana Nuhu (iii) mugihe yashikiriza ubutumwa bwiwe aho hambere, natwe twaramwemerera, duca turamurokora hamwe n’abantu biwe mungorane niniya nkizo

Verse 77 — Surah Al-Anbiya 21:77

Twaramurokoye kubera abantu bahakanye amajambo yacu, mu vy’ukuri abo bantu bari abantu babi cane, duca tubibiza mumazi bose uko bangana

Verse 78 — Surah Al-Anbiya 21:78

Kandi ubibutse kubijanye n’intumwa y’Imana Daudi (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Sulaimanu (iii) mugihe baca urubanza kubijanye n’itongo mugihe zarisha muri iryo tongo intungwa z’abandi mw’ijoro, natwe kubera urwo rubanza twari ivyabona

Verse 79 — Surah Al-Anbiya 21:79

Duca tubwira intumwa y’Imana Sulaimanu (iii) n’umwe muribo twamuhaye intahe n’ubumenyi, hanyuma duca tugamburutsa imisozi yose hamwe n’intumwa y’Imana Daudi (iii) ihayagiza Imana, tugamburutsa n’inyoni nazone zigamburukira Imana hamwe nawe natwebwe nimubagira ivyo dushaka

Verse 80 — Surah Al-Anbiya 21:80

Duca twigisha intumwa y’Imana Daudi (iii) ingene yohingura impuzu z’ingwano kubera mwebwe, kugira ngo zibakingire mungwano zanyu, mbega muzoba muri mubantu bashima

Verse 81 — Surah Al-Anbiya 21:81

No kuntumwa y’Imana Suleimanu (iii) twara gamburukije umuyaga ukaze cane ugira kumategeko yiwe ngaha kw’Isi twahezagiye natwe nitwebwe dufise ubumenyi bw’ibintu vyose

Verse 82 — Surah Al-Anbiya 21:82

Twara gamburukije amashetani yibirira mumazi nukugirira ibindi bikorwa bitari ivyo, natwe twari muba bacungera

Verse 83 — Surah Al-Anbiya 21:83

N’intumwa y’Imana Ayyubu (iii) mugihe Umuremyi wiwe yamu hamagara avuga ati:- jewe nahuye n’ingorane, nawewe niwe ufise Impuhwe gusumba abandi batanga impuhwe

Verse 84 — Surah Al-Anbiya 21:84

Twaramwemereye nukumukurira ingorane yari afise, duca tumuha abantu biwe n’abandi b’akarorero nkabo bari kumwe nabo, n’impuhwe zivuye iwacu hamwe n’icibutso ciza kubantu bagira amasengesho yabo

Verse 85 — Surah Al-Anbiya 21:85

N’intumwa y’Imana Ismaili (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Idrissa (iii) hamwe na Dhul’kifli (iii) abo bose bari muntumwa z’Imana zitenyenya

Verse 86 — Surah Al-Anbiya 21:86

Duca twinjiza mumpuhwe zacu, kuko bari mubantu beranda

Verse 87 — Surah Al-Anbiya 21:87

N’uwitwa Dha-nnuni ariwe ntumwa y’Imana Yunusu (iii) mugihe yagenda nawe bamwihakanye abiwe nawe aca yiyumvira yuko twebwe tutazo mushobora, rero yaciye ahamagara ari mumwijima avuga ati:- ntawundi asengwa bimwe vy’ukuri atari wewe gusa uninahazwa, mu vy’ukuri jewe nari muba hemukiye imitima yabo

Verse 88 — Surah Al-Anbiya 21:88

Turamwakirira igisabisho ciwe nukumurokora mugahinda yarimwo, uku rero niko turokora abantu bemeye Imana yabo y’ukuri

Verse 89 — Surah Al-Anbiya 21:89

N’intumwa y’Imana Zakariya (iii) mugihe yahamagara Umuremyi wiwe avuga at:- Muremyi wanje ntunsige ndi jenyene, na wewe niwe mwiza wabasigirwa ibisigi

Verse 90 — Surah Al-Anbiya 21:90

Duca turamwemerera ibisabisho vyiwe nukumuha intumwa y’Imana Yahya (iii), nuguca dukiza umutambukanyi wiwe, ntankeka bari bafise umwete wukugira ineza nukudusaba n’ishaka ryinshi hamwe nugutinya, nabo bari bafise ubugamburutsi ntangere

Verse 91 — Surah Al-Anbiya 21:91

Nuwikingiye k’umutima wiwe nuguhuhera umutima wacu nukumugira ngo abe hamwe n’umwana wiwe kuba ari ibitangaro ku bantu bose

Verse 92 — Surah Al-Anbiya 21:92

Mu vy’ukuri aba bantu banyu n’abantu bamwe nanje ndi Umuremyi wanyu, kuri ivyo nimunsenge

Verse 93 — Surah Al-Anbiya 21:93

Nabo baca baradohoka kuri rino jambo ryabo riri hagati yabo, kandi nabo bazo garuka iwacu

Verse 94 — Surah Al-Anbiya 21:94

N’uwuzogira ibikorwa vyiza mugihe nawe ari umu Isilamu uyo muntu ntazo kwankirwa kumwete wiwe yagize, mu vy’ukuri ivyo yagize twebwe tuzovyandika

Verse 95 — Surah Al-Anbiya 21:95

Kirazira yuko igisagara twahoneje yuko abo bantu bazogaruka iwacu

Verse 96 — Surah Al-Anbiya 21:96

Kugeza aho hazobohorwa uwitwa Ya’ajuja na Ma’ajuja nabo bamanuka bava kumisozi yose

Verse 97 — Surah Al-Anbiya 21:97

Hazoshika kuri rya sango ry’ukuri, ari naho hazosokoka amaso y’abahakanyi b’Imana y’ukuri bavuga bati:- Yoh! Ntankeka twebwe twari mubiyibagiye nibi bintu, ahubwo twarahemukiye imitima yacu

Verse 98 — Surah Al-Anbiya 21:98

Mu vy’ukuri mwebwe hamwe nivyo musenga mukureka gusenga Imana yanyu y’ukuri, muzoba muri inkwi z’uwo muriro udahera witiriwe Jahannamu, namwe muzowu shikira

Verse 99 — Surah Al-Anbiya 21:99

Iyo aba ari izindi Mana, ntibari gushikirwa nuwo muriro witiriwe Jahannamu, n’ingene bangana bose bazoba bari muri uwo muriro udahera

Verse 100 — Surah Al-Anbiya 21:100

Muri uwo muriro udahera bazo komerayo induru, nabo muriwo ntibazo kwumva

Verse 101 — Surah Al-Anbiya 21:101

Mu vy’ukuri abo ineza yacu yashikiye, bazoba bari kure nuwo muriro udahera witiriwe Jahannamu

Verse 102 — Surah Al-Anbiya 21:102

Ntibazo kwumva isumo ryuwo muriro udahera witiriwe Jahannamu, nabo bazowubamwo mubuzima bwabo bwose kuvyo bipfuriza imitima yabo

Verse 103 — Surah Al-Anbiya 21:103

Ntuzoba tetereza ubwo bwoba buhanitse, n’Abamarayika bazoba sanganira bababwire bati:- uwu niwo wamusi wanyu mwamye muraganirwa

Verse 104 — Surah Al-Anbiya 21:104

Umusi tuzozinga amajuru nkakumwe tuzinga urupapuro twandikako, nkuko twatanguye irema ryambere niko tuzorisubira mwo kurigira, iyi n’indagano iri hejuru yacu kandi ntankeka nitwebwe tubigira

Verse 105 — Surah Al-Anbiya 21:105

Mu vy’ukuri twaranditse mugitabu c’Imana ca Zaburi munyuma yaho twandika k’urubaho rubitswe neza yuko iy’Isi izosigirwa abantu banje beranda

Verse 106 — Surah Al-Anbiya 21:106

Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ubutumwa ku bantu bagira amasengesho y’ukuri

Verse 107 — Surah Al-Anbiya 21:107

Natwe ntitwa kurungitse atari uko wobabera impuhwe ku bantu bose

Verse 108 — Surah Al-Anbiya 21:108

Vuga uti:- jewe sinahawe ubu butumwa atari uko Imana yanyu ari Imana imwe yonyene rudende gusa, mbega muremeye kuba aba Isilamu

Verse 109 — Surah Al-Anbiya 21:109

Nibatemera kuri ivyo wewe n’uvuge uti:- ndabamenyesheje bimwe vy’ukuri yuko jewe atabumenyi mfise bw’ibiri hafi canke ibiri kure y’ivyo mwahawe ko indagano

Verse 110 — Surah Al-Anbiya 21:110

Mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’imvugo iri k’umugaragaro hamwe n’ubumenyi bw’ivyo munyegeza

Verse 111 — Surah Al-Anbiya 21:111

Kandi ntanakimwe nomenya yuko ari urwanko kuri mwebwe n’umunezero kugeza kumwanya mugufiya gusa

Verse 112 — Surah Al-Anbiya 21:112

Yavuze ati:- ewe Muremyi wanje nubacire urubanza rw’ukuri, n’Umuremyi wacu niwe nyene impuhwe asabwa imfashanyo kuri ivyo muvuga vyose. mito