Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 30 - Ar-Rum
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Ar-Rum 30:1
Alif, Laam, Miiym, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa)
Verse 2 — Surah Ar-Rum 30:2
Abarumi batsinzwe
Verse 3 — Surah Ar-Rum 30:3
Mugisagara kiri hafi yabo bamaze gutsindwa, mugabo bazotsinda
Verse 4 — Surah Ar-Rum 30:4
Mumyaka mikeyi gusa itegeko ni ry’Imana yonyene imbere n’inyuma, y’uwo musi aba Isilamu bazonezerwa
Verse 5 — Surah Ar-Rum 30:5
K’uburokoke bw’Imana irokora uwo yishakiye, nayo niyo ifise ubushobozi bukwiye n’impuhwe zihagije
Verse 6 — Surah Ar-Rum 30:6
Indagano y’Imana n’indagano Imana idatabwa mugabo abantu benshi ntavyo bazi
Verse 7 — Surah Ar-Rum 30:7
Barafise ubumenyi buboneka bujanye n’ubuzima bwo ng’aha kw’isi, mugabo bakihenda n’ubuzima bwo mw’ijuru budahera
Verse 8 — Surah Ar-Rum 30:8
Mbega ntibiyumvira mumitima yabo yuko Imana itaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose yuko ari ivy’ukuri, no kugihe cagenywe mu vy’ukuri abantu benshi ntibavyemera yuko bazohura n’Umuremyi wabo
Verse 9 — Surah Ar-Rum 30:9
Mbega ntibagenda genda kuri iy’Isi turiko nukuraba ukugene yabaye amaherezo y’aba bantu bamyeho imbere yabo, nabo bari bafise ubushobozi buhanitse kubasumba, bakaba barima kuri iy’Isi nuku yiringaniza neza kubasumba uko bahora bayi ringaniza, n’intumwa zabo z’Imana zarabashikiye zifise ibimenyetso biri k’umugaragaro, rero Imana ntiyari kubahemukira, mugabo nibo bonyene bahemukiye imitima yabo
Verse 10 — Surah Ar-Rum 30:10
Hanyuma impera yabagize amabi yose nuguhakana amajambo y’Imana matagatifu nukuyatyoza
Verse 11 — Surah Ar-Rum 30:11
Imana rugira vyose niyo yatanguje kurema ibiremwa vyose, kandi niyo izobigarura hanyuma bize bisubizwe iwe
Verse 12 — Surah Ar-Rum 30:12
N’umusi umuhero w’Isi uzoshika, inkozi z’ibibi zose zizo debukirwa
Verse 13 — Surah Ar-Rum 30:13
Ntibazoba bafise uwubasabira mubo bahora bagereranyako n’ibindi bintu, nabo bagereranywako n’ibindi bintu bazoba hakana icese
Verse 14 — Surah Ar-Rum 30:14
N’umusi w’umuhero w’Isi uzoboneka kuri uwo musi abantu bazocanamwo
Verse 15 — Surah Ar-Rum 30:15
Nayo abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, bazonezerezwa nabo bari mumirima iteye igomwe iri mw’ijuru
Verse 16 — Surah Ar-Rum 30:16
Nayo abahakanye Imana yabo y’ukuri, nuguhakana amajambo yacu hamwe n’ihuriro ry’umusi w’imperuka abo bantu bazoshengezwa n’ibihano vyo mumuriro udahera
Verse 17 — Surah Ar-Rum 30:17
Rero nimuyihayagize Imana mugihe c’ijoro hamwe no mugihe co mugitondo
Verse 18 — Surah Ar-Rum 30:18
Nihayagizwa ryose ryiza niry’Imana haba mumajuru canke kw’Isi n’igihe co k’umuhingamo hamwe n’igihe co kumurango
Verse 19 — Surah Ar-Rum 30:19
Niyo ikura igifise ubuzima mukintu capfuye, nugukura ikintu capfuye mukintu gifise ubuzima, kandi niyo igira Isi kuba ari toto mugihe yari yarapfuye, rero uko niko muzozurwa
Verse 20 — Surah Ar-Rum 30:20
No mubimenyetso vyayo nuku kubarema ibakuye mw’ivu hanyuma nukuba abantu bakwiye
Verse 21 — Surah Ar-Rum 30:21
No mubimenyetso vyayo nuko yabaremeye abapfasoni banyu nkuko namwe mwaremwe kugira ngo muronke ihumurizo kuribo, nayo yabagiriye urukundo n’ikigongwe hagati yanyu, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu biyumvira
Verse 22 — Surah Ar-Rum 30:22
No mubimenyetso vyayo nukurema Amajuru n’Isi hamwe nugutahuza indimi zanyu n’amabara yanyu, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bafise ubumenyi buhagije
Verse 23 — Surah Ar-Rum 30:23
No mubimenyetso vyayo nuko kuryama kwanyu
kwo
mw’Ijoro
n’umutaga, n’ukurondera icorirenza, mu vy’ukuri muri ibi
vyose
harimwo
ibimenyetso kubantu bumva
Verse 24 — Surah Ar-Rum 30:24
No mubimenyetso vyayo nukubereka imiravyo nukubatera ubwoba n’igihababu nukumanura amazi avuye mubicu, kuriyo igaca izura Isi yari yarapfuye, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bategera neza
Verse 25 — Surah Ar-Rum 30:25
No mubimenyetso vyayo nuko Ijuru n’Isi bihagaze kw’itegeko ryayo, hanyuma mugihe izoba hamagara ihamagaro rimwe gusa mwese muzozuka mukuzimu
Verse 26 — Surah Ar-Rum 30:26
Ibiri mumajuru no kw’Isi yose ni vy’Imana, kandi vyose nibi gamburukira Imana
Verse 27 — Surah Ar-Rum 30:27
Nayo niyo yatanguje ibiremwa vyose ikaba nayo ariyo izobigarura bikaba kuriyo ari ibintu vyoroshe cane kuriyo, nayo niyo ifise ihayagizwa ryiza riri mw’Ijuru no kw’Isi nayo niyo nyene ububasha n’ubuhizi buhagije
Verse 28 — Surah Ar-Rum 30:28
Yarabatangiye ko akarorero kubijanye n’imitima yanyu, mbega mubo mwitungiye n’amaboko yanyu y’iburyo harimwo abo mucuditse nabo muvyo twabahaye kugeza naho mungana nukubatinya nkuko mwitinyana kubwanyu, uku rero niko dutandukanya aya majambo yacu ku bantu bategera
Verse 29 — Surah Ar-Rum 30:29
Mugabo abahemukiye imitima yabo nuko bakurikiye amatamariro y’imitima yabo nabo batabizi, none ni nde ashobora kurongora uwo Imana yataye mubuzimire, nabo ntibazoba bafise abazoba rokora
Verse 30 — Surah Ar-Rum 30:30
Rero nutumbereze amaso yawe kw’idini ry’ukuri, kuko ariryo rema Imana yabaremeye abantu, rero ntahindagurika mwirema ry’ibiremwa vy’Imana, iryo niryo dini ry’ukuri mugabo abantu benshi ntavyo bazi
Verse 31 — Surah Ar-Rum 30:31
Nimu gamburuke kuriyo kandi muyitinye kandi muhagarike amasengesho yanyu, mugabo ntimube muba gereranya Imana n’ibindi bintu
Verse 32 — Surah Ar-Rum 30:32
Muba tandukanije idini ryabo nukuba imirwi n’iyindi, umurwi umwumwe wose unezerezwa nico ufise
Verse 33 — Surah Ar-Rum 30:33
Abantu bashikiwe n’ivyago niho baca batabaza Umuremyi wabo n’ubugamburutsi ntangere, hanyuma iberetse imigisha yayo niho bamwe muribo baca bagereranya Imana yabo n’ibindi bintu
Verse 34 — Surah Ar-Rum 30:34
Muguhakana muvyo twabahaye, rero nimunezerwe mugabo ubu vuba muzotahura
Verse 35 — Surah Ar-Rum 30:35
Mbega ntitwa bamanuriye ivyemezo bibakura amakenga kuvyerekeye uko kugereranya Imana n’ibindi bintu
Verse 36 — Surah Ar-Rum 30:36
No mugihe twabahonjesha abantu imigisha yacu baca bayihimbarira, mugabo mugihe bashikiwe n’ivyago kubera ivyo amaboko yabo yakoze, mumwanya isase baca badebukirwa
Verse 37 — Surah Ar-Rum 30:37
Mbega ntibabona yuko Imana yugururira imigisha yayo myinshi kuwo yishakiye nukwima uwo yishakiye, ntankeka rero muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri
Verse 38 — Surah Ar-Rum 30:38
Rero numuhe umubanyi ibikenewe kuriwe hamwe n’aboro nabari murugendo ivyo navyo ni vyiza kubashaka ikigongwe c’Imana, abo nibo bazoronka intsinzi nyakuri
Verse 39 — Surah Ar-Rum 30:39
Nayo amahera mwatanze y’umurengero kugira ngo yongere kumatungo y’abantu mumenye yuko imbere y’Imana hatongereka ko n’ikintu nakimwe, mugabo muvyo mutanga kubera imperezwa nugushaka ikigongwe c’Imana rero abo bantu nibo bongerezwa inyungu kumatungo yabo
Verse 40 — Surah Ar-Rum 30:40
Imana niyo yabaremye nukubaha imigisha yayo, hanyuma niyo izobica hanyuma ibazure, mbega muri bamwe mugereranya n’Imana yuko harimwo uwushobora kugira icarico cose muri ibi, rero itandukanye nuku gabanukirwa kukintu icarico cose kandi niyo iri hejuru gusumba kuvyo bayi gereranirizako
Verse 41 — Surah Ar-Rum 30:41
Bwarabonetse ubwononyi ng’aha kw’Isi no mubiyaga kubera ivyakozwe n’amaboko y’abantu, rero kugira ngo ibahonjeshe bimwe mubintu bagize, nkumbure bogaruka
Verse 42 — Surah Ar-Rum 30:42
Vuga uti :- nimugire urugendo kuri iy’Isi kandi mwitegereze ingene yabaye amaherezo yababaye imbere yabo, benshi muribo bari muba gereranya Imana n’ibindi bintu
Verse 43 — Surah Ar-Rum 30:43
Rero nutumbereze amaso yawe munzira y’idini y’ukuri imbere yugushika kuri uwo musi utazitirwa uvuye ku Mana, kuri uwo musi niwo musi abantu bazo tandukanira
Verse 44 — Surah Ar-Rum 30:44
Uwuhakanye uko guhakana kwiwe kuri hejuru yiwe wenyene, nabagira ineza bazigirira imitima yabo
Verse 45 — Surah Ar-Rum 30:45
Kugira ngo ibahembe bamwe bemeye nukugira ibikorwa vyiza kumigisha yayo, ntankeka Imana ntikunda abahakanyi bayo
Verse 46 — Surah Ar-Rum 30:46
No mubimenyetso vyayo nukuzana imiyaga ishikiriza inkuru nziza nukuba honjesha imigisha yayo, kandi kugira ngo amato agire hejuru y’ibiyaga kw’itegeko ryayo, nukurondera imigisha yayo nukuyi kengurukira
Verse 47 — Surah Ar-Rum 30:47
Mu vy’ukuri twebwe twararungitse imbere yawe intumwa z’Imana ku bantu babo bakaba baje bafise ivyemezo biri k’umugaragaro, munyuma yaho twaciye dubahana abagize amabi yose kandi vyari ngombwa kuri twebwe mukuba kingira abemeye Imana yabo y’ukuri
Verse 48 — Surah Ar-Rum 30:48
Imana niyo izana imiyaga nukugendesha ibicu hanyuma ikabisanzaza mw’ijuru nkuko ibishaka, hanyuma ikabigira ibimanyu manyu ugaca ubona imvura irakorotse nugushika hasi nukuyishikana kubo yishakiye ku bantu bayo, nabo mumwanya ugaca ubabona banezerewe
Verse 49 — Surah Ar-Rum 30:49
Naho imbere yuku manurirwa iyo mvura bari bamaze kwihebura
Verse 50 — Surah Ar-Rum 30:50
Rero nimurabe ibimenyetso vy’imigisha y’Imana ingene itotahaza Isi mugihe yari yarapfuye ntankeka Imana niyo izura abapfuye kandi niyo nyene ububasha hejuru y’ibintu vyose
Verse 51 — Surah Ar-Rum 30:51
Nkiyo tuzana umuyaga bakawubona ufise ibara ry’umuhondo, kuri ibi vyose bari kubandanya bahakana Imana yabo y’ukuri
Verse 52 — Surah Ar-Rum 30:52
Na wewe ntankeka ntushobora kwumvisha ubutumwa bwawe ku bantu bamaze gushengera, canke ntushobora kwumvisha abatumva mugihe bahindukiye bigira iyo baja
Verse 53 — Surah Ar-Rum 30:53
Kandi ntushobora kurongora impumyi ziri mubuzimire bwazo, kuko wewe ntiwumvisha abantu atari abemeye amajambo yacu, abo nibo bantu babagamburutsi nyabo
Verse 54 — Surah Ar-Rum 30:54
Imana niyo yabaremye mubu goyagoye, no muyuma y’ubwo bugoyagoye ica ibaha inguvu, no munyuma yizo nguvu ica ibasubiza mubu goyagoye bwanyu hamwe n’ubusaza rero Imana irema uko yishakiye nayo niyo nyene ubumenyi n’ubushobozi buhagije
Verse 55 — Surah Ar-Rum 30:55
N’umusi umuhero w’Isi uzohagarara, inkozi z’ikibi zizorahira yuko zitabaye kw’Isi atari isaha imwe gusa, uko rero niko bamye bahindaguzwa
Verse 56 — Surah Ar-Rum 30:56
Nabahawe ubumenyi nukwemera bimwe bivuye kumutima bazovuga bati:- mu vy’ukuri mwebwe mubayeho kw’itegeko ry’Imana kugeza k’umusi wukuzurwa kwanyu, rero uwo musi nuwo kuzurwa mugabo mwebwe ntavyo mwari muzi namba
Verse 57 — Surah Ar-Rum 30:57
Kuri uwo musi ntakizoba fasha ku bantu bahemukiye imitima yabo kubera ingorane zabo, kandi ntibazo kwemererwa ikigongwe cabo
Verse 58 — Surah Ar-Rum 30:58
Mu vy’ukuri twaratanze akarorero k’ubwoko bwose kubera abantu muri iki gitabu c’Imana ca Qur’aani ntagatifu, mugabo ubashikirize ivyemezo ivyarivyo vyose, ntankeka abahakanye Imana yabo y’ukuri bazovuga bati:- mwebwe ntimwari mu bantu bahindura ukuri aho kuri
Verse 59 — Surah Ar-Rum 30:59
Uko niko Imana itera igikumu kumitima yabamwe badategera
Verse 60 — Surah Ar-Rum 30:60
Rero nurorere gusa ntankeka indagano y’Imana niy’ukuri kandi ntibagutere umutima uhagaze bamwe badafise icizero