Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 32 - As-Sajdah
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah As-Sajdah 32:1
Alif, Laam, Miiym. (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa)
Verse 2 — Surah As-Sajdah 32:2
Imanurwa ry’iki gitabu gitagatifu ntamakenga arimwo yuko kivuye k’Umuremyi w’abantu bose
Verse 3 — Surah As-Sajdah 32:3
Mbega bavuga yuko ariwe yaciyandikiye kubwiwe, ahubwo ico gitabu n’ukuri kuvuye k’Umuremyi wawe kugira ngo ugabishe abantu batashikiwe n’abagabisha imbere yawe nkumbure borongoka
Verse 4 — Surah As-Sajdah 32:4
Imana niyo yaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri murivyo mumisi itandatu, hanyuma yiganzira kunyegamo yayo ntagatifu, mwebwe aho muri ntawubacungera canke uwubasabira atariyo yonyene gusa, mbega mwebwe ntimwiyumvira
Verse 5 — Surah As-Sajdah 32:5
Icisha ibintu vyose biri hagati y’Amajuru n’Isi, hanyuma hakaduga iwe k’umusi umwe gusa urugero rwavyo rw’imyaka igihumbi mukoresha mwebwe mugihe c’uguharura kwanyu
Verse 6 — Surah As-Sajdah 32:6
Niyo ifise ubumenyi bw’ibintu bitazwi hamwe n’ibiri k’umugaragaro, kandi niyo ifise ubushobozi n’impuhwe zihagije
Verse 7 — Surah As-Sajdah 32:7
Ikaba ariyo yakoze ishusho ry’ibintu vyose nugutanguza irindi shusho ry’umuntu akoresheje ivyondo
Verse 8 — Surah As-Sajdah 32:8
Hanyuma igira uruvyaro rwayo kw’ikanyuro ry’amazi ahoyahoye
Verse 9 — Surah As-Sajdah 32:9
Hanyuma iramu ringaniza nukumu huheramwo umutima wiwe nukuba shiriraho amatwi n’amaso n’imitima, mugabo ugushima kwanyu ni gutoyi cane
Verse 10 — Surah As-Sajdah 32:10
Nabo bavuga bati:- mbega mugihe tuzoba twazimiye kuri iy’Isi niho tuzosubizwa murindi shusho rishasha, ahubwo nibo batemera yuko batazohura n’Umuremyi wabo
Verse 11 — Surah As-Sajdah 32:11
Vuga uti:- Umumarayika ajejwe urupfu azobica kuko ariwe ajejwe kuri mwebwe, hanyuma mwese muzo subizwa ku Muremyi wanyu
Verse 12 — Surah As-Sajdah 32:12
Iyo wobonye abo bantu babi bunamitse imitwe yabo imbere y’Umuremyi wabo bavuga bati:- Muremyi wacu turamaze kukubona nukukwumva, rero nudusubize kw’Isi kugira ngo dukore ibikorwa vyiza mu vy’ukuri turavyemeje
Verse 13 — Surah As-Sajdah 32:13
Iyo dushaka twariguha umuntu uwariwe wese uburokoke bwiwe bwite, mugabo vyemejwe n’ijambo rivuye iwanje yuko mu vy’ukuri nzo kwuzuza mumuriro udahera witiriwe Jahannamu kuri aba bose haba mubisigo canke mu bantu
Verse 14 — Surah As-Sajdah 32:14
Rero ni muhonje ibi bihano kubera ukwibagira kwanyu kw’uwu musi w’ihuriro ryanyu, natwe tuzobibagira nugu honja ibihano vy’urutavanako kubera ivyo mwahora mugira
Verse 15 — Surah As-Sajdah 32:15
Mu vy’ukuri abemera amajambo yacu nibarya mugihe bibukijwe kuriyo baca barwa hasi nugupfukama nuguhayagiza Umuremyi wabo nkuko imeze nabo bakaba batishima
Verse 16 — Surah As-Sajdah 32:16
Bavyuka imbavu y’imibiri yabo mugihe bavuye mubusaswa bwabo mugihe c’ijoro kugira ngo basenge Imana yabo y’ukuri mugutinya umuriro nukwizera Ijuru ry’Imana gusa nugutanga imperezwa zabo kuvyo twabahaye
Verse 17 — Surah As-Sajdah 32:17
Umutima uwariwo wose ntabumenyi ufise bwivyanyegejwe murivyo binezereza amaso yabo, n’impembo yivyo bahora bagira
Verse 18 — Surah As-Sajdah 32:18
Mbega umu Isilamu w’ijunja yoba angana n’umwononyi, oya! ntibashobora kungana
Verse 19 — Surah As-Sajdah 32:19
Abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, bazoba bafise imirima hamwe n’ubwicaro bwabo bwiza, n’integuro ryabo kuvyo bahora bagira
Verse 20 — Surah As-Sajdah 32:20
Nabamwe bagize ivyaha vy’agahomera bunwa, ubwicaro bwabo nubwo mumuriro udahera, kuko mugihe bashatse kuva muriwo bazoca bawu subizwamwo hanyuma babwirwe bati:- nimuhonje gusa ibihano vy’umuriro udahera mwahora muhakana
Verse 21 — Surah As-Sajdah 32:21
Mu vy’ukuri tuzoba honjesha ibihano bibayabaye imbere y’ibihano bininiya nkumbure bazo kwikubita agashi bakagaruka
Verse 22 — Surah As-Sajdah 32:22
None ni nde muhemu mukuru gusumba uwibukijwe kumajambo y’Umuremyi wiwe hanyuma agaca ayahakana, mu vy’ukuri twebwe tujejwe kugira ingere kuyindi kubantu babi gusa
Verse 23 — Surah As-Sajdah 32:23
Ntankeka twarahaye intumwa y’Imana Mussa (iii) igitabu, rero ntugire amakenga yuguhura n’Imana yawe, hanyuma tugira ico gitabu kuba ari indongozi kuri bene Israeri
Verse 24 — Surah As-Sajdah 32:24
Hanyuma tugira muribo kuba indongozi zukuyobora abandi bantu kw’itegeko ryacu mugihe bigumya bakaba bemeza amajambo yacu matagatifu
Verse 25 — Surah As-Sajdah 32:25
Muvy’ukuri Umuremyi wawe niwe azobacira urubanza rw’ukuri ruzoba hagati yabo k’umusi w’umuhero w’Isi kubijanye nivyo batahora bumvikana ko
Verse 26 — Surah As-Sajdah 32:26
Mbega ntibira menyekana kuribo yuko hari abantu bashika kuri bangahe twebwe twahoneje imbere yabo, nabo baca mumazu yabo, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibimenyetso, mbega mwebwe ntimwumva
Verse 27 — Surah As-Sajdah 32:27
Mbega ntibabona yuko twebwe dutwara amazi kw’Isi y’ubugaragwa hanyuma kuriyo tukanagishako ibiterwa biribwa n’ibikoko vyabo hamwe nabo bonyene, mbega mwebwe ntimubona
Verse 28 — Surah As-Sajdah 32:28
Bavuga bati:- uko guciribwa urubanza ruzoba ryari nimwaba muvugisha ukuri
Verse 29 — Surah As-Sajdah 32:29
Vuga uti:- umusi wuguciribwa urubanza rwabahakanye Imana yabo y’ukuri, ukwemera kwabo ntaco kuzobamarira kandi ntibazohabwa umwanya wukurorera
Verse 30 — Surah As-Sajdah 32:30
Rero ntubiteho cane kandi urorere, mu vy’ukuri nabone bararindiriye