Back to Languages

Rundi - Chapter 36 - Ya-Sin

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah Ya-Sin 36:1

Ya, Siiyn, (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa)

Verse 2 — Surah Ya-Sin 36:2

Ndarahiye kuri aya majambo y’Imana matagatifu ya Qur’aani yateguwe neza cane

Verse 3 — Surah Ya-Sin 36:3

Yuko mu vy’ukuri wewe uri muntumwa z’Imana

Verse 4 — Surah Ya-Sin 36:4

Uri hejuru y’inzira igororotse

Verse 5 — Surah Ya-Sin 36:5

Nimanurwa ryanyene ubushobozi n’impuhwe zihagije

Verse 6 — Surah Ya-Sin 36:6

Kugira ngo ubatuze abantu batatujijwe n’abavyeyi babo, rero nibo babaye abasamajwe

Verse 7 — Surah Ya-Sin 36:7

Ntankeka n’ijambo ryemejwe kuri benshi muribo, kuri ivyo rero ntibavyemera

Verse 8 — Surah Ya-Sin 36:8

Mu vy’ukuri twebwe twashize iminyororo kumazosi yabo kugeza kubusakanwa bwabo, rero imitwe yabo iraramye iri hejuru

Verse 9 — Surah Ya-Sin 36:9

Twashize imbere yabo uruzitiro ruri imbere yabo n’urundi ruzitiro ruri inyuma yabo duca tubafuka mumaso yabo kuribo, kuri ivyo rero ntibabona na gatoyi

Verse 10 — Surah Ya-Sin 36:10

Nivyiza kuribo ubakebuye canke utabakebuye ntibazokwemera

Verse 11 — Surah Ya-Sin 36:11

Woshobora kumutuza urya akurikira ubutumwa bw’Imana yamara kunyurwa nayo majambo y’Imana agaca atinya nyene imigisha naho atayibona rero numubwire uyo yuko ikigongwe hamwe n’impuhwe z’iteka ziri kuriwe

Verse 12 — Surah Ya-Sin 36:12

Mu vy’ukuri twebwe tuzozura abapfuye kandi twandike ibikorwa vyabo bagira ntibize bisigare inyuma, n’ibintu vyose biri mububiko bw’igitabu cerekana ibintu vyose

Verse 13 — Surah Ya-Sin 36:13

Nubagirire akarorero k’abantu bo mugisagara kanaka mugihe bashikirwa naba shikiriza butumwa

Verse 14 — Surah Ya-Sin 36:14

Mugihe twabarungikira intumwa z’Imana zibiri barazi hakana natwe duca tubongereza inguvu tuba rungikira uwugira gatatu, bababwira bati:- mu vy’ukuri twebwe turungitswe kuri mwebwe

Verse 15 — Surah Ya-Sin 36:15

Nabo babishura bati:- mwebwe ntaco murimwo, atari uko muri mu bantu nkatwe, nayo nyene imigisha ntanakimwe yamanuye, mwebwe muri ababeshi gusa

Verse 16 — Surah Ya-Sin 36:16

Bavuze bati:- Umuremyi wacu niwe afise ubumenyi atamakenga arimwo yuko twebwe twarungitswe kuri mwebwe

Verse 17 — Surah Ya-Sin 36:17

Kandi ntakiri hejuru yacu atari ugushikana ubutumwa bw’Imana buri k’umugaragaro

Verse 18 — Surah Ya-Sin 36:18

Baca bavuga bati:- mu vy’ukuri twebwe ntitwumvikana kubera mwebwe nimutareka twebwe tuzoba tera iminana kandi izobashikira ivuye iwacu n’ibihano bibabaza cane

Verse 19 — Surah Ya-Sin 36:19

Bavuze bati:- ukutumvikana kwanyu mwebwe nyene, yo! kuko mwibutswa mugabo mwebwe muri mu bantu mwarenze akarimbi

Verse 20 — Surah Ya-Sin 36:20

Haciye haza umuntu ningoga na ningoga avuye kuruhande rwakure rw’ico gisagara avuga ati:- bantu banje nimukurikire izi ntumwa

Verse 21 — Surah Ya-Sin 36:21

Nimu bakurikire babigishe batarinze kubasaba impembo iyariyo yose, mugihe abo bantu bari mubarongotse

Verse 22 — Surah Ya-Sin 36:22

Nikuki ntosenga uwandemye, niwe ariho muzo subizwayo

Verse 23 — Surah Ya-Sin 36:23

Mbega jewe nkurikire izindi Mana atari Imana yonyene rudende, niyaba Imana ishaka kungirira inabi, ibisabisho vyabo ntaco bizomarira n’ikintu na kimwe kandi ntibazondokora

Verse 24 — Surah Ya-Sin 36:24

Ninagira gutyo nzoba ndimu bantu bazimiye mubuzimire buri k’umugaragaro

Verse 25 — Surah Ya-Sin 36:25

Ntankeka jewe ndemeye Umuremyi wanyu mugabo ndabasavye mu nyumvirize

Verse 26 — Surah Ya-Sin 36:26

Ababwira ati:- niwinjire mw’Ijuru, nawe yishura ati:- iyo abantu banje babimenya

Verse 27 — Surah Ya-Sin 36:27

Ingene Umuremyi wanje yangiriye ikigongwe nuku mpezagira, nkaba ndimu bahawe iteka ntangere

Verse 28 — Surah Ya-Sin 36:28

Ntitwa bamanuriye abantu biwe arizo ngabo zivuye mw’ijuru, inyuma yiwe kandi ntitwari mubazi manura

Verse 29 — Surah Ya-Sin 36:29

Ntacabaye atari akaruru kamwe nk’isase, bose baca bara zimangana

Verse 30 — Surah Ya-Sin 36:30

Vyari kuba ngombwa mukuba humuriza abo bantu batashikiwe n’intumwa y’Imana n’imwe, mugabo bamye bijajurira gusa

Verse 31 — Surah Ya-Sin 36:31

Mbega ntibabona abantu isinzi twahoneje imbere yabo yuko batagaruka iwabo

Verse 32 — Surah Ya-Sin 36:32

Kandi nta muntu uwariwe wese atazo shengezwa imbere yacu

Verse 33 — Surah Ya-Sin 36:33

N’ikimenyetso kiri kuribo n’Isi yapfuye, tuzoyizura nugukura muriyo imbuto bazohora bafungura

Verse 34 — Surah Ya-Sin 36:34

Tugira muriyo imirima hamwe n’ibiti vy’imitende n’imizabibu hamwe nugu cishamwo amariba muriyo

Verse 35 — Surah Ya-Sin 36:35

Kugira ngo bafungure muri ivyo vyamwa, kandi n’amaboko yabo ntaco yakoze, mbega ntibashima

Verse 36 — Surah Ya-Sin 36:36

Hahayagizwa Imana yaremye ikigabo n’ikigore muri vyose muvyo Isi inagisha no mumitima yabo hamwe nivyo batazi

Verse 37 — Surah Ya-Sin 36:37

N’ijoro n’ikimenyetso kuribo kuko ariho bakura mwo umurango, mumwanya bagaca baba mumwijima

Verse 38 — Surah Ya-Sin 36:38

N’izuba rigenda gushika kugituro caryo, iryo n’iteguro ry’uwufise ububasha n’ubumenyi

Verse 39 — Surah Ya-Sin 36:39

N’ukwezi twagupimiye ibituro vyakwo kugeza naho gusubira kuba gutoyi cane nk’igishishwa c’icamwa c’umutende gishaje cane

Verse 40 — Surah Ya-Sin 36:40

Ntazuba rishikira Ukwezi canke Ijoro ngo rirenge Umutaga, mugabo vyose biguma birerembera munzira zavyo

Verse 41 — Surah Ya-Sin 36:41

N’ibimenyetso kuribo bimenyesha yuko twajanye abavyeyi babo mumato yari yuzuye mwo ibintu

Verse 42 — Surah Ya-Sin 36:42

Twabaremeye ivyo burira ko bimeze nkivyo bazo kurira ko

Verse 43 — Surah Ya-Sin 36:43

Nitwa shaka twoshobora kuba somesha nturi kandi ntamufasha azoba arimwo canke uwuzoba rokora

Verse 44 — Surah Ya-Sin 36:44

Atari kumpuhwe zivuye iwacu hamwe nukuba girira akamaro mukiringo kigufiya

Verse 45 — Surah Ya-Sin 36:45

Mugihe babwiwe bati:- nimutinye ibiri imbere yanyu hamwe n’ibiri inyuma yanyu kugira ngo muronke imihezagiro y’Imana

Verse 46 — Surah Ya-Sin 36:46

Ntakimenyetso icarico cose kibashikira mubimenyetso vy’Umuremyi wabo atari uko batavyitaho

Verse 47 — Surah Ya-Sin 36:47

Mugihe babwiwe bati:- nimutange muvyo Imana yabahaye, bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri baca babwira abemeye Imana yabo y’ukuri bati:- mbega tubarishe ibifungurwa mubo Imana yishakiye wenyene mwebwe ntimurimwo atari mubuzimire buri k’umugaragaro

Verse 48 — Surah Ya-Sin 36:48

Nabo bavuga bati:- iri sango rizoba ryari nimwaba muvugisha ukuri

Verse 49 — Surah Ya-Sin 36:49

Ntaco barindira atari ijwi rimwe gusa rizo sokora imitima yabo mugihe bazoba bariko baratongana aba nabariya

Verse 50 — Surah Ya-Sin 36:50

Kandi ntibazo shobora kuraga muri ico gihe canke ngo bashobore kugaruka ku bantu babo

Verse 51 — Surah Ya-Sin 36:51

Munyuma hazovuzwa inzamba, mukanya isase uzoca ubona bazutse bavuye muntatemwa zabo bagenda ningoga na ningoga bagenda ku Muremyi wabo

Verse 52 — Surah Ya-Sin 36:52

Bavuga bati:- yo! mbega ni nde yatuzuye muntatemwa zacu, ibi nivyo twemerewe nayene imigisha nivyo bavuze vy’ukuri intumwa z’Imana

Verse 53 — Surah Ya-Sin 36:53

Ntakizoba atari iborogo rimwe gusa, mukanya isase gusa bose bazoba bamaze gushengezwa imbere yacu

Verse 54 — Surah Ya-Sin 36:54

Uwo musi rero umutima w’umwumwe wese ntuzohemukirwa n’ikintu nakimwe, kandi ntimuzo rihwa impembo iyariyo yose atari kuvyo mwahora mugira

Verse 55 — Surah Ya-Sin 36:55

Mu vy’ukuri abantu bo mw’ijuru kuri uno musi bari mubikorwa vyabo biba nezereza

Verse 56 — Surah Ya-Sin 36:56

Abo bantu hamwe n’imiryango yabo bari mubitutu begamiye kunyegamo z’iteka

Verse 57 — Surah Ya-Sin 36:57

Bazoronkerayo ivyamwa, kandi baronkereyo ivyo bipfuza mwo vyose

Verse 58 — Surah Ya-Sin 36:58

Amahoro gusa niryo jambo rizoba rivuye ku Muremyi wabo nyene imigisha

Verse 59 — Surah Ya-Sin 36:59

Uno musi nimwi tandukanye nabo bantu babi

Verse 60 — Surah Ya-Sin 36:60

Mbega sinaba buriye mwebwe bantu yuko muto hirahira ngo musenge Shetani mu vy’ukuri n’umwansi wanyu ari k’umugaragaro

Verse 61 — Surah Ya-Sin 36:61

Yuko mwonsenga jewe Mana yanyu kuko ariyo nziza igororotse

Verse 62 — Surah Ya-Sin 36:62

Ntankeka Shetani yarazimije abantu benshi cane muri mwebwe mbega ico gihe nti mwiyumvira

Verse 63 — Surah Ya-Sin 36:63

Rero uwu niwo wamuriro udahera witiriwe Jahannamu mwamye mwemererwa n’Imana yanyu y’ukuri

Verse 64 — Surah Ya-Sin 36:64

Uno musi uri hejuru nimu winjire mwo kubera ubuhakanyi bwanyu

Verse 65 — Surah Ya-Sin 36:65

Kuri uwo musi tuzoziba iminwa yabo hanyuma amaboko yabo atuganirire ateko amaguru yabo abe ivyabona kuvyo bamye n’ivyemezo n’amaguru yabo abe kuvyo bahora bagira

Verse 66 — Surah Ya-Sin 36:66

Iyo dushaka twari kunogora amaso yabo bakaguma birukira mumayira, mugabo izo nzira bazibone gute

Verse 67 — Surah Ya-Sin 36:67

Iyo dushaka twari kubagira ibikoko ubwo nyene naho bari, rero ntibari gushobora kugenda iyo baja canke gusubira inyuma iyo bavuye

Verse 68 — Surah Ya-Sin 36:68

Nuwo duhaye ubuzima burebure tumusubiza inyuma mw’ishusho ryiwe ryambere, mbega ibi vyose ntibabishira mubwenge bwabo

Verse 69 — Surah Ya-Sin 36:69

Natwe ntitwa mwigishije amajambo y’ubuhizi kandi ntivyoba kuriwe, kandi ntiyari kuba iyi Qur’aani ntagatifu atari uko ari icibutso n’igitabu kigaragaza ibikenewe vyose k’umugaragaro

Verse 70 — Surah Ya-Sin 36:70

Kugira ngo atuze uwuri muzima muribo kandi hemezwe ijambo kubatemera Imana yabo y’ukuri

Verse 71 — Surah Ya-Sin 36:71

Mbega ntibabona yuko twebwe twabaremeye muvyo amaboko yacu yagize hamwe n’ibikoko batunze

Verse 72 — Surah Ya-Sin 36:72

Nivyo bikoko twarabi gamburukije rero murivyo birurirwa n’ibindi navyo biraribwa

Verse 73 — Surah Ya-Sin 36:73

No muri ivyo bikoko barabironkera mwo akamaro kenshi hamwe n’ibinyobwa, mbega nikuki badashima

Verse 74 — Surah Ya-Sin 36:74

Bagumanye izindi Mana aho kugumana Imana y’ukuri kugira ngo bafashwe nabo

Verse 75 — Surah Ya-Sin 36:75

Ntibashobora kubafasha nabo arizo ngabo zabo ziba cungereye

Verse 76 — Surah Ya-Sin 36:76

Rero ntibigutere agahinda kubera amajambo yabo, ntankeka twebwe dufise ubumenyi bw’ivyo banyegeza hamwe nivyo basemerera

Verse 77 — Surah Ya-Sin 36:77

Mbega umuntu ntazi yuko twamuremye mw’Ima ry’intanga? none yabaye mukeba wacu ari k’umugaragaro

Verse 78 — Surah Ya-Sin 36:78

Yaradutangiyeko akarorero aribagira ukuremwa kwiwe aca avuga ati:- ni nde azozura amagufa y’abantu mugihe azoba yamaze kuvungagurika

Verse 79 — Surah Ya-Sin 36:79

Vuga uti:- uwuzo yazura nurya yayaremye ubwambere, nawe n’uwufise ubumenyi bwukurema ibiremwa vyose

Verse 80 — Surah Ya-Sin 36:80

Niyo yabagiriye umukomezwa uvuye mugiti kibisi mukaba kuri ico giti namwe mucatsako

Verse 81 — Surah Ya-Sin 36:81

Mbega uwaremye Amajuru n’Isi mbega ntabushobozi afise bwukurema nk’aba yaremye, kubera iki nawe ari Umuremyi mukuru nyene ubumenyi bw’ibintu vyose

Verse 82 — Surah Ya-Sin 36:82

Mu vy’ukuri itegeko ryiwe mugihe ishakiye ikintu icarico cose nukukibwira iti:- nube mumwanya isase kigaca kiba

Verse 83 — Surah Ya-Sin 36:83

Aninahazwa ry’uwufise muminwe yiwe harimwo ubwami bw’ibintu vyose, niwe niho muzo subizwayo mwese