Back to Languages

Rundi - Chapter 38 - Sad

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah Sad 38:1

Swaad, (Insiguro y’iyi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwayo bwose buzi Imana yonyene gusa). Ndarahiye kuri iyi Qur’aani ntagatifu ifise ubutumwa nyakuri

Verse 2 — Surah Sad 38:2

Mugabo abahakanye Umuremyi wabo bari mu bishima nugu higanwa

Verse 3 — Surah Sad 38:3

Twahoneje abantu bangahe imbere yabo, batako bakoma induru mugabo umwanya w’ukurokoka wamaze guhera

Verse 4 — Surah Sad 38:4

Baratangaye mugihe bashikirwa n’uwutuza ava muribo hanyuma abatemera Imana yabo y’ukuri bavuze bati:- uyo muntu n’umurozi kandi n’umubeshi

Verse 5 — Surah Sad 38:5

Yagize Imana zose kuba ari Imana imwe gusa, ntankeka iri n’ijambo ry’igitangaza

Verse 6 — Surah Sad 38:6

Baciye bitahira bamwe mubakuru babo bavuga bati:- nimwigire kandi mwigumanire n’izo Mana zanyu, mu vy’ukuri iri n’ijambo rikenewe

Verse 7 — Surah Sad 38:7

Twebwe ntitwigeze twumva ibi bintu yuko muri iyi migenzo yacu yanyuma, kandi ntivyamye ho ibi vyose atari uko ari ivyadutse gusa

Verse 8 — Surah Sad 38:8

Niwe wenyene yamanuriwe ubu butumire gusa natwe ntitwabuhabwa, mugabo abo bantu bari bafise amakenga gusa kubera ubutumire bwanje, ahubwo ntibara honja ibihano vyanje

Verse 9 — Surah Sad 38:9

Mbega barafise ububiko bw’imigisha y’Umuremyi wawe, nyene ubushobozi atanga vyose

Verse 10 — Surah Sad 38:10

Canke barafise ubwami bw’Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, rero nibafate inzira ibashikana yo

Verse 11 — Surah Sad 38:11

Izi n’ingabo zizo gendeshwa ningoga muvyondo vy’abahakanyi vyagendeshejwe ningoga aho hambere

Verse 12 — Surah Sad 38:12

Abaho hambere barahakanye abantu bo kuntumwa y’Imana Nuhu (iii) nabo kuntumwa y’Imana Aadi (iii) na Fir’auni nyene amazu y’inkingi zikoma komeye

Verse 13 — Surah Sad 38:13

Na Thamuda hamwe n’abantu bokwa Lutwi n’abantu bo mukibira c’ibiti vyinshi iyo niyo mirwi yabo

Verse 14 — Surah Sad 38:14

Abo bose bara hakanye intumwa z’Imana, rero ibihano vyanje vyaraba shikiye

Verse 15 — Surah Sad 38:15

N’aba ntibarindira atari akaruru kamwe gusa kukuzurwa kwabo kata rindiriza

Verse 16 — Surah Sad 38:16

Bama bavuga bati:- Muremyi wacu, nutuzanire bimwe mubihano vyacu imbere yuwo musi wugu harurwa

Verse 17 — Surah Sad 38:17

Nutenyenye kuri ivyo bavuga, mugabo wibuke wa muntu wacu mweranda ariwe Daudi (iii) nyene inguvu, mu vy’ukuri yari umuntu agaruka ku Mana n’ubu gamburutsi

Verse 18 — Surah Sad 38:18

Mu vy’ukuri twebwe twara gamburukiye imisozi hamwe nawe ininahaze kuva k’umugoroba no mugitondo

Verse 19 — Surah Sad 38:19

Hamwe n’inyoni zegereranijwe hamwe n’izindi zose zara mugamburukira

Verse 20 — Surah Sad 38:20

Duca dushira mubwami bwiwe ubushobozi nukumuha ubumenyi bw’ugucira imanza abantu

Verse 21 — Surah Sad 38:21

Mbega warashikiwe n’inkuru z’abari mumatati baca basimbira mucumba c’intumwa y’Imana Daudi (iii)

Verse 22 — Surah Sad 38:22

Mugihe binjira kwa Daudi (iii) yarabatinye nabo baca bavuga bati:- ntutinye kuri twebwe turi mumatati, umwe muri twebwe yarahemukiye mugenzi wiwe, none nuducire urubanza rw’ukuri, kandi ntuhengame ahanaka kandi uturongore munzira igororotse

Verse 23 — Surah Sad 38:23

Mu vy’ukuri uyu ni mwene wanje, afise intama z’inyana mirongo icenda n’icenda, nanje nkaba mfise inyana imwe gusa mugabo yavuze ati ndamuhe iyi rwanje ayitungire, none yananiye mu majambo

Verse 24 — Surah Sad 38:24

Avuga ati:- ni vy’ukuri yaguhemukiye mukugusaba iyo ntungwa yawe mukwongereza kuntungwa ziwe, ntankeka abari mw’ishirahamwe benshi bama bahemukirana bamwe kubandi dukuyemwo abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, nabo bantu bari kurushi, mu mwanya intumwa y’Imana Daudi (iii) yabona yuko twamuhaye ikibazo, aca asaba ikigongwe ku Muremyi wiwe n’ugupfukama n’ubwitonzi ntangere nugu tumbera ku Muremyi wiwe

Verse 25 — Surah Sad 38:25

Duca tumugirira ikigongwe kuri ivyo vyose, mu vy’ukuri arafise kuri twebwe icubahiro kininiya n’ahantu heza

Verse 26 — Surah Sad 38:26

Ewe Daudi (iii) mu vy’ukuri twebwe twaguhaye ubutegetsi ng’aha kw’Isi, rero nubacire abo bantu urubanza rw’ukuri kandi ntukurikire ivyo umutima wawe ushatse ntuze ukuzimize munzira nziza y’Imana, mu vy’ukuri bamwe bazimira nuguta inzira y’Imana abo bantu bazoronka ibihano bikaze cane kubera ukwibagira kwabo wa musi wuguharurwa

Verse 27 — Surah Sad 38:27

Kandi twebwe ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose kubusa gusa, ibi vyose nivyo bikeka bamwe batemera Imana yabo y’ukuri, rero ibihano bikaze cane vy’umuriro udahera bizoba shikira bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri

Verse 28 — Surah Sad 38:28

Mbega tubagire bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza yuko boba bangana n’abononyi bagira ubwo bwononyi ng’aha kw’Isi, canke tubagire aba gamburukira Imana ko bangana n’abononyi

Verse 29 — Surah Sad 38:29

Iki gitabu twakimanuye kuri wewe, kikaba gifise imihezagiro myinshi cane kugira ngo abantu bategere neza, iyumvire amajambo yaco hamwe n’abafise ubwenge nabo bategere neza

Verse 30 — Surah Sad 38:30

Twarahaye intumwa y’Imana Daudi (iii) ikibondo citwa Suleymanu (iii) akaba yari mu bantu beza, kandi akaba yari afise n’ubwitonzi ntangere

Verse 31 — Surah Sad 38:31

Mugihe bwagoroba yashikirijwe Ifarasi zihumuye zihagaze nazo zikaba zari zihwahutse mugihe zitegetswe kwiruka

Verse 32 — Surah Sad 38:32

Yaciye avuga ati:- jewe nkunda ibintu vyiza mukwibuka Umuremyi wanje, mu nyuma zafarasi zinyegeza inyuma y’uruzitiro

Verse 33 — Surah Sad 38:33

Nimu bagarure iwanje, hanyuma aca atangura kuzi hanagura kumaguru yazo no kumazosi yazo

Verse 34 — Surah Sad 38:34

Twaramuhaye intumwa y’Imana Suleymanu (iii) duca dushiraho uwundi mubiri hejuru y’inyegamo yiwe hanyuma aragaruka wenyene

Verse 35 — Surah Sad 38:35

Aca avuga ati:- Muremyi wanje, nungirire ikigongwe kandi umpe n’ubwami, kandi ntuze ubuhe uwariwe wese munyuma zanje, ntankeka ni wewe mutanzi wa vyose

Verse 36 — Surah Sad 38:36

Duca tumu gamburukiza umuyaga ugenda buhoro buhoro kw’itegeko ryiwe, naho ushaka gushika hose

Verse 37 — Surah Sad 38:37

Hamwe n’ibisigo n’abubatsi n’abibira mumazi

Verse 38 — Surah Sad 38:38

N’ibindi bisigo biboshwe n’iminyororo

Verse 39 — Surah Sad 38:39

Iyi n’ingabirano yacu twaguhaye tutarinze guharurirana, rero nuyitange canke uyigumye utarinze kugiriranira ibiharuro

Verse 40 — Surah Sad 38:40

Mu vy’ukuri arafise kuri twebwe icubahiro n’ahantu heza

Verse 41 — Surah Sad 38:41

Kandi mwibuke intumwa yacu y’Imana Ayyubu (iii) mugihe Umuremyi wiwe yamuhamagara avuga ati:- mu vy’ukuri Shetani yanshikirije ibishoboka hamwe n’ingorane

Verse 42 — Surah Sad 38:42

Ihute nuku kuguru kwawe, naya niyo mazi apfuse yukwisukira hamwe n’ayandi yukunywa

Verse 43 — Surah Sad 38:43

Duca tumuha abantu biwe hamwe n’abandi nkabo hamwe nabo kumigisha ivuye iwacu hamwe n’ubutumwa ku bantu bafise ubwenge

Verse 44 — Surah Sad 38:44

Nufate amasonga y’uduti mukuboko kwawe, hunyuma uce umukubitisha umucance wawe, kandi ntute indahiro yawe, ntankeka twebwe twamusanze ari mu bantu batekereje kandi n’intore, mu vy’ukuri yari muba gamburutsi bacane

Verse 45 — Surah Sad 38:45

Bibuke abantu bacu ariyo ntumwa yacu y’Imana Ibrahimu (iii) na Is’haqa n’intumwa y’Imana na Yaaqubu bari bafise ubushobozi n’ubwenge buhagije

Verse 46 — Surah Sad 38:46

Mu vy’ukuri twebwe twagutoye kuri ryajambo ryiza cane ryukwibuka umusi w’imperuka

Verse 47 — Surah Sad 38:47

Kandi ntankeka abamyeho imbere yacu, nabo nimu bantu beza batowe

Verse 48 — Surah Sad 38:48

Kandi mwibuke intumwa y’Imana Ismaaili (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Al’yasaa (iii) n’intumwa y’Imana Dhul’qiflu (iii) n’abo bose bari mu bantu b’intungane

Verse 49 — Surah Sad 38:49

Ubu n’ubwibutso mu vy’ukuri abatinya Imana yabo y’ukuri igituro cabo caho bazo garukira hazoba heza cane

Verse 50 — Surah Sad 38:50

Imirima yukwicara mwo mubuzima bwabo bwose izoba yuguruye imiryango yayo kubera bo gusa

Verse 51 — Surah Sad 38:51

Bazo kwegamira kunyegamo basaba ivyamwa vyinshi hamwe n’ibinyobwa

Verse 52 — Surah Sad 38:52

Hamwe nabo bazoba ho n’abanega babo bahumurije amaso yabo kubatambukanyi babo

Verse 53 — Surah Sad 38:53

Ibi nivyo mwaraganiwe k’umusi w’imperuka

Verse 54 — Surah Sad 38:54

Mu vy’ukuri iyi niyo migisha yacu idahera

Verse 55 — Surah Sad 38:55

Nuko rero mu vy’ukuri bamwe barenga imbibe ingaruka zabo zizoba ziri ahantu habi cane

Verse 56 — Surah Sad 38:56

Wamuriro witiriwe Jahannamu niwo bazokwinjiramwo naho nahateguwe nabi cane

Verse 57 — Surah Sad 38:57

N’uku bizoba rero nibahonje amazi y’amarike n’amashira

Verse 58 — Surah Sad 38:58

N’ibindi bihano nk’ibi ni vyinshi

Verse 59 — Surah Sad 38:59

Izi nizo ngabo zizo kwinjira hamwe namwe, mugabo ntizaronse ahantu heza zishikira mugabo zizo kwinjira mu muriro udahera

Verse 60 — Surah Sad 38:60

Bavuze bati:- mwebwe ntakaze ryiza mufise mwebwe nimwe mwatumye turonka ibihano aho naho n’ahantu h’ubwicaro bubi cane

Verse 61 — Surah Sad 38:61

Bavuze bati:- Muremyi wacu, abatumye tugira ibi vyose, n’ubongereze ibihano vy’incuro zibiri iyo mu muriro udahera

Verse 62 — Surah Sad 38:62

Bazovuga bati:- vyabaye gute ko tutababona babantu twahora tubaharura ko bari mu bantu babi

Verse 63 — Surah Sad 38:63

Erega twaraba kengereye mugabo amaso yacu ntiyababona gusa

Verse 64 — Surah Sad 38:64

Ntankeka ibi bintu vy’amatati y’abantu bo mumuriro udahera nay’ukuri

Verse 65 — Surah Sad 38:65

Vuga uti:- mu vy’ukuri jewe nd’uwutuza gusa, kandi ntayindi Mana itegerezwa gusengwa atariyo yonyene rudende nyene ubushobozi

Verse 66 — Surah Sad 38:66

Umumenyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibirimwo vyose nyene ubushobozi hamwe n’ikigongwe cinshi

Verse 67 — Surah Sad 38:67

Vuga uti:- izi n’inkuru zihambaye cane

Verse 68 — Surah Sad 38:68

Verse 69 — Surah Sad 38:69

Ntabumenyi nari mfise bw’ibiremwa bitagatifu mugihe batumvikana

Verse 70 — Surah Sad 38:70

Simbwirwa ikintu na kimwe kuri jewe atari uko nd’umuntu atuza abantu kandi mboneka

Verse 71 — Surah Sad 38:71

Umuremyi wawe mugihe yababwira Abamarayika ati:- mu vy’ukuri jewe nzorema umuntu ndamukuye mw’ivu

Verse 72 — Surah Sad 38:72

Ninarangiza kurema uyo muntu nukumu huhera umutima uvuye kuri jewe, rero nimuce mumupfukamira nukumu gamburukira

Verse 73 — Surah Sad 38:73

Bara gamburutse Abamarayika bose uko bangana bose

Verse 74 — Surah Sad 38:74

Dukuyemwo uwitwa Ibilisi yishimye nukuba muba hakanyi b’Imana

Verse 75 — Surah Sad 38:75

Imana yamubwiye iti:- ewe Ibilisi, n’igiki cakubujje ku gamburukira uwo naremye ku maboko yanje, mbega winamuye canke wabaye mubantu bakuru

Verse 76 — Surah Sad 38:76

Nawe yishura ati:- jewe ndimwiza gusumba uyo waremye, kuko jewe wandemye unkuye mu muriro udahera, nawe umurema umukuye mw’ivu

Verse 77 — Surah Sad 38:77

Imana ica ivuga iti:- nuve muri uwo muriro udahera kuko uramaze gutabwa kure n’imigisha yanje

Verse 78 — Surah Sad 38:78

Mu vy’ukuri umuvumo wanje uzoba hejuru yawe kuri kugeza k’umusi w’imperuka

Verse 79 — Surah Sad 38:79

Nawe yishura ati:- Muremyi wanje, numpe umwanya na mutoyi gusa kugeza k’umusi bazozurwa ibiremwa vyose

Verse 80 — Surah Sad 38:80

Imana imubwira iti:- nivyo wewe uri mubaronse ikibanza c’ukubaho

Verse 81 — Surah Sad 38:81

Kugeza kumwanya w’umusi wategekanijwe

Verse 82 — Surah Sad 38:82

Nawe yishura ati:- ndarahiye k’ukuri kw’iteka ryawe ntankeka jewe abo bantu bawe nzobazimiza uko bangana bose

Verse 83 — Surah Sad 38:83

Dukuye mwo ba bantu bawe muribo ar’intore

Verse 84 — Surah Sad 38:84

Imana ivuga iti:- ndarahiye mvugishije ukuri

Verse 85 — Surah Sad 38:85

Mu vy’ukuri jewe nzokwuzuza mu muriro udahera kuri wewe Shetani hamwe n’abagu kurikira muribo

Verse 86 — Surah Sad 38:86

Vuga uti:- jewe sindaba saba impembo kuri ibi, kandi jewe sindi mu bantu bitegeka

Verse 87 — Surah Sad 38:87

Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari ubutumwa ku bantu bose

Verse 88 — Surah Sad 38:88

Kandi ntankeka mwebwe muzomenya inkuru ziwe mumwanya