Back to Languages

Rundi - Chapter 4 - An-Nisa

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah An-Nisa 4:1

Mwebwe bantu, nimutinye Umuremyi wanyu yabaremye mumutima umwe, n’ukurema muriwo umutambukanyi n’ugukwiza abagabo benshi hamwe n’abakenyezi bavuye muri abo bantu babiri, kandi mutinye Imana yanyu y’ukuri kuko ariyo musaba mwese kandi murabe n’urwaruka, mu vy’ukuri Imana niyo ibakingira kuri mwebwe

Verse 2 — Surah An-Nisa 4:2

Nimuhe impfuvyi amatungo yabo, kandi ntimuyakabishe n’ibindi bintu bibi kubintu vyiza, kandi ntimurye ayo matungo yabo hamwe n’amatungo yanyu, mu vy’ukuri ivyo vyose mushinzwe igikorwa kininiya cane

Verse 3 — Surah An-Nisa 4:3

Nimwatinya kutaba girira n’ibijanye n’ukuri kwizo mpfuvyi nimwubake izanyu nabo bakenyezi mwagomwe, baba babiri canke batatu canke bane gusa, mugabo nimwatinya yuko mudashoboye kuba abanya kuri ivyo vyose, rero ni mwubakane n’umwe gusa, canke muri bamwe mutunze bari mu maboko yanyu y’iburyo, nimwagira gutyo niko kuzotuma mutishima

Verse 4 — Surah An-Nisa 4:4

Nimubahe abo bakenyezi udushimwe twabo kuko ari utuganuke kuribo, nibabaha utwo tuganuke k’ugushaka kw’imitima yabo icarico cose nimukirye n’akanyamuneza ntangere n’akamaro keza kurivyo

Verse 5 — Surah An-Nisa 4:5

Ntimubahe abadafise ubwenge bukwiye amatungo yanyu ariyo Imana yabahaye kubera ubuzima bwanyu, rero nimubahe ibifungurwa vyabo bivuye muri ayo matungo kandi mubambike kandi mubabwire n’amajambo meza

Verse 6 — Surah An-Nisa 4:6

Izo mpfuvyi nimuzi gerageze kugeza aho zizoshikira kumwanya w’ukwubaka izabo, nimwabona yuko zakwjije ubwenge bukwiye nimuce muziha amatungo yabo, kandi ntimurye ayo matungo yabo n’ubwononyi bwagihuti huti ngo nibakura bazodusaba amatungo yabo natwe ngo reka tuyarye ningoga na ningoga, n’uwutunze niyirinde kwakira impembo nkuko ariko arabakorera, nihaba hariho uwukeneye n’arye kuburyo bw’amategeko amurekuriye kugira gutyo, nimwabaha ayo matungo yabo nimushinge ivyabona kubera Imana, kuko niyo ihagije kuba ariyo cabona

Verse 7 — Surah An-Nisa 4:7

Abagabo nibo bafise uruhara mumatungo yasizwe n’abavyeyi babo hamwe n’incuti zabo zibegereye, n’abakenyezi barafise uruhara rw’amatungo yabo yasizwe n’abavyeyi babo hamwe n’incuti zabo zibegereye, yaba ayo matungo ari makeyi canke menshi, uko niko vyategetswe n’Imana

Verse 8 — Surah An-Nisa 4:8

Mugihe c’ukugabura ayo matungo harimwo incuti n’impfuvyi n’aboro, nimubahe icarico cose muri ayo matungo kandi mubabwire n’imvugo nziza

Verse 9 — Surah An-Nisa 4:9

Kandi batinye yuko nabo iyo basiga inyuma yabo ibibondo batishoboye bari kugira ubwoba kuribo, rero nibatinye Imana yabo y’ukuri kandi bavuge amajambo meza ahumuriza

Verse 10 — Surah An-Nisa 4:10

Mu vy’ukuri bamwe barya amatungo y’impfuvyi bahemukiye imitima yabo, ntankeka barya umuriro uri munda zabo, kandi bazo herengetera muri wo

Verse 11 — Surah An-Nisa 4:11

Imana irabatuza kubijanye n’ibibondo vyanyu, umugabo aronke ibingana n’incuro zibiri z’abagore babiri, niba abo bagore ari benshi barenga babiri nibaronswe ivya gatatu bibiri muvyasizwe na nyakwigendera, mugabo nihaba hari umukobwa umwe wenyene gusa naronswe igice civyo bisigi, n’abavyeyi biwe babiri umwe wese muribo ahabwe ica gatandatu civyo bisigi niyaba yasize ikibondo, niyaba ata kibondo afise n’abavyeyi biwe uko ari babiri bakaba aribo bene ibisigi vyico kibondo, rero nyina wico kibondo azoronswa ica gatatu kimwe, niyaba afise bene wabo rero nyina wiwe azoronswa ica gatandatu, nuku gutorana kw’ibisigi kuba inyuma y’ugukura muvyo nyakwigendera yasize araze canke mukuriha ideni ryiwe, abavyeyi banyu n’ibibondo vyanyu kuri mwebwe ntawuzi uwariwe muribo ari hafi cane mukuba fasha, iri rero n’itegeko ryavuye ku Mana kandi ntankeka Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije

Verse 12 — Surah An-Nisa 4:12

Namwe muzoronswa igice c’amatungo yasizwe n’abakenyezi banyu mugihe batazoba bafise ikibondo, niba bafise ikibondo mwebwe muzoronka ica kane civyo basize, bamaze gukura mwo ivyo mwamaze kuraga canke mumaze kuriha amadeni, nabo bazoronka ica kane civyo mwasize niba ata kibondo mufise ni mwaba mufise ikibondo rero bazoronka ic’umunani civyo mwasize mumaze gukura mwo muvyo mwamaze kuraga canke kuriha amadeni, niyaba umugabo canke umugore asigirwa ibisigi adafise ikibondo canke abavyeyi, mugabo akaba afise musaza wiwe canke mushiki wiwe, rero umwe wese muribo azoronka ica gatandatu, babaye benshi naho bazo sabikana kuca gatatu hamaze gukurwamwo ivyarazwe canke kuriha amadeni hatarinze kuba indyane murivyo, iryo niryo ragi ryavuye ku Mana nayo niyo ifise ubumenyi n’ukuba intungane ikwiye

Verse 13 — Surah An-Nisa 4:13

Izo nizo mbibe z’Imana zategekanijwe, n’uwu gamburukira Imana hamwe n’intumwa yayo, Imana izo mwinjiza mumirima icamwo inzuzi imbere yiwe hanyuma baze babeyo mubuzima bwibo bwose, iyo rero niyo ntsinzi niniya

Verse 14 — Surah An-Nisa 4:14

Uwutazo gamburukira Imana hamwe n’intumwa yiwe n’ukurenga imbibe zagenywe, Imana izo mwinjiza mumuriro udahera, muriwo azowubamwo mubuzima bwiwe bwose, kandi azoronka ibihano bizo mutetereza

Verse 15 — Surah An-Nisa 4:15

Naba bakenyezi bagira ibintu vy’umwanda muri babakenyezi banyu, ni mubashengeze kuvyabona bine muri mwebwe, rero niba babona ivyo vyabona nimuce mubazitirira mumazu yanyu kugeza aho bazoshikirwa n’urupfu canke Imana yonyene ibagirire iyindi nzira

Verse 16 — Surah An-Nisa 4:16

Naba bagabo babiri bagira ibintu vy’umwanda muri mwebwe ni mubahane bose uko ari babiri nibasaba ikigongwe bagatumbera inzira nziza, mubareke, mu vy’ukuri Imana niyo yakira ikigongwe kandi niyo nyene impuhwe zihagije

Verse 17 — Surah An-Nisa 4:17

Ikigongwe cakirwa n’Imana kiba kiri kuri barya bagira amabi k’ubujuju bwabo, hanyuma bagaca basaba ikigongwe ningoga na ningoga abo nibo Imana yakira ikigongwe cabo, nayo niyo ifise ubumenyi buhagije kandi niyo nyene impuhwe zihagije

Verse 18 — Surah An-Nisa 4:18

Ntakigongwe bafise kuri barya bantu bagira amabi kugeza naho umwe muribo ashikirwa n’urupfu agaca avuga ati :- mu vy’ukuri ubu rero jewe ndasavye imbabazi, kandi simuri barya bashikirwa n’urupfu nabo ari abahakanyi b’Imana, abo nibo twateguriye ibihano bibabaza cane

Verse 19 — Surah An-Nisa 4:19

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimurekuriwe n’amategeko y’ugutorana mubisigi vy’abakenyezi banyu kugitsure, kandi ntimubabuze kugira ngo mubake bimwe mwabahaye, dukuye mwo izindi mpamvu boba baragize ziri kumugaragaro, rero ni mubane nabo n’amahoro nimwabanka naho nkumbure mukaba mwanse ikintu Imana yashize mwo imigisha myiza kandi myinshi muriyo

Verse 20 — Surah An-Nisa 4:20

Nimwashaka guhindura umukenyezi k’uwundi mukenyezi mugihe umwe muribo mwamuhaye umuzibukiro wiwe, rero ntimutware icarico cose kuriwe, mbega mwakira ivyo bintu k’ubuhemu nokw’ikosa riri k’umugaragaro

Verse 21 — Surah An-Nisa 4:21

Mbega muzo kwakira gute ivyabo mugihe muri mwebwe kuri mwebwe mwarahujije ibitsina, nabo bakaba barakiye kuri mwebwe indagano zikwiye

Verse 22 — Surah An-Nisa 4:22

Kandi ntimwubakane n’abakenyezi bubakanye naba So banyu atari muvy’akahise, ntankeka ibintu nk’ibi ni bibi cane kandi bishavuza, kandi n’inzira mbi cane

Verse 23 — Surah An-Nisa 4:23

Mwarabujijwe kwubakana naba nyokwanyu hamwe n’abana banyu canke bashiki banyu hamwe naba inasenge banyu, hamwe na bashiki banyoko banyu, hamwe n’abana babene wanyu, hamwe n’abana babashiki banyu, hamwe n’abavyeyi banyu babonkeje, hamwe n’abashiki banyu mwonse ibere rimwe, hamwe n’abanyina b’abakenyezi banyu hamwe n’abana banyu b’abazanano bagitegekwa namwe, bavyawe n’abagore banyu mwahujije nabo ibitsina, mugabo mugihe mutarahuza nabo ibitsina sibibi kuri mwebwe kwubakana nabo, kandi birabujijwe kwubakana n’abagore b’abana banyu bavuye mumigongo yanyu, kandi murabujijwe kw’ubaka izanyu n’abashiki babiri mugihe kimwe atari muri ca gihe c’akahise, mu vy’ukuri Imana niyo nyene impuhwe n’ikigongwe gihagije kuri vyose

Verse 24 — Surah An-Nisa 4:24

N’abakenyezi bafise abagabo babo barabujijwe, dukuyemwo bamwe bari muminwe yanyu y’iburyo, iryo niryo tegeko ry’Imana kuri mwebwe, kandi muremerewe kwubaka izanyu n’abagore batari abo, rero nimubarondere kumatungo yanyu mukwubakana nabo mutarinze gushura shurana nabo, rero barya mwubakana nabo muribo ni mubahe udushimwe twabo twategekanijwe kuribo, kandi si bibi kuri mwebwe mutanze kuvyo mwemeranije aho gutanga ivyategekanijwe, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije

Verse 25 — Surah An-Nisa 4:25

N’uwudashoboye muri mwebwe kuronka ako gashimwe k’ukwubaka n’abakenyezi b’intungane baba Isilamu kazi, niyubakane n’umushumvyi kazi wumu Isilamu kazi ari muminwe yanyu y’iburyo, n’Imana niyo ifise ubumenyi buhanitse bw’ukwemera kwanyu kuri mwebwe na mwebwe, rero ni mwubake izanyu nabo kw’itegeko rya basobuja babo, kandi mubahe udushimwe twabo mukurikije amategeko y’Imana, kandi babe ari abakenyezi b’intungane batari muba shurashuzi n’umuntu uwariwe wese, kandi atari aba shurashuzi kubagabo kanaka, rero mugihe bamaze kwubaka izabo hanyuma bakagira ayandi marorerwa bizoca biba kuribo kuronswa igice c’ibihano cagenewe abakenyezi b’intungane, ivyo vyose ni kuri mwebwe mutinya bwa bushurashuzi, rero nimwa tenyenya nivyo vyiza kuri mwebwe n’Imana niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije

Verse 26 — Surah An-Nisa 4:26

Imana igomba ibamenyeshe n’ukuba rongora kubijanye n’ingendo zabamye ho imbere yanyu nukuba menyesha, n’Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije

Verse 27 — Surah An-Nisa 4:27

N’Imana igomba kuba gabaniriza mugabo abakurikiza ivyo imitima yabo igomba, bashaka yuko bohengama kw’ihengamiro rininiya cane

Verse 28 — Surah An-Nisa 4:28

Imana igomba ibagabanirize kuko umuntu yaremwe ari ikiremwa gihoya hoya

Verse 29 — Surah An-Nisa 4:29

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimuryanire kumatungo yanyu munzira itari iy’ukuri dukuyemwo ibidandazwa mwumvikanyeko hagati yanyu, kandi ntimwiyahure kuko mu vy’ukuri Imana niyo ibafitiye impuhwe zihagije

Verse 30 — Surah An-Nisa 4:30

Nayo uwuzogira ibi vyose akoresheje ubwansi hamwe n’ubuhemu bw’umutima wiwe, uyo muntu aho ari tuzo mwinjiza mumuriro udahera, nivyo n’ivyoroshe biri ku Mana

Verse 31 — Surah An-Nisa 4:31

Nimwaba kure n’ibicumuro bininiya mutuzwa, tuzoba hanagurira ibicumuro vyanyu bito bito hanyuma tubinjize ahantu h’iteka ntangere ari naho mw’ijiru

Verse 32 — Surah An-Nisa 4:32

Kandi ntimwipfuze ivyo Imana yahayeko imigisha gusumba abandi, kuko abagabo barafise uruhara rukwiye kuvyo baronse, n’abakenyezi barafise uruhara rukwiye, kuvyo baronse, rero nimusabe Imana kumigisha yayo mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubumenyi bw’ibintu vyose

Verse 33 — Surah An-Nisa 4:33

Umuntu uwariwe wese twaramushiriyeho incuti zizosigarana ibisigi muvyo basize abavyeyi babiri hamwe n’incuti, hamwe nabo bagiriraniye amasezerano mubahe ivyarivyo vyose muri ivyo bisigi, mu vy’ukuri Imana niyo cabona c’ibintu vyose

Verse 34 — Surah An-Nisa 4:34

Abagabo nibabe abareretsi kubakenyezi babo kubera yuko Imana yabashizeko iteka ntangere gusumba abandi, n’ukubera amatungo yabo batanga, rero abakenyezi b’intungane nibarya batekereje kandi bikingira mugihe abagabo babo batariho, kuko Imana yabategetse kwikingira n’abakenyezi babona yuko ukwidohora kwabo kuri mwebwe bagabo, ni mubatuze n’ukwahukana nabo bagume ari bonyene mubusaswa bwabo kandi muteko mubakubite nibaba gamburukira, ntimuba ronderere iyindi nzira mu vy’ukuri Imana niyo iri hejuru kandi niyo nkuru

Verse 35 — Surah An-Nisa 4:35

Nimwamenya yuko hari amatati hagati y’umugabo n’umunega wiwe, ni mwihutire kujana umubangurukanyi, umwe mumuryango w’umugabo, hamwe no mumuryango w’umunega, nibanka uko kwumvikana Imana izoba shoboza kuronka umuti w’ingorane zabo, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi, nyene ubumenyi bw’inkuru z’amabanga yinyegeje hamwe n’inkuru ziri k’umugaragaro

Verse 36 — Surah An-Nisa 4:36

Nimusenge Imana yanyu y’ukuri kandi ntimuyigereranye n’ibindi bintu, kandi mubagirire ineza abavyeyi banyu uko ari babiri, hamwe n’abagenzi n’impfuvyi hamwe n’aboro hamwe n’ababanyi bari hafi yanyu hamwe n’ababanyi bakure yanyu hamwe n’abagenzi bari mumbavu zanyu, hamwe n’uwuri murugendo rwononekaye, hamwe nabo mwitungiye bari mumaboko yanyu y’iburyo, ntankeka Imana ntikunda abantu bishima n’ukwibona

Verse 37 — Surah An-Nisa 4:37

Abigira kuba ari ingumyi n’ugutegeka abantu ngo babe ingumyi, n’ukunyegeza ivyo Imana yabahaye k’umigisha yayo, tukaba twaraba teguriye abahakanyi b’Imana ibihano bitetereza cane

Verse 38 — Surah An-Nisa 4:38

N’abatanga amatungo yabo mukwereka abantu nabo batemera Imana y’ukuri canke umusi w’imperuka, n’uwumaze kuba ari shetani nukuba ariwe mugenzi wayo, n’ukuvuga yuko afise umugenzi mubi cane

Verse 39 — Surah An-Nisa 4:39

None hobaye iki kuribo iyo bemera Imana y’ukuri n’umusi w’imperuka, n’ugutanga muvyo bahawe n’Imana, nayo niyo ibazi neza

Verse 40 — Surah An-Nisa 4:40

Mu vy’ukuri Imana ntihemukira kukintu kingana n’uburemere bw’akanyegeri, ni ryaba ari ijambo ryiza iraryongereza ko n’ugutanga impembo niniya ivuye kuriyo

Verse 41 — Surah An-Nisa 4:41

None bizoba gute mugihe tuzozana icabona kivuye mu bantu bose hanyuma tugaca tukuzana wewe ubabere icabona kuri aba bantu bawe

Verse 42 — Surah An-Nisa 4:42

Kuri uwo musi, bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri nukwiyonkora kuntumwa y’Imana, bazo kwipfuza yuko Isi yoringanirizwa hejuru yabo, kandi ntibazo shobora kunyegeza ku Mana ikiganiro icarico cose

Verse 43 — Surah An-Nisa 4:43

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimwegere amasengesho yanyu namwe muborewe kugeza aho mutahura ivyo muvuga, canke nimwaba mufise umwanda mpuza bitsina, kiretse uwuri murugendo kugeza aho mwisukura, ni mwakikwa naho n’amagara canke muri murugendo canke umwe muri mwebwe avuye kwa s’urwumwe canke mwakoranye n’abakenyezi hanyuma ntimuronke amazi y’ukwisukura ni mukoreshe ivu ryiza murisige ku maso yanyu no kumaboko yanyu, mu vy’ukuri Imana niyo nyene impuhwe nukugira ikigongwe, kandi niyo nyene guhanagura ibicumuro vy’abantu

Verse 44 — Surah An-Nisa 4:44

Mbega ntubabona bamwe bahawe igice c’igitabu bagaca bitorera ubuzimire kandi bakabasabira yuko namwe mwozimira munzira y’amahoro

Verse 45 — Surah An-Nisa 4:45

N’Imana irabazi neza abo bansi banyu kandi irahagije kuba ariyo ibakingira kandi ikaba ihagije kuba ariyo umufasha wanyu

Verse 46 — Surah An-Nisa 4:46

Mu bayahudi harimwo abahindura amajambo y’Imana bayakura aho ari bakavuga muribo bati:- turumvise kandi turiyonkoye, kandi wumve utumvirijwe, nayo ukuvuga ijambo Raaina mu kunyuruza indimi zabo kugira ngo batyoze idini, niyo bovuze bati:- turumvise kandi turagamburutse kandi wumve kandi uturabe, vyari kuba vyiza cane, mugabo Imana yarabavumye kubera ubuhakanyi bwabo, rero ntibemera atari gatoyi gusa

Verse 47 — Surah An-Nisa 4:47

Mwebwe, mwahawe igitabu c’Imana, nimwemere kuvyo twamanuye vyemeza ivyo mufise mwebwe imbere yuko duhindura amaso yanyu tukayashira kubikanu vyanyu, canke imbere yuko tubavuma nkuko twavumye abantu bok’umusi wa gatandatu n’itegeko ry’Imana ni ngombwa rikurikizwe

Verse 48 — Surah An-Nisa 4:48

Mu vy’ukuri Imana ntigira ikigongwe kuba yigereranya n’ibindi bintu, kandi igirira ikigongwe kubitari ibi kuwo yishakiye, nayo uwugereranya Imana n’ibindi bintu ntankeka uyo muntu azoba yateguye ibicumuro bininiya cane

Verse 49 — Surah An-Nisa 4:49

Ntubabona bamwe bisukura kumitima yabo, ahubwo Imana niyo isukura uwo yishakiye kandi ntibazo hemukirwa nokukintu na kimwe naho coba kingana n’urunyuzi ruri mucamwa c’umutende

Verse 50 — Surah An-Nisa 4:50

Nurabe igene barementanya ububeshi hejuru y’Imana, ibi vyose birahagije yuko ari ibicumuro biri k’umugaragaro

Verse 51 — Surah An-Nisa 4:51

Ntubabona bamwe bahawe igice c’igitabu c’Imana, mugabo bakemera amasanamu hamwe n’ubuzimire kandi bakavuga hejuru yabamwe bahakanye Imana y’ukuri yuko aribo barokotse gusumba abari munzira y’abemeye Imana yabo y’ukuri

Verse 52 — Surah An-Nisa 4:52

Abo nibo bantu bavumwe n’Imana, rero uwavumwe n’Imana, ntazoba afise umufasha

Verse 53 — Surah An-Nisa 4:53

Canke barafise ikindi gice c’ubwami, aho rero ntibari kubaha abantu naho yoba ari intoboro y’icamwa c’umutende

Verse 54 — Surah An-Nisa 4:54

Canke abantu boba babagiriye inzigo kuvyo Imana yabahaye kubugira neza bwayo, dutako duha ibibondo vy’intumwa y’Imana Ibrahimu (III) igitabu hamwe n’ubuhizi n’ubwami buniniya cane

Verse 55 — Surah An-Nisa 4:55

Rero hari muribo abemeye ibi vyose n’abandi muribo bishize kure yibi vyose, rero umuriro wa Jahannamu urakwiye kuba ari umuriro ukaze cane w’ukubaturira

Verse 56 — Surah An-Nisa 4:56

Mu vy’ukuri bamwe bahakana amajambo yacu matagatifu tuzo binjiza mumuriro udahera, uko inkoba z’imibiri yabo zizosha, tuzoba hindurira izindi nkoba zitari izahahora kugira ngo bagume bahonja ivyo bihano, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije

Verse 57 — Surah An-Nisa 4:57

Na bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza tuzobinjiza mumirima icamwo inzuzi imbere yabo nukuba muri iyo mirima mubuzima bwabo bwose, muriyo bazoba bafise abakenyezi bisukuye n’umwanda uwariwo wose, hanyuma tubinjize mubitutu vyiza cane

Verse 58 — Surah An-Nisa 4:58

Mu vy’ukuri Imana ibategeka gusubiza ivyo mwahawe kuziganya kwa benevyo no mugihe muciye urubanza ruri hagati y’abantu mubacire urubanza rw’ukuri, ntankeka ubutumwa Imana ibashikiriza nibwiza cane, mu vy’ukuri Imana niyo yumva kandi niyo ibona

Verse 59 — Surah An-Nisa 4:59

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimu gamburukire Imana, kandi mu gamburukire intumwa y’Imana, hamwe n’abari k’ubutegetsi buri hejuru yanyu bo muri mwebwe nyene, ni mutumvikana kw’ijambo iryariryo ryose nimuce murisubiza ku Mana nokuntumwa y’Imana, ni mwaba mwemera Imana hamwe n’umusi w’imperuka, ayo niyo mahoro kandi afise ingaruka nziza cane

Verse 60 — Surah An-Nisa 4:60

Ntubabona abavuga yuko bemeye ivyamanuwe iwawe hamwe ni vyamanuwe imbere yawe, kandi bagomba yuko bocirirwa urubanza munzira itemewe n’amategeko mugihe bategetswe kutemera iyo nzira na Shetani ishaka kubazimiza k’ubuzimire buri kure cane

Verse 61 — Surah An-Nisa 4:61

Mugihe babwiwe bati:- ni muze muri vyabintu vyamanuwe n’Imana no kuntumwa y’Imana uza ubona b’ababeshi bose baja kure yawe cane

Verse 62 — Surah An-Nisa 4:62

None bizogenda gute mugihe bazoshikirwa n’ivyago kubera ivyo bamaze gutanguza n’amaboko yabo hanyuma bakagaruka barahira bati:- kw’izina ry’Imana twebwe ntitwabishaka atari kuneza n’amasezerano gusa

Verse 63 — Surah An-Nisa 4:63

Abo nibarya Imana ifise ubumenyi bw’ibiri mumishaha yabo, rero nubareke babe kure ubashikirize ubutumwa, ubabwire n’amajambo abashika kunyota azobinjira mumitima yabo

Verse 64 — Surah An-Nisa 4:64

Ntitwarungitse intumwa y’Imana iyariyo yose, nuko yogamburukirwa kw’itegeko ry’Imana, niyo boje bazi yuko bahemukiye imitima yabo bagasaba ikigongwe ku Mana hamwe n’intumwa y’Imana, hanyuma akabasabira ikigongwe, ntankeka bari gusanga Imana ariyo yakira ikigongwe kandi ariyo nyene impuhwe zihagije

Verse 65 — Surah An-Nisa 4:65

Ndarahiye ku Muremyi wawe yuko batazo kwemera bimwe vy’ukuri kugeza aho bazo kugira ngo ubabere umuca manza wabo kuvyo batumvikana ko, hanyuma ntibagire uburemere kumitima yabo kubera ingingo wafashe, kandi bace bagamburuke bimwe vy’ukuri

Verse 66 — Surah An-Nisa 4:66

Iyo tubategeka ngo biyahure canke ngo basohoke bave mumazu yanyu, rero iyo batagira gutyo mugabo bake muribo niyo bogize ivyo babwiwe vyari kuba vyiza kuribo, kandi vyari kuba ivyemezo vyiza gusumba

Verse 67 — Surah An-Nisa 4:67

Twari kubaha impembo niniya ivuye iwacu

Verse 68 — Surah An-Nisa 4:68

Kandi twari kubayobora munzira igororotse

Verse 69 — Surah An-Nisa 4:69

N’abagamburukira Imana hamwe n’intumwa yayo, rero abo bantu bazoba bari kumwe nabamwe Imana yahezagiye hamwe n’intumwa z’Imana hamwe n’abemeye Imana yabo y’ukuri, hamwe n’ivyabona hamwe n’abagira ineza, mbega n’ubwiza bumeze gute kuri abo bantu kuba ari abagenzi

Verse 70 — Surah An-Nisa 4:70

Iyo niyo ngabirano ivuye ku Mana yabo, nayo niyo nyene ubumenyi bukwiye

Verse 71 — Surah An-Nisa 4:71

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri nimugabe, kandi musohoke muri mumirwi n’iyindi canke musohokere hamwe

Verse 72 — Surah An-Nisa 4:72

Harimwo muri mwebwe abicara inyuma y’abandi, mugabo bahuye n’ivyago baca bavuga bati:- Imana yampezagiye nkuko vyabaye kuko ntari kumwe nabo

Verse 73 — Surah An-Nisa 4:73

Nimwashikirwa n’imigisha ivuye ku Mana baca bavuga bati:- nka kumwe hatari ubugenzi hagati yanyu no hagati yiwe n’ukuvuga bati:- iyomba hamwe nabo nkaronka intsinzi niniya

Verse 74 — Surah An-Nisa 4:74

Rero nibarwanire munzira y’Imana bamwe bitanga mukugurisha ubuzima bwabo bwo ngaha kw’Isi k’ubuzima bwo mw’Ijuru, nayo uwurwanira munzira y’Imana hanyuma agaca yitaba Umuremyi wiwe canke akaronka intsinzi nyakuri, tuzomuha impembo niniya cane

Verse 75 — Surah An-Nisa 4:75

Mufise iki ko mutarwanira munzira y’Imana na bamwe batishoboye mubagabo hamwe n’abagore hamwe n’ibibondo bavuga bati:- Muremyi wacu, dukure muri iki gisagara abantu baho ari aba hemukiye imitima yabo, kandi uduhezagire kugira ngo tube dufise uwudukingira avuye kuri wewe, kandi uduhezagire tube n’uwuturokora avuye iwawe

Verse 76 — Surah An-Nisa 4:76

Abemeye Imana yabo y’ukuri barwanira munzira y’Imana, mugabo abatemera Imana y’ukuri barwanira munzira ya Shetani, rero ni murwane nabo bagenzi ba Shetani, mu vy’ukuri inyifato ya Shetani ntabushobozi ifise

Verse 77 — Surah An-Nisa 4:77

Ntubona bamwe babwirwa bati:- ni mukingire amaboko yanyu muhagarike amasengesho yanyu, kandi mutange imperezwa zanyu gusa, mugihe bategetswe kurwana n’umurwi umwe muribo waratinye abantu nk’ugutinya Imana canke kugira ubwoba gusumba, baca bavuga bati:- Muremyi wacu, ni kuki wadutegetse kurwana? Iyo udutevya kugeza kukiringo kigufiya gutya, nawe nuvuge uti:- amahirwe yo kw’Isi ni makeyi cane, ariko amahirwe yo mw’Ijuru niyo meza gusumba kubantu batinya Imana yabo y’ukuri, kandi ntimuzo hemukirwa naho koba ari akanyuzi kari hagati y’umwanya w’igishishwa c’icamwa c’umutende

Verse 78 — Surah An-Nisa 4:78

Aho muri hose urupfu ruzoba shikira, naho mwoba muruzitiro rukomeye gute, nirwashikira abagira ineza baca bavuga bati:- ibi vyose bivuye ku Mana, nayo bashikiwe n’amabi baca bavuga bati:- aya mabi yatewe na wewe, vuga uti:- vyose vyavuye ku Mana, none babaye gute aba bantu? Ntibashobora gutegera aya majambo

Verse 79 — Surah An-Nisa 4:79

Ineza yagushikiye yavuye ku Mana, n’amabi yagushikiye yavuye kumutima wawe, natwe twagutumye kubantu kugira ngo ube intumwa y’Imana, n’Imana niyo cabona gihagije

Verse 80 — Surah An-Nisa 4:80

Uwu gamburukiye intumwa y’Imana aba agamburukiye Imana, nayo uwuhakanye twebwe ntitwakurungitse wewe ngo ubabere uwuba kingira hejuru yabo

Verse 81 — Surah An-Nisa 4:81

Nabo bavuga bati:- turagamburutse, mugabo bavuye aho iwawe, umurwi umwe muribo uca wumvikana mw’ijoro kubitari ivyo bumvikanye ko, n’Imana yandika ivyo bumvikanye ko, rero n’ubarekere kure wizere Imana yawe, nayo niyo ikingira bimwe bihagije

Verse 82 — Surah An-Nisa 4:82

Ko badategera aya majambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani, iyo atoba avuye k’uwutari Imana, ntankeka bari gusanga muriyo ibihushane vyinshi cane

Verse 83 — Surah An-Nisa 4:83

Mugihe bashikiwe n’ijambo iryariryo ryose rijanye n’amahoro canke riteye ubwoba baca bariserura, mugabo iyo babishikiriza intumwa y’Imana canke abafise ubutegetsi buri hejuru yabo na bamwe bagenzura muribo bari kubimenya, rero iyo itaba imigisha y’Imana kuri mwebwe n’impuhwe zayo mu vy’ukuri mwari gukurikira Shetani dukuye mwo abantu bakeyi gusa muri mwebwe

Verse 84 — Surah An-Nisa 4:84

Rero nurwane munzira y’Imana, kandi ntutegetswe icarico cose atari umutima wawe gusa, kandi uhimirize aba Isilamu bose, nkumbure Imana yokingira ibitero vy’abatemera Imana yabo y’ukuri, n’Imana niyo ikaze cane kubitero vyayo, kandi niyo ikaze cane muguhana ibiremwa vyayo

Verse 85 — Surah An-Nisa 4:85

Uwuzo sabira ibisabisho vyiza azoronka bimwe muri ivyo, nayo uwuzo sabira ibisabisho bibi azoba afise bimwe muri ayo mabi, n’Imana niyo nyene ubumenyi buri hejuru y’ibintu vyose

Verse 86 — Surah An-Nisa 4:86

Muramukijwe n’indamutso iyariyo yose ni muyitabire neza gusumba canke musubize iyo ndamutso nyene, mu vy’ukuri Imana igira ibiharuro kubintu vyose

Verse 87 — Surah An-Nisa 4:87

Imana, ntayindi itegerezwa gusengwa atariyo yonyene gusa, mu vy’ukuri izoba koranya k’umusi w’imperuka kandi ntankeka kuri ivyo vyose, none ni nde munyakuri gusumba amajambo asumba Imana

Verse 88 — Surah An-Nisa 4:88

Vyabaye gute kuba muri imirwi ibiri kunkuru y’ababeshi, mugihe Imana yabahinduye kubera ivyo bagize, mbega mugomba kubona uwarokotse Imana yaciriye urubanza yuko yazimiye? N’uwo Imana yaciriye urubanza yuko yamaze kuzimira wewe ntuzo shobora kumuronkera inzira

Verse 89 — Surah An-Nisa 4:89

Bagomba yuko nkiyo mwohakanye nkuko bobahakanye kugira ngo mungane, rero ntimubagire abagenzi banyu kugeza aho bimuka kubera idini ry’Imana, nibanka naho nimubafate mubice aho muzo bafatira hose, kandi ntimugiriranire ubucuti nabo muribo canke imfashanyo iyariyo yose

Verse 90 — Surah An-Nisa 4:90

Dukuye mwo abumvikana n’abantu mufitaniye amasezerano ari hagati yanyu nabo, canke abaza iwanyu n’ibikiriza vyabo vyasinzikajwe n’ukurwana namwe, canke kurwana n’abantu babo, niyo Imana ibishaka yari gushiramwo ubushobozi mumitima yabo buri hejuru yanyu mugaca mutana mumitwe nabo bagaca babazanira amahoro, rero Imana ntiyabagiriye inzira hejuru yabo

Verse 91 — Surah An-Nisa 4:91

Muzoba sanga abandi bipfuza kuronka amahoro kuri mwebwe n’ukuronka amahoro kubantu babo, rero uko basubijwe mundyane baca batabwa muri izo ndyane zabo bubitse inda zabo, rero nibata vavanura namwe canke kubazanira amahoro canke kuzitira amaboko yabo, rero nimubafate mubice aho muzobasanga, abo rero nibo tubahaye hejuru yabo nivyo bimenyetso biri k’umugaragaro

Verse 92 — Surah An-Nisa 4:92

Ntibibaho kumu Isilamu kwica umu Isilamu mugenzi wiwe kubigira mpaka bitabaye kukwihenda, n’uwishe umu Isilamu kukwihenda nahe mubo atunze muba Isilamu hanyuma ace atanga indishi yuguha abasigi buwo nyakwigendera, dukuyemwo abiyankiye kubwabo bakagira nkuko ari imperezwa yabo kuribo, niyaba ari umugenzi w’abansi banyu nawe ari umu Isilamu, namuhe uwo atunze wumu Isilamu niyaba ari umwe mubantu bafitaniye amasezerano hagati yanyu hamwe nabo, rero aberwa nivyo bisigi nibahabwe agashiruka bute kandi bateko bahabwe mubo batunze wumu Isilamu, nayo uwutazoronka ivyo vyose niyisonzeshe amezi abiri akurikirana, uku niko kwirega kwavuye ku Mana, n’Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije

Verse 93 — Surah An-Nisa 4:93

N’uwishe umu Isilamu kubigira mpaka amenye yuko impembo yiwe ariyo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu aho niho azobayo mubuzima bwiwe bwose, n’Imana yaramushavuriye nukumuvuma hamwe nukumutegurira ibihano bininiya cane

Verse 94 — Surah An-Nisa 4:94

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimwagira urugendo ruri munzira y’Imana, rero ntimugire ikintu icarico cose mutabanje kucemeza, kandi ntimubwire uwubaramukije yuko atari umu Isilamu, mbega mugomba inyungu y’iyi Si, mugihe ku Mana hari inyungu nyinshi cane, ahubwo niko mwamye kuva kera n’Imana ica ibagirira imbabazi mukumenya ubu Isilamu bwanyu, rero ni murabe neza bimwe vy’ukuri Imana irafise inkuru yivyo mugira vyose

Verse 95 — Surah An-Nisa 4:95

Ntibashobora kungana aba Isilamu bicaye batagenda mungwano atari abafise impamvu zumvikana, kandi ntibangana n’abarwanyi barwanira munzira y’Imana bakoresheje amatungo yabo n’imitima yabo, Imana yarabahaye iteka ryabo bamwe barwanira munzira y’Imana bakoresheje amatungo yabo hamwe n’imitima yabo gusumba abicaye batagenda mungwano, naho Imana yabemereye bose kuronka ineza, mugabo Imana yarahaye iteka abarwanyi gusumba abicaye kumpembo niniya

Verse 96 — Surah An-Nisa 4:96

Bazoronka ubutegetsi buhanitse buvuye ku Mana hamwe n’ikigongwe n’impuhwe zayo, n’Imana niyo ifise ikigongwe na nyene impuhwe zihagije

Verse 97 — Surah An-Nisa 4:97

Bamwe bishwe n’Abamarayika mugihe bahemukiye imitima yabo, bazobwirwa bati:- mbega mwari mumerewe gute? Nabo bazobishura bati:- ntabushobozi twari dufise kuri iyi Si, nabo bazovuga bati:- none Isi y’Imana ntiyari yagutse kugira ngo mwimukire muriyo, rero abo ubwicaro bwabo nubwo mumuriro udahera, nayo n’ingaruka mbi cane

Verse 98 — Surah An-Nisa 4:98

Dukuyemwo muri bamwe batishoboye bimwe vy’ukuri bari mubagabo no mubagore hamwe no mubibondo ata bushobozi bafise, kandi batishoboye gutumbera inzira

Verse 99 — Surah An-Nisa 4:99

Abo rero nkumbure Imana yobagirira ikigongwe, kuko niyo nyene imbabazi n’ikigongwe cinsi gihagije

Verse 100 — Surah An-Nisa 4:100

Nuwuzo kwimuka kubera idini ry’Imana azoronka ahantu henshi kuri iy’Isi, kandi azo kwirukira aho azoronkera ahandi hantu hagutse, azohungira kuko iy’Isi y’Imana iragutse cane n’uwuzo sohoka avuye munzu yiwe kugira ngo yimuke kubera Imana yiwe hamwe n’intumwa yiwe, hanyuma agashikirwa n’urupfu, rero iremejwe impembo yiwe ku Mana, nayo niyo nyene imbabazi n’impuhwe zihagije

Verse 101 — Surah An-Nisa 4:101

Nimwagira urugendo kuri iy’Isi, ntibizoba bibi kuri mwebwe mugabanije amasengesho yanyu, mugihe mutinya yuko bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri bazobatera ingorane, ntankeka abahakanyi b’Imana y’ukuri n’abansi banyu bimwe bigaragara

Verse 102 — Surah An-Nisa 4:102

Mugihe uri kumwe nabo uba sengesha, rero umurwi umwe muribo nuce uhagarara na wewe, kandi bafate ibirwanisho vyabo, nibaheza kwunamika imitwe yabo hasi, nibace baja inyuma yanyu, hanyuma hace haza uwundi murwi utasenze, hanyuma uce usenga na wewe, nabo bahamerere magabo n’ibirwanisho vyabo, kuko bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri bipfuza yuko mwosamara n’ibirwanisho vyanyu n’ibintu vyanyu bagaca babahwikira kw’ihwikiro rimwe gusa, kandi sibibi kuri mwebwe mubonye mubabajwe kubera imvura canke musinzikajwe n’amagara gukura ibirwanisho vyanyu kandi mugabe mu vy’ukuri Imana yateguriye abahakanyi bayo ibihano bizoba tetereza

Verse 103 — Surah An-Nisa 4:103

Nimwaheza gusenga ni mwibuke Imana mugihe muhagaze, canke mwicaye, canke muryamiye urubavu, nimwaronka amahoro nimuce muhagarika amasengesho, mu vy’ukuri amasengesho kuba Isilamu ningombwa kuko yagenewe imyanya nyayo

Verse 104 — Surah An-Nisa 4:104

Kandi ntimudebukirwe mugukurikira abantu, muronse umubabaro nabo bazoba baronse uwo mubabaro nkuko namwe muzoba mubabaye, namwe mwizera ku Mana ivyo batizeye, n’Imana niyo nyene ubumenyi n’ubuhizi buhagije

Verse 105 — Surah An-Nisa 4:105

Mu vy’ukuri twarakumanuriye iki gitabu ca Qur’ani gitagatifu mugihe kibangikanije n’ukuri kugira ngo ubacire urubanza ruri hagati y’abantu nkuko Imana yabikumenyesheje, kandi ntube mubashigikira bamwe badashima

Verse 106 — Surah An-Nisa 4:106

Kandi musabe Imana imbabazi, ntankeka niyo nyene imbabazi nyinshi na nyene impuhwe nyinshi zihagije

Verse 107 — Surah An-Nisa 4:107

Kandi ntushigikire bamwe badashimira imitima yabo, mu vy’ukuri Imana ntimukunda uwudashima, ariwe nyene ibicumuro

Verse 108 — Surah An-Nisa 4:108

Abantu baragira isoni mugabo ntibasonera Imana, kandi nayo yari kumwe nabo, mugihe bumvikana kuri zamvugo Imana idakunda, nayo niyo nyene ubumenyi bukwiye neza bwivyo bagira vyose

Verse 109 — Surah An-Nisa 4:109

Nimurabe mwebwe mwabashigikiye mubuzima bwo ngaha kw’Isi, mugabo ni nde azoharira n’Imana kumusi w’imperuka kubera abo bantu, canke ni nde azobakingira kuribo

Verse 110 — Surah An-Nisa 4:110

Nuwugira amabi canke agahemukira umutima wiwe hanyuma agasaba ikigongwe ku Mana, azoyisanga ariyo nyene kugirira imbabazi n’impuhwe zihagije

Verse 111 — Surah An-Nisa 4:111

Nuwugira igicumuro akigirira umutima wiwe, n’Imana niyo nyene ubumenyi n’ubuhizi buhagije

Verse 112 — Surah An-Nisa 4:112

Nuwugira ikosa ritoyi canke igicumuro kininiya hanyuma akabeshera uwudafise ikosa, mu vy’ukuri azoba yikoreye ubuhemu buniniya n’ibicumuro biri kumugaragaro

Verse 113 — Surah An-Nisa 4:113

Iyo hataba hejuru yawe imigisha y’Imana hamwe n’impuhwe zayo, ntankeka umurwi umwe muribo wari kwipfuza kugutakaza kandi nabo ntibari gutakaza atari imitima yabo gusa, kandi ntibazo shobora kukugirira inabi iyariyo yose, n’Imana niyo yakumanuriye igitabu gitagatifu hamwe n’ubuhizi n’ukukwereka ivyo utari uzi, n’imigisha y’Imana iri hejuru yawe nimininiya cane

Verse 114 — Surah An-Nisa 4:114

Ntamahoro arimwo muri vyinshi bumvikanyeko mu mabanga yabo atari bamwe bategeka abandi gutanga imperezwa canke kugira ineza canke guhuza hagati y’abantu, rero uwuzogira gutyo arondera impuhwe z’Imana uyo muntu tuzomuha impembo niniya cane

Verse 115 — Surah An-Nisa 4:115

Uwuzohakana intumwa y’Imana munyuma yaho yamaze kumu bonekera n’uburongozi hanyuma agakurikira inzira itari iyaba Isilamu, twebwe tuzomuhindura iyo azoba yahindukiriye kubwiwe, hanyuma duce tumwinjiza mu muriro udahera witiriwe Jahannamu naho n’ahantu habi cane haho umuntu atosubizwa mwo

Verse 116 — Surah An-Nisa 4:116

Mu vy’ukuri Imana ntigirira ikigongwe c’ukugereranywa n’ikintu kanaka, mugabo niyo igirira ikigongwe kubitari ivyo kuwo yishakiye, rero uwugereranya Imana n’ibindi bintu, ntankeka uyo muntu azoba yarazimiye mukuzimira kuri kure y’ukuri kwama

Verse 117 — Surah An-Nisa 4:117

Ntibasenga mugihe bamaze guta kure Imana atari izindi Mana z’abagore, kandi ntawundi basenga atari Shetani yataye umurongo w’ukuri

Verse 118 — Surah An-Nisa 4:118

Uwo Imana yavumye nayo ikaba ariyo Shetani yavuze iti:- mu vy’ukuri jewe nzofata bamwe mubantu bazwi mubantu bawe

Verse 119 — Surah An-Nisa 4:119

Kandi nzobazimiza kandi nzobaha icizere kandi nzobategeka hanyuma bazoca amatwi y’ibikoko vyabo, kandi nzobategeka bahindure ibiremwa vy’Imana, n’uwuzogira Shetani kuba ariyo imu kingira aho gukingirwa n’Imana, azoba yahomvye uruhombo ruri k’umugaragaro

Verse 120 — Surah An-Nisa 4:120

Shetani Ibemerera n’ukwizera kuko Shetani ntibemerera atari ububeshi gusa

Verse 121 — Surah An-Nisa 4:121

Abo nibo ivyicaro vyabo arivyo mu muriro udahera, kandi ntibazoronka ubuhungiro bwo kuva muri uwo muriro udahera

Verse 122 — Surah An-Nisa 4:122

Nabamwe bemera Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, tuzobinjiza mu mirima icamwo inzuzi imbere yabo, hanyuma baze bicare mwo mubuzima bwabo bwose, iyo niyo ndagano y’Imana y’ukuri yabemereye, none ni nde nyene imvugo y’ukuri gusumba imvugo y’ Imana

Verse 123 — Surah An-Nisa 4:123

Sikugushaka kwanyu canke s’ukwipfuza kw’abantu bahawe igitabu c’Imana, uwuzogira amabi azorihwa kuri ayo mabi yiwe, kandi ntazoronka uwuzo mukingira canke umufasha kubera we wenyene imbere y’Imana

Verse 124 — Surah An-Nisa 4:124

Nabazogira ibikorwa vyiza baba abagabo canke abagore mugihe ari abemera Imana yabo y’ukuri, abo bantu bazokwinjira mw’ijuru, kandi ntibazo hemukirwa naho koba nk’agatoboro k’icamwa c’umutende

Verse 125 — Surah An-Nisa 4:125

Ni nde muntu mwiza kubijanye n’idini ry’Imana gusumba uwutumbereza amaso yiwe ku Mana nawe ari umugira neza kandi akurikira imico y’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) n’Imana yagize intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) kuba ariwe mukunzi wayo

Verse 126 — Surah An-Nisa 4:126

Ibintu vyose ni vy’Imana gusa mubiri mumajuru hamwe n’ibiri kw’Isi, n’Imana niyo ibikikuje vyose

Verse 127 — Surah An-Nisa 4:127

Kandi barakubaza kubijanye n’abakenyezi, wewe vuga uti:- Imana ibabwira inkuru zivyo bintu n’ivyo musomerwa muri iki gitabu gitagatifu kubijanye n’abakenyezi b’impfuvyikazi mudaha udushimwe twabo bandikiwe mugabo mugakunda kwubakana nabo hejuru y’abadafise ububasha mubibondo yuko bokwihangana mugu hagarikira izo mpfuvyi munzira z’ukuri, n’ineza iyariyo yose mugira, Imana niyo ifise ubumenyi buhagije

Verse 128 — Surah An-Nisa 4:128

N’umukenyezi abonye k’umunega wiwe yuko hariho amatati canke imigenderanire atari myiza, rero sibibi kuribo bashigikiranye haka umwumvikano hagati yabo, kuko umwumvikano n’ikintu ciza, n’imitima y’abantu yashizweho imbere ya vyose kuba ari ingumyi, rero nimwagira ineza n’ugutinya Imana mbega nayo ntifise inkuru y’ivyo mugira vyose

Verse 129 — Surah An-Nisa 4:129

Namwe ntimushobora kuba abanyakuri hagati y’abakenyezi naho mwoba mushaka kugira gutyo, rero ntimuhengamire k’uruhande rumwe kugira ngo ntimwahukane nuyo mukenyezi akaba nk’uwamanitswe, ni mwumvikana mugatinya Imana yanyu y’ukuri, Imana niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije

Verse 130 — Surah An-Nisa 4:130

Nibahukana Imana izo hezagira umwe muribo kuvyo ishoboye guha, n’Imana niyo yagutse n’ubuhizi buhagije

Verse 131 — Surah An-Nisa 4:131

Nibiri mumajuru no kw’isi vyose ni vy’Imana, mu vy’ukuri twarabahaye impanuro kubahawe igitabu c’Imana imbere yanyu hamwe namwe yuko mwotinya Imana, ni mwanka kugira gutyo vyose ni vy’Imana gusa mubiri mu Majuru canke mubiri kw’Isi, n’Imana niyo nyene amatungo yose kandi niyo ininahazwa

Verse 132 — Surah An-Nisa 4:132

Nibiri mu Majuru yose no kw’Isi vyose ni vy’Imana, n’Imana irahagije kuba ariyo ikingira abantu bose

Verse 133 — Surah An-Nisa 4:133

Ibishatse izoba kuriraho mwebwe bantu hanyuma ibazanire abandi bantu, n’Imana niyo nyene ubushobozi bw’ivyo bintu vyose

Verse 134 — Surah An-Nisa 4:134

Uwushaka impembo yo ngaha kw’Isi nayisabe ku Mana, kuko impembo yo ng’aha kw’Isi no mw’Ijuru iri ku Mana, n’Imana niyo yumva kandi niyo ibona vyose

Verse 135 — Surah An-Nisa 4:135

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri nimube mubantu bahagarikira ukuri, mugihe mwabaye ivyabona kubera Imana naho vyoba biri hejuru y’imitima yanyu, canke kubavyeyi banyu, canke kuncuti zanyu naho yoba ari umutunzi canke umukene Imana irabakeneye cane kuribo, rero ntimukurikire muvyo mukunda hanyuma mukanka kugira ubutungane canke ntimwemere kuba ivyabona canke mukiyonkora, Imana niyo ifise inkuru zivyo mugira vyose

Verse 136 — Surah An-Nisa 4:136

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri nimwemere Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa yayo hamwe n’igitabu cayo gitagatifu ca Qur’ani yamanuye kuntumwa yiwe hamwe n’ibitabu yamanuye kuva kera aho hambere, n’uwuzohakana Imana hamwe n’Abamarayika biwe hamwe n’ibitabu vyiwe hamwe n’intumwa ziwe hamwe n’umusi w’imperuka, ntankeka azoba yazimiye ukuzimira kuri kure y’ukuri

Verse 137 — Surah An-Nisa 4:137

Mu vy’ukuri abemeye Imana yabo y’ukuri, hanyuma bagaca baba abahakanyi b’Imana, hanyuma bakemera Imana yabo y’ukuri hanyuma bagaca baba abahakanyi b’Imana, kandi bagaca bongereza ko ubuhakanyi bwabo, Imana ntizoba girira ikigongwe canke ntizoba rongora munzira y’amahoro

Verse 138 — Surah An-Nisa 4:138

Babwire ababeshi yuko bazoronka ibihano bibabaza cane

Verse 139 — Surah An-Nisa 4:139

Ababeshi babagira kuba ari abahakanyi b’Imana yabo y’ukuri kuko aribo bagenzi babo aho kubagira aba Isilamu kuba aribo bagenzi babo, mbega bagomba baronke ubutegetsi kuribo? Rero ubutegetsi bwose nubw’Imana

Verse 140 — Surah An-Nisa 4:140

Nayo iramaze kuba manurira muri iki gitabu gitagatifu ca Qur’ani yuko mugihe mwumvise amajambo y’Imana matagatifu yahakanywe, canke bayatyojeje, abo bantu ntimwicarane nabo kugeza naho bazokwinjira mubindi biganiro kuko mwoca muba nkabo, mu vy’ukuri Imana izo begeranya ababeshi bose hamwe n’abahakanyi b’Imana y’ukuri bose hanyuma ibate mu muriro udahera

Verse 141 — Surah An-Nisa 4:141

Ababeshi barabarindiriye kugira ngo muronke ivyago, rero nimwaronka intsinzi ivuye ku Mana baca bavuga bababwira bati:- mbega ntitwari kumwe namwe? Niba abo bahakanyi b’Imana y’ukuri baronse ahantu hari intsinzi baca bavuga babwira abahakanyi b’Imana bati:- mbega ntitwari twegereje kubatsinda mugihe twari mungabo zaba Isilamu, duca turaba kingira mukuta girira inabi aba Isilamu, rero Imana izoba cira urubanza ruri hagati yanyu k’umusi w’imperuka, n’Imana ntizobaha imigisha abahakanyi b’Imana y’ukuri bwukuronka inzira yugutsinda aba Isilamu

Verse 142 — Surah An-Nisa 4:142

Ababeshi bama bashaka guhenda Imana, nayo izobahana kubera ububeshi bwabo, no mugihe bahagaze gusenga bahagarara n’ubunebwe bwinshi cane, bakereka abantu yuko bariko barasenga kandi batavuga n’ijambo ry’Imana atari gakeyi cane gusa

Verse 143 — Surah An-Nisa 4:143

Barayumba yumba hirya no hino, ino siho bari na hariya siho bari, nuwo Imana yaciriye urubanza rw’ukuzimira, wewe ntushobora kumuha inzira

Verse 144 — Surah An-Nisa 4:144

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimugire abahakanyi b’Imana kuba abagenzi banyu aho kuba aba Isilamu, mugomba yuko Imana iba ifise ivyemezo biri k’umugaragaro hejuru yanyu

Verse 145 — Surah An-Nisa 4:145

Ntankeka ababeshi bazoba bari kurutonde rwo hasi cane rwo mumuriro udahera, rero wewe ntuzoronka umufasha uwariwe wese

Verse 146 — Surah An-Nisa 4:146

Dukuyemwo abasavye ikigongwe inyuma y’ububeshi bwabo n’ukwigirira hamwe n’ugufata Imana n’ukwemeza ubugamburutsi bwabo kuriyo, abo nibo bari kumwe naba Isilamu, n’Imana izobaha impembo niniya cane aba Isilamu

Verse 147 — Surah An-Nisa 4:147

Imana ntizobahana nimwashima, kandi mukemera bimwe bivuye kumitima yanyu, n’Imana niyo yakira ishimagizwa ryanyu kandi niyo ifise ubumenyi buhagije

Verse 148 — Surah An-Nisa 4:148

Imana ntikunda guserura amajambo nukugaragaza ububisha bw’abantu atari kuri urya yahemukiwe, n’Imana niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije

Verse 149 — Surah An-Nisa 4:149

Nimwerekana ibikorwa vyiza canke mukabinyegeza canke mukabigirira ko ikigongwe ayo mabi, n’uko Imana igira ikigongwe kandi ikaba ariyo nyene ubushobozi buhagije

Verse 150 — Surah An-Nisa 4:150

Mu vy’ukuri bamwe bahakanye Imana hamwe n’intumwa zayo kandi bagashaka gutandukanya hagati y’Imana n’intumwa zayo mukuvuga bati:- bamwe muribo turabemera n’abandi turabanka, kandi bagomba gufata inzira iri hagati na hagati y’ibi vyose

Verse 151 — Surah An-Nisa 4:151

Abo nibo bahakanyi b’Imana y’ukuri, kandi twaraba teguriye ibihano bitetereza

Verse 152 — Surah An-Nisa 4:152

Nabemeye Imana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa zayo nukuda tandukanya uwariwe wese muribo, abo nibo Imana izoha impembo yabo,kuko niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije

Verse 153 — Surah An-Nisa 4:153

Abantu bahawe igitabu bashaka yuko ubamanurira igitabu kivuye mw’ijuru, mu vy’ukuri barasavye intumwa y’Imana Mussa (iii) ibisumba ivyo bavuga bati:- nutwereke Imana imbona nkubone, baca bafatwa n’umuriro w’inkuba kubera ubuhakanyi bwabo, hanyuma bagira intama munyuma yaho bamaze gushikirwa n’ivyemezo biri k’umugaragaro, mugabo tugira ikigongwe kuri ivyo nuguha intumwa y’Imana Mussa (iii) ivyemezo biri k’umugaragaro kuribo

Verse 154 — Surah An-Nisa 4:154

Duca turerura umusozi hejuru yabo mukugira amasezerano nabo tubabwira duti:- nimwinjire mu muryango mwunamye, dusubira kubabwira duti:- ntimurenge imbibe y’umusi wa gatandatu, duca tugiriranira nabo amasezerano y’ukuri kuribo

Verse 155 — Surah An-Nisa 4:155

Rero kubera uguta kwabo kw’amasezerano yabo n’uguhakana ivyemezo vy’Imana, n’ukugandagura intumwa z’Imana ata kuri babifitiye n’ukuvuga bati:- imitima yacu irugawe ahubwo Imana yarayiteyeko ikidodo kubera ubuhakanyi bwabo, kuri ivyo ntibemera atari bakeya gusa

Verse 156 — Surah An-Nisa 4:156

Kubera ubuhakanyi bwabo n’ukubeshera Mariyamu ububeshi buhanitse

Verse 157 — Surah An-Nisa 4:157

Nukuvuga kwabo yuko twebwe twagandaguye umuhanaguzi Issa mwene Mariyamu (iii) intumwa y’Imana, mugihe batigeze bamugandagura canke batigeze bamubamba ahubwo bamwi kekeranye n’uwundi, mu vy’ukuri bamwe batumvikanye yuko bishe intumwa y’Imana Issa (iii) bari mumwikeko kuri ivyo, kandi ntavyemezo babifitiyeko, ahubwo bakurikira amakenga gusa, mu vy’ukuri ntiba mugandaguye

Verse 158 — Surah An-Nisa 4:158

Ahubwo Imana yonyene niyo yamureruye imujana iwe, n’Imana niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije

Verse 159 — Surah An-Nisa 4:159

Ntan’umwe mu bantu bahawe igitabu c’Imana atari uko bamwemera imbere yuko asandaba umwe muribo, nayo k’umusi w’imperuka intumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii) niwe azoba ari icabona kuribo

Verse 160 — Surah An-Nisa 4:160

Rero kubera ubuhemu bwabo bayahudi, twaciye tubabuza ibintu vyiza vyari birekuriwe kuribo, n’ukubera yuko bakingira abantu benshi mu nzira y’Imana

Verse 161 — Surah An-Nisa 4:161

Nukurya kwabo amatungo y’umurengero mugihe babujijwe kutayaryako, n’ukurya kwabo amatungo y’abantu bitarekuriwe n’amategeko y’Imana, rero twarabateguriye abo bahakanyi b’Imana muribo ibihano bibabaza cane

Verse 162 — Surah An-Nisa 4:162

Mugabo bamwe batsimbataje ubumenyi muribo naba Isilamu bemera ivyamanuwe kuribo, hamwe n’ivyamanuwe imbere yawe, hamwe nababandanya guhagarika amasengesho yabo, hamwe n’abatanga imperezwa z’amatungo yabo n’ukwemera Imana y’ukuri n’umusi w’imperuka, abo bantu tuzobaha impembo niniya

Verse 163 — Surah An-Nisa 4:163

Twarakuzaniye ubutumwa nkuko twashikirije intumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe n’izindi ntumwa z’Imana munyuma yiwe, nkuko twashikirije intumwa y’Imana Ibrahimu (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Ismaili (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Is’haqa (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Ya’aqubu (iii), hamwe n’ibibondo vyiwe hamwe n’intumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Ayyubu (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Yunusu (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Haruna (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Suleymanu (iii), hamwe n’intumwa y’Imana Dawudu (iii), nawe tumuha igitabu ceranda ca Zaburi

Verse 164 — Surah An-Nisa 4:164

N’intumwa z’Imana twakwiganiye aho hambere hamwe n’izindi ntumwa z’Imana tutakwiganiye, n’Imana yaravuganye n’intumwa y’Imana Mussa (iii)

Verse 165 — Surah An-Nisa 4:165

Intumwa z’Imana zatanze ubutumwa bwiza n’ugutuza abantu, kugira ngo abantu ntibagire ivyitwazo hejuru y’Imana munyuma y’intumwa z’Imana, n’Imana niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije

Verse 166 — Surah An-Nisa 4:166

Mugabo Imana niyo cabona yakumanuriye, ikaba yakumanuriye yuko ari ivy’ukuri yabimanuye k’ubumenyi bwayo, n’Abamarayika nabone n’ivyabona, n’Imana irahagije kuba icabona

Verse 167 — Surah An-Nisa 4:167

Mu vy’ukuri bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri, nukuzitira abantu munzira y’Imana, ntankeka n’abazimiye mu buzimire buri kure y’ukuri

Verse 168 — Surah An-Nisa 4:168

Mu vy’ukuri bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri nuguhemukira imitima yabo, ntakigongwe kizobaho ku Mana, canke kubarongora inzira yabo

Verse 169 — Surah An-Nisa 4:169

Atari inzira yo mu muriro udahera, bazobayo mu buzima bwabo bwose, ivyo navyo biroroshe ku Mana

Verse 170 — Surah An-Nisa 4:170

Mwebwe bantu, intumwa y’Imana yarabashikiye n’ukuri kuvuye ku Muremyi wanyu, rero ni mwemere bizoba ari vyiza kuri mwebwe, nimwanka naho vyose nivy’Imana ibiri mu Majuru no kw’Isi, n’Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije

Verse 171 — Surah An-Nisa 4:171

Mwebwe bantu mwahawe igitabu ntimurenge imbibe muvyerekeye idini ryanyu, kandi ntimuvuge hejuru y’Imana atari ukuri, mu vy’ukuri umuhanaguzi Issa mwene Mariamu (iii) n’intumwa y’Imana n’imvugo yiwe yashikirije Mariyamu (iii) nawo n’umutima wavuye ku Mana, rero nimwemere Imana hamwe n’intumwa zayo, kandi ntimuvuge Batatu, mwirinde kandi niho bizoba ari vyiza kuri mwebwe, ntankeka Imana niyo Mana yonyene imwe rudende gusa, nukuba iri kure n’ubutagatifu bwayo yuko ifise ikibondo, kandi n’ivyiwe ibiri Mumajuru no kw’Isi, n’Imana niyo ikingira gusumba

Verse 172 — Surah An-Nisa 4:172

Umuhanaguzi ntazoterwa n’agahinda yuko umushumvyi w’Imana canke abamarayika begerejwe n’Imana, nabazo bona ako gahinda kubashumvyi b’Imana n’ukwishima, izobegeranya bose bagende iwe

Verse 173 — Surah An-Nisa 4:173

Nayo bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, izobaha impembo yabo nukubongereza kumigisha yayo, mugabo bamwe babona agahinda n’ukwishima, izobahana kubihano bibabaza cane, kandi ntibazoronka abagenzi canke abafasha imbere y’Imana

Verse 174 — Surah An-Nisa 4:174

Mwebwe bantu, mwarashikiwe n’ivyemezo bivuye kumuremyi wanyu, kandi twarabamanuriye umuco uri k’umugaragaro

Verse 175 — Surah An-Nisa 4:175

Nayo bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri, nukuyifata neza, abo nibo izo kwinjiza mu mumigisha yayo, n’imihezagiro yayo nukubarongora mu nzira igororotse

Verse 176 — Surah An-Nisa 4:176

Barakubaza, wewe nuvuge uti:- Imana ibahaye itegeko ry’uwapfakaye, nk’umuntu yitavye Imana nawe ata kibondo yasize, mugabo akaba yasigaranye mushikiwe, rero uyo mushikiwe aca aronka igice c’ivyo bisigi cuyo nyakwigendera, nawe azotorana niyaba ata kibondo afise, niba ari abakobwa babiri, bazoronswa ica gatatu cibibiri muvyo yasize nyakwigendera, niba ari abavukanyi b’abahungu babiri bazoronswa ibingana n’abakobwa babiri, Imana ibamenyesha kugira ngo ntimuzimire, n’Imana niyo nyene ubumenyi bw’ibintu vyose