Back to Languages

Rundi - Chapter 42 - Ash-Shura

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah Ash-Shura 42:1

Verse 2 — Surah Ash-Shura 42:2

Aayin, Siiyn, Qaaf. (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo zose n’Imana yonyene gusa)

Verse 3 — Surah Ash-Shura 42:3

Uku niko Imana nyene ubushobozi n’ubuhizi ikuzanira ubu butumwa kuri wewe hamwe n’abandi bari imbere yawe

Verse 4 — Surah Ash-Shura 42:4

Nivyiwe ibiri Mumajuru no kw’Isi, nayo niyo iri hejuru y’ibintu vyose kandi niyo nkuru

Verse 5 — Surah Ash-Shura 42:5

Amajuru nayo aregereje gusatagurika hejuru yabo n’Abamarayika nibo bahayagiza Umuremyi wabo nukuyi kengurukira nugusabira ikigongwe abari kw’Isi, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ikigongwe cinshi hamwe n’Imbabazi zihagije

Verse 6 — Surah Ash-Shura 42:6

Nayo abafashe izindi Mana atari Imana y’ukuri ibabikiye kuvyo bagize vyose, na wewe ntujejwe kubika ibikorwa vyabo

Verse 7 — Surah Ash-Shura 42:7

Uku rero niko twakwugururiye iki gitabu c’Imana gitagatifu ca Qur’aani kiri mururimi rw’icarabu kugira ngo utuze abantu bo mugisagara c’iMakkat nabari kumbibe zaco, kandi ubagabishe k’umusi w’ikoraniro ariwo musi udafise amakenga, kuko umurwi umwe uzoba uri mw’Ijuru n’uwundi nawo uzoba uri mumuriro udahera

Verse 8 — Surah Ash-Shura 42:8

Iyo Imana ibishaka yari kubagira abantu bose kuba ari umurwi umwe, mugabo yinjiza mumi hezagiro yayo uwo yishakiye, nayo abahemukiye imitima yabo ntawuzoba kingira canke umufasha

Verse 9 — Surah Ash-Shura 42:9

Yoh ! bafashe izindi Mana aho gufata Imana y’ukuri, mugabo uwuba kingira bimwe vy’ukuri n’Imana, kandi niyo izozura abapfuye, kandi nayo niyo nyene ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose

Verse 10 — Surah Ash-Shura 42:10

Nimu tumvikana kw’ijambo iryariryo ryose, intahe yaryo iri ku Mana, kuko iyo Mana niyo Muremyi wanje nizera kandi iwe niho nzosubira yo

Verse 11 — Surah Ash-Shura 42:11

Umuremyi w’Amajuru n’Isi niwe yabaremeye abakenyezi nkuko mumeze, n’ibikoko navyo ibiremera imvyeyi nuku bongereza muri ubu bwoko n’ubundi rero ntakindi kiriho nkico nayo ikaba ariyo yumva nukubona

Verse 12 — Surah Ash-Shura 42:12

Impfunguruzo z’Amajuru n’Isi zifatiwe mubiganza vyayo vyeranda, yugururira imigisha yayo kuwo yishakiye nukwima kuwo yishakiye, ntankeka rero niyo ifise ubumenyi bw’ibintu vyose

Verse 13 — Surah Ash-Shura 42:13

Yarabahaye intahe y’ukuri y’idini nkakurya nyene yasigiye iragi intumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe nivyo twayugururiye, hamwe nivyo twaragiye intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Mussa (iii)hamwe n’intumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii) yuko bohagarika idini ry’Imana, kandi ntimuze mucanemwo kuri ivyo kuko bizobagora kubegeranya kuvyo uba hamagarira, rero Imana niyo yitorera uwo yishakiye nukumu rongora uwayitu mbereye

Verse 14 — Surah Ash-Shura 42:14

Ntiba tandukanye atari munyuma yaho bashikirwa n’ubumenyi kubera ukwinubana kwari hagati yabo, rero iyo ritaba ijambo ryabanje kuba rivuye ku Muremyi wawe kugeza kugihe catege kanijwe kuba, itegeko ryari gusohorwa, mu vy’ukuri bamwe basigiwe ibisigi vy’igitabu munyuma yabo bari bagifitiye amakenga c’ukugene bihindaguzwa hirya no hino

Verse 15 — Surah Ash-Shura 42:15

Nuba hamagare bagende kugira ibi vyose, na wewe ugororoke nkuko wategetswe, kandi ntukurikire ivyipfuzo vyabo kandi uvuge uti:- jewe ndemeye ibitabu vyose vyamanuwe n’Imana kandi nategetswe kuba umunyakuri hagati yanyu, Imana nayo niyo Muremyi wacu kandi niyo Muremyi wanyu, ibikorwa vyacu tubigira kubera twebwe nyene gusa, n’ibikorwa vyanyu mubigira kubera mwebwe nyene gusa, ntamatati ari hagati yacu na mwebwe n’Imana izo twegeranya hamwe n’ingaruka izoba iri iwe

Verse 16 — Surah Ash-Shura 42:16

Nabahariye kubera idini ry’Imana kandi bamaze kwemererwa, ivyitwazo vyabo ntashingiro bizoba bifise imbere y’Umuremyi wabo no hejuru yabo hazoba hari ishavu, kandi hazoba kuribo ibihano bikaze cane

Verse 17 — Surah Ash-Shura 42:17

Imana niyo yamanuye iki gitabu c’ukuri hamwe n’iminzani, none n’igiki kizo kumenyesha yuko nkumbure umusi w’umuhero w’Isi wegereje kuba

Verse 18 — Surah Ash-Shura 42:18

Abatemera Imana yabo y’ukuri bama bagusaba yuko uwo musi woshika hakiri kare, nayo abemera Imana yabo y’ukuri barawutinya uwo musi kandi barazi neza yuko ari uw’ukuri mu vy’ukuri abo baharira kubijanye n’umuhero w’Isi bari mubuzimire bwakure cane

Verse 19 — Surah Ash-Shura 42:19

Imana rugira vyose n’intungane kubiremwa vyayo, kuko niyo iha imigisha yayo kuwo yishakiye, kandi niyo ifise ubushobozi n’intsinzi nyakuri

Verse 20 — Surah Ash-Shura 42:20

Uwushaka kuronka impembo y’umusi w’imperuka twebwe tuzoyi mwongereza kuri iyo mpembo yiwe yaronse, rero nuwurondera impembo y’aha kw’Isi tuzoyimuha, mugabo iyo mw’ijuru ntana kimwe azoba afise kumigisha y’amahoro

Verse 21 — Surah Ash-Shura 42:21

Yoh! Barafise abo bacuditse nabo b’Imana baba shiriye ho iyindi dini Imana itaba shiriye ho uruhusha, nayo iyo hataba ijambo ryugu tandukanya amategeko rero ayo mategeko yari kuba hagati yabo mu vy’ukuri hazoba kuba hemukiye imitima yabo ibihano bibabaza cane

Verse 22 — Surah Ash-Shura 42:22

Uzobabona abahemukiye imitima yabo ingene bajugumira kubera ivyo bagize kandi ivyo bintu bizoba shikira atagisivya, nayo abemeye Imana yabo y’ukuri hamwe nukugira ibikorwa vyiza bazoba bari mumirima myiza iri mw’ijuru, bakazo ronka ivyo bipfuza mwo vyose bivuye ku Muremyi wabo, iyo niyo ngabirano niniya kuribo

Verse 23 — Surah Ash-Shura 42:23

Iyi niyo nkuru nziza Imana yabwiye abantu bayo bayemeye hamwe nukugira ibikorwa vyiza, nawe nuvuge uti:- kuri ibi vyose ntampembo iyariyo yose nsavye kuri mwebwe, mugabo ngomba yuko mwokunda ivyobegereza ku Mana, rero uwuzogira ineza tuzo mwongereza ineza mu vy’ukuri Imana niyo ifise ikigongwe cinshi hamwe nugushimirwa

Verse 24 — Surah Ash-Shura 42:24

Egome baravuze bati:- yabesheye Imana yuko ibishatse yoteye igikumu k’umutima wawe, nayo niyo ifuta ibitari ivy’ukuri, nu kwemeza ivy’ukuri kumajambo yayo atomoye, ntankeka Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibiri mubikiriza vyanyu

Verse 25 — Surah Ash-Shura 42:25

Nayo niyo yakira ikigongwe c’abantu bayo, nugu hanagurira amakosa nukuba ifise ubumenyi bw’ivyo mugira vyose

Verse 26 — Surah Ash-Shura 42:26

Ni ngombwa kubemera Imana yabo y’ukuri hamwe nukugira ibikorwa vyiza izo bongereza imigisha yayo, nayo abatemera Imana yabo y’ukuri bazoba bari mubihano bikaze cane

Verse 27 — Surah Ash-Shura 42:27

Iyo Imana itanga imigisha yayo myinshi ikayiha abantu bayo beranda, ntankeka abo bantu bo kwishimye cane kuri iy’Isi mugabo iyo migisha iyimanura kurugero yishakiye mu vy’ukuri kubantu bayo beranda irabafitiye inkuru zabo zose nukuba bona

Verse 28 — Surah Ash-Shura 42:28

Nayo niyo imanura imvura mugihe abantu bamaze kwihebura, nayo igaca ikwiza imigisha yayo, nayo niyo ikingira ibintu vyose nugu shimirwa

Verse 29 — Surah Ash-Shura 42:29

No mubimenyetso vyayo nuku kuremwa kw’Amajuru n’Isi hamwe n’ibi bintu bifise ubuzima yakwiragije hose nayo niyo ifise ubushobozi bukwiye bwuku vyegeranya nkuko ibishaka

Verse 30 — Surah Ash-Shura 42:30

N’ivyago bibashikira nukubera ibikorwa vy’amaboko yanyu yakoze, kandi Imana igira ikigongwe kubintu vyinshi

Verse 31 — Surah Ash-Shura 42:31

Namwe ntimushobora kuyinanira ng’aha kw’Isi, kandi ntaco mufise imbere yayo kubijanye n’ukwikingira canke kubijanye n’abafasha

Verse 32 — Surah Ash-Shura 42:32

No mubimenyetso vyayo hamwe n’amato ari mubiyaga ameze nk’Imisozi

Verse 33 — Surah Ash-Shura 42:33

Ibishatse irahagarika imiyaga hanyuma ayo mato agaca ahagarara neza atankomanzi hejuru yayo mazi, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso vy’uwutenyenya n’ugushima cane

Verse 34 — Surah Ash-Shura 42:34

Canke yoyahonya kubera ivyo bakoze kandi nukugirira ikigongwe kubintu vyinshi cane

Verse 35 — Surah Ash-Shura 42:35

Bazomenya bamwe bagira ibihari vy’amajambo yacu kuko atamahungiro bafise yugu hungira mwo

Verse 36 — Surah Ash-Shura 42:36

Ibi vyose mwahawe nivyu kwinezereza kubuzima bwo ngaha kw’Isi gusa, mugabo ibiri ku Mana nivyo vyiza gusumba, kandi nivyo biramba, rero bizoba bibakwiye abemeye Imana yabo y’ukuri hamwe n’ukwizera Umuremyi wabo

Verse 37 — Surah Ash-Shura 42:37

Nabishize kure y’ibicumuro bininiya hamwe n’ibintu bibi hamwe n’abantu mugihe bashavuye baca bagira ikigongwe

Verse 38 — Surah Ash-Shura 42:38

Nabitavye akamo ku Muremyi wabo nugu hagarika amasengesho yabo hamwe nugu hanurana mubintu vyabo kandi bagatanga muvyo twabahaye

Verse 39 — Surah Ash-Shura 42:39

Na bamwe ubwishime bwabo mugihe bwabafashe baca birwanira kumitima yabo

Verse 40 — Surah Ash-Shura 42:40

Nayo impembo y’amabi n’amabi angana nayo mabi, mugabo uwugira imbabazi hamwe n’uwuba nguranya mumatati, impembo yiwe iri ku Mana, kandi ntankeka Imana ntikunda abayi hemukira

Verse 41 — Surah Ash-Shura 42:41

Na barya bihorana mugihe bamaze guhemukirwa, abo ntayindi nzira kuribo yugutabwa ko umwikomo

Verse 42 — Surah Ash-Shura 42:42

Ahubwo umwikomo uri hejuru yabarya bahemukira abantu nukuba girira igitsure ng’aha kw’Isi atakuri kurimwo abo rero nibo bazoronka ibihano bibabaza cane

Verse 43 — Surah Ash-Shura 42:43

N’uwutenyenya nukugira ikigongwe ntankeka ivyo ni mubintu bikuru vy’ukugirira ishaka kugira ngo bigirwe

Verse 44 — Surah Ash-Shura 42:44

Nuw’Imana yaretse kugira ngo azimire ntawumu kingira munyuma yiwe, uca ubona abahemukiye imitima yabo mugihe bazobona ibihano bazovuga bati:- mbega hari iyindi nzira yukugaruka

Verse 45 — Surah Ash-Shura 42:45

Uzoba bona bajanwa mumuriro udahera nabo baboneka yuko bafise amaganya hamwe n’ibimara mare vyinshi kandi barabana kubandi nabo bihishije, nayo abameye Imana yabo y’ukuri bazovuga bati:- mu vy’ukuri abazoronka uruhombo ni muri barya bazoba bafise uruhombo rw’imitima yabo hamwe n’abantu babo, hanyuma kuri uwo musi w’imperuka ntankeka abahemukiye imitima yabo bazoba bari mubihano vyurutavana ko

Verse 46 — Surah Ash-Shura 42:46

Kandi ntabagenzi bazoba bafise bazoba fasha imbere y’Imana, nuwo Imana yashakiye yuko azimira ntayindi nzira ihari kuriwe

Verse 47 — Surah Ash-Shura 42:47

Nimwitabire Umuremyi wanyu imbere yugushika kuri wamusi uda hengeshanya uzoba uvuye ku Mana, kuko kuri uwo musi ntama hungiro yukwirukira ho kandi ntaho muzo kwankira

Verse 48 — Surah Ash-Shura 42:48

Nibatitaho natwe ntitwa kurungitse ngo ube uwubakingira, ivyo ntubijejwe atari uko ubashikiriza ubutumwa gusa, mu vy’ukuri mugihe tumu honjesheje umuntu imigisha ivuye iwacu aca anezerwa cane, rero ashikiwe n’ingorane izarizo zose kubera ivyo amaboko yiwe yagize uca ubona uyo muntu ahakana Imana

Verse 49 — Surah Ash-Shura 42:49

Ubwami bw’Amajuru n’Isi nu bw’Imana kuko irema uko yishakiye kandi igaha uwo yishakiye mubibondo vy’abigeme kandi igaha uwo yishakiye mubibondo vy’abahungu

Verse 50 — Surah Ash-Shura 42:50

Canke ikabivanga ivyo bibondo vy’abahungu n’abigeme nukubigira ingumba k’umuntu yishakiye, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubumenyi n’ubushobozi

Verse 51 — Surah Ash-Shura 42:51

Ntivyari kuba k’umuntu yuko avugana n’Imana atari munzira ashirirwa mumutima wiwe canke inyuma y’uruzitiro kanaka canke ikarungika intumwa yayo nawe agaca amwereka kurugero ico yipfuza kw’itegeko ryiwe, ntankeka niyo iri hejuru n’ubuhizi buhagije

Verse 52 — Surah Ash-Shura 42:52

Uku rero niko twakweretse ubu butumwa kw’itegeko ryacu ntiwari ufise igitabu icarico cose canke ukwemera ukwariko kwose mugabo twagize iki gitabu gitagatifu ca Qur’aani kuba ariwo muco, no kuri uwo muco twebwe turongora uwo twishakiye mu bantu bacu beranda, kandi mu vy’ukuri wewe urongora munzira igororotse

Verse 53 — Surah Ash-Shura 42:53

Inzira y’Imana hamwe nibiri mu Majuru no kw’Isi ni rwiwe rero mumenye yuko ibintu vyose vyama bigaruka ku Mana