Back to Languages

Rundi - Chapter 47 - Muhammad

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah Muhammad 47:1

Bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri n’ukuzitira inzira y’Imana y’ukuri, Imana niyo yonyene izo kwemeza ubugizi bubi bw’ibikorwa vyabo bagize

Verse 2 — Surah Muhammad 47:2

Na bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza n’ukwemera ivya manuwe kuntumwa y’Imana Muhammadi (aui) kandi ari ivy’ukuri bivuye ku Muremyi wabo, abantu nkabo Imana izoba hanagurira ibicumuro vyabo kandi ibatsimbataze kubijanye n’ubuzima bwabo

Verse 3 — Surah Muhammad 47:3

Ivyo vyose n’ukubera yuko bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri bakurikiye ubuzimire, n’abemeye Imana yabo y’ukuri naba kurikiye inzira y’ukuri ivuye ku Muremyi wabo, uko rero niko Imana ibagirira uburorero bw’ayo

Verse 4 — Surah Muhammad 47:4

Rero muhuye na bamwe bahakana Imana y’ukuri, ni mubatere mumazosi yabo kugeza naho mubatsinda, aho niho muzoca muba bohera, kandi mubarekure kuneza canke bikombore bonyene kugeza naho intambara izocureha, nuko rero iyo Imana yihora kuribo mugabo kugira ngo Imana ibahe ibibazo bamwe muri mwebwe n’abandi na bamwe bicirwa munzira y’Imana, Imana ntizo kwiyibagiza ibikorwa vy’abo

Verse 5 — Surah Muhammad 47:5

Imana izoba yobora n’ukuba tsimbataza mu buzima bwabo

Verse 6 — Surah Muhammad 47:6

Kandi izobinjiza mw’ijuru yaba menyesheje

Verse 7 — Surah Muhammad 47:7

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimwa kingira idini ry’Imana, nayo izoba kingira bimwe biboneka kandi itsimbataze amaguru yanyu

Verse 8 — Surah Muhammad 47:8

Nayo abahakanye Imana yabo y’ukuri, n’ibikorwa vyabo ntizo vyitaho

Verse 9 — Surah Muhammad 47:9

Ivyo vyose n’ukubera yuko bashavujwe n’ivyamanuwe n’Imana ica irasenyura ibikorwa vyabo

Verse 10 — Surah Muhammad 47:10

Mbega ntiba kikuje kuri iy’Isi ngo birabire amaherezo y’ababaye ho imbere yabo? Imana yaraba honeje bose no kubahakanye Imana yabo y’ukuri kuzoba nk’uko nyene

Verse 11 — Surah Muhammad 47:11

Ivyo vyose n’ukubera yuko Imana ariyo ikingira abayemeye bimwe bivuye k’umitima yabo, mugabo abahakanyi b’Imana yabo y’ukuri ntawuzoba kingira bafise

Verse 12 — Surah Muhammad 47:12

Mu vy’ukuri Imana izo kwinjiza mw’ijuru abayemeye bimwe vy’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, nabone izobinjiza mu mirima icamwo inzuzi imbere yabo, mugabo aba hakanye hamwe n’abi nezereza n’ugufungura nk’uko ibikoko bifungura no mumuriro udahera nibwo bwicaro bwabo

Verse 13 — Surah Muhammad 47:13

N’ibisagara bingahe vyari bifise ubushobozi gusumba igisagara cawe wavuyemwo, abo bantu twarabahoneje bose kandi ntamufasha n’umwe bari bafise

Verse 14 — Surah Muhammad 47:14

Mbega abantu bafise ivyemezo bivuye ku Muremyi wabo, boba bangana n’abantu basharijwe n’amabi y’ibikorwa vyabo bibi hamwe n’ugukurikira ivyo imitima yabo yipfuza gusa

Verse 15 — Surah Muhammad 47:15

Akarorero k’Ijuru bemerewe abantu beranda nuko muri ayo majuru harimwo inzuzi z’amazi atavunda n’inzuzi z’amata atononekara kukanovera kayo hamwe n’inzuzi z’inzoga ziboreza zifise akanovera kuba zinywa hamwe n’inzuzi z’ubuki zisukuye neza, no muri ayo majuru bazoronswa mwo ivyamwa vy’ubwoko bwose hamwe n’imbabazi zivuye ku Muremyi wabo, rero abo bantu bazoba bangana na barya bicaye mumuriro udahera n’ukunyweshwa amazi y’amarike azocagagura amara yabo

Verse 16 — Surah Muhammad 47:16

Hari n’abandi muribo bakwumviriza kugeza naho baganuka bavuye iwawe, bagaca babaza bamwe bahawe ubumenyi bati:- mbega ubu yavuze iki? Abo bantu nibo Imana yateyeko ikidodo kumitima yabo n’ugukurikira ivyo imitima yabo yipfuza

Verse 17 — Surah Muhammad 47:17

Na bamwe bemeye kurongoka Imana ibongereza ukurongoka kwabo n’ukubaha ubugamburutsi bwabo bw’Imana

Verse 18 — Surah Muhammad 47:18

Mbega barindiriye ikindi kintu nyabaki atari umusi w’umuhero w’Isi uzoba shikira giturumbuka, nayo ibimenyetso vyawo biramaze gushika, none ukwibuka kwabo kuzoba fasha iki mugihe bazo shikirwa n’uwo musi

Verse 19 — Surah Muhammad 47:19

Umenye yuko atawundi asengwa bimwe vy’ukuri atari Imana yonyene gusa, kandi usabe ikigongwe kubijanye n’ibicumuro vyawe hamwe n’ibicumuro vyaba Isilamu b’abagabo hamwe n’aba Isilamu kazi, n’Imana niyo ifise ubumenyi bwaho muzoja n’ukugaruka hamwe naho muzoba

Verse 20 — Surah Muhammad 47:20

N’abemeye Imana yabo y’ukuri bavuga bati:- ni kuki hata manurwa igisomwa, mugabo mugihe hamanuwe igisomwa nyaco no murico havurwa mwo inkuru z’ingwano, uca ubona bamwe bafise indwara mu mitima yabo bakwitegereza nkabaguye igihumure c’urupfu noneho ntakundi bari kugira

Verse 21 — Surah Muhammad 47:21

Ubugamburutsi hamwe n’imvugo nziza hamwe n’ijambo rigomba kuja mungiro nirishirwe mungiro niba ari abanyakuri ku Mana, ntankeka bizoba ari vyiza cane kuribo

Verse 22 — Surah Muhammad 47:22

Nivyo bizeye kuri mwebwe mukuba abononyi ngaha kw’Isi n’ukwanka imiryango yanyu mugihe mwaronse ubutegetsi

Verse 23 — Surah Muhammad 47:23

Abo nibo bantu Imana yavumye, nukuba shirako ubutumva kumatwi y’abo n’ukuba humya amaso yabo

Verse 24 — Surah Muhammad 47:24

Mbega ntibategera neza iyi Qur’ani ntagatifu, canke mu mitima y’abo irugarijwe mwo amagufuri

Verse 25 — Surah Muhammad 47:25

Mu vy’ukuri bamwe basubira inyuma n’imigongo yabo mugihe bamaze kuboneshwa uburokoke, bamenye yuko Shetani yabahenze, n’Imana iracabaha umwanya

Verse 26 — Surah Muhammad 47:26

Ivyo n’ukubera yuko babwiwe bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri bashavuye kuvyo Imana yamanuye bavuga yuko twebwe tuzoba gamburukira muri bimwe mubintu, n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’amabanga yabo

Verse 27 — Surah Muhammad 47:27

None bizoba gute mugihe Abamarayika bazobica n’ukuba kubita mumaso yabo no kumigongo yabo

Verse 28 — Surah Muhammad 47:28

Ivyo vyose n’ukubera yuko bakurikiye ivya shavujije Imana nabo bashavuzwa n’ibinezereza Imana, n’ukubikurira imigisha y’ibikorwa vyabo

Verse 29 — Surah Muhammad 47:29

Mbega bamwe bafise indwara mumitima yabo biyumvira yuko Imana itazo serura amabi yabo

Verse 30 — Surah Muhammad 47:30

Iyo dushaka twari kukwereka n’ukubamenya kubimenyetso vyabo, mugabo urashobora kubamenya kumvugo zabo, n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibikorwa vyanyu

Verse 31 — Surah Muhammad 47:31

Tuzoba girira ibibazo kugeza naho tuzo bereka bamwe barwanira idini muri mwebwe hamwe n’abihangana, natwe tuzoserura inkuru zanyu

Verse 32 — Surah Muhammad 47:32

Mu vy’ukuri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri n’ukuzitirira abantu inzira y’Imana y’ukuri n’ukurwanya intumwa y’Imana mu nyuma yaho imaze kubereka uburokoke, kuri bo ntakibi nakimwe bazogirira Imana, kandi ibintu vyabo izobisenyura n’ibikorwa vy’abo bagize

Verse 33 — Surah Muhammad 47:33

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri nimu gamburukire Imana yanyu y’ukuri kandi mugamburukire intumwa y’Imana, kandi ntimwonone ibikorwa vyanyu mwagize

Verse 34 — Surah Muhammad 47:34

Mu vy’ukuri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri hamwe n’ukuzitira inzira y’Imana, hanyuma bakitaba Umuremyi wabo nabo ari abahakanyi b’Imana, Imana ntizobagirira ikigongwe

Verse 35 — Surah Muhammad 47:35

Rero ntimudebukirwe nukuta giriranira umwumvikano hagati yanyu, kuko mwebwe nimwe muzoronka intsinzi, n’Imana iri kumwe namwe, kuko ntizobima imigisha y’ibikorwa vyanyu

Verse 36 — Surah Muhammad 47:36

Mu vy’ukuri ubuzima bw’Isi n’urufyino kandi ntaco bumaze, kandi nimwemera n’ukwikingira n’amabi yose, Imana izobaha impembo yanyu, kandi ntizoba saba amatungo yanyu mufise

Verse 37 — Surah Muhammad 47:37

Niyaba saba ivyo vyose n’ukuba fatira kumatungo yanyu muzoca muba ingumyi, n’Imana izoca ibakurira izo ngorane zanyu mufise

Verse 38 — Surah Muhammad 47:38

Mbega ni mwebwe muhamagarirwa ngo mutange amatungo yanyu munzira y’Imana, hakaba hari n’abandi muri mwebwe bigira ingumyi, rero uwigira ingumyi amenye neza yuko abigirira umutima wiwe wenyene, n’Imana niyo nyene amatungo yose, namwe nimwe muri abahakanyi b’Imana y’ukuri, rero nimwa subira inyuma mumenye yuko Imana izosubizaho abandi bantu atari mwebwe kandi ntibazoba nkamwe