Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 49 - Al-Hujurat
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Al-Hujurat 49:1
Mwebwe mwemeye Imana y’ukuri, ntimu tanguze kuvuga imbere y’Imana ijambo n’imbere y’intumwa yiwe, kandi mutinye Imana yanyu y’ukuri mu vy’ukuri niyo yumva kandi niyo nyene ubumenyi buhagije
Verse 2 — Surah Al-Hujurat 49:2
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri ntimuduze amajwi yanyu gusumba ijwi ry’intumwa y’Imana kandi ntimu muvugishe kw’ijwi ry’inguvu nk’uko muvugana bamwe n’abandi, ntihaze haboneke ibikorwa vyanyu bibura imigisha namwe mutabizi
Verse 3 — Surah Al-Hujurat 49:3
Mu vy’ukuri bamwe bacisha bugufi amajwi yabo imbere y’intumwa y’Imana, abo nibo Imana yasukuye imitima yabo mugutinya Imana yabo, rero kuribo hazoba ikigongwe hamwe n’imihezagiro mininiya cane
Verse 4 — Surah Al-Hujurat 49:4
Bamwe baguhamagarira inyuma y’impome z’ivyumba, benshi muribo ntana kimwe bazi
Verse 5 — Surah Al-Hujurat 49:5
Iyo batenyenya kugeza aho uzoba seruka ko vyari kuba vyiza kuribo, n’Imana niyo nyene ikigongwe n’impuhwe zihagije
Verse 6 — Surah Al-Hujurat 49:6
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimwa shikirwa n’umwangushi afise inkuru iyariyo yose nimu yitohoze neza, kugira ngo ntimuze mute abantu mukaga kubera ubujuju bwanyu, hanyuma ntimuze mwihebure kubintu mwagize
Verse 7 — Surah Al-Hujurat 49:7
Mumenye yuko intumwa y’Imana iri kumwe namwe, iyo iba gamburukira mubintu vyinshi, ntankeka mwari kugira ingorane mugabo Imana yaraba shajije kubu Isilamu bwanyu nuku bushariza mu mitima yanyu, nayo niyo yabagiriye urwanko rw’uguhakana ubuhakanyi bw’Imana n’ukwidohora mu nzira y’ukuri, abo nibo bantu barongotse
Verse 8 — Surah Al-Hujurat 49:8
Kubera imihezagiro y’Imana n’imigisha yayo nuko Imana ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
Verse 9 — Surah Al-Hujurat 49:9
Ni haba imirwi ibiri muba Isilamu iriko irarwana, rero nimuje hagati yayo muyibanguranye, nihaba umwe muri uwo murwi uhemukiye uwundi, ni muwurwanye uwo murwi ubonera uwundi kugeza aho usubira kumategeko y’Imana, niwa subira ni muwuhuze hagati yawo mukoresheje ubutungane bw’ukuri, rero mubacire urubanza rw’ukuri mu vy’ukuri Imana ikunda abaca imanza z’ukuri
Verse 10 — Surah Al-Hujurat 49:10
Mu vy’ukuri aba Isilamu bose n’abavukanyi, rero ni muhuze abari hagati y’abavukanyi banyu, kandi mutinye Imana yanyu kugira ngo muronke impuhwe zayo
Verse 11 — Surah Al-Hujurat 49:11
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, abagabo ntiba kengere abagabo bagenzi babo, nkumbure wosanga ari abantu ngira kamaro kubasumba, n’abapfasoni ntiba bakengere abapfasoni bagenzi babo, nkumbure wosanga aribo bantu ngira kamaro kubasumba, kandi ntimutukane mu koresheje amoko yanyu, kandi ntimuhamagarane kumazina mabi y’akagayo, rero izina ribi ryo birwa umuntu ngo yiyonkoye mw’idini rya Isilamu nawe ari umu Isilamu, rero abadasaba ikigongwe abo nibo bahemukiye imitima yabo
Verse 12 — Surah Al-Hujurat 49:12
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ni mwirinde cane n’ukwikekana, kuko ukwikekana n’igicumuro, kandi ntimusume insaku, kandi muri mwebwe nti mwongorerane n’abandi, mbega umwe muri mwebwe yonezerwa afunguye inyama ya mwene wabo yapfuye? Oya! ntivyoba nezereza, rero nimutinye Imana yanyu ntankeka Imana niyo yakira ikigongwe n’impuhwe zihagije
Verse 13 — Surah Al-Hujurat 49:13
Mwebwe bantu, mu vy’ukuri twarabaremye tubakuye k’umugabo n’umugore n’ukubagira amakungu n’amoko kugira ngo mumenyane gusa, mu vy’ukuri uwusonerwa cane muri mwebwe imbere y’Imana n’urya agamburukira Imana yiwe cane, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi n’inkuru z’ibintu vyose
Verse 14 — Surah Al-Hujurat 49:14
Baravuze ababa m’ubugararwa bati:- twebwe turemeye, nawe n’ubishure uti:- mwebwe ntimuremera mugabo ni muvuge muti:- twebwe turagamburutse n’ukwemera kwanyu, mugabo uko kwemera kwanyu ntikurinjira neza mu mitima yanyu, nimwa gamburukira Imana yanyu hamwe n’intumwa yayo, Imana ntizoba gabaniriza icarico cose mubikorwa vyanyu, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ikigongwe cinshi, kandi niyo ifise impuhwe zihagije
Verse 15 — Surah Al-Hujurat 49:15
Abemera Imana yabo bimwe bivuye k’umutima yabo nibarya bayemeye hamwe n’intumwa yayo, hanyuma bakaba badafise amakenga mukurwanira Idini ry’Imana bakoresheje amatungo yabo n’imitima yabo, abo bantu nibo bameye bimwe vy’ukuri
Verse 16 — Surah Al-Hujurat 49:16
Vuga uti:- mwebwe mumenyesha idini ry’Imana ry’ububeshi, mugihe Imana ifise ubumenyi bw’ibiri mu Majuru no kw’Isi, kandi ariyo nyene ubumenyi bw’ibintu vyose
Verse 17 — Surah Al-Hujurat 49:17
Barakugora mu kwinjira kw’abo mw’idini rya Isilamu, wewe vuga uti:- nti mubigire yuko ari ineza kuri jewe mukuba kwanyu aba Isilamu, ahubwo Imana niyo y’abagiriye iyo neza mu kubarongora mw’idini rya Isilamu ni mwaba muri abanyakuri
Verse 18 — Surah Al-Hujurat 49:18
Ntankeka Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibintu vyinyegeje biri mu Majuru no kw’Isi, nayo niyo ibona ivyo mugira vyose