Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 56 - Al-Waqiah
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Al-Waqiah 56:1
Nihaboneka ikizoboneka
Verse 2 — Surah Al-Waqiah 56:2
Ukuboneka kwaco s’ikinyoma
Verse 3 — Surah Al-Waqiah 56:3
Kizo tetereza abantu babi n’uguha iteka abantu beza
Verse 4 — Surah Al-Waqiah 56:4
Mugi he Isi izo nyiganzwa, ikazo nyiganzwa bimwe vy’inguvu
Verse 5 — Surah Al-Waqiah 56:5
N’imisozi igihe izo vungagurwa
Verse 6 — Surah Al-Waqiah 56:6
Ibe nk’inkungugu zitumuka
Verse 7 — Surah Al-Waqiah 56:7
Namwe muzoba muri mumice itatu
Verse 8 — Surah Al-Waqiah 56:8
Abantu bagira ineza bazoba bameze gute? Abo bantu bagira ineza
Verse 9 — Surah Al-Waqiah 56:9
N’abantu bagira ishari bazoba bameze gute? Abo bantu bagira ishari
Verse 10 — Surah Al-Waqiah 56:10
N’abazoba bari imbere y’abandi mu bagira ineza nibo bazoba bari imbere y’abandi
Verse 11 — Surah Al-Waqiah 56:11
Abo nibo bazohabwa ikaze n’Imana yabo
Verse 12 — Surah Al-Waqiah 56:12
Mu mirima izoba irimwo imigisha myiza ntangere
Verse 13 — Surah Al-Waqiah 56:13
Ahantu haniniya muri aba ni mubantu bambere
Verse 14 — Surah Al-Waqiah 56:14
N’uruhande rutoyi ni mubantu banyuma
Verse 15 — Surah Al-Waqiah 56:15
Bazoba bari hejuru y’inyegamo z’iteka zisharijwe neza
Verse 16 — Surah Al-Waqiah 56:16
Bazoba bazegamiye ko kandi barabana
Verse 17 — Surah Al-Waqiah 56:17
Babe bakikujwe n’imiyabaga igifise n’amashusho y’ubuyabaga akiri meza abereye kandi ateye igomwe
Verse 18 — Surah Al-Waqiah 56:18
N’ibikombe hamwe n’amabirika n’ibirahuri vy’ubunywero bivuye mu nzuzi aboneka mwo inzira yayo mazi
Verse 19 — Surah Al-Waqiah 56:19
Ntibazo meneka imitwe yabo kubera ivyo binyobwa, canke ngo batakaze ubwenge bwabo
Verse 20 — Surah Al-Waqiah 56:20
N’ivyamwa vy’ubwoko bwose nkuko bavyipfuza
Verse 21 — Surah Al-Waqiah 56:21
N’inyama z’inyoni nkuko bavyifuza bonyene
Verse 22 — Surah Al-Waqiah 56:22
N’abapfasoni bafise amaso meza kandi manini maniniya
Verse 23 — Surah Al-Waqiah 56:23
Nk’ubutare bwitiriwe Ilulu bunyegejwe
Verse 24 — Surah Al-Waqiah 56:24
N’impembo y’ivyo vyose bahora bagira
Verse 25 — Surah Al-Waqiah 56:25
Muriyo ntibazo kwumva amajambo ataco abamariye canke amajambo y’ibicumuro
Verse 26 — Surah Al-Waqiah 56:26
Atari amajambo y’amahoro n’ayandi gusa
Verse 27 — Surah Al-Waqiah 56:27
N’aba bantu b’amahoro nabo bazoba bameze gute? abo bantu b’amahoro
Verse 28 — Surah Al-Waqiah 56:28
Bazoba bari munsi y’ibitutu vy’ibiti bidafise amahwa
Verse 29 — Surah Al-Waqiah 56:29
N’ingundu z’ibitoki bitondeshejwe neza hamwe n’imivyaro yazo myiza
Verse 30 — Surah Al-Waqiah 56:30
No mu bitutu bigororotse kumpande zose
Verse 31 — Surah Al-Waqiah 56:31
N’amazi ashunguruka neza
Verse 32 — Surah Al-Waqiah 56:32
N’ivyamwa vyinshi vy’ubwoko bwose
Verse 33 — Surah Al-Waqiah 56:33
Ntakama ayo mazi kandi ntabuzwa
Verse 34 — Surah Al-Waqiah 56:34
N’ubusaswa bwabo buri hejuru
Verse 35 — Surah Al-Waqiah 56:35
Twebwe twabaremye mw’ishusho ryiza cane
Verse 36 — Surah Al-Waqiah 56:36
Tuzobagira amasugi nkuko aribwo bwambere bubaka izabo
Verse 37 — Surah Al-Waqiah 56:37
Bakundana n’abacance b’abo
Verse 38 — Surah Al-Waqiah 56:38
Kubera abantu bagira ineza
Verse 39 — Surah Al-Waqiah 56:39
Uruhande runiniya muribo nu rw’abantu baho hambere
Verse 40 — Surah Al-Waqiah 56:40
N’urundi ruhande runiniya nurw’abantu banyuma
Verse 41 — Surah Al-Waqiah 56:41
N’abantu b’ishari bazoba gute abo bantu b’ishari
Verse 42 — Surah Al-Waqiah 56:42
Bazoba bari mu muyaga w’umuriro n’amazi abira nk’amarike
Verse 43 — Surah Al-Waqiah 56:43
N’igitutu c’umwotsi wirabura cane
Verse 44 — Surah Al-Waqiah 56:44
Sicu kuzana akayaga gakanye canke icu kuruhukira mwo
Verse 45 — Surah Al-Waqiah 56:45
Ntankeka bo bari imbere y’ibi vyose bibereye mu buzima bw’amahirwe
Verse 46 — Surah Al-Waqiah 56:46
Bamye bafatiriye ku bicumuro bininiya
Verse 47 — Surah Al-Waqiah 56:47
Bamye bavuga bati:- nitwapfa tukaba ivu n’amagufa masa niho tuzozurwa
Verse 48 — Surah Al-Waqiah 56:48
Canke abavyeyi bacu bakera
Verse 49 — Surah Al-Waqiah 56:49
Vuga uti:- ntankeka abambere n’abanyuma
Verse 50 — Surah Al-Waqiah 56:50
Bazo kwegeranywa bose kumwanya wategekanijwe no k’umusi uzwi
Verse 51 — Surah Al-Waqiah 56:51
Hanyuma mwebwe mwazimiye n’uguhakana Imana yanyu y’ukuri
Verse 52 — Surah Al-Waqiah 56:52
Mu vy’ukuri mwebwe muzofungura kugiti citiriwe Zaqqumum
Verse 53 — Surah Al-Waqiah 56:53
Kuri ico giti muzo kwuzuriza mwo inda zanyu
Verse 54 — Surah Al-Waqiah 56:54
No hejuru y’ayo muzonywa amazi ashushe y’amarike
Verse 55 — Surah Al-Waqiah 56:55
Kandi muzonywa nkakumwe kw’ingamiya ziyanywa zifise inyota ya cane
Verse 56 — Surah Al-Waqiah 56:56
Iyo niyo nzimano yabo yuwo musi w’impembo
Verse 57 — Surah Al-Waqiah 56:57
Ni twebwe twabaremye mugabo ntimutwemera
Verse 58 — Surah Al-Waqiah 56:58
Mbega murabona intanga muteragira
Verse 59 — Surah Al-Waqiah 56:59
Mbega ni mwebwe muzi rema canke ni twebwe tuzirema
Verse 60 — Surah Al-Waqiah 56:60
Twebwe twabateguriye urupfu, rero ntituzonanirwa n’ukubazura
Verse 61 — Surah Al-Waqiah 56:61
Ntituzonanirwa kuzana abandi bantu atari mwebwe n’ukuba rema murindi shusho mutazi
Verse 62 — Surah Al-Waqiah 56:62
Ntankeka mwebwe murafise ubumenyi bw’iremwa ryambere, none ni kuki mutibuka
Verse 63 — Surah Al-Waqiah 56:63
Mbega murabona ibiterwa mutera
Verse 64 — Surah Al-Waqiah 56:64
Mbega ni mwebwe mubinagisha canke ni twebwe tubinagisha
Verse 65 — Surah Al-Waqiah 56:65
Iyo dushaka twari kubagira abadafise ubwenge, mukaguma mwidoga gusa
Verse 66 — Surah Al-Waqiah 56:66
Mu vy’ukuri twebwe twarigoreye ubusa
Verse 67 — Surah Al-Waqiah 56:67
Ahubwo twebwe twarahakaniwe
Verse 68 — Surah Al-Waqiah 56:68
Mbega murabona amazi munywa
Verse 69 — Surah Al-Waqiah 56:69
Mbega ni mwebwe mwayamanuye muyakuye mubicu canke ni twebwe tuyamanura
Verse 70 — Surah Al-Waqiah 56:70
Iyo dushaka twari kuyagira ay’umunyu ukaze cane, none ni kuki mudashima
Verse 71 — Surah Al-Waqiah 56:71
Mbega mwebwe murawubona umuriro mwatsa
Verse 72 — Surah Al-Waqiah 56:72
Mbega igiti cawo ni mwebwe mwakiremye canke ni twebwe twakiremye
Verse 73 — Surah Al-Waqiah 56:73
Twebwe twagize ico giti kuba nk’icibutso n’akamaro ku bantu bose
Verse 74 — Surah Al-Waqiah 56:74
Rero ninahaza izina ry’Umuremyi wawe mukuru
Verse 75 — Surah Al-Waqiah 56:75
Rero ndarahiye kw’iseruka ry’Inyenyeri
Verse 76 — Surah Al-Waqiah 56:76
Mu vy’ukuri iyo ntankeka n’indahiro niniya iyo mubi menya
Verse 77 — Surah Al-Waqiah 56:77
Ntankeka iki n’igitabu cegeranye ibikenewe vyose kandi gifise iteka n’icubahiro
Verse 78 — Surah Al-Waqiah 56:78
Icavuye muri ico gitabu kiziganijwe neza cane
Verse 79 — Surah Al-Waqiah 56:79
Nta muntu agikora ko atari mu bantu bisukuye n’amabi yose
Verse 80 — Surah Al-Waqiah 56:80
N’imanuka ry’aco ryavuye ku Muremyi w’ibiremwa vyose
Verse 81 — Surah Al-Waqiah 56:81
Mbega murakengera ibi biganiro
Verse 82 — Surah Al-Waqiah 56:82
Kandi mukagira imigisha yanyu muyi kengera namwe muyi hakana
Verse 83 — Surah Al-Waqiah 56:83
Mbega igihe umutima w’umuntu uzoba washitse mu muhogo
Verse 84 — Surah Al-Waqiah 56:84
Namwe muri ico gihe muraba
Verse 85 — Surah Al-Waqiah 56:85
Natwe twegeranye nawe cane gusumba mwebwe namwe mutabona
Verse 86 — Surah Al-Waqiah 56:86
Nk’uko mwebwe mutari k’ubutegetsi bwanje
Verse 87 — Surah Al-Waqiah 56:87
None ni kuki mutosubiza uwo mutima nimwaba mu vugisha ukuri
Verse 88 — Surah Al-Waqiah 56:88
Niyaba ari muri bamwe bahawe ikaze n’Imana
Verse 89 — Surah Al-Waqiah 56:89
N’akanyamuneza ntangere hamwe n’akamoto keza hamwe n’imirima irimwo imigisha myiza ibarorereye
Verse 90 — Surah Al-Waqiah 56:90
Niyaba ari mu bantu beza b’intungane
Verse 91 — Surah Al-Waqiah 56:91
Rero izobabwirwa iti:- n’amahoro y’Imana kuri wewe, kuko uri mu bantu b’intungane
Verse 92 — Surah Al-Waqiah 56:92
Niyaba yari mu bantu b’abahakanyi b’Imana y’ukuri, kandi bazimiye
Verse 93 — Surah Al-Waqiah 56:93
Inzimano yiwe n’amazi ashushe y’amarike
Verse 94 — Surah Al-Waqiah 56:94
N’uguhira mu muriro udahera
Verse 95 — Surah Al-Waqiah 56:95
Ntankeka uku niko kuri nyakuri
Verse 96 — Surah Al-Waqiah 56:96
Rero n’uninahaze izina ry’Umuremyi wawe nyene iteka rikuru