Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 59 - Al-Hashr
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Al-Hashr 59:1
Ibiri mu majuru no kw’Isi nivyo bihayagiza Imana, nayo niyo ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije
Verse 2 — Surah Al-Hashr 59:2
Nayo niyo yakuye aba hakanye mu bantu bahawe igitabu c’Imana gitagatifu mu mazu yabo, mugihe c’ukwimuka kwabo kwa mbere, ntimwiketse yuko abo bantu bazovayo, nabo biketse yuko inzitiro zabo zizoba kingira ku Mana, mugabo Imana yabashikiye ahantu batizeye, n’ugushiraho ubwoba mu mitima yabo, baca baguma basenyura inzu zabo n’amaboko yabo, hamwe n’amaboko yaba Isilamu, rero mwebwe mufise amaso, nimutegere neza
Verse 3 — Surah Al-Hashr 59:3
Iyo Imana itabandikira ubuhungiro bw’abo, yari kubahanira ngaha kw’Isi, no k’umusi w’imperuka bazoronka ibihano vy’umuriro udahera
Verse 4 — Surah Al-Hashr 59:4
Ibi vyose nuko bahakanye Imana y’ukuri hamwe n’intumwa yayo, rero uwahakanye Imana amenye yuko Imana ikaze cane muguhana
Verse 5 — Surah Al-Hashr 59:5
Igiti c’umutende icarico cose mwaciye canke mwasigaje kigihagaze kumatsina yaco, vyose ivyo ni kw’itegeko ry’Imana ry’ukuba tetereza abahonyanga amategeko y’Imana
Verse 6 — Surah Al-Hashr 59:6
N’amatungo Imana yashikirije intumwa yayo iyakuye iwabo ntimwa yakoresheje gihuti huti kuri za farasi canke kuri za ngamiya, mugabo Imana iha ubutegetsi bwayo kuntumwa zayo, hejuru yabo yishakiye nayo niyo ifise ubushobozi hejuru y’ibintu vyose
Verse 7 — Surah Al-Hashr 59:7
Amatungo Imana yashikirije kuntumwa yiwe iyakuye ku bantu bisagara, n’ukubera Imana hamwe n’intumwa yiwe hamwe n’abagenzi biwe, hamwe n’impfuvyi, n’aboro, hamwe n’uwuri mu rugendo rwiwe rwononekaye kugira ngo ntihabe ihiganwa hagati y’abatunzi banyu gusa, rero muvyo intumwa y’Imana yabahaye ni muvyakire, nico ibatujije kugira ntimu cegere, kandi mutinye Imana yanyu mu vy’ukuri Imana irakaze cane muguhana
Verse 8 — Surah Al-Hashr 59:8
Ni bahabwe abo bakene bahunze kandi birukanywe mu mazu yabo hamwe n’amatungo yabo, kubera imigisha y’Imana hamwe n’impuhwe zayo hamwe n’ugukingira idini ry’Imana hamwe n’intumwa yayo, abo rero nibo baIsilamu b’ukuri
Verse 9 — Surah Al-Hashr 59:9
Na bamwe bagira icumbiko ryabo ngaha IMadina n’ugusukura ubu Isilamu imbere yabo, n’ukuba kunda abo bantu bimukiye iwabo, kandi ataco baronka, kandi badafise akariganga muhogo mu bikiriza vyabo kuri ivyo bahawe, kandi bakaba babakunda gusumba imitima yabo naho kuribo bafise uburyo bubayabaye, kandi bateshejwe nukuba ingumyi y’imitima yabo, abo nibo bafise intsinzi y’ukuri
Verse 10 — Surah Al-Hashr 59:10
N’abaje mu nyuma zabo bavuga bati:- ewe Muremyi wacu, n’utugirire ikigongwe hamwe na bene wacu bashengeye imbere yacu, mw’idini rya Isilamu, kandi ntushire mu mitima yacu inzikira y’ukurira bene wacu baba Isilamu, Muremyi wacu mu vy’ukuri wewe uri intungane cane, n’impuhwe zihagije
Verse 11 — Surah Al-Hashr 59:11
Ntubona b’ababeshi babwira bene wabo b’abahakanyi b’Imana y’ukuri bo mu bantu bahawe igitabu aribo Bayahudi bavuze bati:- ni mwakurwa ngaha tuzojana namwe, kandi ntituzo gamburukira uwariwe wese hejuru yanyu, ni mwaterwa tuzoba fasha, n’Imana niyo cabona yuko abo bantu ari ababeshi
Verse 12 — Surah Al-Hashr 59:12
Nibirukanwa ntibazo sohoka nabo, niba terwa ntibazo bafasha, niba bafasha mu vy’ukuri bazohindura imigongo yabo, hanyuma nti bazoronka uwubakingira
Verse 13 — Surah Al-Hashr 59:13
Mu vy’ukuri mwebwe aba Isilamu muratinywa cane mu mitima yabo gusumba uko batinya Imana y’ukuri, kuko n’abantu badategera icarico cose
Verse 14 — Surah Al-Hashr 59:14
Ntibazo rwana namwe bari mumirwi, atari mu bisagara vyabo bikingiwe canke inyuma y’impome, rero indwano yabo iri hagati yabo ni niniya, umengo yuko bari urunani, mugihe imitima yabo itandukanye, ivyo vyose n’ukubera yuko ari abantu badafise ubwenge
Verse 15 — Surah Al-Hashr 59:15
Uko bameze ninka bamwe bari imbere yabo ubu vuba, barahonjeje amabi y’ivyo bagize, kandi bazoronka ibihano bibabaza cane
Verse 16 — Surah Al-Hashr 59:16
Ni nkaho Shetani mugihe ibwiye umuntu ngo n’ucumure, yaheza gucumura igaca imubwira iti:- jewe sindi kumwe nawe, mu vy’ukuri jewe ndatinya Imana, Umuremyi w’ibiremwa vyose
Verse 17 — Surah Al-Hashr 59:17
Rero amaherezo yabo bantu uko ari babiri, kwari ukwinjizwa mu muriro udahera n’ukubayo mu buzima bwabo bwose, iyo rero niyo mpembo y’abahemukiye imitima yabo
Verse 18 — Surah Al-Hashr 59:18
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimu gamburukire Imana yanyu, n’umuntu uwariwe wese arabe ivyo atanguza mu kugira kubera akazoza kiwe k’ejo, kandi mu gamburukire Imana yanyu y’ukuri mu vy’ukuri niyo ifise inkuru y’ivyo mugira vyose
Verse 19 — Surah Al-Hashr 59:19
Kandi ntimube nkabarya bibagiye Imana yabo y’ukuri, nayo ira bibagiza kumitima yabo, abantu nkabo nibo biyonkozi bakuru
Verse 20 — Surah Al-Hashr 59:20
Ntibangana abantu bo mumuriro udahera hamwe n’abantu bo mw’ijuru, abantu bo mw’juru nibo bene intsinzi
Verse 21 — Surah Al-Hashr 59:21
Iyo tumanura iyi Qur’ani ntagatifu hejuru y’umusozi, wari kuwubona ugamburuka n’ukumanyuka kubera ugutinya Imana, ubu nabwo n’uburorero twereka abantu kugira ngo biyumvire
Verse 22 — Surah Al-Hashr 59:22
Niyo Mana atayindi Mana isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa ifise ubumenyi bw’ivyinyegeje n’ibiboneka, kandi ikaba ariyo nyene imigisha mininiya na nyene imigisha mito mito
Verse 23 — Surah Al-Hashr 59:23
Niyo Mana atayindi Mana isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa, n’umwami mutagatifu, nyene amahoro, n’umutanzi w’amahoro, agendesha ibintu vyiwe, n’ukw’iganza, ikagira ivyo ishatse, niyo nkuru iri kure n’abo bayigereranya ko n’ibindi bintu
Verse 24 — Surah Al-Hashr 59:24
Niwe Mana muremyi n’umuhinguzi, n’umugizi w’amashusho atandukanye y’ibiremwa vyose, nyene amazina meza, aninahazwa mu Majuru no kw’Isi, kandi niyo ifise inguvu n’ubuhizi buhagije