Back to Languages

Rundi - Chapter 61 - As-Saf

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah As-Saf 61:1

Ibiri mu Majuru no kw’Isi bihayagiza Imana, nayo niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije

Verse 2 — Surah As-Saf 61:2

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ni kuki muvuga ivyo mudashira mungiro

Verse 3 — Surah As-Saf 61:3

N’ibishavuza imbere y’Imana kuvuga ivyo mudashira mungiro

Verse 4 — Surah As-Saf 61:4

Mu vy’ukuri Imana ikunda bamwe barwanira munzira yayo bari kumirongo, nkuko ari inyubakwa yateranijwe n’iyindi

Verse 5 — Surah As-Saf 61:5

Ubibutse wewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) igihe wabwira abantu bawe uti:- mwebwe bantu banje, ni kuki munshavuza mugihe mufise ubumenyi yuko jewe nd’intumwa y’Imana kuri mwebwe, rero mugihe babandanije bagira amabi yabo, Imana yaciye irekura imitima yabo izimire, n’Imana ntirongora abantu babi nkabo biyonkoye

Verse 6 — Surah As-Saf 61:6

Mugihe intumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii) yavuga ati:- mwebwe bene Israeri, jewe nd’intumwa y’Imana kuri mwebwe nemeza ivyabaye imbere yanje biri mugitabu gitagatifu c’Imana ca Taurati n’ugushikiriza inkuru nziza y’intumwa y’Imana izoza inyuma yanje azoba afise izina ryiwe ryitwa Ahmadi, mugabo igihe yabashikira afise ivyemezo biri k’umugaragaro baciye bavuga bati:- uku n’uguhendwa kuri k’umugaragaro

Verse 7 — Surah As-Saf 61:7

None ni nde muhemu mukuru w’umutima wiwe gusumba uwubeshera Imana kandi ahamagarirwa mw’idini rya isilamu, n’Imana ntirongora abahemukira imitima yabo

Verse 8 — Surah As-Saf 61:8

Bagomba kuzimya umuco w’Imana bakoresheje iminwa yabo, n’Imana izoshikana umuco wayo naho abahakanyi b’Imana bazoshavura

Verse 9 — Surah As-Saf 61:9

Niyo yarungitse intumwa yiwe n’uburongozi hamwe n’idini ry’ukuri kugira ngo idini ry’Imana ritsinde amadini yose naho abagereranya Imana n’ibindi bintu bazoshavura

Verse 10 — Surah As-Saf 61:10

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, mbega ndaba menyesheje ibidandazwa bizoba rokora n’ibihano bibabaza cane

Verse 11 — Surah As-Saf 61:11

Ni mwemere Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa yiwe, kandi murwanire idini ry’Imana kumatungo yanyu n’imitima yanyu, ivyo nivyo vyiza kuri mwebwe, nimwaba mubizi

Verse 12 — Surah As-Saf 61:12

Imana izoba hanagurira ibicumuro vyanyu n’ukubinjiza mu mirima icamwo inzuzi imbere yabo, hamwe n’ubwicaro bwiza buri muri iyo mirima y’ubuzima bwabo bwose, iyo niyo ntsinzi niniya

Verse 13 — Surah As-Saf 61:13

N’ikindi mukunda nabwo n’uburokoke buvuye ku Mana n’intsinzi iri hafi cane, rero n’ubamenyeshe inkuru nziza aba Isilamu bose

Verse 14 — Surah As-Saf 61:14

Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimube abafasha b’Imana nkuko intumwa y’Imana Issa mwene Mariyamu (iii) yabwira incoreke ziwe ati:- nibande bafasha banje kubera Imana, za ncoreke ziwe zimwishura ziti:- ni twebwe bafasha b’Imana, rero umurwi wa bene Israeri riremera, n’uwundi murwi nawo urahakana, tubatera intege bamwe bemera hejuru y’abansi babo n’ukuba aribo bene intsinzi nyakuri