Back to Languages

Rundi - Chapter 65 - At-Talaq

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah At-Talaq 65:1

Ewe ntumwa y’Imana, nimwahukana n’abakenyezi banyu nimwahukane nabo mubihe c’ivyicaro vyabo vy’imihango yabo, kandi mugire ibiharuro c’ivyicaro vyabo vy’ukwahukana, kandi mugamburukire Imana ariyo Mana yanyu, kandi ntimu basohore mu mazu yabo, kandi ntibasohoke bonyene, mugabo nibagira amabi ayariyo yose k’umugaragaro, aho niho mushobora kubasohora, izo rero nizo mbibe z’Imana, n’uwurenga kuri izo mbibe z’Imana azoba yihemukiye k’umutima wiwe, kuko ntawufise ubumenyi yuko nkumbure Imana yoserura ikindi kintu munyuma yivyo vyose

Verse 2 — Surah At-Talaq 65:2

Rero ikiringo cabo kigeze, nimubane nabo mumahoro, canke mwahukane nabo mumahoro meza ntangere, kandi habe ivyabona bibiri vy’imvuga kuri muri mwebwe, kandi muhagarike ivyabona kubera Imana, uko niko atumwa umwe mubemera Imana yiwe y’ukuri hamwe n’umusi w’imperuka, n’uwutinya Imana yiwe y’ukuri imugirira inzira y’uburokoke

Verse 3 — Surah At-Talaq 65:3

Kandi imuha imigisha k’uburyo atayizera, n’uwizera Imana yiwe y’ukuri niyo imwuzuriza, mu vy’ukuri Imana niyo imwuzuriza kuvyo yipfuza vyose, mu vy’ukuri Imana iramaze kugena ibintu vyose kuburinganire bwavyo bukwiye

Verse 4 — Surah At-Talaq 65:4

Na bamwe mubakenyezi banyu bahagaritse imihango yabo, ni mwaba mufise amakenga imisi y’ivyicaro vy’imihango yabo, n’amezi atatu, n’abatara ronka imihango yabo, hamwe n’abakenyezi bafise imbanyi ikiringo c’ukwicara kwabo n’igihe caho bazo kwibarukira, n’uwutinya Imana yiwe y’ukuri yama imugirira ibintu vyiwe kuba ari ivyoroshe

Verse 5 — Surah At-Talaq 65:5

Iryo n’itegeko ry’Imana yamanuye kuri mwebwe bantu, n’uwutinya Imana yiwe bimwe vy’ukuri imuhanagurira amabi yiwe yose n’ukumuha impembo niniya cane

Verse 6 — Surah At-Talaq 65:6

Ni mubagumize ngaho nyene mungo zanyu muba mwo, nkuko mubayeho, kandi nti mubagirire inabi n’ukubata mukaga, niba bafise imbanyi ni mubihanganire kugeza aho bazo kwibarukira, niba bonkereza ibibondo vyanyu mubahe agashiruka bute kabo, kandi mwumvikane kuneza, ni mwabona yuko hari agahaze hagati yanyu, n’iyonse ico kibondo uwundi muvyeyi

Verse 7 — Surah At-Talaq 65:7

Uwufise uburyo niyitange nkuko abishoboye, n’uwutishoboye k’uburyo bw’imigisha yiwe n’atange kuvyo Imana yamuhaye, kandi nayo ntihatagiza uwariwe wese atari kubingana nivyo yamuhaye, Imana izo muha, munyuma y’ingorane haze haboneke agahengwe

Verse 8 — Surah At-Talaq 65:8

N’ibisagara bingahe vyahonyanze amategeko y’Umuremyi wavyo hamwe n’intumwa zayo, natwe twayiharuriye ibiharuro bikomeye n’ukubihana kubihano bikaze cane

Verse 9 — Surah At-Talaq 65:9

Rero irahonja kumabi w’ivyo wagize, n’impera y’ibintu vyabo vyose rwari uruhombo gusa

Verse 10 — Surah At-Talaq 65:10

Imana yarabateguriye ibihano bikaze cane, rero nimu yigamburukire mwebwe mufise ubwenge, mwemeye bimwe vy’ukuri, mu vy’ukuri Imana rugira vyose yaraba manuriye icibutso

Verse 11 — Surah At-Talaq 65:11

Intumwa y’Imana ibasomera amajambo y’Imana matagatifu agaragaza ibikenewe vyose kugira ngo ibakure bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, n’ukubakura mumwijima n’ukubinjiza mumuco, n’uwemera Imana yiwe y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza izo mwinjiza mumajuru aca imbere yiwe inzuzi, baze babeyo mu buzima bwabo bwose n’Imana iramaze kumuha imigisha myiza

Verse 12 — Surah At-Talaq 65:12

Imana nirya yaremye Amajuru yose uko ari indwi, hamwe n’Isi kuba nk’akarorero k’ivyo nyene, rero amategeko aguma amanuka hagati yabo kugira ngo mumenye yuko Imana ariyo nyene ubushobozi bw’ibintu vyose, kandi ikikuje ibintu vyose, n’ukubimenya