Back to Languages

Rundi - Chapter 68 - Al-Qalam

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah Al-Qalam 68:1

Nuun, (Insiguro y’iyi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwayo bwose n’Imana yonyene gusa). Kandi ndarahiye kw’ikaramu hamwe nivyo bandikisha ko

Verse 2 — Surah Al-Qalam 68:2

No kumigisha y’Umuremyi wawe, wewe nturi umusazi

Verse 3 — Surah Al-Qalam 68:3

Mu vy’ukuri wewe urafise impembo idahera

Verse 4 — Surah Al-Qalam 68:4

Kandi ntankeka wewe urafise ingeso nziza cane

Verse 5 — Surah Al-Qalam 68:5

Rero ubu vuba uzo bona, nabo nyene bazobona

Verse 6 — Surah Al-Qalam 68:6

Ni nde afise ibisazi muri mwebwe

Verse 7 — Surah Al-Qalam 68:7

Mu vy’ukuri umuremyi wawe niwe afise ubumenyi bw’uwazimiye munzira yiwe, kandi irabazi cane abarongotse

Verse 8 — Surah Al-Qalam 68:8

Rero ntuba gamburukire abahakanyi b’Imana y’ukuri

Verse 9 — Surah Al-Qalam 68:9

Bagomba yuko wo borohereza nabo bakorohererwa

Verse 10 — Surah Al-Qalam 68:10

Kandi ntugamburukire uwurahira cane nawe ari mu bantu batishoboye

Verse 11 — Surah Al-Qalam 68:11

Umuvuzi w’insaku agenda asasagaza urwanko mu bantu

Verse 12 — Surah Al-Qalam 68:12

Akingira imigisha nugu hemukira ibiremwa nkawe, n’uguhakana Imana yiwe

Verse 13 — Surah Al-Qalam 68:13

Nyene umutima ukomeye, kuri ivyo vyose ni nk’ikintu cashinguwe ahantu mugabo ntigishingurwe neza

Verse 14 — Surah Al-Qalam 68:14

Kubera yuko afise amatungo n’ibibondo

Verse 15 — Surah Al-Qalam 68:15

Mugihe asomewe amajambo yacu matagtifu avuga ati:- aya niya majambo y’ububeshi bw’abantu ba kera

Verse 16 — Surah Al-Qalam 68:16

Tuzo mushira ko inkovu kw’izuru ryiwe

Verse 17 — Surah Al-Qalam 68:17

Mu vy’ukuri abo bantu tuzobaha ibibazo nkuko twashize ko ibibazo kubari bafise imirima, mugihe barahira yuko bazo kwimbura kuri iyo mirima nihashika mu gitondo

Verse 18 — Surah Al-Qalam 68:18

Kandi ntibabwiye n’umukene numwe

Verse 19 — Surah Al-Qalam 68:19

Rero warashikiwe n’ivyago bivuye ku Muremyi wabo nabo basinziriye

Verse 20 — Surah Al-Qalam 68:20

Uwo murima uba nk’uwahiye

Verse 21 — Surah Al-Qalam 68:21

Bukeye bara hamagarana

Verse 22 — Surah Al-Qalam 68:22

Yuko bogenda hakiri kare ku murima wanyu nimwaba mushaka kwimbura

Verse 23 — Surah Al-Qalam 68:23

Baragiye bongorerana

Verse 24 — Surah Al-Qalam 68:24

Yuko uno musi ata mukene yinjira

Verse 25 — Surah Al-Qalam 68:25

Baragenda mugitondo biyumvira yuko bafise ububasha bw’ukuba buza ba bakene

Verse 26 — Surah Al-Qalam 68:26

Mugihe babona wa murima baciye bavuga bati:- ntankeka twebwe twazimiye

Verse 27 — Surah Al-Qalam 68:27

Verse 28 — Surah Al-Qalam 68:28

Umwe mubagira neza yavuze ati:- mbega sinaba bwiye yuko mu garuka ku Muremyi wanyu mu musabe ikigongwe

Verse 29 — Surah Al-Qalam 68:29

Nabo ba mwishura bati:- iteka ni ry’Umuremyi wacu, mu vy’ukuri twara hemukiye imitima yacu

Verse 30 — Surah Al-Qalam 68:30

Baca bahangana n’abandi baterana imyikomo

Verse 31 — Surah Al-Qalam 68:31

Bavuga bati:- uru n’uruhombo rwacu, mu vy’ukuri twari twararenze imbibe z’Imana

Verse 32 — Surah Al-Qalam 68:32

Nkumbure Umuremyi wacu azo duhindurira uwundi murima mwiza gusumba uwu, mu vy’ukuri twebwe turiyegereje ku Muremyi wacu

Verse 33 — Surah Al-Qalam 68:33

Uku niko biba ibihano vy’Umuremyi wawe, n’ibihano vy’umusi w’imperuka ni bininiya cane gusumba nkiyo bobi menya

Verse 34 — Surah Al-Qalam 68:34

Mu vy’ukuri abagamburukira Imana yabo y’ukuri, bazoba bafise ijuru rifise imigisha y’Umuremyi wabo

Verse 35 — Surah Al-Qalam 68:35

Mbega tubagire abagamburutsi nk’abononyi

Verse 36 — Surah Al-Qalam 68:36

Mbega mubaye gute, muca intahe gute

Verse 37 — Surah Al-Qalam 68:37

Canke murafise igitabu musomamwo

Verse 38 — Surah Al-Qalam 68:38

Yuko muzoronka ivyo mwipfuza

Verse 39 — Surah Al-Qalam 68:39

Canke murafise amasezerano kuri twebwe azoguma ho kugeza k’umusi w’imperuka yuko muzoronka ivyo mwiganzira

Verse 40 — Surah Al-Qalam 68:40

N’ubabaze muti :- ni nde muribo yofata ingwati kuri ibi vyose

Verse 41 — Surah Al-Qalam 68:41

Canke barafise abo bacuditse hamwe, rero nibabazane abo bacuditse hamwe niba bavugisha ukuri kwama

Verse 42 — Surah Al-Qalam 68:42

Kuri uwo musi hazoba ibihano bikaze cane, bazo hamagarwa gupfukama bashira imitwe yabo hasi, mugabo ntibazo shobora

Verse 43 — Surah Al-Qalam 68:43

Amaso yabo azoba araba hasi, agahinda nako kabapfuke, mu vy’ukuri bahora bahamagarwa gupfukama bashire imitwe yabo hasi mugihe bari mubantu beranda

Verse 44 — Surah Al-Qalam 68:44

Nundeke hamwe n’abahakana ibi biganiro, tuzoba kwega buhoro buhoro mubihano vyacu ku hantu batazi

Verse 45 — Surah Al-Qalam 68:45

Ndabahaye umwanya, mu vy’ukuri ububasha bwanje bura komeye cane

Verse 46 — Surah Al-Qalam 68:46

Canke urabasaba impembo nabo bakarengerwa nayo magarama

Verse 47 — Surah Al-Qalam 68:47

Canke kuribo hariho ubumenyi bw’amabanga bahawe bw’intumwa z’Imana bandika

Verse 48 — Surah Al-Qalam 68:48

Rero n’utenyenye kw’itegeko ry’Umuremyi wawe, kandi ntube nk’uwamizwe n’ifi, mugihe yatabaza Imana yiwe nawe ageramiwe nabi cane

Verse 49 — Surah Al-Qalam 68:49

Iyo adashikirwa n’imigisha ivuye ku Muremyi wiwe, ntankeka yari gutabwa ku nkengera y’ikiyaga nawe atabwa ko umwikomo

Verse 50 — Surah Al-Qalam 68:50

Mugabo Umuremyi wiwe niwe yamugenye nukumugira mu bantu b’intungane

Verse 51 — Surah Al-Qalam 68:51

Nayo ba bahakanyi b’Imana y’ukuri, baregereza kuguhuvya n’amaso yabo, mugihe bumvise ubutumwa bwawe nuguca bavuga bati:- mu vy’ukuri uyu muntu n’umusazi

Verse 52 — Surah Al-Qalam 68:52

Ntivyari kuba ibi vyose atari uko iyi Qur’ani ntagatifu ari icibutso kubantu bose