Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 7 - Al-Araf
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Al-Araf 7:1
Alif, Laam, Miiym, Swaad. (Insiguro yizi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo zose n’Imana yonyene gusa)
Verse 2 — Surah Al-Araf 7:2
N’igitabu camanuwe kuri wewe, kandi ntugire amazinda k’umuzirikanyi wawe, kugira ngo ushobore gutuza ugikoresheje, kandi kibe arico ushikirizako ubutumwa ku bantu bemeye Imana yabo y’ukuri
Verse 3 — Surah Al-Araf 7:3
Nimukurikire ivyo mwamanuriwe bivuye ku Muremyi wanyu, kandi ntimukurikire abo mwizeye yuko aribo babakingiye aho kwizera Imana, ivyo navyo nibikeyi cane mwibuka
Verse 4 — Surah Al-Araf 7:4
N’ibisagara bingahe twahoneje n’igihe hashika ibihano vyacu mw’ijoro canke mugihe co k’umutaga nabo basinziriye
Verse 5 — Surah Al-Araf 7:5
Rero nticari ikigandaro cabo mugihe bashikirwa n’ibihano vyacu atari uko bavuga bati:- ntankeka twebwe twari twarahemukiye imitima yacu
Verse 6 — Surah Al-Araf 7:6
Mu vy’ukuri tuzoba baza bamwe barungikirwa intumwa z’Imana, duteko tubabaze iyo bajanywe
Verse 7 — Surah Al-Araf 7:7
Kandi tuzobabwira k’ubumenyi bwacu muvyo bagize, kandi ntitwari kure yabo mugire babigira
Verse 8 — Surah Al-Araf 7:8
Kuri uwo musi igipimo kizoba kingana, rero abazoba bafise uburemere buremeye cane abo nibo bazoba bafise intsinzi nyakuri
Verse 9 — Surah Al-Araf 7:9
Nayo abazoba bafise uburemere buhwahutse abo nibo bataye mukaga imitima yabo kubera ubwishime bw’aya majambo matagatifu y’Imana
Verse 10 — Surah Al-Araf 7:10
Mu vy’ukuri twaraba tsimbataje kuri iy’Isi, kandi twaraba shiriyemwo ibikenewe mu buzima bwanyu, rero n’ikenguruka rikeyi gusa mukenguruka
Verse 11 — Surah Al-Araf 7:11
Mu vy’ukuri twarabaremye hanyuma tubashirira ho amashusho, hanyuma tubwira abamarayika duti:- nimupfukamire intumwa y’Imana Adamu (iii), baca barapfukama bose dukuyemwo uwitwa Ibilisi yavumwe niwe atari mubapfukamye
Verse 12 — Surah Al-Araf 7:12
Imana yavuze iti:- n’igiki cakubujije kumupfukamira mugihe nagutegeka? Nayo imwishura iti:- jewe ndi mwiza gusumba we, jewe wandemye mu muriro, nawe umurema mw’ivu
Verse 13 — Surah Al-Araf 7:13
Imana ivuga iti:- numanuke uve mw’ijuru, kandi ntibikenewe kugira amanyama ng’aha mw’ijuru, nuveyo mu vy’ukuri wewe uri mu bantu bakengerwa
Verse 14 — Surah Al-Araf 7:14
Nawe yishura ati:- numpe umwanya simpfe kugeza k’umusi waho bazozurwa abantu bose
Verse 15 — Surah Al-Araf 7:15
Imana ivuga iti:- mu vy’ukuri wewe uzoba uri mubahawe umwanya
Verse 16 — Surah Al-Araf 7:16
Shetani ivuga iti:- kubera yuko unciriye urubanza rw’ukuzimira, nanje nzobicarira abantu bawe munzira yawe igororotse
Verse 17 — Surah Al-Araf 7:17
Hanyuma nzobashikira imbere yabo n’inyuma yabo n’iburyo bwabo n’ibubamfu bwabo, kuko benshi muribo ntuzobasanga bari mu bantu bagukengurukira
Verse 18 — Surah Al-Araf 7:18
Imana ivuga iti:- nuve ngaho mw’ijuru nawe uri mubakengerwa n’ukwirukanwa n’uwuzo gukurikira muribo nzoca nuzuza umuriro udahera witiriwe Jahannamu kuri mwese
Verse 19 — Surah Al-Araf 7:19
Na wewe Adamu (iii) n’uvyagire ng’aha mw’ijuru hamwe n’umutambukanyi wawe, kandi mufungure aho mushaka hose, mugabo ntimwegere kuri iki giti kugira ngo ntimube mubahemukiye imitima yanyu
Verse 20 — Surah Al-Araf 7:20
Rero Shetani yarabashizemwo impungenge kugira ngo ibereke ibitera soni vyabo vyanyegejwe n’ukuvuga iti:- Umuremyi wanyu ntiyababujije kuri iki giti mugabo yababujije kugira ngo ntimuze mube Abamarayika canke ngo ntimuze mube mubazoramba mubuzima bw’abo bwose
Verse 21 — Surah Al-Araf 7:21
Nayo Shetani irabarahira iti:- mu vy’ukuri nd’umwe mubahanura impanuro nziza kuri mwebwe
Verse 22 — Surah Al-Araf 7:22
Rero Shetani ica ibafatira mukubahenda kwayo mugihe bahonja kuri cagiti, ibimaramare vyabo bica bira bonekena nuguca binjira kwimadikako ivyatsi vyo mw’ijuru, n’Umuremyi wabo aca arabahamagara nukuba bwira iti:- mbega sinababujije kuri iki giti nukubabwira yuko Shetani ari umwansi wanyu wo k’umugaragaro
Verse 23 — Surah Al-Araf 7:23
Bavuze bati:- Muremyi wacu, twarahemukiye imitima yacu, nutatugirira ikigongwe nukutugirira impuhwe zawe, ntankeka tuzoba turi mu bantu bo muruhombo
Verse 24 — Surah Al-Araf 7:24
Imana ivuga iti:- nimumanuke mwebwe, kuri mwebwe mubaye abansi, n’ubwicaro bwanyu buzoba buri kw’Isi hamwe nukwinezereza kwanyu kugeza kukiringo nzoshakira jewe Mana
Verse 25 — Surah Al-Araf 7:25
Imana ivuga iti:- muzobayo, kandi mupfireyo, kandi mukurweyo
Verse 26 — Surah Al-Araf 7:26
Mwebwe bantu, mu vy’ukuri twarabamanuriye impuzu zipfuka ibitsina vyanyu, hamwe n’impuzu z’ibisharizo, hamwe n’impuzu z’urupfasoni nizo mpuzu nziza, ivyo vyose nimubimenyetso vy’imihezagiro y’Imana kugira ngo bibuke
Verse 27 — Surah Al-Araf 7:27
Mwebwe bantu, Shetani ntibate mukaga nkuko yakuye abavyeyi banyu mw’ijuru nukubambura impuzu zabo kugira ngo yerekane ibitsina vyabo, mu vy’ukuri wewe hamwe n’ubwoko bwiwe barababona, mugihe namwe mutababona, ntankeka twebwe twarabahaye ayo mashetani kuba abagenzi babamwe batemera Imana yabo y’ukuri
Verse 28 — Surah Al-Araf 7:28
Mugihe bagize ibintu vy’umwanda bavuga bati:- twabisanganye abavyeyi bacu n’Imana niyo yadutegetse kugira ibi vyose, nawe vuga uti:- Imana ntitegeka ibintu bibi, nkuko mubivuga hejuru y’Imana kuvyo mutazi
Verse 29 — Surah Al-Araf 7:29
Vuga uti:- Umuremyi wanje niwe yategetse ubutungane, rero nimutumbereze amaso yanyu mugihe c’ugusenga kubisabisho vyose, kandi muyisenge yonyene gusa kubugamburutsi ntangere, nkuko yabaremye ubwambere, niko izobagarura iwe
Verse 30 — Surah Al-Araf 7:30
Umurwi umwe yarawurongoye n’uwundi nawo vyaramenyekanye yuko uri muruhombo, mu vy’ukuri uwo murwi wagize Amashetani kuba ariyo abakingira aho gukingirwa n’Imana, kandi bakiyumvira yuko aribo barongotse
Verse 31 — Surah Al-Araf 7:31
Mwebwe bantu, nimufate ibisharizo vyanyu igihe cose c’ugusenga, kandi mufungure hamwe n’ukunywa neza mugabo ntimurenze urugero, mu vy’ukuri Imana ntikunda abarenza urugero
Verse 32 — Surah Al-Araf 7:32
Vuga uti:- ni nde yabujije ibisharizo vy’Imana yakuriye ku bantu bayo none ni nde yabujije ibintu vyiza mubifungurwa, vuga uti:- ivyo bintu vyose birekuriwe kuba Isilamu k’ubuzima bwo ng’aha kw’Isi bizoba ari rwabo kugeza k’umusi w’imperuka, uku rero niko tumenyesha aya majambo y’Imana matagatifu ku bantu bafise ubumenyi buhagije
Verse 33 — Surah Al-Araf 7:33
Vuga uti:- Umuremyi wanje yarabujije ibintu vy’umwanda biboneka hamwe n’ibitaboneka hamwe n’ibicumuro bivuye kubakuru ata kuri nakumwe bafise, n’ukugereranya Imana n’ibindi bintu hamwe n’ivyo itamanuriyeko ivyemezo hamwe n’ukuvuga hejuru y’Imana kuvyo mutazi
Verse 34 — Surah Al-Araf 7:34
N’abantu abaribo bose barafise ikiringo cabo, nibashikirwa nico kiringo ntibazoteba n’isaha n’imwe, canke ntibazotanga imbere ico kiringo cabo kitara shika
Verse 35 — Surah Al-Araf 7:35
Mwebwe bantu nimwashikirwa n’intumwa z’Imana zo muri mwebwe zibamenyesha amajambo yanje, rero abazo kwikinga nivyo babujijwe, nukugira ineza ntabwoba buzoba buri kuribo kandi ntibazo teterwa
Verse 36 — Surah Al-Araf 7:36
Na bamwe bahakanye amajambo yacu nukuyagirirako ubwishime, abo bantu bazoba arabo mumuriro udahera bazobayo mubuzima bwabo bwose
Verse 37 — Surah Al-Araf 7:37
None ni nde azoba ari umuhemu mukuru gusumba uwabeshera Imana yiwe y’ukuri, canke uwuhakana amajambo yayo, aho hazoshika ahantu Imana yabandikiye kugeza aho bazoshikirwa n’intumwa zacu zizo bica, aho niho bazobabwira bati:- bari hehe abo mwahora musenga aho gusenga Imana y’ukuri? Nabo bazo kwishura bati:- barazimanganye kandi bazokwibera ivyabona bonyene yuko bari abahakanyi b’Imana
Verse 38 — Surah Al-Araf 7:38
Imana izovuga iti:- nimwinjire mumuriro udahera hamwe n’abandi bantu bamyeho imbere yanyu b’ibisigo n’abantu, uko hazokwinjiramwo abantu uzovuma abandi kugeza aho bazo kwegeranywa bose muri uwo muriro udahera, hanyuma abanyuma babo bazovuga kubera aba mbere babo bati:- Muremyi wacu aba bantu nibo batuzimije, rero nubahe ibihano vyo muriro udahera vy’incuro zibiri, hanyuma ice ivumera iti:- ibihano bizoba kuri mwese kandi bikabije vy’incuro zibiri mugabo mwebwe ntana kimwe muzi
Verse 39 — Surah Al-Araf 7:39
N’abambere babo bazovuga babwira abanyuma babo bati:- rero namwe nyene ntamigisha mwari mufise gusumba twebwe, kuri ivyo nimuhonje ibihano kubera ivyo mwahora mugira
Verse 40 — Surah Al-Araf 7:40
Mu vy’ukuri bamwe bahakana amajambo yacu matagatifu nukuyagirirako ubwishime, abo bantu ntibazo kwugurirwa imiryango y’Ijuru kandi ntibazo kwinjira mw’ijuru kugeza aho Ingamiya izo kwinjira muntoboro y’urushinge, kandi uku niko duhemba abagizi b’inabi
Verse 41 — Surah Al-Araf 7:41
Bazoba bafise ubusaswa bw’umuriro witiriwe Jahannamu no hejuru yabo hariho impuzu z’ukwipfuka zuwo muriro nyene, uku rero niko duhemba abahemukiye imitima yabo
Verse 42 — Surah Al-Araf 7:42
Nabamwe bemera Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, twebwe ntiduhatagiza umuntu uwariwe wese atari kububasha bwiwe, abo nibo bantu bo mw’Ijuru bazobayo mu buzima bwabo bwose
Verse 43 — Surah Al-Araf 7:43
Tuzokuraho ingorane ziri mubikiriza vyabo hanyuma imbere yabo habe haraca inzuzi, hanyuma bazovuga bati:- ihayagizwa ryose ryiza niryo rikwiriye Imana, kuko ariyo yaturongoye muri iyi migisha turimwo, kandi ntitwari kuba turi mu bantu barongotse turi twenyene iyo Imana itaturongora, intumwa z’Umuremyi wacu nibo bazanye ukuri kandi aribo bazobwirwa yuko iri ariryo Juru mwemerewe kubera ivyo mwahora mugira
Verse 44 — Surah Al-Araf 7:44
N’abantu bo mw’ijuru bazohamagara abantu bo mumuriro udahera bababwire bati:- twebwe twasanze ivyo Umuremyi wacu yatwemereye ari ivy’ukuri, mbega namwe mwasanze ivyo Umuremyi wanyu yabemereye ari ivy’ukuri? Nabo bazo vuga bati:- egome, rero uwuzo hamagara azo hamagara hagati yabo avuge ati:- umuvumo w’Imana uri kubahemukiye Imana yabo
Verse 45 — Surah Al-Araf 7:45
Abamye bazitira abantu munzira y’Imana y’ukuri, nugushaka kuyihuvya n’ukutemera umusi w’imperuka
Verse 46 — Surah Al-Araf 7:46
No hagati yabo hazoba hari abandi bantu no hejuru yaho hantu hunamutse hazoba hari abantu bazobamenya kubimenyetso vyabo hanyuma bazohamagara abantu bo mw’ijuru bavuga bati:- Amahoro y’Imana abe kuri mwebwe, nabo bakaba batarinjira mw’Ijuru mugabo bizeye yuko bazokwinjira mw’Ijuru
Verse 47 — Surah Al-Araf 7:47
N’amaso yabo ahindukijwe ku bantu bo mumuriro udahera, bazoca bavuga bati:- Muremyi wacu ntudushire hamwe n’abantu bahemukiye imitima yabo
Verse 48 — Surah Al-Araf 7:48
Nabo bazoba bari ahantu hataramutse bahamagara abantu bo mumuriro udahera babazi kubimenyetso vyabo bababwire bati:- ubwinshi bwanyu ntibwabafajije hamwe nivyo mwahora mwishimira ko
Verse 49 — Surah Al-Araf 7:49
Mbega sibabandi mwahora murahirirako yuko Imana itazoba shikiriza imigisha yayo, rero ni mwinjire mw’Ijuru atabwoba buri hejuru yanyu, kandi ntimuzoteterwa
Verse 50 — Surah Al-Araf 7:50
N’abantu bo muriro udahera bazohamagara abantu bo mw’Ijuru bati:- ni mudusesagurire amazi muvyo Imana yabahaye nabo bazo kwishura bati:- mu vy’ukuri Imana yarabujije ivyo bintu uko ari bibiri kubahakanyi b’Imana
Verse 51 — Surah Al-Araf 7:51
Abagize idini ryabo kuba nk’ikintu ataco kimaze canke igikinisho, n’ubuzima bwo kw’Isi burabahenda, natwe uno musi turabibagiye nkuko bibagiye ikoraniro ry’uwu musi wabo, kubera kurya guhakana amajambo yacu matagatifu
Verse 52 — Surah Al-Araf 7:52
Twabazaniye igitabu twatandukanije neza hamwe n’ubumenyi bwacu, buri murico n’uburongozi n’imigisha ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri
Verse 53 — Surah Al-Araf 7:53
Ntaco baraba ingaruka yavyo k’umusi hazoboneka ingaruka yavyo niho bazovuga bamwe batitayeho aho hambere, mu vy’ukuri intumwa z’Umuremyi wacu nibo bashikirije ukuri kwama, mbega turafise abasabizi kugira ngo badusabire? Canke tuzosubizwa kugira ngo tugire bimwe bitari birya twahora tugira, mu vy’ukuri bashize imitima yabo muruhombo n’ububeshi bwabo bwarabatakaranye ari bumwe bahora bategura
Verse 54 — Surah Al-Araf 7:54
Mu vy’ukuri Umuremyi wanyu niyo Mana yaremye Amajuru n’Isi kumisi itandatu, hanyuma iganza hejuru y’inyegamo yayo ntagatifu ipfuka Ijoro k’Umutaga uwukurikira ningoga na ningoga, n’Izuba hamwe n’Ukwezi hamwe n’Inyeyeri vyaragamburukijwe kw’itegeko ry’ayo, kandi mumenye yuko ukurema hamwe n’amategeko yose ari rwiwe, irahayagijwe bimwe bikwiye kuko n’Imana, Umuremyi w’ibiremwa vyose
Verse 55 — Surah Al-Araf 7:55
Nimusabe Umuremyi wanyu n’ubwitonzi ntangere no mw’ibanga kw’ijwi rigufiya mutarinze gukoma induru kuko Imana ntikunda abarenga imbibe zayo
Verse 56 — Surah Al-Araf 7:56
Kandi ntimugire ubwononyi kuri iy’Isi mugihe imaze kugirwa neza, kandi muyisabe muyitinya n’ukuyizera, ntankeka imigisha y’Imana iri hafi cane n’abagira ineza
Verse 57 — Surah Al-Araf 7:57
Nayo niyo itwara umuyaga yuko ari ikimenyetso kiri imbere y’ugushika kw’imigisha yayo, naho iyo miyaga yikorera ibicu biremereye tukayitwara kw’Isi yapfuye, hanyuma tukayamanura ayo mazi avuye muri ivyo bicu, kuri ivyo duca tunagisha ubwoko bw’ivyamwa vyose, uko rero niko tuzozura abapfuye kugira ngo mushobore kwibuka
Verse 58 — Surah Al-Araf 7:58
N’Isi nziza isohora ibiterwa vyayo kw’itegeko ry’Umuremyi wayo, n’Isi itameze neza ntaco itanga atari ingorane gusa, uko rero niko dutandukanya aya majambo y’Imana matagatifu ku bantu bashima
Verse 59 — Surah Al-Araf 7:59
Twararungikiye intumwa y’Imana Nuhu (iii) ku bantu biwe nawe aca avuga ati:- emwe bantu banje, nimusenge Imana yanyu y’ukuri, mwebwe ntayindi Mana mufise atariyo yonyene gusa, mu vy’ukuri jewe ndabatinyira ibihano vyuwo musi uzoba mukuru
Verse 60 — Surah Al-Araf 7:60
Abakuru b’abantu babo bavuze bati:- twebwe tukubona yuko uri mubuzimire buri k’umugaragaro
Verse 61 — Surah Al-Araf 7:61
Aca avuga ati:- mwebwe bantu banje, jewe sindi mubazimiye, ahubwo jewe nd’intumwa y’Imana mvuye k’Umuremyi w’ibiremwa vyose
Verse 62 — Surah Al-Araf 7:62
Ndaba shikiriza ubutumwa bw’Umuremyi wanje kandi ndabahanura mfise ubumenyi bwo ku Mana bwivyo mwebwe mutazi
Verse 63 — Surah Al-Araf 7:63
Mbega muratangara ndabashikirije ubutumwa buvuye ku Muremyi wanyu bushikirijwe n’umuntu ari umwe muri mwebwe kugira ngo abatuze muteko mutinye, kandi muze muronke impuhwe zayo
Verse 64 — Surah Al-Araf 7:64
Baramuhakanye duca turamurokora hamwe nabo bari kumwe nawe bari mubwato, hanyuma duca twibiza mumazi bamwe bahakanye amajambo yacu matagatifu, ntankeka abo bantu bari impumyi
Verse 65 — Surah Al-Araf 7:65
N’abantu bo kuntumwa y’Imana Aadi (iii) twaramurungikiye mwene wabo Hudu (iii) avuga ati:- mwebwe bantu banje, nimusenge Imana yanyu y’ukuri, kandi mwebwe nta Mana mufise atari Imana yonyene rudende, mbega mwebwe ntimutinya
Verse 66 — Surah Al-Araf 7:66
Babategetsi bahakanye bo mu bantu babo bavuze bati:- twebwe tukubona yuko wewe uri mubujuju, kandi tukakubona yuko uri mu bantu b’ababeshi
Verse 67 — Surah Al-Araf 7:67
Yavuze ati:- mwebwe bantu banje, jewe ntabujuju mfise mugabo jewe nd’intumwa y’Imana navuye ku Muremyi w’ibiremwa vyose
Verse 68 — Surah Al-Araf 7:68
Jewe ndabashikiriza ubutumwa bw’Umuremyi wanje nanje kuri mwebwe nd’umuhanuzi mwizigirwa
Verse 69 — Surah Al-Araf 7:69
Muratangara kubona mushikirizwa ubutumwa buvuye ku Muremyi wanyu k’umuntu umwe wo muri mwebwe kugira ngo abatuze kandi mwibuke abasigaye munyuma y’intumwa y’Imana Nuhu (iii) nukubongereza cane kw’iremwa ryanyu rero nimwibuke imigisha y’Imana kugira ngo muronke intsinzi nyakuri
Verse 70 — Surah Al-Araf 7:70
Bavuze bati:- mbega uje kugira ngo dusenge Imana yonyene rudende gusa hanyuma tureke gusenga ivyo bamye basenga abavyeyi bacu, rero nutuzanire ivyo watwemereye niwaba uri mubavugisha ukuri
Verse 71 — Surah Al-Araf 7:71
Nawe yishura ati:- ntankeka ibihano hamwe n’ishavu biramaze kubarwako rivuye ku Muremyi wanyu, kandi mukampaririza kubera amazina mwashizeho mwebwe n’abavyeyi banyu yuko ari amazina atamanuye afise ivyemezo, rero nimurindire nanje ndikumwe namwe mu bantu barindiriye
Verse 72 — Surah Al-Araf 7:72
Rero natwe turamurokora hamwe nabo bari kumwe kumigisha yacu nukubaca imvutu bamwe bahakanye amajambo yacu matagatifu kandi ntibari mubemera Imana yabo y’ukuri
Verse 73 — Surah Al-Araf 7:73
Nabo kwa Thamudu (iii) mwene wabo n’intumwa y’Imana Swalehe (iii) yavuze ati:- mwebwe bantu banje, nimusenge Imana yanyu y’ukuri, kuko mwebwe nta Muremyi mufise atari Imana yonyene rudende gusa, mu vy’ukuri muramaze gushikirwa n’igitangaro kiri k’umugaragaro kivuye k’Umuremyi wanyu, iyi nayo n’ingamiya y’inyana y’Imana ifise ikimenyetso kuri mwebwe, rero ni muyireke irishe kw’Isi y’Imana, kandi ntimuyigirire inabi iyariyo yose, hanyuma ntimuhave mumanukirwa n’ibihano bibabaza cane
Verse 74 — Surah Al-Araf 7:74
Nimwibuke ingene babagiriye abasubiriye intumwa y’Imana Aadi (iii) nukubashira ahantu heza ng’aha kw’Isi, nukwubaka amazu maniniya yacami muri ako karere kabo, n’ukubaza amazu mumisozi, rero nimwibuke imigisha y’Imana, kandi ntimube abononyi kuri iy’Isi mukugira ubwononyi
Verse 75 — Surah Al-Araf 7:75
Baravuze abakuru bomuri bo bishima babwira bamwe banyarucari bemera Imana yabo y’ukuri muribo bati:- mbega muremera yuko intumwa y’Imana Swalehe (iii) yarungitswe n’Umuremyi wiwe, nabo bishura bati:- mu vy’ukuri twebwe turemera ivyo yarungikanywe
Verse 76 — Surah Al-Araf 7:76
Baca bavuga bamwe bishima gusumba abandi bati:- twebwe duhakanye ivyo mwebwe mwemera
Verse 77 — Surah Al-Araf 7:77
Baca bica ya Ngamiya n’ukwiyonkora kumategeko y’Umuremyi wabo n’ukuvuga bati:- ewe ntumwa y’Imana Swalehe (iii), nutuzanire muvyo watwemereye niwaba wewe uri muntumwa z’Imana
Verse 78 — Surah Al-Araf 7:78
Ijugumizwa ry’Isi ryarabasokoye imitima yabo, basanga bapfiriye mubisagara vyabo
Verse 79 — Surah Al-Araf 7:79
Rero intumwa y’Imana Swalehe (iii) abasiga aho nawe avuga ati:- mwebwe bantu banje, narabasigiye ubutumwa bw’Umuremyi wanje, kandi ndabahanura, mugabo mwebwe ntimwashimye ababa hanura
Verse 80 — Surah Al-Araf 7:80
N’intumwa y’Imana Lutwi (iii) mugihe yabwira abantu biwe ati:- mbega mwebwe muriko muragira ibintu bibi vyaho ata n’umuntu n’umwe mubabaye ho imbere yanyu, kubintu bibi nk’ibi mubiremwa vy’Imana
Verse 81 — Surah Al-Araf 7:81
Mwebwe muturukira inyuma y’abagabo nkamwe kuko aribo mwagomwe, aho kugomwa abapfasoni! Ariko mwebwe muri mu bantu b’abononyi
Verse 82 — Surah Al-Araf 7:82
Ntiyabaye inyishu yabo bantu biwe atari uko babwiranye bati:- nimubirukane mu gisagara canyu kuko ari abantu bisukuye
Verse 83 — Surah Al-Araf 7:83
Rero duca turokora intumwa y’Imana Lutwi (iii) hamwe n’abantu biwe bose, dukuyemwo umutambukanyi wiwe yari mubari inyuma
Verse 84 — Surah Al-Araf 7:84
Hanyuma tubashungurira imvura nyinshi y’ibihano, rero nurabe ingene habaye amaherezo yabo bantu babi
Verse 85 — Surah Al-Araf 7:85
N’abantu bokwa Madyani mwene wabo na Shuaibu (iii) yavuze ati:- mwebwe bantu banje nimusenge Imana yanyu y’ukuri kuko ntayindi Mana mufise atari iyi Mana yonyene mufise gusa kuko muramaze gushikirwa n’ivyemezo biri k’umugaragaro bivuye ku Muremyi wanyu, rero nimukwize neza na neza ibipimo vy’iminzani yanyu, kandi ntimubagabanirize abantu kubintu vyabo, kandi ntimugire ubwononyi ngaha kw’Isi munyuma yaho imaze gutegurwa neza, ibi rero nivyo vyiza kuri mwebwe nimwaba mwemera Imana yanyu y’ukuri
Verse 86 — Surah Al-Araf 7:86
Ntimwicare mumayira abiri mugutinyisha nukuzitirira abantu kw’idini ry’Imana kuri bamwe bemera Imana yabo y’ukuri, nugushaka kuyihuvya, kandi mwibuke mugihe mwari inkehwa nayo ibagira kuba muri benshi, nimurabe ingene yabaye amaherezo yabo bononyi
Verse 87 — Surah Al-Araf 7:87
Nihaba hari umurwi w’abantu muri mwebwe wemeye kuvyo narungikanywe hakaba n’uwundi murwi utemeye Imana y’ukuri, rero nimutenyenye kugeza aho Imana izocira urubanza ruri hagati yanyu, nayo niyo nziza kubaca manza
Verse 88 — Surah Al-Araf 7:88
Abategetsi bahora bishima mu bantu biwe bavuze bati:- ewe Shuaibu (iii) tuzogusohora wewe hamwe nabamwe bemeye Imana yabo y’ukuri muri kino gisagara cacu canke musubire mumico n’imigenzo yacu, nawe aca avuga ati:- mbega naho bidushavuza
Verse 89 — Surah Al-Araf 7:89
Ntankeka twebwe twarabesheye Imana, nitwasubira mumico n’imigenzo yanyu munyuma yaho Imana yamaze kuturokora nivyo vyose, kandi ntibizobaho kuri twebwe gusubira muri iyo mico n’imigenzo kiretse Imana yonyene ibishatse ariyo Muremyi wacu, ikikujwe n’ibintu vyose k’ubumenyi bwayo bwose, ku Mana niyo twizeye, Muremyi wacu nuducire urubanza rw’ukuri ruri hagati yacu hamwe n’abagenzi bacu, na wewe ni wewe mwiza mubaca manza b’ukuri
Verse 90 — Surah Al-Araf 7:90
Babategetsi bahakanye Imana yabo y’ukuri baciye bavuga bati:- nimwa kurikira uyo Shuaibu, aho ntankenka muzoba muri muruhombo
Verse 91 — Surah Al-Araf 7:91
Rero ijugumizo ry’Isi ryarasokoye imitima yabo, baba abatishoboye mugisagara cabo
Verse 92 — Surah Al-Araf 7:92
Abahakanye intumwa y’Imana Shuaibu (iii) bakaba nkuko batamyeho aho hantu, rero bamwe bahakanye intumwa y’Imana Shuaibu (iii) nibo bantu bari muruhombo
Verse 93 — Surah Al-Araf 7:93
Rero mugihe hashika umwanya wuguhonywa kwabo bantu babi intumwa y’Imana Shuaybu (iii) yaravuye muri ico gisagara hamwe n’abamwemeye aca abata kure nukwigira nukuvuga ati:- emwe bantu banje, nabashikirije ubutumwa bw’Umuremyi wanje, kandi nabahaye n’impanuro, mbega nteterwe hejuru yanyu mwebwe bahakanyi b’Imana y’ukuri
Verse 94 — Surah Al-Araf 7:94
Natwe ntitwazanye intumwa y’Imana iyariyo yose mugisagara icarico cose nuguhakanwa atari uko yahana abanya gihugu babo nukuba girira ingorane z’urutavanako kugira ngo bashobore kugamburuka
Verse 95 — Surah Al-Araf 7:95
Hanyuma twebwe twama duhindura ahantu h’amabi tugahashira ineza, naho bogwirirana baka vuga bati:- amagorwa hamwe n’umunezero nivyashikiye abavyeyi bacu, rero tuzobahonya giturumbuka mugihe batarabimenya
Verse 96 — Surah Al-Araf 7:96
Iyo abo bantu bo mubisagara vyabo bemera Imana yabo y’ukuri nugutinya, mu vy’ukuri twari kubugurira imigisha yo mw’ijuru no kw’Isi, mugabo barahakanye dutako turabatuza kubera ivyo bahora bagira
Verse 97 — Surah Al-Araf 7:97
Mbega abantu bo mubisagara baremeje yuko ibihano vyacu bitazoba shikira mw’ijoro nabo basinziriye
Verse 98 — Surah Al-Araf 7:98
Abo bantu bo mubisagara baremeza yuko ibihano vyacu bitazoba korako k’umurango nabo bariko barafyinata
Verse 99 — Surah Al-Araf 7:99
Mbega baremeza yuko guhanwa n’Imana, batemeza yuko ibihano vy’Imana atari abantu bari muruhombo
Verse 100 — Surah Al-Araf 7:100
Mbega ntibazi yuko abantu batoranye ibisigi vyo ng’aha kw’Isi munyuma yabahabaye ho bahonejwe yuko iyo dushaka twobashira mungorane kubera ibicumuro vyabo, kandi tugaca dutera ikidodo hejuru y’imitima yabo, no kuri ivyo rero ntibazo kwumva
Verse 101 — Surah Al-Araf 7:101
Ivyo n’ibisagara tukubwira bimwe munkuru zavyo, kandi ntankeka intumwa z’Imana zarabashikiye n’ivyemezo biri k’umugaragaro mugabo ntibari mubemera muvyo bahakanye aho hambere, uku rero niko Imana itera ikidodo kumitima y’abatemera Imana yabo y’ukuri
Verse 102 — Surah Al-Araf 7:102
Nokuri benshi muribo ntitwabonye amasezerano ayariyo yose, ahubwo mu vy’ukuri benshi muribo twasanze bari mu bantu b’inkozi z’ibicumuro
Verse 103 — Surah Al-Araf 7:103
Hanyuma munyuma yizo ntumwa z’Imana zose, twaciye turungika intumwa y’Imana Mussa (iii) n’ivyemezo vyacu kwa Fir’auni hamwe n’abantu biwe, mugabo barabihakanye, rero nurabe ingene yabaye amaherezo y’abononyi
Verse 104 — Surah Al-Araf 7:104
Intumwa y’Imana Mussa (iii) yavuze iti:- ewe Fir’auni, jewe nd’intumwa y’Imana mvuye k’Umuremyi w’ibiremwa vyose
Verse 105 — Surah Al-Araf 7:105
Ntegerezwa kutavuga hejuru y’Imana atari ukuri gusa mu vy’ukuri nanje ndabashikiriza ibimenyetso biri k’umugaragaro bivuye k’Umuremyi wanyu, rero nujane bene Israeri hamwe nanje
Verse 106 — Surah Al-Araf 7:106
Fir’auni yavuze ati:- niwaba waje uzananye n’ivyemezo bigaragara n’ubizane niwaba uri mu bantu bavugisha ukuri
Verse 107 — Surah Al-Araf 7:107
Aca ajugunya inkoni yiwe hasi, mu mwanya ica ihinduka inzoka iboneka neza
Verse 108 — Surah Al-Araf 7:108
Aca asokorora ukuboko kwiwe mu mwanya isase uca uhinduka ibara ryera ku bantu bawitegereza
Verse 109 — Surah Al-Araf 7:109
Babategetsi bo mu bantu bo kwa Fir’auni baciye bavuga bati:- mu vy’ukuri uyu n’umurozi abufitiye ubumenyi
Verse 110 — Surah Al-Araf 7:110
Ashaka kubakura mugisagara canyu, none mwebwe mubivuga ko iki
Verse 111 — Surah Al-Araf 7:111
Bavuga bati:- nimu mureke gatoyi hamwe na mwene wabo hanyuma mubarungike abakoranye abantu bo mugisagara
Verse 112 — Surah Al-Araf 7:112
Bakuzanire abarozi bose bafise ubumenyi bwukuroga
Verse 113 — Surah Al-Araf 7:113
Baraje abarozi bose bokwa Fir’auni bavuga bati:- mbega turaronka impembo nitwatsinda
Verse 114 — Surah Al-Araf 7:114
Fir’auni aremera ati:- egome, namwe ntankeka muzoba muri mubari hafi yanje
Verse 115 — Surah Al-Araf 7:115
Baca bavuga bati:- ewe Mussa (iii) mbega ni wewe utangura kujugunya ubwo burozi bwawe imbere y’abantu babubone canke tuzoba ari twebwe bambere dutangura kujugunya
Verse 116 — Surah Al-Araf 7:116
Intumwa y’Imana Mussa (iii) abishura ati:- nimujugunye mwebwe, mugihe bajugunya baciye bahumishwa amaso y’abantu bose nukubatera ubwoba nukuzana uburozi buniniya buhanitse
Verse 117 — Surah Al-Araf 7:117
Duca tumurungikira ubutumwa intumwa y’Imana Mussa (iii) duti:- nute iyo nkoni yawe, mu mwanya ica iramiragura ivyo bagize babarozi vyose
Verse 118 — Surah Al-Araf 7:118
Ukuri kuba kurahagaze, bica birononekara ivyo bahora bagira
Verse 119 — Surah Al-Araf 7:119
Kuri ivyo rero batsindiwe ngaho, nukuba mu bantu batetewe
Verse 120 — Surah Al-Araf 7:120
N’abarozi barahindura bashira imitwe yabo hasi
Verse 121 — Surah Al-Araf 7:121
Bavuze bati:- twebwe turemeye Umuremyi w’ibiremwa vyose
Verse 122 — Surah Al-Araf 7:122
Umuremyi w’intumwa y’Imana Mussa (iii) na Haruna (iii)
Verse 123 — Surah Al-Araf 7:123
Fir’auni avuga ati:- yoh! muramwemeye imbere yuko ntarabaha uruhusha, iyi niyo ngeso mwagiriye mugisagara mwebwe hamwe na Mussa (iii) kugira ngo mubakureho bonyene muri ico gisagara, hanyuma muce musigara muri ico gisagara mwenyene mugabo muzo bimenya ico nzobakorera
Verse 124 — Surah Al-Araf 7:124
Ningombwa ndabacagagure amaboko yanyu n’amaguru yanyu ndabitandukanije, hanyuma nce ndababamba mwese kumisaraba
Verse 125 — Surah Al-Araf 7:125
Nabo bishura bati:- twebwe tuzosubira ku Muremyi wacu
Verse 126 — Surah Al-Araf 7:126
Na wewe ntiwabonye inabi iyariyo yose atari uko twemeye amajambo y’Umuremyi wacu matagatifu mugihe yadushikira, Muremyi wacu! n’uduhundire ukwihangana kwacu, kandi tukwitabe natwe turi aba Isilamu
Verse 127 — Surah Al-Araf 7:127
Na b’abategetsi bomu bantu bokwa Fir’auni bavuze bati:- mbega muzomusiga Mussa (iii) hamwe n’abantu biwe bazane ubwononyi ng’aha kw’Isi n’ukugusiga wewe n’Imana zawe, nawe avuga ati:- tuzo kwica ibibondo vyabo vy’abahungu hanyuma dusige abagore babo bakiri bazima, kandi ntankeka ni twebwe dufise inguvu hejuru yabo
Verse 128 — Surah Al-Araf 7:128
Intumwa y’Imana Mussa (iii) yabwiye abantu biwe ati:- nimusabe imfashanyo ku Mana yanyu, kandi mwigumye, kuko iy’Isi niy’Imana azoyisigira uwo yishakiye mu bantu biwe, n’amaherezo meza niku bantu bayigamburukira
Verse 129 — Surah Al-Araf 7:129
Bavuze bati:- twebwe twarasuzuguwe imbere yuko udushikira n’inyuma yaho wewe umaze kudushikira, niho yavuga intumwa y’Imana Mussa (iii) ati:- nkumbure Umuremyi wanyu azomuhonya uyo mwansi wanyu n’ukubagira mwebwe kuba abategetsi bomuri ibi bisagara hanyuma arabe ingene muzogira
Verse 130 — Surah Al-Araf 7:130
Mu vy’ukuri twarabahanye abantu bo kwa Fir’auni kumyaka myinshi cane yukugabanukirwa n’ibiterwa kugira ngo bibuke
Verse 131 — Surah Al-Araf 7:131
Bashikiwe n’ineza baca bavuga bati:- ibi vyose nukubera twebwe, hanyuma bashikiwe n’ivyago baca bavyegeka kuntumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe nabo bari kumwe nawe, rero ukutumvikana kwabo nikuva ku Mana, mugabo benshi muribo ntavyo bazi
Verse 132 — Surah Al-Araf 7:132
Bavuze bati:- ikimenyetso icarico cose uzodushikiriza kugira ngo uturogeshe naco, ntituzo cemera na gatoyi
Verse 133 — Surah Al-Araf 7:133
Twaciye tubarungikira imvura y’isegenya hamwe n’inzige hamwe n’inda hamwe n’ibikere n’amaraso kuba arivyo bimenyetso, vyatandukanije k’umugaragaro ukuri kw’intumwa y’Imana Mussa (iii) mugabo bagumye bishima, bakaba bari mu bantu babi cane
Verse 134 — Surah Al-Araf 7:134
Mugihe baguweko n’ibihano baca bavuga bati:- ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) nudusabire k’Umuremyi wawe kuvyo yakwemereye, niyadukuriraho ivyo bihano ntankeka tuzokwemera, mu vy’ukuri tuzobatwara bene Israeri iyo bashaka kuja
Verse 135 — Surah Al-Araf 7:135
Mugabo mugihe tubakuriyeko ibihano kugeza kukiringo caho bazoshikira gukurwaho imitima yabo canke guhonywa mu mwanya baca badohoka kumasezerano
Verse 136 — Surah Al-Araf 7:136
Rero tuzobihorera nukubibiza mukiyaga kubera uguhakana kw’ibimenyetso vyacu nukuta vyitaho
Verse 137 — Surah Al-Araf 7:137
Duca duha ibisigi abantu baboneka yuko batishoboye kandi babonerwa twahaye ibisigi vy’ibisagara vyo mubuseruko no mubumanuko bw’igihugu arivyo twashizemwo imihezagiro myinshi, n’ijambo ryiza ry’Umuremyi wawe riba ariryo ritsimbatara kuri bene Israeri kubera ukwihangana kwabo, n’uguca duhonya ivyo Fir’auni yahora agira hamwe n’abantu biwe, hamwe n’ivyo bahora bubaka
Verse 138 — Surah Al-Araf 7:138
Duca tujabura bene Israeri mukiyaga nugushikira abantu bahora basenga amasanamu yabo baca bavuga bati:- ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii) natwe nutugirire ama mana nkuko nabo bafise ama mana, intumwa y’Imana Mussa (iii) abishura ati:- mu vy’ukuri mwebwe muri bantu b’ibijuju
Verse 139 — Surah Al-Araf 7:139
Aba bantu ibi bintu vyose bafise bizohonywa kandi nivy’ubusa muvyo bahora bagira
Verse 140 — Surah Al-Araf 7:140
Aca avuga ati:- mbega ndabaronderere Imana itari iyi Mana mugihe ariyo yabateye iteka riri hejuru y’ibiremwa vyose
Verse 141 — Surah Al-Araf 7:141
Mugihe twabarokora muminwe ya Fir’uni hamwe n’abantu biwe, aribo babahaye ibihano bibi cane, mukwica ibibondo vyanyu vy’abahungu nugusigaza abagore gusa, no murivyo hari ibibazo bihambaye bivuye ku Muremyi wanyu
Verse 142 — Surah Al-Araf 7:142
Twaramwemereye Intumwa y’Imana Mussa (iii) indagano y’imisi mirongo itatu turayikwizako iyindi misi cumi, ica ikwira yandagano y’umuremyi wiwe y’imisi mirongo ine, n’intumwa y’Imana Mussa (iii) abwira mwene wabo Haruna (iii) ati:- nufate mukibanza canje mu bantu banje ubategure neza, kandi ntukurikire inzira y’abononyi
Verse 143 — Surah Al-Araf 7:143
Mugihe yashika intumwa y’Imana Mussa (iii) kw’isezerano ryacu n’ukuganira n’Umuremyi wiwe, intumwa y’Imana yaciye ivuga iti:- Muremyi wanje nunyereke kugira ngo ndakubone, Imana nayo imwishura iti:- ntushobora kumbona mugabo nurabe k’umusozi niwa bona uwo musozi uhagaze neza urashobora kumbona, rero Umuremyi wiwe mugihe yibonesha kuri uwo musozi, yaciye iwu manyagura, n’intumwa y’Imana Mussa (iii) aca arwa hasi ameze nk’uwaravye, mugihe y’ikangura yaciye avuga ati:- ni wewe nyene iteka, ndasavye ikigongwe kuri wewe, nanje nd’uwambere wabemera ibi vyose
Verse 144 — Surah Al-Araf 7:144
Imana ivuga iti:- ewe ntumwa y’Imana Mussa (iii):- jewe nagutoye kubera abantu bose kubutumwa bwanje nukuvugana na wewe kuri jewe, rero niwakire ibi ndaguhaye kandi ube mu bantu bashima
Verse 145 — Surah Al-Araf 7:145
Duca tumwandikira k’urubaho ibintu vyose n’ubutumwa n’insiguro y’ibintu vyose, rero nubifate nka nkama hanyuma utegeke abantu bawe babufate ubu butumwa neza, kuko ubu vuba nzobereka ibisagara vy’abononyi basenyura amategeko y’Imana
Verse 146 — Surah Al-Araf 7:146
Nzobakingira n’amajambo yanje kuri bamwe bishima ng’aha kw’Isi ata kuri nakumwe bafise, n’ababona ivyemezo ntibavyemere naho babona inzira y’uburokoke ntibayifatako ari inzira ishemeye, mugabo babonye inzira ihuvya baca bayifata nkuko ari inzira nyakuri, ivyo vyose nukubera yuko bahakanye amajambo yacu matagatifu nukuta yitaho
Verse 147 — Surah Al-Araf 7:147
Nabamwe bahakanye amajambo yacu matagatifu nuguhakana guhura n’umusi w’imperuka, ibikorwa vyabo nivyononekaye, mbega bazorihwa ibindi bintu mugabo nikuri bimwe bahora bagira
Verse 148 — Surah Al-Araf 7:148
No munyuma yaho abantu bo kuntumwa y’Imana Mussa (iii) baragize kubisharizo vyabo vy’intama bifise umubiri gusa ufise ijwi, mbega ntibabonye yuko iyo ntama itavugana nabo canke itabarongora inzira, kuko bayigize kuba ariyo mana yabo, nukuba mu bantu bahemukiye imitima yabo
Verse 149 — Surah Al-Araf 7:149
Mugihe bicuza nukubona yuko bamaze kuzimira, baciye bavuga bati:- Umuremyi wacu natatugirira impuhwe zayo nukutugirira ikigongwe, ntankeka tuzoba turi mu bantu bononekewe
Verse 150 — Surah Al-Araf 7:150
Mugihe intumwa y’Imana Mussa (iii) yagaruka ku bantu biwe nawe yashavuye afise n’agahinda, yaciye avuga ati:- icegera kibi mwansigiye munyuma yanje namaze kugenda, mbega mwabaye imbere y’amategeko y’Umuremyi wanyu? Aca ajugunya vyabibaho yari afise, aca afata k’umutwe wamwene wabo amukwegera kuri we n’ukuvuga ati:- ewe mwene mama, mu vy’ukuri abantu banje barangaye kugeza naho bagomba kungandagura, rero nawe ntubanezereze abo bansi kubera jewe, kandi ntunshire hamwe n’abantu babi bahemukiye imitima yabo
Verse 151 — Surah Al-Araf 7:151
Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- Muremyi wanje numbabarire jewe hamwe namwene wanje hanyuma utwinjize mumpuhwe zawe kuko ari wewe nyene impuhwe nyinshi gusumba abafise impuhwe bose
Verse 152 — Surah Al-Araf 7:152
Mu vy’ukuri bamwe bagize intama yuko ariyo Mana yabo, abo bantu bazoshikirwa n’ishavu rivuye ku Muremyi wabo hamwe n’ibimaramare bininiya vyo mubuzima bwabo bwo ng’aha kw’Isi, uku rero niko duhemba abiyadukiza mw’idini ry’Imana
Verse 153 — Surah Al-Araf 7:153
Nabamwe bagize amabi hanyuma bagasaba imbabazi munyuma yivyo bagize n’ukwemera Umuremyi wawe munyuma yibi vyose, nuko ariyo nyene ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
Verse 154 — Surah Al-Araf 7:154
Mugihe ishavu ry’intumwa y’Imana Mussa (iii) ryacureha, yaciye atora zambaho yajugunya, no munyandiko zayo harimwo uburokoke n’imigisha kuri barya bantu batinya Umuremyi wabo
Verse 155 — Surah Al-Araf 7:155
N’intumwa y’Imana Mussa (iii):- yaciye atora abantu mirongo indwi mu bantu biwe kumasezerano yacu, mugihe bashikirwa n’inyiganzwa ry’isi rininiya, intumwa y’Imana Mussa (iii) yaciye ivuga iti:- Muremyi wanje, iyo uba ubishaka wari kubahonya abo bantu hamwe na jewe kuva kera, none uduhoneje kubera ivyo bakoze vyabijuju muri twebwe, rero ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari ibigeragezo vyawe, rero ureka uwuzimira kuwo wishakiye hanyuma ukarongora uwo wishakiye, ni wewe udukingiye, rero nutugirire ikigongwe kandi uduhe n’impuhwe zawe, nawe ni wewe mwiza wukugira ikigongwe
Verse 156 — Surah Al-Araf 7:156
Kandi utwandikire ineza kuri iy’Isi no mw’ijuru, kuko twebwe dusubiye iwawe, Imana ica ivuga iti:- ibihano vyanje nzobishikiriza uwo nishakiye, n’imigisha yanje ndashobora kuyikwiza kubintu vyose, mugabo nzoyishikiriza kuri bamwe bikinze n’ivyo nababujije hamwe n’abatanga imperezwa hamwe n’abemera amajambo yacu
Verse 157 — Surah Al-Araf 7:157
Abakurikira intumwa y’Imana ariyo ntumwa itazi gusoma n’ukwandika, bakaba bayibona gusa muvyanditswe iwabo mugitabu ca Taurati n’igitabu c’Injili, ikaba yabategeka kugira ineza n’ugutuza ibintu bibi, nukubaha uburenganzira bw’ukugira ibintu vyiza, hamwe n’ugutuza amabi, nukuba kurira ibibaremereye hamwe n’iminyororo yari hejuru yabo, rero bamwe bayemera bimwe vy’ukuri nukuyisonera hamwe nukuyifasha nugukurikira umuco wamanuwe nayo, abo nibo bantu bene intsinzi
Verse 158 — Surah Al-Araf 7:158
Vuga uti:- mwebwe bantu, mu vy’ukuri jewe nd’intumwa y’Imana kuri mwebwe mwese, Imana ifise ubwami bw’Amajuru n’Isi, rero ntawundi ategerezwa gusengwa atariyo yonyene gusa, niyo irema kandi niyo yica, rero nimwemere Imana hamwe n’intumwa yayo ariyo ntumwa itazi gusoma n’ukwandika ikaba ariyo yemera Imana hamwe n’amajambo yayo, kandi nimuyikurikire kugira ngo murongoke
Verse 159 — Surah Al-Araf 7:159
Nomu bantu b’intumwa y’Imana Mussa (iii) hari abantu barongora abandi munzira y’ukuri nokuri uko kuri baragutumbera ko
Verse 160 — Surah Al-Araf 7:160
Twarabagabuye mwo amoko cumi n’abiri, n’intara zitandukanye, nuguha intumwa y’Imana Mussa (iii) mugihe bamusaba amazi abantu biwe yuko yokubita inkoni yiwe kw’ibuye, mumwanya haca haboneka amasoko cumi n’abiri avuye muri iryo buye, n’abantu bose baca baramenya ubunywero bwabo bwukunywera ko, duca tubereka ibicu nukuba manurira ibifungugwa vyitiriwe kw’izina rya Manna na Salwaa tubabwira duti:- nimufungure neza kuri ibi bifungurwa twabahaye, kandi ntibaduhemukiye twebwe, ahubwo nibo bahemukiye imitima yabo
Verse 161 — Surah Al-Araf 7:161
Mugihe babwirwa bati:- nimube muri iki gisagara nomurico mufungure aho mushaka hose kandi muvuge muti:- duhanagurire ibicumuro vyacu kandi mwinjire murugi n’ubugamburutsi ntangere natwe tuzobagirira ikigongwe kumakosa yanyu kandi tuzobongereza ineza kubikorwa vyiza bagize
Verse 162 — Surah Al-Araf 7:162
Bamwe bahemukiye imitima yabo muribo barahinduye iyindi mvugo atari imwe babwirwa, rero tuzobarungikira ibihano bivuye mw’ijuru, kuvyo bahora bihemukira kubwabo
Verse 163 — Surah Al-Araf 7:163
Nimubaze inkuru z’ibisagara vyari kunkengera z’ikiyaga, mugihe basenyura amategeko y’umusi wagatandatu, hanyuma amafi yabo yabashikira kuri uwo musi wagatandatu no kumisi itari iyo yagatandatu atahora abashikira, rero uku niko twabahaye ibibazo kubera ukwiyonkora kwabo
Verse 164 — Surah Al-Araf 7:164
Nabamwe mu bantu bo muribo mugihe bavuga bati:- hari inyungu nyabaki y’ugutuza abantu Imana izobica canke izohana kubihano bikaze cane, nabo bishuye bati:- turonke ivyitwazo imbere y’Umuremyi wanyu, nkumbure nabo botinya
Verse 165 — Surah Al-Araf 7:165
Rero mugihe babinegura muvyo bahora bibutswa, twararokoye bamwe bahora batuza amabi, duca duhana bamwe bahemukiye imitima yabo kubihano bibi cane mukwiyonkora kwabo
Verse 166 — Surah Al-Araf 7:166
Mugihe bishima cane nukutareka ivyo twababujije twababwiye duti:- nimube inkende z’ibimaramare
Verse 167 — Surah Al-Araf 7:167
Mugihe Umuremyi wawe yamenyesha yuko azobazanira kugeza k’umusi w’imperuka abantu bazobahana kubihano bibi cane, mu vy’ukuri Umuremyi wawe aroroshe muguhana kandi ntankeka niyo ifise ikigongwe cinshi c’impuhwe zihagije
Verse 168 — Surah Al-Araf 7:168
Twaraba tandukanije ng’aha kw’Isi tubagira imirwi itandukanye, kuko muribo harimwo abantu b’intungane, n’abandi muribo n’abatandukanye nabo, natwe twarabahaye ibibazo vyinshi vy’amahirwe hamwe n’amabi, kugira ngo basubire muruhongore
Verse 169 — Surah Al-Araf 7:169
Munyuma yaho haciye hasubirirwa n’urundi runganwe rubi cane rwatoranye ibisigi vy’igitabu batoramwo ivyabujijwe vyo ng’aha kw’Isi bavuga bati:- twebwe tuzogirirwa ikigongwe n’ibindi nk’ibi nivyadushikira navyone tuzovyakira, mbega ntibagiriwe amasezerano yomu gitabu yuko batazo vuga amajambo bayegeka ku Mana atari ukuri gusa, nabo bakaba baramaze gusoma ibiri muri ico gitabu, n’inzu yo mw’ijuru izobabera nziza muri bamwe batinya Imana yabo y’ukuri, mbega mwebwe ntimutegera
Verse 170 — Surah Al-Araf 7:170
Nabamwe bafata igitabu c’Imana nka nkama nuguhagarika amasengesho tuzobahenba ineza, mu vy’ukuri natwe ntidutakaza impembo z’abagira ineza
Verse 171 — Surah Al-Araf 7:171
Mugihe twasenyura umusozi hejuru yabo nkakumwe kw’igicu, nabo baca biyumvira yuko uwo musozi uhava ubarwako, duca tubabwira duti:- nimuwufate nka nkama muvyo twabahaye, kandi mwibuke ibirimwo kugira ngo mushobore gutinya
Verse 172 — Surah Al-Araf 7:172
N’Umuremyi wawe mugihe yabazana bari mu bantu bavuye muribo kandi ari no muruvyaro rwabo n’ukubemeza kumitima yabo avuga ati:- mbega jewe sindi Umuremyi wanyu? Nabo bishura bati:- egome, ni wewe kandi turemeje yuko mutazovuga k’umusi w’imperuka yuko twebwe twari twasamaye n’ibi tutari tubizi
Verse 173 — Surah Al-Araf 7:173
Canke ngomuvuge yuko abavyeyi bacu nibo bagereranije Imana n’ibindi bintu aho hambere, natwe twari murunganwe rwanyuma yabo, yuko uzo duhonya kubera amabi bagize abo bantu babi
Verse 174 — Surah Al-Araf 7:174
Uku rero niko dutandukanya aya majambo y’Imana matagatifu twizera yuko bazogaruka
Verse 175 — Surah Al-Araf 7:175
Nubasomere inkuru zabamwe twahaye amajambo yacu matagatifu nabo baca barayiyambura, Shetani nayo ica irabakurikirana, baca baba mu bantu batakaye
Verse 176 — Surah Al-Araf 7:176
Iyo dushaka twari kubarerura kuri ayo majambo y’Imana matagatifu, mugabo bagumye bamatanye n’Isi n’ugukurikira ivyo imitima yabo yipfuza, rero uko bameze nink’imbwa uyikubise ica itera akaruru n’uguhema hema, nahone utayikubise iguma ihema hema, uku niko abantu bameze mubahakanye amajambo yacu matagatifu, rero nuvuge ivyabaye nkumbure bokwiyumvira
Verse 177 — Surah Al-Araf 7:177
N’ububisha bumeze gute bw’akarorero kabahakanye amajambo yacu matagatifu, nuguhemukira imitima yabo
Verse 178 — Surah Al-Araf 7:178
Uwuzoba rongora n’Imana nabo nibo bazoba barongotse, nayo abo izoreka ngo bazimire, abo nibo bazoba bari muruhombo
Verse 179 — Surah Al-Araf 7:179
Kandi ntankeka twarabaremeye umuriro witiriwe Jahannama, benshi mubisigo no mu bantu, bakaba bafise imitima mugabo ntibategera, n’amaso barayafise mugabo ntibabona n’amatwi barayafise mugabo ntibumva, abo bantu ni nk’ibikoko ahubwo n’abantu bazimiye cane, kandi nibo ataco bibuka nagatoyi
Verse 180 — Surah Al-Araf 7:180
N’Imana ifise amazina meza meza rero nimuyisabe kuri ayo mazina yayo kandi mubareke bamwe bonona ubutagatifu bw’amazina yayo, ubu vuba bazohembwa impembo kuvyo bahora bagira
Verse 181 — Surah Al-Araf 7:181
Nomuri bamwe twarema harimwo abantu barongora abandi k’ukuri, n’ukugira k’ubutungane bwuko kuri nyene
Verse 182 — Surah Al-Araf 7:182
Nabamwe bahakanye amajambo yacu matagatifu tuzobakwega buhoro buhoro kuburyo bonyene batazo bimenya na gatoyi
Verse 183 — Surah Al-Araf 7:183
Nanje nzobaha ikiringo gikwiye mu vy’ukuri ubushobozi bwanje burahagije
Verse 184 — Surah Al-Araf 7:184
Mbega ntibiyumvira uyo muntu wabo yuko adakomeye neza mu mutwe? Kandi ntiyari kuba ariwe atari uko ari umuntu atuza kandi aboneka neza
Verse 185 — Surah Al-Araf 7:185
Mbega ntibaraba ubwami bw’Amajuru n’Isi hamwe n’ibintu Imana yaremye? Nukuba nkumbure urupfu rwabo ruri hafi, rero munyuma yaya majambo matagatifu hoba hariho ibindi biganiro nyabaki bazokwemera
Verse 186 — Surah Al-Araf 7:186
Abo Imana ireka ngo bazimire ntawundi muntu yobarongora nayo irabareka mubuzimire bwabo bataya taya hirya no hino
Verse 187 — Surah Al-Araf 7:187
Barakubaza kubijanye n’igihe kizobonekera mbega hazoba iki? Wewe nuvuge uti:- ubumenyi bwayo buri ku Muremyi wanje gusa, ntan’umwe ashobora kugaragaza kumwanya wayo atariyo yonyene gusa, n’ibiremeye mu biri mw’ijuru no kw’Isi, kandi ntibizobashikira atari uko bizoshika giturumbuka, kandi barakubaza yuko wayirondeye wewe vuga uti:- ubumenyi bwayo buri ku Mana yonyene gusa, mugabo abantu benshi ntavyo bazi na gatoyi
Verse 188 — Surah Al-Araf 7:188
Vuga uti:- ntabushobozi mfise bw’ukwiha agahengwe akariko kose, canke ubwo kwikurira ingorane izarizo zose mfise, atari uko Imana yonyene yabishatse, niyo menya ibitarabaho nari kurushiriza ibikorwa vyiza kandi vyinshi, kandi sinari gukorwako n’inabi, nanje ntaco ndimwo mugabo ndi mubatuza kandi nd’umutanga butumwa bwiza ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri
Verse 189 — Surah Al-Araf 7:189
Niyo yabaremye mumutima umwe, no muri uwo mutima niyo yaremye abapfasoni babo kugira ngo baronke ihumure kuribo, n’igihe bahujije ibitsina vyabo aca asama imbanyi yoroshe nukuyigendana, rero yibungenze bose uko ari babiri bama basaba Imana Umuremyi wabo bavuga bati:- niwaduha ikibondo c’intungane tuzoba turi mu bantu bakenguruka
Verse 190 — Surah Al-Araf 7:190
Rero mugihe yabaronsa ikibondo c’intungane baca bamugereranya n’izindi Mana muvyo yabahaye, ni ninahazwe Imana nivyo bayigereranyako n’ibindi bintu
Verse 191 — Surah Al-Araf 7:191
Bayigereranya Imana n’ibindi bintu kuri bamwe ataco barema mugihe aribo baremwe
Verse 192 — Surah Al-Araf 7:192
Kandi ntibashobora kubafasha, canke ntibashobora kwifashisha ku mitima yabo
Verse 193 — Surah Al-Araf 7:193
Nimwaba hamagara munzira y’uburokoke ntibazokwigera baba kurikira, ni vyiza rero kuri mwebwe mubahamagaye canke mukihorera
Verse 194 — Surah Al-Araf 7:194
Mu vy’ukuri bamwe babasenga aho gusenga Imana yonyene rudende, n’abantu nkamwe, nimugerageze kuba hamagara nabo babitabe, nimwaba muvugisha ukuri kwama
Verse 195 — Surah Al-Araf 7:195
Mbega barafise amaguru bagirako, canke barafise amaboko bafatirako, canke barafise amaso babonerako, canke barafise amatwi bumvirako, wewe vuga uti:- nimuhamagare abo mugereranyako Imana n’ibindi bintu, hanyuma mungirire amarorerwa ayari yo yose, kandi ntimumpe umwanya na mutoyi
Verse 196 — Surah Al-Araf 7:196
Uwunkingiye jewe n’Imana yanje yamanuye iki gitabu ceranda ca Qur’ani, nayo niyo ibarinda abagira ineza bose
Verse 197 — Surah Al-Araf 7:197
Nabamwe bayisenga atari Imana y’ukuri, ntabushobozi bafise bw’ukuba kingira canke ubwo gukingira imitima yabo
Verse 198 — Surah Al-Araf 7:198
Nimwaba hamagarira muburokoke kuribo ntavyo bazokwigera bumva, mugabo ubabona bakwitegereza mugabo batabona
Verse 199 — Surah Al-Araf 7:199
Nushigikirane mukugira ikigongwe hamwe n’ugutegeka mukugira ineza, kandi ntiwiteho abadafise ubwenge
Verse 200 — Surah Al-Araf 7:200
Niwashikirwa n’impungenge za Shetani, niwirinde ku Mana yawe ntankeka niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
Verse 201 — Surah Al-Araf 7:201
Bamwe batinya Imana yabo y’ukuri, mugihe bakozweko n’amohe ya shetani mukanya baba babonye inzira
Verse 202 — Surah Al-Araf 7:202
Na bene wabo babakwegera muruhombo, hanyuma nabo ntibareka kuba zimiza
Verse 203 — Surah Al-Araf 7:203
Nutabashikiriza amajambo y’Imana matagatifu baca bavuga bati:- ni kuki atizitirira wenyene? Vuga uti:- jewe nkurikiza ivyo neretswe bivuye ku Muremyi wanje, aya majambo y’Imana matagatifu n’ikimenyetso kivuye ku Muremyi wanyu aribwo burokoke n’impuhwe ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri
Verse 204 — Surah Al-Araf 7:204
Mugihe hasomwe amajambo y’Imana matagatifu nimuyumvirize kandi muceceke kugira ngo muronke impuhwe zayo
Verse 205 — Surah Al-Araf 7:205
Nuvuge Umuremyi wawe k’umutima wawe n’ubwitonzi ntangere n’ukuyitinya utarinze gukoma induru muri ayo majambo yawe, haba mugitondo no kumugoroba, kandi ntube mubasamaye
Verse 206 — Surah Al-Araf 7:206
Bamwe bari ku Muremyi wabo ntibishima mukugira amasengesho y’Umuremyi wabo, kandi bayihayagiza nukuyipfukamira bashize imitwe yabo hasi