Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 70 - Al-Maarij
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Al-Maarij 70:1
Uwabajije abaza kubijanye n’ibihano bizoba
Verse 2 — Surah Al-Maarij 70:2
Kubera abahakanyi b’Imana y’ukuri bada shobora kuwu hagarika uwo musi
Verse 3 — Surah Al-Maarij 70:3
Bivuye ku Mana nyene iteka rikuru cane
Verse 4 — Surah Al-Maarij 70:4
Abamarayika hamwe n’imitima y’abantu bose yama iduga iwe k’umusi waho ikiringo cayo ari imyaka ibihumbi mirongo itanu
Verse 5 — Surah Al-Maarij 70:5
Rero ni wigumye kuwigumya neza
Verse 6 — Surah Al-Maarij 70:6
Mu vy’ukuri uwo musi w’umuhero w’isi bo bawubona yuko uri kure cane
Verse 7 — Surah Al-Maarij 70:7
Natwe tuwubona yuko uri hafi cane
Verse 8 — Surah Al-Maarij 70:8
Umusi amajuru azoba nk’ubutare bw’umujumpu bwashaye cane
Verse 9 — Surah Al-Maarij 70:9
N’Imisozi ikazoba nk’isufi zaguruwe ziri mukirere
Verse 10 — Surah Al-Maarij 70:10
N’umugenzi ntazo baza mugenzi wiwe
Verse 11 — Surah Al-Maarij 70:11
Naho bogirwa ngo babonane nuwuri mumakosa azokwipfuza yuko yo kwikombora n’ibihano vy’uwo musi w’umuhero w’Isi mu gutanga ibibondo vyiwe
Verse 12 — Surah Al-Maarij 70:12
N’umukenyezi wiwe hamwe na bene wabo
Verse 13 — Surah Al-Maarij 70:13
N’abagenzi biwe bamukikuje kumpande zose
Verse 14 — Surah Al-Maarij 70:14
N’ibiri kw’isi vyose hanyuma arokoke
Verse 15 — Surah Al-Maarij 70:15
Mugabo sivyo, mu vy’ukuri uwo n’umuriro waka neza cane
Verse 16 — Surah Al-Maarij 70:16
Ubabura urukoba rw’umubiri rimwe na rimwe
Verse 17 — Surah Al-Maarij 70:17
Uzo hamagara kuwahindukije umugongo wiwe nuguhindukira mu kutitaho inyigisho z’amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani
Verse 18 — Surah Al-Maarij 70:18
N’uwegeranije amatungo yiwe hanyuma akayaziganya
Verse 19 — Surah Al-Maarij 70:19
Mu vy’ukuri umuntu yaremwe n’igihababu cinshi
Verse 20 — Surah Al-Maarij 70:20
Mugihe ashikiwe n’ishari niho aca asimbwa n’umutima
Verse 21 — Surah Al-Maarij 70:21
Ashikiwe n’amahirwe aca yigungira ko
Verse 22 — Surah Al-Maarij 70:22
Dukuye mwo abasenga Imana yabo y’ukuri
Verse 23 — Surah Al-Maarij 70:23
N’abatsimbataza amasengesho yabo
Verse 24 — Surah Al-Maarij 70:24
N’abafise mu matungo yabo harimwo igice cabo kizwi neza
Verse 25 — Surah Al-Maarij 70:25
Kubera uwasavye n’uwigumya mu kudasega
Verse 26 — Surah Al-Maarij 70:26
N’abemera umusi w’impembo
Verse 27 — Surah Al-Maarij 70:27
N’abatinya ibihano vy’Umuremyi wabo
Verse 28 — Surah Al-Maarij 70:28
Mu vy’ukuri ibihano vy’Umuremyi wabo si ivyu kurokoka kw’umuntu w’umunyavyaha
Verse 29 — Surah Al-Maarij 70:29
N’abapfuka ibitsina vyabo
Verse 30 — Surah Al-Maarij 70:30
Dukuye mwo abakenyezi babo canke bamwe batunzwe bari mu minwe yabo y’iburyo, abo nibo badatabwako umwikomo
Verse 31 — Surah Al-Maarij 70:31
Mugabo abipfuza kuronka ibitari ibi, abo nibo barenga imbibe zagenywe n’Imana
Verse 32 — Surah Al-Maarij 70:32
Naba ziganya ivyabo hamwe n’amasezerano yabo
Verse 33 — Surah Al-Maarij 70:33
Naba hagaze neza mukuba ivyabona vyabo
Verse 34 — Surah Al-Maarij 70:34
Naba bunga bunga amasengesho yabo
Verse 35 — Surah Al-Maarij 70:35
Abo nibo bazoba bari mu mirima bafise urupfasoni ntangere
Verse 36 — Surah Al-Maarij 70:36
Bafise iki bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri mugihe bagukanuriye amaso yabo gusa
Verse 37 — Surah Al-Maarij 70:37
Imirwi y’abantu n’iyindi izoba iri k’uruhande rw’iburyo n’ibubamfu
Verse 38 — Surah Al-Maarij 70:38
Mbega umwe wese muribo yizeye yuko azo kwinjizwa muri iryo juru ry’imigisha
Verse 39 — Surah Al-Maarij 70:39
Oya! Sivyo, mu vy’ukuri twebwe twabaremye muvyo bazi
Verse 40 — Surah Al-Maarij 70:40
Rero ndarahiye ku Muremyi wo m’ubuseruko bwose no mu burengero bwose yuko twebwe tubishoboye
Verse 41 — Surah Al-Maarij 70:41
Kubahindura abari intungane gusumba abahahora, natwe ntitunaniwe
Verse 42 — Surah Al-Maarij 70:42
Rero nimubareke biyagire ayamuhe bateko bafyinate, kugeza naho bazobona umusi wabo bemerewe
Verse 43 — Surah Al-Maarij 70:43
Umusi bazova mu ntatemwa zabo ningoga na ningoga nkuko birukira aho basiganirwa ho
Verse 44 — Surah Al-Maarij 70:44
Amaso yabo azoba yunamye apfutswe n’ibimaramare, uwo niwo musi bahora bemererwa