Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 78 - An-Naba
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah An-Naba 78:1
Babazanya inkuru nyabaki
Verse 2 — Surah An-Naba 78:2
Ya nkuru niniya
Verse 3 — Surah An-Naba 78:3
Ariyo batumvikana ko
Verse 4 — Surah An-Naba 78:4
Ni bageze ngaho, ubu vuba bazo menya ukuri kwayo
Verse 5 — Surah An-Naba 78:5
Kandi ni bageze ngaho, kuko ubu vuba bazo menya ukuri kwama
Verse 6 — Surah An-Naba 78:6
Mbega ntitwagize iy’Isi kuba nk’ubusaswa
Verse 7 — Surah An-Naba 78:7
N’Imisozi kuba nk’inkingi
Verse 8 — Surah An-Naba 78:8
Turema abagabo n’abagore
Verse 9 — Surah An-Naba 78:9
Tugira itiro ryanyu nk’Urupfu
Verse 10 — Surah An-Naba 78:10
Tugira Ijoro nk’impuzu mwipfuka
Verse 11 — Surah An-Naba 78:11
Tugira Umutaga nk’ukuzuka
Verse 12 — Surah An-Naba 78:12
Twubaka hejuru yanyu Amajuru indwi akoma komeye
Verse 13 — Surah An-Naba 78:13
Tugira itara ryaka rifise ubushuhe bukaze cane
Verse 14 — Surah An-Naba 78:14
Dushungurura amazi ashunguruka avuye mubicu
Verse 15 — Surah An-Naba 78:15
Kuriyo tunagishe bimwe mu bijanye n’ibiterwa
Verse 16 — Surah An-Naba 78:16
N’imirima irimwo ibiti vyegeranye n’ibindi
Verse 17 — Surah An-Naba 78:17
Mu vy’ukuri k’umusi w’intahe wagenewe isango ryayo ntabanduka
Verse 18 — Surah An-Naba 78:18
Umusi hazovuzwa inzamba namwe muzorenguka muri mumirwi n’iyindi
Verse 19 — Surah An-Naba 78:19
N’amajuru azo kwugururwa abe imiryango n’iyindi
Verse 20 — Surah An-Naba 78:20
N’imisozi izo kurwaho ibe nk’amazi ubonera kure
Verse 21 — Surah An-Naba 78:21
Mu vy’ukuri umuriro witiriwe Jahannamu urindiriye abantu b’inkozi z’ibibi
Verse 22 — Surah An-Naba 78:22
N’ubwicaro bw’abononyi
Verse 23 — Surah An-Naba 78:23
Bazo kwicaramwo imyaka myinshi ibinjana n’ibinjana
Verse 24 — Surah An-Naba 78:24
Ntibazo honjeramwo akabeho canke ibinyobwa
Verse 25 — Surah An-Naba 78:25
Atari amazi abira cane hamwe n’amashira
Verse 26 — Surah An-Naba 78:26
N’impembo ikwiranye neza n’ibikorwa vyabo
Verse 27 — Surah An-Naba 78:27
Mu vy’ukuri ntibatinya uguharurwa n’Imana
Verse 28 — Surah An-Naba 78:28
N’uguhakana amajambo yacu matagatifu y’Imana bimwe bihanitse
Verse 29 — Surah An-Naba 78:29
Mugihe ibintu vyose twabifashe nka nkama mukuvyandika
Verse 30 — Surah An-Naba 78:30
Uno musi nimuhonje ibihano, natwe ntaco tuzobongereza atari ibihano kubindi
Verse 31 — Surah An-Naba 78:31
Ntankeka abagamburukira Imana yabo y’ukuri, bashiriweho intsinzi y’ukuri
Verse 32 — Surah An-Naba 78:32
Imirima hamwe n’imizabibu
Verse 33 — Surah An-Naba 78:33
N’amasugi afise abagabo babo
Verse 34 — Surah An-Naba 78:34
N’ibirahuri vyuzuyemwo ibinyobwa vyiza vyiza
Verse 35 — Surah An-Naba 78:35
Ntibazo kwumva muri ayo majuru amajambo y’insaku canke amajambo y’ubuhakanyi
Verse 36 — Surah An-Naba 78:36
Bazohembwa n’Umuremyi wawe impembo ihagije
Verse 37 — Surah An-Naba 78:37
Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, nyene impuhwe nyinshi, batazoshobora kuvugana nayo
Verse 38 — Surah An-Naba 78:38
Umusi imitima y’abantu bose izohagarara, hamwe n’Abamarayika bose bari kumirongo, hakaba hatazovuga kuri uwo musi atari nyene impuhwe azoba yahaye uruhusha rw’ukuvuga nawe akazo vuga amajambo y’ukuri
Verse 39 — Surah An-Naba 78:39
Uwo niwo musi w’ukuri, rero uwushaka nafate inzira agende ku Muremyi wiwe
Verse 40 — Surah An-Naba 78:40
Mu vy’ukuri twebwe turabakebuye n’ibihano biri hafi y’ugushika, umusi waho umuntu azobona ivyagizwe n’amaboko yiwe uko ari abiri, hanyuma umuhakanyi w’Imana azovuga ati:- iyo nibera ivu