Back to Languages

Rundi - Chapter 81 - At-Takwir

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah At-Takwir 81:1

Igihe izuba rizo zingwa zingwa

Verse 2 — Surah At-Takwir 81:2

N’Inyenyeri nazo mugihe zizo hunguruka

Verse 3 — Surah At-Takwir 81:3

N’Imisozi nayo mugihe izo gendeshwa

Verse 4 — Surah At-Takwir 81:4

N’Ingamiya ziri mumezi yazo mugihe zizo tabwa

Verse 5 — Surah At-Takwir 81:5

N’Ibikoko vyo mw’ishamba mugihe bizo kwegeranywa

Verse 6 — Surah At-Takwir 81:6

N’ibiyaga navyo mugihe bizoturirwa

Verse 7 — Surah At-Takwir 81:7

N’Imitima y’abantu nayo mugihe izoteranywa n’imibiri yavyo

Verse 8 — Surah At-Takwir 81:8

N’umwana w’umwigeme yahambwe akiri muzima mugihe azo bazwa

Verse 9 — Surah At-Takwir 81:9

Kucaha nyabaki yatumwe agandagurwa

Verse 10 — Surah At-Takwir 81:10

N’ibitabu vy’ibikorwa vy’abantu mugihe bizokwizwa ku bantu bose

Verse 11 — Surah At-Takwir 81:11

N’ifukisho ry’Ijuru mugihe rizo fukurwa

Verse 12 — Surah At-Takwir 81:12

N’Umuriro udahera witiriwe Jahannamu mugihe uzo huherwa

Verse 13 — Surah At-Takwir 81:13

N’Ijuru igihe rizo kwegerezwa

Verse 14 — Surah At-Takwir 81:14

Umutima w’umumwe wese uzo menya ico washikirije

Verse 15 — Surah At-Takwir 81:15

Rero ndarahiye kunyenyeri zisubira inyuma

Verse 16 — Surah At-Takwir 81:16

Zigenda hanyuma zika zimangana

Verse 17 — Surah At-Takwir 81:17

No kw’Ijoro mugihe ryinjiye

Verse 18 — Surah At-Takwir 81:18

No mugitondo mugihe hakeye

Verse 19 — Surah At-Takwir 81:19

Mu vy’ukuri iyi Qur’ani ntagatifu n’amajambo yazananye n’intumwa y’Imana ntagatifu Jibrilu (iii)

Verse 20 — Surah At-Takwir 81:20

Afise inguvu n’icubahiro c’iteka imbere y’Imana

Verse 21 — Surah At-Takwir 81:21

Agamburukirwa iyo mw’Ijuru hanyuma akaba yizigirwa

Verse 22 — Surah At-Takwir 81:22

Yuko mugenzi wanyu atari umusazi

Verse 23 — Surah At-Takwir 81:23

Mu vy’ukuri yaramubonye Umumarayika Jibrilu (iii) kurugero rw’amaso ruboneka neza

Verse 24 — Surah At-Takwir 81:24

Kandi s’ingumyi w’ibintu bitazwi

Verse 25 — Surah At-Takwir 81:25

Kandi aya s’amajambo ya Shetani yirukanywe mumigisha y’Imana

Verse 26 — Surah At-Takwir 81:26

Verse 27 — Surah At-Takwir 81:27

Ntiyari kuba iyi Qur’ani ntagatifu atari uko ari icibutso ku bantu bose

Verse 28 — Surah At-Takwir 81:28

Uwushaka muri mwebwe gufata inzira igororotse

Verse 29 — Surah At-Takwir 81:29

Namwe ntimuzo kwemera atari uko Imana Umuremyi w’ibiremwa vyose yabishatse