Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 81 - At-Takwir
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah At-Takwir 81:1
Igihe izuba rizo zingwa zingwa
Verse 2 — Surah At-Takwir 81:2
N’Inyenyeri nazo mugihe zizo hunguruka
Verse 3 — Surah At-Takwir 81:3
N’Imisozi nayo mugihe izo gendeshwa
Verse 4 — Surah At-Takwir 81:4
N’Ingamiya ziri mumezi yazo mugihe zizo tabwa
Verse 5 — Surah At-Takwir 81:5
N’Ibikoko vyo mw’ishamba mugihe bizo kwegeranywa
Verse 6 — Surah At-Takwir 81:6
N’ibiyaga navyo mugihe bizoturirwa
Verse 7 — Surah At-Takwir 81:7
N’Imitima y’abantu nayo mugihe izoteranywa n’imibiri yavyo
Verse 8 — Surah At-Takwir 81:8
N’umwana w’umwigeme yahambwe akiri muzima mugihe azo bazwa
Verse 9 — Surah At-Takwir 81:9
Kucaha nyabaki yatumwe agandagurwa
Verse 10 — Surah At-Takwir 81:10
N’ibitabu vy’ibikorwa vy’abantu mugihe bizokwizwa ku bantu bose
Verse 11 — Surah At-Takwir 81:11
N’ifukisho ry’Ijuru mugihe rizo fukurwa
Verse 12 — Surah At-Takwir 81:12
N’Umuriro udahera witiriwe Jahannamu mugihe uzo huherwa
Verse 13 — Surah At-Takwir 81:13
N’Ijuru igihe rizo kwegerezwa
Verse 14 — Surah At-Takwir 81:14
Umutima w’umumwe wese uzo menya ico washikirije
Verse 15 — Surah At-Takwir 81:15
Rero ndarahiye kunyenyeri zisubira inyuma
Verse 16 — Surah At-Takwir 81:16
Zigenda hanyuma zika zimangana
Verse 17 — Surah At-Takwir 81:17
No kw’Ijoro mugihe ryinjiye
Verse 18 — Surah At-Takwir 81:18
No mugitondo mugihe hakeye
Verse 19 — Surah At-Takwir 81:19
Mu vy’ukuri iyi Qur’ani ntagatifu n’amajambo yazananye n’intumwa y’Imana ntagatifu Jibrilu (iii)
Verse 20 — Surah At-Takwir 81:20
Afise inguvu n’icubahiro c’iteka imbere y’Imana
Verse 21 — Surah At-Takwir 81:21
Agamburukirwa iyo mw’Ijuru hanyuma akaba yizigirwa
Verse 22 — Surah At-Takwir 81:22
Yuko mugenzi wanyu atari umusazi
Verse 23 — Surah At-Takwir 81:23
Mu vy’ukuri yaramubonye Umumarayika Jibrilu (iii) kurugero rw’amaso ruboneka neza
Verse 24 — Surah At-Takwir 81:24
Kandi s’ingumyi w’ibintu bitazwi
Verse 25 — Surah At-Takwir 81:25
Kandi aya s’amajambo ya Shetani yirukanywe mumigisha y’Imana
Verse 26 — Surah At-Takwir 81:26
None muja hehe
Verse 27 — Surah At-Takwir 81:27
Ntiyari kuba iyi Qur’ani ntagatifu atari uko ari icibutso ku bantu bose
Verse 28 — Surah At-Takwir 81:28
Uwushaka muri mwebwe gufata inzira igororotse
Verse 29 — Surah At-Takwir 81:29
Namwe ntimuzo kwemera atari uko Imana Umuremyi w’ibiremwa vyose yabishatse