Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 84 - Al-Inshiqaq
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Al-Inshiqaq 84:1
Igihe Amajuru azo satagurika
Verse 2 — Surah Al-Inshiqaq 84:2
Nigihe azo tega amatwi arekuriwe n’Umuremyi wayo
Verse 3 — Surah Al-Inshiqaq 84:3
N’Isi nayo mugihe izo sanzazwa
Verse 4 — Surah Al-Inshiqaq 84:4
N’ugukura ivyari muriyo igasigara igaragara
Verse 5 — Surah Al-Inshiqaq 84:5
Igatega amatwi ku Muremyi wayo n’ukwemererwa
Verse 6 — Surah Al-Inshiqaq 84:6
Wa muntu we ! mu vy’ukuri wewe urita kurutare kugeza aho muzohura n’Umuremyi wawe, rero ivyo bikorwa vyawe uzobisanga iwe
Verse 7 — Surah Al-Inshiqaq 84:7
Nayo uwuzo habwa igitabu ciwe m’ukuboko kwiwe kw’iburyo
Verse 8 — Surah Al-Inshiqaq 84:8
Rero uyo muntu azo harurwa n’ibiharuro vyoroshe cane
Verse 9 — Surah Al-Inshiqaq 84:9
Kandi azosubira ku bantu biwe mugihe azoba afise akanya kuneza ntangere
Verse 10 — Surah Al-Inshiqaq 84:10
Mugabo uwuzo habwa igitabu ciwe imugongo
Verse 11 — Surah Al-Inshiqaq 84:11
Uyo muntu azo saba urupfu
Verse 12 — Surah Al-Inshiqaq 84:12
Kandi azo kwinjira mu muriro udahera
Verse 13 — Surah Al-Inshiqaq 84:13
Kuko yari afise akanya muneza hamwe n’abiwe
Verse 14 — Surah Al-Inshiqaq 84:14
Yiketse yuko atazo garuka ku Mana yiwe
Verse 15 — Surah Al-Inshiqaq 84:15
N’ukubera iki atagarukira Umuremyi wiwe yamye amubona
Verse 16 — Surah Al-Inshiqaq 84:16
Rero ndarahiye k’ugutukura kw’izuba bugorovye
Verse 17 — Surah Al-Inshiqaq 84:17
No kw’Ijoro hamwe nivyo ryegeranye
Verse 18 — Surah Al-Inshiqaq 84:18
No k’Ukwezi mugihe gukwijije imisi yakwo
Verse 19 — Surah Al-Inshiqaq 84:19
Muzo hura n’ivyabaye hamwe n’ibindi
Verse 20 — Surah Al-Inshiqaq 84:20
None bafise iki ko batemera
Verse 21 — Surah Al-Inshiqaq 84:21
Mugihe basomewe iyi Qur’ani ntagatifu ntibayi gamburukira
Verse 22 — Surah Al-Inshiqaq 84:22
Mugabo bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri baguma bahakana gusa
Verse 23 — Surah Al-Inshiqaq 84:23
N’Imana niyo ifise ubumenyi bwivyo begeranya
Verse 24 — Surah Al-Inshiqaq 84:24
Rero n’ubabwire ibihano bibabaza cane
Verse 25 — Surah Al-Inshiqaq 84:25
Dukuyemwo abemeye Imana bimwe bivuye k’umitima yabo n’ukugira ibikorwa vyiza, abo nibo bazoba bafise impembo idahera