Back to Languages

Rundi - Chapter 88 - Al-Ghashiyah

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah Al-Ghashiyah 88:1

Mbega warashikiwe n’inkuru y’ivyago bizopfuka ibiremwa vyose

Verse 2 — Surah Al-Ghashiyah 88:2

Uwo musi amaso y’abantu azoba afise ibimaramare vyinshi cane

Verse 3 — Surah Al-Ghashiyah 88:3

N’ukugira imirimo ikoma komeye cane iruhisha

Verse 4 — Surah Al-Ghashiyah 88:4

Binjire mu muriro udahera waka cane

Verse 5 — Surah Al-Ghashiyah 88:5

Bazonyweshwa muri ayo mariba abira ukuri kwama

Verse 6 — Surah Al-Ghashiyah 88:6

Ntabifungurwa bazoba bafise atari ibifungurwa vy’amahwa gusa

Verse 7 — Surah Al-Ghashiyah 88:7

Ntibivyibuhisha canke ngo bikure ikigoyi

Verse 8 — Surah Al-Ghashiyah 88:8

Amaso y’abandi bantu kuri uwo musi w’imperuka azoba asayangana neza

Verse 9 — Surah Al-Ghashiyah 88:9

Azoba yashimiwe kubera ibikorwa vyabo bagize

Verse 10 — Surah Al-Ghashiyah 88:10

Zizoba ziri mw’ijuru ry’iteka ntangere

Verse 11 — Surah Al-Ghashiyah 88:11

Ntizizo kwumva muri ayo majuru ibidafise akamaro

Verse 12 — Surah Al-Ghashiyah 88:12

Harimwo amariba y’amazi ashunguruka neza

Verse 13 — Surah Al-Ghashiyah 88:13

Harimwo n’inyegamo z’iteka zitaramuwe hejuru

Verse 14 — Surah Al-Ghashiyah 88:14

N’ibirahuri bishinguwe neza

Verse 15 — Surah Al-Ghashiyah 88:15

N’imisego itondeshejwe kumirongo n’iyindi

Verse 16 — Surah Al-Ghashiyah 88:16

N’ibirago bishashwe neza biteye igomwe

Verse 17 — Surah Al-Ghashiyah 88:17

Mbega ntibitegereza igene Ingamiya yaremwe

Verse 18 — Surah Al-Ghashiyah 88:18

N’Amajuru ingene yareruwe

Verse 19 — Surah Al-Ghashiyah 88:19

N’Imisozi igene yatsimbatajwe

Verse 20 — Surah Al-Ghashiyah 88:20

N’Isi igene twayaguye

Verse 21 — Surah Al-Ghashiyah 88:21

Rero niwibutse mu vy’ukuri wewe n’uwibutsa abantu gusa

Verse 22 — Surah Al-Ghashiyah 88:22

Wewe suwo kubaca imvutu

Verse 23 — Surah Al-Ghashiyah 88:23

Mugabo uwusubiye inyuma n’uguhakana Umuremyi wiwe w’ukuri

Verse 24 — Surah Al-Ghashiyah 88:24

Imana izo muhana ibihano bininiya cane

Verse 25 — Surah Al-Ghashiyah 88:25

Mu vy’ukuri ingaruka yabo niyizoba iwacu

Verse 26 — Surah Al-Ghashiyah 88:26

Hanyuma ntankeka iharurwa ryabo riri hejuru yacu