Back to Languages
Rundi - Chapter 100
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba
Verse 1
Ndarahiye kw’Ifarasi zigenda cane kandi zihema hema
Verse 2
Zigasohora umucanwa kumaguru yazo mugukubita amaguru yazo hasi
Verse 3
Zigatera mugihe co mu gitondo
Verse 4
Zigatumura inkungugu nyinshi muri ico gihe nyene
Verse 5
Zikinjira mumirwi y’abansi kurwana
Verse 6
Ntankeka umuntu arahakana Umuremyi wiwe
Verse 7
Nawe azi ibi vyose
Verse 8
Akaba afise urukundo runiniya cane rw’ugukunda amatungo
Verse 9
Mbega ntazi yuko igihe bazozurwa abari muntatemwa zabo
Verse 10
Mugihe hazoserurwa ibiri mubikiriza vyabo
Verse 11
Yuko Umuremyi wabo azobamenya neza cane kuri uwo musi ibiremwa vyiwe vyose