Back to Languages

Rundi - Chapter 101 - Al-Qariah

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah Al-Qariah 101:1

Ivyago bikubita kumitima y’abantu ariwo muhero w’Isi

Verse 2 — Surah Al-Qariah 101:2

Ivyo vyago bikubita kumutima y’abantu n’ibihe

Verse 3 — Surah Al-Qariah 101:3

N’ijambo nyabaki rizo kumenyesha yuko ivyo vyago bikubita kumitima y’abantu nivyahe

Verse 4 — Surah Al-Qariah 101:4

N’umusi waho abantu bazoba nk’abana b’inzige bashwabagiye hose

Verse 5 — Surah Al-Qariah 101:5

N’imisozi izoba nk’isufi zasanzajwe zitumukira hejuru

Verse 6 — Surah Al-Qariah 101:6

Rero uwo k’umunzani wiwe uzoba uremereye

Verse 7 — Surah Al-Qariah 101:7

Uyo muntu azoba ari mubuzima bumubereye

Verse 8 — Surah Al-Qariah 101:8

Uwuzoba afise k’umunzani wiwe uhoya hoya

Verse 9 — Surah Al-Qariah 101:9

Uyo muntu ubwicaro bwiwe buzoba ari ubwo mumuriro udahera witiriwe Hawiyat

Verse 10 — Surah Al-Qariah 101:10

None n’ijambo nyabaki rizo kumenyesha uwo muriro witiriwe Hawiyat

Verse 11 — Surah Al-Qariah 101:11

N’umucanwa waka cane