Back to Languages

Rundi - Chapter 102 - At-Takathur

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah At-Takathur 102:1

Mwasamaye mukurondera ubwinshi bw’amatungo menshi n’ibibondo hamwe n’ukwihayagiza kurivyo

Verse 2 — Surah At-Takathur 102:2

Kugeza aho mugendera intatemwa z’abantu

Verse 3 — Surah At-Takathur 102:3

Suko! Ubu vuba muzo menya yuko atarivyo

Verse 4 — Surah At-Takathur 102:4

Kandi suko! Ubu vuba muzo menya yuko atarivyo

Verse 5 — Surah At-Takathur 102:5

Suko! Iyo mwoba mufise ubumenyi bw’ukuri

Verse 6 — Surah At-Takathur 102:6

Mu vy’ukuri muzobona umuriro udahera

Verse 7 — Surah At-Takathur 102:7

Hanyuma, mu vy’ukuri muzo wubona uwo muriro bimwe vy’ukuri

Verse 8 — Surah At-Takathur 102:8

Hanyuma, mu vy’ukuri muzo bazwa kuri uwo musi kubijanye n’imigisha mwahawe, n’ingene mwayikoresheje