Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 11 - Hud
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Hud 11:1
Alif, Laam, Ra, (Insiguro yizi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa). Iki n’igitabu amajambo yaco yateguwe neza, kandi atandukanywa neza kuva kwa nyene ubuhizi na nyene ubumenyi bw’ibintu vyose
Verse 2 — Surah Hud 11:2
Kugira ngo ntimuze musenge atari Imana yonyene y’ukuri, mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe ndi uwutuza hamwe n’umutanzi w’inkuru nziza mvuye kuriwe
Verse 3 — Surah Hud 11:3
Kugira ngo musabe ikigongwe ku Muremyi wanyu, hanyuma musubire kuriyo, niyo izobanezereza kuminezero myiza kugeza kugihe cagenywe, kandi izoha impembo kwa nyene impembo ziwe, nimwahakana jewe ntinya kuri mwebwe ibihano vy’umusi mukuru
Verse 4 — Surah Hud 11:4
Ingaruka yanyu niku Mana, nayo niyo nyene ububasha buri hejuru y’ibintu vyose
Verse 5 — Surah Hud 11:5
Nimwumvirize, nibo banyegeza ibiri mumishaha yabo kugira ngo bayinyegeze Imana, nimwumvirize mugihe bipfutse impuzu zabo nayo niyo ifise ubumenyi bw’ivyo banyegeza hamwe n’ivyo baserura, mu vy’ukuri niyo nyene ubumenyi bw’ibiri mumishaha yabo
Verse 6 — Surah Hud 11:6
Ntagikoko na kimwe canke ikiremwa icarico cose kiri kuri iy’Isi atari uko imigisha yaco iri hejuru ku Mana, kandi niyo ifise ubumenyi bw’ubwicaro bwayo budahera, n’ahantu honyene huguhitiramwo gusa, vyose rero biri mugitabu cerekana ibintu vyose
Verse 7 — Surah Hud 11:7
Nayo niyo yaremye Amajuru n’Isi kumisi itandatu, n’inyegamo yayo yari hejuru y’amazi kugira ngo ibagirire ibibazo hanyuma irabe uwariwe wese muri mwebwe afise ibikorwa vyiza, rero niwa vuga uti:- mwebwe muzozurwa mwamaze kwitaba Umuremyi wanyu, abahakanye Imana yabo y’ukuri nabo bazovuga bati:- ibi ntivyamyeho, atari uko ari ibinyoma biri k’umugaragaro
Verse 8 — Surah Hud 11:8
Nitwabatebereza ibihano kugeza kukiringo camaze guharurwa bazovuga bati:- n’igiki kibuza ivyo bihano ntibishike? Nimwumvirize umusi bizobashikira ivyo bihano ntibizokurwako kuribo hanyuma bazokikuzwa nivyo bahora bafata minenerwe
Verse 9 — Surah Hud 11:9
Nitwahonjesha umuntu imigisha iturutse kuri twebwe, hanyuma tugaca tuyimukurako uwo mwanya nyene aca adebukirwa nukutaba umuntu ashima
Verse 10 — Surah Hud 11:10
Nitwamuhonjesha imigisha yacu mugihe yari mungorane zamushikiye mumwanya aca avuga ati:- ingorane zose zamaze kumvako, nawe aca agumana akanyamuneza kenshi cane n’ukwishima kurengeje urugero
Verse 11 — Surah Hud 11:11
Mugabo bamwe bigumya nukugira ibikorwa vyiza, abo nibo bazoronka ikigongwe hamwe n’impembo niniya
Verse 12 — Surah Hud 11:12
Nkumbure woshobora kureka bimwe muvyo weretswe kuri wewe n’igikiriza cawe kigaca cugaranwa kuri ivyo, kubera yuko bavuga bati:- mbega ni kuki tutamanuriwe ububiko canke hakaza abamarayika bari kumwe nawe, wewe uri mu bantu batuza gusa n’Imana niyo ikingira ibintu vyose
Verse 13 — Surah Hud 11:13
Nivy’ukuri bavuga yuko ariwe yaciteguriye wenyene, wewe vuga uti:- rero namwe nimuzane ibisomwa cumi vy’ububeshi vyateguwe nkibi kandi muhamagare abo mushoboye guhamagara atari Imana yonyene nimwaba muvugisha ukuri
Verse 14 — Surah Hud 11:14
Nibatitabira naho mumenye yuko iki gitabu camanuwe n’ubumenyi bw’Imana kandi yuko atawundi Muremyi atariwe wenyene gusa, mbega muzoba abagamburutsi
Verse 15 — Surah Hud 11:15
Abipfuza ubuzima bwo ngaha kw’isi hamwe n’ibisharizo vyayo, twebwe tuzobibahera ngaha kw’isi n’ibikorwa vyabo bikwiye, nabo ng’aha kw’Isi ntibazo zimbwa
Verse 16 — Surah Hud 11:16
Abo nibo ata kintu na kimwe bazoba bafise iyo mw’ijuru atari umuriro wonyene gusa, nivyo bagize vyose ng’aha kw’isi bizogenda akagirire, kandi bizoba impfagusa ivyo bahora bagira vyose
Verse 17 — Surah Hud 11:17
None umuntu afise ibimenyetso bigaragara bivuye ku Muremyi wiwe nugukurikira icabona kivuye ku Mana, ariyo Qur’ani ntagatifu n’imbere yiwe hari igitabu c’intumwa y’Imana Mussa (iii) cari indongozi n’imigisha yabo bamwemera, nayo abazo muhakana muri iyo mirwi, bamenye yuko umukomezwa nibwo bwicaro bw’ihuriro ryabo, rero ntugire amakenga kuri ivyo kuko uku niko kuri kuvuye ku Muremyi wawe, mugabo abantu benshi ntibavyemera
Verse 18 — Surah Hud 11:18
None ni nde yoba ari umuhemu mukuru gusumba uwubeshera Imana yiwe y’ukuri, abo nibo bazokwerekanwa imbere y’Umuremyi wabo hamwe n’ivyabona bizovuga biti:- abo nibo badukanye ububeshi bw’ukubeshera Umuremyi wabo, rero nimwumvirize uwo muvumo w’Imana uri hejuru yabahemukiye imitima yabo
Verse 19 — Surah Hud 11:19
Abantu bazitira inzira y’Imana nugushakako iyo nzira izimangana n’uguhakana uwo musi w’imperuka
Verse 20 — Surah Hud 11:20
Abo bantu ntibashobora guhunga mugihugu kandi ntababa kingira bafise atari Imana gusa , ahubwo bazo kwongerezwa ibihano kuko badashobora kwumva canke kubona
Verse 21 — Surah Hud 11:21
Abo nibo bataye imitima yabo muruhombo, kandi bizo zimangana ivyo bahora badukana navyo
Verse 22 — Surah Hud 11:22
Ntankeka abo nibo bari muruhombo rw’ukuri iyo mw’Ijuru
Verse 23 — Surah Hud 11:23
Mu vy’ukuri bamwe bemera Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza hamwe nukugamburuka ku Muremyi wabo, abo nibo bantu bo mw’ijuru, iyo niyo bazobayo mubuzima bwabo bwose
Verse 24 — Surah Hud 11:24
Iyo mirwi uko ari ibiri uko imeze nink’umuntu afise ubuhumyi hamwe n’uwutumva, n’umuntu abona hamwe n’uwumva mbega abo bantu uko ari babiri barashobora kungana, mbega mwebwe ntimwiyumvira
Verse 25 — Surah Hud 11:25
Natwe twajanye intumwa y’Imana Nuhu (iii) kubantu biwe nukubabwira duti:- jewe kuri mwebwe ndi mubatuza basigura ibintu vyose
Verse 26 — Surah Hud 11:26
Yuko mutosenga uwariwe wese atari Imana yonyene gusa, mu vy’ukuri jewe ndabafitiye ubwoba bw’ibihano vy’umusi ubabaza cane
Verse 27 — Surah Hud 11:27
Aho naho niho bavuze b’abategetsi babamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri bo mubwoko bwabo bati:- twebwe ntitukubona neza atari uko uri umuntu nkatwe, kandi ntitukubona atari uko abagukurikiye ari bamwe baboneka neza yuko batishoboye kuri twebwe no kuvyo twiyumvira ubwambere gusa, kandi ntitubabona yuko mufise ikintu kirenze hejuru yacu, ahubwo tubabona yuko mwebwe muri ababeshi
Verse 28 — Surah Hud 11:28
Yavuze ati:- bantu banje! mubona gute nkiyo noba mfise ibimenyetso biri k’umugaragaro bivuye k’Umuremyi wanje, nukumpa imigisha ivuye kuriyo hanyuma ikayinyegerezako, mbega twobategeka kuyemera namwe muyanka
Verse 29 — Surah Hud 11:29
Namwe bantu banje! Jewe sindabasaba amaronko kubera ibi vyose, kandi ntampembo yanje mfise atari ku Mana yanje, nanje sinzobirukana abemeye Imana yabo y’ukuri, kuko bazohura n’Umuremyi wabo, mugabo jewe ndababona yuko mwebwe muri mubantu bafise ubujuju
Verse 30 — Surah Hud 11:30
Namwe bantu banje! ni nde azomfasha imbere y’Imana ninabirukana, mbega mwebwe ntimwiyumvira
Verse 31 — Surah Hud 11:31
Kandi sindababwira yuko mfise ububiko bw’Imana canke mfise ubumenyi bw’ibintu bitazwi, kandi simvuga yuko jewe ndi Umumarayika, kandi simvuga kuri bamwe bankengera amaso yanyu yuko Imana itazobaha imigisha yayo, Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibiri mumishaha yabo, aha rero ntankeka nzoba ndimu bantu bahemukiye imitima yabo
Verse 32 — Surah Hud 11:32
Bavuze bati:- ewe ntumwa y’Imana Nuhu (iii) warahaririye natwe kandi urarenza urugero kubihari biri hagati yacu na wewe, rero nutuzanire ivyo watwemereye niwaba uri mubantu bavugisha ukuri
Verse 33 — Surah Hud 11:33
Nawe abishura ati:- Imana izobazanira ibishatse, namwe ntimuzo shobora kuyinanira
Verse 34 — Surah Hud 11:34
Kandi impanuro zanje ntaco zizobamarira naho nobahanura, Imana ibishatse yuko muzimira, niwe Muremyi wanyu kandi niwe niho muzosubizwa yo
Verse 35 — Surah Hud 11:35
Ni vy’ukuri, baravuga bamwe batemera Imana y’ukuri yuko ariwe yiyandikiye iyi Qur’ani ntagatifu, wewe vuga uti:- ninaba ari jewe nayiyandikiye intahe ibe kuri jewe, nanje ndi kure y’intahe yanyu
Verse 36 — Surah Hud 11:36
Yareretswe intumwa y’Imana Nuhu (iii) yuko atazo kwemera uwariwe wese mu bantu bawe atari babandi bamaze kwemera, kuri ivyo rero ntuterwe n’agahinda kuvyo bahora bagira
Verse 37 — Surah Hud 11:37
Nubaze ubwato imbere y’amaso yacu nokumategeko yacu, kandi ntumvugishe kuri bamwe bahemukira imitima yabo, mu vy’ukuri abo bantu bazo kwibizwa mumazi
Verse 38 — Surah Hud 11:38
Aguma abaza bwabwato, uko bamucako b’abategetsi b’abahakanyi b’Imana y’ukuri bomuri ico gihe ciwe baguma bamutwenga nawe avuga ati:- nimwaba mwebwe mudutwenga, natwe tuzobatwenga nkuko mudutwenga
Verse 39 — Surah Hud 11:39
Ubu vuba muzomenya uwuzoshikirwa n’ibihano bizomutetereza nuwo ibihano bizomugumako mubuzima bwiwe bwose
Verse 40 — Surah Hud 11:40
N’igihe hashika itegeko ryacu, n’Isi itangura gusesagura amazi yayo twaciye tumubwira duti:- nushire muri ubwo bwato ibintu bibiri bibiri hamwe n’abantu bomurugo rwawe dukuyemwo bamwe itegeko ry’Imana ryarenganye kuribo, hanyuma utware abantu bose bakwemeye, rero abantu batamwemeye hamwe nawe nibakeyi cane
Verse 41 — Surah Hud 11:41
Intumwa y’Imana ica ivuga iti:- nimwurire muri buno bwato kw’izina ry’Imana kandi kube ukugenda kwabwo n’uguhagarara kwabwo, mu vy’ukuri Umuremyi wanje niwe afise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
Verse 42 — Surah Hud 11:42
Bwabwato butangura kugenda nabo bari mumikuba ingana nk’imisozi, nayo intumwa y’Imana Nuhu (iii) aca atera akamo ahamagara umwana wiwe yari kure yiwe ati:- ewe mwananje! niwurire hamwe natwe ntube hamwe nabo bahakanyi b’Imana y’ukuri
Verse 43 — Surah Hud 11:43
Wa mwana yishura Se ati:- jewe nzokwirukira kuri uriya musozi uzonkingira nayo mazi, intumwa y’Imana isubira kwishura wamwana iti:- uno musi ntawukingirwa n’itegeko ry’Imana atari urya Imana yagiriye impuhwe zayo, mumwanya yamikuba y’amazi ica yinjira hagati yabo aca aba mubibijwe muri ayo mazi
Verse 44 — Surah Hud 11:44
Haca havugwa hati:- ewe Isi, nunyikishe ayo mazi yawe, nawe Juru nuhagarike ayo mazi, rero y’amazi yose yaciye anyika kw’itegeko ryagenywe, nabwa bwato buca burahagarara hejuru y’umusozi witiriwe Juudi, haca havugwa yuko hahonejwe kure abantu bahemukiye imitima yabo
Verse 45 — Surah Hud 11:45
N’itumwa y’Imana Nuhu (iii) yarasavye Umuremyi wiwe avuga ati:- ewe Muremyi wanje, ikibondo canje nico mubantu bo murugo rwanje, mu vy’ukuri indagano yawe niy’ukuri nawewe niwe nyene ukuri gusumba abacamanza bose
Verse 46 — Surah Hud 11:46
Imana yavuze iti:- ewe Nuhu (iii) uyu mwana ntari mu bantu bawe, nawe n’umuntu atari afise inyifato nziza, rero ntunsabe muvyo utazi, jewe ndakwinginze ntube mu bantu badafise ubwenge
Verse 47 — Surah Hud 11:47
Intumwa y’Imana Nuhu (iii) ivuga iti:- ewe Muremyi wanje, jewe ndikinze kuri wewe sinze ndagusabe ivyo ntazi, nutangirira imbabazi hamwe n’impuhwe zawe jewe nzoba ndimu bantu bazoronka uruhombo
Verse 48 — Surah Hud 11:48
Havugwa hati:- ewe Nuhu (iii), numanuke n’amahoro avuye iwacu hamwe n’imihezagiro myinshi kuri wewe no hejuru y’abantu muri kumwe nabo, kandi hazoba abandi bantu tuzonezereza hanyuma bazofatwa n’ibihano bizoba bivuye iwacu bibabaza cane
Verse 49 — Surah Hud 11:49
Izi nimuri zankuru z’amabanga tukweretse, nawe ntiwari uzifitiye ubumenyi canke abantu bawe imbere y’iyi Qur’ani ntagatifu itaramanurwa, rero wewe niwigumye mu vy’ukuri kuko impera nziza izoshikira abatinya Imana yabo y’ukuri
Verse 50 — Surah Hud 11:50
N’abantu bo kuntumwa y’Imana Aadi (iii) twarabashikirije mwene wabo Hudu (iii) nawe aca avuga ati:- emwe bantu banje! nimusenge Imana yanyu y’ukuri, kuko mwebwe ntayindi Mana mufise atariyo yonyene, kuko ntimwari kuba mwebwe atari uko mwari mubategura ububeshi gusa
Verse 51 — Surah Hud 11:51
Emwe bantu banje! Jewe sindabasaba impembo hejuru yibi vyose, rero ntiyari kuba impembo yanje atari kurya yandemye, none mwebwe ntimubifata ngo mubishire mubwenge
Verse 52 — Surah Hud 11:52
Namwe bantu banje, nimusabe ikigongwe ku Muremyi wanyu hanyuma musabe imbabazi kuriyo nayo izobazanira ibicu bishunguruka mwo imvura ihagije, kandi izo bongereza inguvu hejuru y’inguvu zanyu rero ntimuze mutirigane nukuba mubantu babi
Verse 53 — Surah Hud 11:53
Nabo bavuze bati:- ewe ntumwa y’Imana Hudu (iii) nturatuzanira ibimenyetso biri k’umugaragaro, kandi natwe ntidushobora guheba Imana zacu kubijanye n’imvugo yawe, kandi natwe ntituzo kwemera nagatoyi
Verse 54 — Surah Hud 11:54
Twebwe ntituvuga atari uko zimwe mumana zacu zimaze kukugirira ibintu bibi nawe aca avuga ati:- jewe nshize icabona ku Mana, namwe mube ivyabona yuko jewe ndi kure yizo Mana mugereranya nazo n’ibindi bintu
Verse 55 — Surah Hud 11:55
Mumusiga wenyene, mwese rero nimungirire imigambi hanyuma ntimumpe ikiringo icarico cose
Verse 56 — Surah Hud 11:56
Jewe nizeye Imana, Umuremyi wanje n’Umuremyi wanyu, ntakiremwa icarico cose atari Imana yonyene icihweza uko yishakiye, ntankeka rero Umuremyi wanje niwe ari hejuru y’inzira igororotse
Verse 57 — Surah Hud 11:57
Nimwasubira inyuma jewe ndamaze kubashikiriza ivyo narungikanywe kuri mwebwe, n’Umuremyi wanje azobagira abazosubirira abandi bantu batari mwebwe, kandi namwe ntimuzo shobora kuyigirira inabi namba, mu vy’ukuri Umuremyi wanje niwe nyene gukingira ibintu vyose
Verse 58 — Surah Hud 11:58
Mugihe hashika itegeko ryacu ry’uguhonywa twaramurokoye intumwa y’Imana Hudu (iii) hamwe n’abamwemeye bose kumpuhwe zivuye iwacu, nukubarokora mubihano bikomeye cane
Verse 59 — Surah Hud 11:59
Abo nibo ba Aadi bahakanye amajambo y’Umuremyi wabo n’ukwiyonjorora kuntumwa z’Imana zabo nugukurikira amategeko y’uwufise igikenye mukwishima cane
Verse 60 — Surah Hud 11:60
Baca bakurikizwa n’umuvumo wongaha kw’Isi no k’umusi w’imperuka, namwe nimwumvirize muvy’ukuri abo bantu ba Aadi barahakanye Umuremyi wabo baca barahonywa abo bantu bokwa Aadi bo kuntumwa y’Imana Hudu (iii)
Verse 61 — Surah Hud 11:61
Nabo kwa Thamudu twarabarungikiye mwene wabo Swalehe (iii) aca avuga ati:- mwebwe bantu banje! nimusenge Imana yanyu, mwebwe nta Mana mufise atari Imana yonyene gusa, niyo yabaremye ibakuye kw’Isi, nukubicarika kuriyo, rero nimuyisabe imbabazi hanyuma mugaruke kuriyo yonyene, mu vy’ukuri Umuremyi wanje ari hafi cane n’ukubakira
Verse 62 — Surah Hud 11:62
Bamwishuye bati:- ewe Swalehe (iii) ntankeka wari mubantu bizewe mukugirirwa ineza natwe imbere yibi vyose, none nawe uratubujije gusenga abasenze ba data bacu ? Mu vy’ukuri twebwe turafise amakenga adukora kumitima yacu kuri ibi bintu uduhamagarira ko
Verse 63 — Surah Hud 11:63
Yavuze ati:- emwe bantu banje! mubona gute nkiyo noba mfise ivyemezo biri k’umugaragaro bivuye ku Muremyi wanje, nayo ikaba yampaye impuhwe zivuye kuriwe, none ni nde azonkingira ku Mana niniyonkora kuriyo, rero ntaco muzonyongereza atari uruhombo gusa
Verse 64 — Surah Hud 11:64
Namwe bantu banje, iyi Ngamiya y’Imana n’ikimenyetso kuri mwebwe, rero nimuyireke irishe kuri iy’Isi y’Imana kandi ntimuyikoreko mukuyigirira inabi ntize ibahonye n’ibihano biri hafi y’ukubashikira
Verse 65 — Surah Hud 11:65
Yangamiya barayibaga, rero intumwa y’Imana Swalehe (iii) aca avuga ati:- nimuhimbarwe muri iki gisagara canyu mumisi itatu yonyene gusa iyo niyo ndagano itari iy’ububeshi
Verse 66 — Surah Hud 11:66
Mugihe hashika itegeko ryacu twaciye turokora intumwa y’Imana Swalehe (iii) hamwe n’abamwemeye bose kumpuhwe zacu nukudateterezwa kuri uwo musi, mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise inguvu n’intsinzi nyakuri
Verse 67 — Surah Hud 11:67
Nabamwe bahemukiye imitima yabo barahonejwe n’akaruru, bubakeraho baturuye mumazu yabo
Verse 68 — Surah Hud 11:68
Nkuko batari muri izo nzu, nimwumvirize mu vy’ukuri uyo Thamudu nabiwe barahakanye Umuremyi wabo, rero uyo Thamudu n’abiwe nabazimanganiye kure
Verse 69 — Surah Hud 11:69
N’intumwa zacu zaragiye kuntumwa y’Imana Ibrahimu (iii) zifise inkuru nziza, baca bavuga bati:- amahoro y’Imana abe kuri wewe, nawe abishura ati:- namwe amahoro y’Imana abe kuri mwebwe, nawe ntiyabaye acicara nabo mumwanya aca abazimana intama
Verse 70 — Surah Hud 11:70
Mugihe yabona yuko amaboko yabo bantu adashikira kuri ivyo bifungurwa yabazimanye, yaciye aterwa n’amakenga nukubatinya, nabo baca bavuga bati:- wewe ntugire ubwoba mu vy’ukuri twebwe twarungitswe kubantu b’intumwa y’Imana Lutwi (iii)
Verse 71 — Surah Hud 11:71
N’umutambukanyi wiwe yari ahagaze, akamwemwe karamusya aratwenga, nawe tumushikiriza ubutumwa bwiza yuko bazokwibaruka ikibondo baze bamuhe izina rya Is’haqa (iii), munyuma yuwo Is’haqa (iii) bazoronka uwundi yitwa Yaaqubu
Verse 72 — Surah Hud 11:72
Umukenyezi w’intumwa y’Imana Ibrahimu avuga ati:- mbega jewe nzokwibaruka nanje nd’umukecuru nuyu Munega wanje nawe ari umusaza ashaje cane, mu vy’ukuri ibi n’ibintu vy’igitangaza cane
Verse 73 — Surah Hud 11:73
Baca bavuga bati:- mbega utangajwe n’itegeko ry’Imana n’impuhwe z’Imana hamwe n’imigisha yayo biri hejuru yanyu, emwe bantu biyi nzu, mu vy’ukuri Imana niyo itegerezwa guhayagizwa nugutakambirwa
Verse 74 — Surah Hud 11:74
Rero ubwoba bumuvuyemwo intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) aca ashikirwa nabwa butumwa bwiza aca atangura guharira natwe kubijanye n’abantu b’intumwa y’Imana Lutwi (iii)
Verse 75 — Surah Hud 11:75
Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yari umuntu atekereje muguhayagiza Imana yiwe kandi akaba yari afise umwete wukugaruka ku Mana yiwe
Verse 76 — Surah Hud 11:76
Ewe Ibrahimu (iii) nureke ivyo vyose mu vy’ukuri itegeko ry’Umuremyi wawe riramaze gushika kandi mu vy’ukuri abo bantu bazoshikirwa n’ibihano bidasubizwa inyuma
Verse 77 — Surah Hud 11:77
N’intumwa zacu mugihe zashika kuntumwa y’Imana Lutwi (iii), yaratetewe kubera abo bashitsi, aca araronka ingorane kuberabo nukuvuga ati:- uyu musi urahambaye cane
Verse 78 — Surah Hud 11:78
Barashitse abantu biwe baza n’ingoga na n’ingoga, n’imbere yibi vyose bamye bari munkozi z’amabi, hanyuma intumwa y’Imana Lutwi (iii) aca avuga ati:- mwebwe bantu banje! Aba n’abigeme banje nibo bisukuye kuri mwebwe, rero nimutinye Imana yanyu kandi ntimuntetereze imbere y’abashitsi banje, mbega muri mwebwe nta muntu w’intungane
Verse 79 — Surah Hud 11:79
Nabo bamwishura bati :- ntankeka wewe uramaze kumenya ukuri kutugenza hejuru yaba bigeme bawe kandi urazi neza ikitugenza nico dushaka
Verse 80 — Surah Hud 11:80
Avuga ati:- iyomba mfise ububasha kuri mwebwe canke nkizera kunkingi ifise ububasha
Verse 81 — Surah Hud 11:81
Nabo bishura bati:- ewe Lutwi (iii), twebwe turi intumwa z’Umuremyi wawe, abo bantu ntibazo gushikira, nawe nugende hamwe n’abantu bawe kugeza hagati y’ijoro, kandi umwe muri mwebwe ntahindukire inyuma atari umutambukanyi wawe gusa, nawe azoshikirwa n’ingorane zizoshikira abo bandi bantu, mu vy’ukuri isango ryabo ni mugitondo, mbega aho mugitondo si hafi cane
Verse 82 — Surah Hud 11:82
Mugihe hashika itegeko ryacu, twaciye twubika Isi, ivyari hejuru tubishira hasi, duca tubamanurira imvura y’umusenyi n’ivu rikomeye rimatanye
Verse 83 — Surah Hud 11:83
Vyashizwe ko ibimenyetso n’Umuremyi wawe, n’ibi bihano ntibiri kure y’abahemukiye imitima yabo
Verse 84 — Surah Hud 11:84
N’abantu bo kwa Mad’yani mwene wabo na Shueibu (iii) yavuze ati:- mwebwe bantu banje! nimusenge Imana yanyu kuko mwebwe ntayindi Mana mufise atari Imana yonyene gusa, kandi ntimugabanye ibipimo canke iminzani yanyu, kuko jewe ndababona yuko mumerewe neza, nanje nkaba ndabatinyira ibihano vy’uwo musi uzoba wabakikuje
Verse 85 — Surah Hud 11:85
Namwe bantu banje! nimukwize ibipimo hamwe n’iminzani yanyu mubutungane kandi ntimuba gabanirize abantu kubintu vyabo kandi ntimu kwiragize amabi mugihugu nukugira ubwononyi
Verse 86 — Surah Hud 11:86
Ivyo Imana yabasigarije nivyo vyiza kubera mwebwe nimwaba mwemera Imana yanyu y’ukuri, nanje sindi mubaba cungera
Verse 87 — Surah Hud 11:87
Bavuze bati:- ewe Shuaibu (iii), amasengesho yawe agutegeka yuko twovavanura nivyo bahora basenga abavyeyi bacu canke tureke kugira ivyo dushaka mumatungo yacu, ntankeka wewe urafise ubumenyi n’uburongozi
Verse 88 — Surah Hud 11:88
Abishura ati:- mwebwe bantu banje! mubona gute nk’iyo noba mfise ivyemezo bivuye ku Muremyi wanje nukumpa imigisha myiza ivuye kuriyo, kandi jewe sinshaka kubankira nukugira ivyo ndababuza kandi sinshaka atari ugukora ivyo nshoboye, kandi sindonswa ingene nofashwa kuri ibi atari Imana yonyene gusa, kuko iwe niho nizeye kandi niwe niho ntumbereye
Verse 89 — Surah Hud 11:89
Namwe bantu banje! ukudahuza nanje ntikubashikane aho mushikirwa nivyaba shikiye abantu bo kuntumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe n’abantu b’intumwa y’Imana Hudu (iii) hamwe n’abantu bo kuntumwa y’Imana Swalehe (iii) hamwe n’abantu bo kuntumwa y’Imana Lutwi (iii) atari kure yanyu
Verse 90 — Surah Hud 11:90
Kandi musabe ikigongwe ku Muremyi wanyu hanyuma muyisabe imbabazi kuriyo, mu vy’ukuri Umuremyi wanje niwe nyene impuhwe nukuba kunda cane
Verse 91 — Surah Hud 11:91
Bavuze bati:- ewe ntumwa y’Imana Shueibu (iii) twebwe ntidutegera cane muvyo wewe uvuga, natwe tukubona yuko wewe ata bushobozi ufise kuri twebwe, iyo aba ari abagenzi bawe twari kugutera iminana, kandi wewe nturi umutegetsi kuri twebwe
Verse 92 — Surah Hud 11:92
Aca avuga ati:- mwebwe bantu banje! abantu banje nibo bafise iteka gusumba mwebwe nugusumba Imana ? Kandi mwagize Imana yuko iba inyuma y’imigongo yanyu, mu vy’ukuri Umuremyi wanje niwe akikuje ivyo mugira vyose
Verse 93 — Surah Hud 11:93
Namwe bantu banje! nimugire ivyo mugira vyose n’ingene muvyiyemeza kubwanyu, nanje ndiko ndagira ivyanje nkuko ndavyiyemeza, ubu vuba muzomenya uwo ibihano bizoshikira kandi bitetereza, n’uwuhe mubeshi kandi murindire nanje ndarindiriye hamwe namwe
Verse 94 — Surah Hud 11:94
Mugihe hashika itegeko ryacu twarokoye intumwa y’Imana Shuaibu (iii) hamwe nabamwe bamwemeye bari kumwe nawe kumpuhwe zacu, na bamwe bahemukiye imitima yabo akaruru niko kasokoye imitima yabo baguma mumazu yabo bahumuye gusa nabo bacikanye
Verse 95 — Surah Hud 11:95
Nkuko batabaye mumazu yabo, rero nimwumvirize abo bantu bokwa Mad’yani ingene bahonejwe nkabokwa Thamudu
Verse 96 — Surah Hud 11:96
Mu vy’ukuri twaramushiriye intumwa y’Imana Mussa (iii) hamwe n’amajambo yacu y’Imana matagatifu hamwe n’ivyemezo biri k’umugaragaro
Verse 97 — Surah Hud 11:97
No kwa Fir’auni hamwe n’abategetsi biwe, mugabo abo bategetsi bakurikije amategeko ya Fir’auni, n’amategeko yiwe ntaburokoke bwari muriyo
Verse 98 — Surah Hud 11:98
K’umusi w’umuhero w’Isi uyo Fir’auni niwe azoba ari imbere y’abantu biwe nukubashikana mumuriro udahera, naho ni habi hameze gute aho hantu bazoshikira
Verse 99 — Surah Hud 11:99
Nabo bakurikijwe n’umuvumo w’aha kw’Isi no k’umusi w’imperuka, n’akaganuke nyabaki bazohabwa atari incuro zibiri
Verse 100 — Surah Hud 11:100
Izi nimuri zankuru z’igisagara tukubwira, zimwe murizo ziriho n’izindi zarahanaguwe
Verse 101 — Surah Hud 11:101
Natwe ntitwabahemukiye mugabo nibo bahemukiye imitima yabo kubwabo, n’Imana zabo bahora basenga aho gusenga Imana yabo y’ukuri, kuko ntaco vyabamariye mugihe hashika itegeko ry’Umuremyi wawe, nabo ntaco babongereje atari uguhonywa gusa
Verse 102 — Surah Hud 11:102
Uko rero niko biba muguhana kw’Umuremyi wawe nayo iriko irahana abantu bomugisagara mugihe bataye umurongo babwiwe, mu vy’ukuri ihana ryayo rirakaze cane
Verse 103 — Surah Hud 11:103
Mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo icipfuzo k’umuntu atinya ibihano vy’umusi w’imperuka, uwo niwo musi hazokwegeranywa abantu, kandi niwo musi hazokwerekanwa abantu bose
Verse 104 — Surah Hud 11:104
Kandi ntidusibisha atari kumwanya waharuwe
Verse 105 — Surah Hud 11:105
Umusi hazoshika ikiremwa muntu ntikizovuga atari kuruhusha rw’Imana, rero bamwe muribo bazoba bamerewe nabi, n’abandi nabo bazoba bamerewe neza
Verse 106 — Surah Hud 11:106
Nayo bamwe bamerewe nabi abo bazoba bari mu muriro udahera muriwo bazoba bakomayo akaruru hamwe n’isefure
Verse 107 — Surah Hud 11:107
Bazobayo mubuzima bwabo bwose kugihe c’ukubaho kw’Amajuru n’Isi dukuyemwo ivyo Umuremyi wawe yashatse, mu vy’ukuri Umuremyi wawe agira ivyo ashatse kugira
Verse 108 — Surah Hud 11:108
Nayo bamwe bazoba bamerewe neza, abo nibo bazoba bari mw’Ijuru bakazobayo mubuzima bwabo bwose kugihe c’ukubaho kw’Amajuru n’Isi, dukuyemwo ivyo Umuremyi wawe yishakiye, ako n’akaganuke kadahera
Verse 109 — Surah Hud 11:109
Rero ntugire amakenga kuvyo basenga abo bantu, kuko ntibasenga atari kuvyo basenze abavyeyi babo baho hambere, ntankeka twebwe tuzobaha igice cabo c’ibihano gikwiye kandi kitagabanijwe
Verse 110 — Surah Hud 11:110
Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Mussa (iii) twaramuhaye igitabu mugabo gishirwamwo amahinyu murico, rero iyo hataba ijambo ryabanje kubaho rivuye ku Muremyi wawe, ntankeka hari gucirwa urubanza ruri hagati yabo, mu vy’ukuri nibo bafise amakenga hejuru yabo ataba humuriza nagatoyi
Verse 111 — Surah Hud 11:111
Mu vy’ukuri umuremyi wawe azobaha abo bantu bose impembo z’ibikorwa vyabo kubungane bwabo, ntankeka Imana niyo ifise inkuru zivyo bagira vyose
Verse 112 — Surah Hud 11:112
Wewe n’ubandanye n’ubwo burokoke nkuko wategetswe n’Imana hamwe nabatumbereye hamwe na wewe kandi ntimurenge imbibe, mu vy’ukuri Imana niyo ibona ivyo mugira vyose
Verse 113 — Surah Hud 11:113
Kandi ntimubizere bamwe bahemukira imitima yabo, ntimuze mufatwe n’umuriro kuko ntimuzoba mufise uwubakingira imbere y’Imana hanyuma namwe ntawuzobafasha
Verse 114 — Surah Hud 11:114
Nuhagarike amasengesho yawe kumasonga abiri y’umutaga hamwe n’igihe c’ijoro kiri hafi y’umutaga, mu vy’ukuri ibikorwa vyiza bikurwaho n’ibikorwa bibi, rero iki n’icibutso kubantu bibuka
Verse 115 — Surah Hud 11:115
Kandi wigumye kuko Imana ntitakaza impembo y’abagira ineza
Verse 116 — Surah Hud 11:116
Mbega ko batarimwo mu bantu baho hambere yanyu bincabwenge, batuza ubwononyi ngaha kw’Isi, dukuyemwo bakeyi muribo aribo twarokoye, nayo abahemukiye imitima yabo bakurikiye kuvyo banejerejwe nukuba mubantu b’abononyi
Verse 117 — Surah Hud 11:117
N’Umuremyi wawe suwo guhonya igisagara kubera ubuhemu bw’imitima yabo gusa mugihe abantu bayo bari mubagira ineza
Verse 118 — Surah Hud 11:118
Iyo Umuremyi wawe abishaka yari kugira abantu bose kuba ari abantu bamwe, kuri ivyo bazobandanya batumvikana
Verse 119 — Surah Hud 11:119
Dukuyemwo abo Umuremyi wawe yagiriye Impuhwe kuri ivyo, rero Imana yarabaremye n’ijambo ry’Umuremyi wawe rizotsimbatara, kandi mu vy’ukuri nanje nzokwuzuza mumuriro udahera ibisigo hamwe n’abantu bose babi
Verse 120 — Surah Hud 11:120
Natwe turakubwira inkuru z’intumwa z’Imana kurizo kuri ivyo twaratsimbataje umutima wawe no kuri ibi washikirijwe n’ukuri hamwe n’icibutso kuri bamwe bemera Imana yabo y’ukuri
Verse 121 — Surah Hud 11:121
Kandi ubabwire bamwe batemera Imana yabo y’ukuri yuko bogira ivyo bashoboye kugira, natwe turiko turagira ivyo dushoboye kugira
Verse 122 — Surah Hud 11:122
Kandi murorere natwebwe turarorereye
Verse 123 — Surah Hud 11:123
Nivy’Imana gusa muvyinyegeje vyose biri ng’aha kw’Isi no mw’Ijuru, n’ibintu vyose bizosubizwa iwe, rero nimuyisenge yonyene kandi muyizere, n’Umuremyi wawe ntiyibagira nivyo muyigirira vyose