Back to Languages

    Rundi - Chapter 16

    Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

    Verse 1

    Itegeko ry’Imana rizoshika, rero ntimuyihimirize kuko niyo yisukuye n’ivyoba bigabanutse vyose hamwe nukuyininahaza kwose nukubayi gereranya Imana n’ibindi bintu vyabo bahakanyi b’Imana y’ukuri

    Verse 2

    Ibamanurira Abamarayika hamwe n’ubutumwa kw’itegeko ryayo kubo yishakiye mubashumvyi biwe yuko batuza abantu, atawundi akwiye gusengwa atari jewe jenyene gusa, rero nimuntinye

    Verse 3

    Niwe yaremye Amajuru n’Isi bimwe vy’ukuri, ari n’iteka ntangere ry’ukuta gereranya Imana n’ibindi bintu vyabo bahakanyi b’Imana

    Verse 4

    Niyo yaremye ikiremwa muntu kw’Ima ry’intanga, mukanya ng’uyo wa muntu yabaye umuntu w’amananiza aboneka neza k’umugaragaro

    Verse 5

    Niyo yaremye ibikoko, murivyo muharonkeramwo ubushuhe n’ubundi bumaro n’ibindi navyo mukavyikenurako

    Verse 6

    Mukanezerwa mugihe muzicuye k’umugoroba nomugihe mubiturukije kuja kurisha mugitondo

    Verse 7

    Nugutwara amatu yanyu iyajana mubisagara mudashobora kuyashikana atari kumakenga n’igorane zihanitse, mu vy’ukuri Umuremyi wanyu n’intore cane kandi niyo nyene imigisha ihagije

    Verse 8

    N’ibitwazi vyanyu arizo farasi hamwe n’ibimeze nk’ifarasi hamwe n’indogobwe kugira ngo muvyurireko bisharije, none mwebwe muzorema ivyo mutazi

    Verse 9

    Ni hejuru y’Imana kwerekana inzira y’ukuri, kuko hariho izindi nzira zitameze neza, rero iyo Imana ibishaka ntankeka yari kubarongora mwese uko mungana

    Verse 10

    Niyo ibamanurira amazi meza avuye mubicu kuriyo muharonkera mwo ibinyobwa no kuriyo niho hanaga ibiterwa murivyo niho murishiriza mwo ibitungwa vyanyu

    Verse 11

    Ibanagishiriza ibiterwa vy’ubwoko bwose harimwo imizayituni hamwe n’imitende n’imizabibu hamwe n’ibindi vyamwa vy’ubwoko bwose, ntankeka muri ivyo vyose harimwo ikimenyetso ku bantu biyumvira yuko Imana iriho

    Verse 12

    Yarabagamburukije Ijoro n’Umutaga hamwe n’Izuba n’Ukwezi n’Inyenyeri nazone zaragamburukijwe kw’itegeko ryayo, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ikimenyetso ku bantu bafise ubwenge

    Verse 13

    N’ibi yakwiragije kw’Isi bifise amabara atandukanye mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ikimenyetso ku bantu bumva ubutumwa bw’Imana

    Verse 14

    Nayo niyo yagamburukije ikiyaga, kugira ngo murico muronke ibifungura bishasha kandi mukure murico ibisharizo mwambara, uca ubona rero ubwato buca muri ivyo biyaga kugira ngo murondere imihezagiro yayo kandi muyikengurukire

    Verse 15

    Kw’Isi ishiraho imisozi kugira ngo ntinyigange namwe muri kuriyo, ibashiriraho inzuzi n’amayira kugira ngo mushobore gutumbera

    Verse 16

    N’ibindi bimenyetso ni kunyenyeri bakurikira inzira zabo

    Verse 17

    Bati:- umwe arema yoba angana na bamwe batarema, mbega mwebwe bantu ntimwibuka

    Verse 18

    Nimwa harura imigisha y’Imana ntimuzo shobora kuyiharura, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije

    Verse 19

    N’Imana irafise ubumenyi bw’ivyo munyegeza hamwe n’ivyo muserura

    Verse 20

    Na barya musenga batari Imana y’ukuri ntanakimwe barema ahubwo nibo baremwe

    Verse 21

    N’abapfuye batari bazima, ntabumenyi bafise bwukumenya igihe bazozurwa

    Verse 22

    Imana yanyu n’Imana imwe yonyene rudende, mugabo bamwe batemera umusi w’imperuka imitima yabo niyo ihakana nabo bagaca bishima

    Verse 23

    Ntankeka Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo banyegeza hamwe n’ivyo baserura, mu vy’ukuri ntikunda abishima

    Verse 24

    Mugihe babwiwe bati:- Umuremyi wanyu yamanuye iki? nabo bishura bati:- n’amajambo y’ububeshi gusa y’abantu bakera

    Verse 25

    Kugira ngo bikorere amatu yabo akwiye yo k’umusi w’imperuka, n’ahantu h’amatu yabamwe babatakaza ata bumenyi bafise nimwumvirize, ayo matu bazoba bikoreye nimabi cane

    Verse 26

    Baragize ingeso bamwe bamyeho imbere yabo rero Imana ica isenyura amazu yabo iyata mumishingi nayo ibisenge vy’amazu bibarwako, baca bashikirwa n’ibihano batazi iyo vyavuye

    Verse 27

    Hanyuma k’umusi w’imperuka Imana izobatetereza n’ukuvuga iti:- bari hehe bamwe mwahora mugereranya nabo n’ibindi bintu hamwe nanje, rero kuberabo mwahora mutongana nabo, nabo bazovuga bamwe bahawe ubumenyi bati:- mu vy’ukuri ibimaramare hamwe n’agahinda k’uno musi uzoba shikira abahakanyi b’Imana

    Verse 28

    Mubo Abamarayika bishe n’abahemukiye imitima yabo rero bazo kwitaba itegeko ry’Imana baze bavuge bati:- ntitwamye tugira amabi ayariyo yose, egome ntankeka Imana niyo ifise ubumenyi buhagije cane kuvyo mwahora mugira

    Verse 29

    Kuri ivyo rero nimwinjire mumiryango yo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu nukwicara muriwo mubuzima bwanyu bwose, n’ubwo bwicaro nabwo n’ahantu habi cane ku bantu bishima

    Verse 30

    Mugihe babwiwe bamwe bemera Imana yabo y’ukuri bati:- ni ikihe kintu Umuremyi wanyu yamanuye? nabo bazokwishura bati:- Imana yatumanuriye amahoro hamwe nabagize ibikorwa vyiza ng’aha kw’Isi bazoronka ineza, mu vy’ukuri inzu yo mw’Ijuru niyo nziza cane, kandi niyo nzu nziza yabagamburukira Imana yabo y’ukuri

    Verse 31

    Imirima y’ubuzima bwabo bwose bazoyinjiramwo hanyuma haze haracamwo imbere yabo inzuzi z’amazi, muriyo bazoronkeramwo ivyo bipfuza mwo vyose, uko niko Imana iriha abayi gamburukira

    Verse 32

    Bamwe Abamarayika bica bari munzira nziza bakavuga bati:- amahoro y’Imana azoba kuri mwebwe, rero nimwinjire mw’Ijuru kubera ivyo mwahora mugira

    Verse 33

    Hari ikindi barindiriye abo bahakanyi b’Imana yabo y’ukuri atari uko Abamarayika babashikira canke bashikirwe n’itegeko ry’Umuremyi wawe, nivyaba ari uko bagize bamwe bamyeho imbere yabo, n’Imana ntiyaba hemukiye, mugabo nibo bahemukiye imitima yabo

    Verse 34

    Rero bashikiwe n’amabi y’ivyo bagize, baca bakikuzwa n’ibihano bamye bahora bafata minenerwe

    Verse 35

    Nayo bamwe bagereranya Imana n’ibindi bintu bavuga bati:- iyo Imana ibishaka ntitwari gusenga icarico cose atariyo yonyene gusa, haba twebwe canke abavyeyi bacu, canke ntitwari kubuza icarico cose atariyo yonyene, rero nivyaba ari uko bagize bamwe bari imbere yabo, mbega hoba hari hejuru y’intumwa z’Imana atari ugushikiriza ubutumwa buri k’umugaragaro gusa

    Verse 36

    Ntankeka twararungitse intumwa y’Imana ku bantu yuko bosenga Imana yabo y’ukuri, nugutandukana na Shetani mubi, rero harimwo muribo abo Imana yarongoye, hakaba n’abandi bari mubuzimire bwatsimbataye kuribo, rero ni mugendere kuri iy’Isi hanyuma murabe ivyabaye kuribo mumpera yabo bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri

    Verse 37

    Niwaba ufise ishaka rininiya ryukuba rongora, mugabo Imana ntirongora uwutakaza uwundi, kandi ntibazo baronka abazoba tabara

    Verse 38

    Nabo bararahira kw’izina ry’Imana kundahiro ikomeye cane yuko Imana itazozura abapfuye, none ni kuki itobazura nayo ari indagano yategetswe kuriyo mugabo benshi muribo ntavyo bazi na gatoyi

    Verse 39

    Kugira ngo ibamenyeshe muvyo batumvikanyeko kandi bamenye abahakanye Imana yabo y’ukuri yuko bari ababeshi

    Verse 40

    Imvugo yacu kukintu dushaka ngo kibe nukukibwira ngo kibe kigaca kiba ubwo nyene

    Verse 41

    N’abimutse kubera Imana yabo y’ukuri munyuma yaho bamaze guhemukirwa ntankeka twebwe tuzobicarika ngaha kw’Isi n’ineza ntangere n’impembo y’umusi w’imperuka nininiya cane iyo boyimenya

    Verse 42

    Bamwe bihanganye n’ukwizera k’Umuremyi wabo

    Verse 43

    Natwe ntitwarungitse intumwa y’Imana imbere yawe tweretse ubwo butumwa, rero nimubabaze abacibuka mutabizi. atari niba abagabo mwebwe

    Verse 44

    Kubimenyetso biri k’umugaragaro hamwe n’ibitabu, tukaba twakumanuriye ubutumwa kugira ngo usigurire abantu ivyamanuriwe kuribo kugirango biyumvire

    Verse 45

    Mbega barabemeje muri bamwe bagira ingeso mbi yuko Imana itazoba cinyiza kuri iy’Isi canke batazo shikirwa n’ibihano bivuye aho batazi

    Verse 46

    Canke Imana ntizobafata mukugenda kwabo hirya no hino hanyuma ntibaze bashobore kuyica muminwe yayo

    Verse 47

    Canke ntizobahana mukubagabanya buhoro buhoro, mu vy’ukuri Umuremyi wanyu n’intungane, kandi niyo nyene impuhwe zihagije

    Verse 48

    Mbega ntibabibona ibintu vyose Imana yaremye mugihe ibitutu vyavyo bikikuje kuva iburyo n’ibubamfu, kandi bipfukamira Imana imitwe yabo iri hasi mugihe bifise ubugamburutsi nyakuri

    Verse 49

    Vyose bipfukamira Imana imitwe nayo iri hasi, kubigira mw’ijuru no kw’Isi haba mubikoko hamwe n’Abamarayika nabone batishima

    Verse 50

    Batinya Umuremyi wabo ari hejuru yabo, nukugira ivyo bategetswe

    Verse 51

    N’Imana yaravumereye iti:- ntimugire Imana ngo zibe zibiri, mu vy’ukuri niwe Muremyi umwe wenyene gusa, rero nimuntinye jewe gusa

    Verse 52

    Nirwiwe ibiri mw’Ijuru no kw’Isi, n’amasengesho yose akwiriye wenyene gusa k’umisi yose, mbega muzotinya uwutari Imana

    Verse 53

    N’imigisha yose mufise niyavuye ku Mana hanyuma mugihe muhuye n’ivyago ivyarivyo vyose muca mutakambira kuriyo

    Verse 54

    Hanyuma ibakuriyeko ivyo vyago vyose, umurwi umwe muri mwebwe uca ugereranya Umuremyi wabo n’ibindi bintu

    Verse 55

    Barahakana kuri yamigisha twabahaye, rero nibanezerwe gatoyi, ubu vuba niho muzotahura amabi yanyu

    Verse 56

    Nabimwe muvyo twabahaye babashiriraho Imana zabo batazi ivyo bagirirwa, kw’izina ry’Imana ntankeka mwebwe muzobazwa kuvyo mwahora mwadukana navyo

    Verse 57

    Begeka ku Mana yuko ifise abigeme, nininahazwe kubwayo mugihe kuribo bishakira abo bikundiye nabo ari abahungu

    Verse 58

    Umwe muribo aronse inkuru yukuvuka k’umwana w’umwigeme, uca ubona mumaso yiwe hirabuye nukwuzuramwo agahinda

    Verse 59

    Agaca yinyegeza n’abantu kubera iyo nkuru mbi yabwiwe, mbega abane n’ico kibondo kubera agahinda canke amuhambe mw’ivu, nimwumve ubwo bubisha bwabo nayo mategeko yabo

    Verse 60

    Imana zabo batemera, Imana yabo y’ukuri hamwe n’umusi w’imperuka barafise uburorero bubi, n’Imana niyo nyene ihayagizwa ry’iteka, kandi niyo ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije

    Verse 61

    Mbega iyo Imana ihana abantu kubera ibicumuro vyabo, ntiyosigaje n’igikoko nakimwe kuri iy’Isi, mugabo irabarindiriza kugeza kugihe categekanijwe, hagera ico kiringo ntibashobora kurorezwa n’isaha n’imwe canke ntibashobora kuyitanguzako

    Verse 62

    Bayiha Imana muvyo badashaka n’imvugo zabo zivugisha ububeshi yuko bazoronka amahirwe, ntankeka abo bantu babikiwe umuriro udahera nabo bazo wusuzwamwo

    Verse 63

    Kw’izina ry’Imana twebwe twararungitse intumwa z’Imana ku bantu babayeho imbere yawe, mugabo Shetani yarabasharijije ibikorwa vyabo, kuri ivyo rero ubu niyo mugenzi wabo, nabo bazoronswa ibihano bibabaza cane

    Verse 64

    Ntitwa kumanuriye iki gitabu atari uko wobasigurira muvyo batumvikana ko, hanyuma habe uburongozi n’impuhwe ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri

    Verse 65

    N’Imana niyo yamanuye amazi avuye mw’ijuru, no kuri iyo Si irayi remurura mugihe yari yarapfuye, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ikimenyetso ku bantu bumva

    Verse 66

    Ntankeka no mubikoko harimwo ibitekerezo bininiya kubera mwebwe, kuko tubanywesha mubiri munda zavyo no mubiri hagati y’umwanda wavyo no mumaraso yavyo, hakabamwo amata meza ku bantu bayanywa

    Verse 67

    Nomuvyamwa vy’imitende hamwe n’imizabibu nivyo muhingurira mwo ibinyobwa biboreza nukuronkeramwo imigisha myiza, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibitekerezo ku bantu bakoresha ubwenge bwabo

    Verse 68

    N’Umuremyi wawe yarabwiye inzuki yuko zokwiyubakira amazu yazo kumisozi no kubiti hamwe no kubitiba vyubatswe n’abantu

    Verse 69

    Hanyuma mufungure kuvyamwa vy’ubwoko bwose, kandi uce munzira y’Umuremyi wawe yoroheje gucamwo, hava munda zavyo ibinyobwa bifise amabara atandukanye, murivyo harimwo urukizwa kubantu mu vy’ukuri harimwo ibitekerezo ku bantu bafise ivyiyumviro

    Verse 70

    N’Imana niyo yabaremye kandi niyo ibica, no muri mwebwe harimwo abasubizwa mubuzima bubi cane, kugeza naho atamenya n’ikintu nakimwe n’ubwenge yahorana nabwo, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi hamwe n’ubushobozi bukwiye

    Verse 71

    N’Imana yarabahaye iteka bamwe muri mwebwe gusumba abandi kubijanye n’imigisha yayo, na bamwe bahawe iyo migisha ntibasubiza iyo migisha yabo kubo batunze n’amaboko yabo y’iburyo, kugira ngo bangane kuri iyo migisha, mbega bahakana imigisha y’Imana

    Verse 72

    N’Imana yarabaremeye abakenyezi nkuko namwe mumeze, hanyuma ibahezagira kuva kubakenyezi banyu ibibondo hamwe n’abuzukuru, nukuba hezagira ibintu vyiza vyiza, mbega baremera ibitari ivy’ukuri n’uguhakana imigisha y’Imana

    Verse 73

    Nabareka Imana yabo y’ukuri, nugusenga abatabafitiye imigisha nagatoyi, haba iyivuye mw’Ijuru canke ng’aha kw’Isi, kandi ntabubasha bw’ikintu nakimwe bafise

    Verse 74

    Ntimugirire uburorero ku Mana, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi, namwe ntanakimwe muzi

    Verse 75

    Imana itanga akarorero k’umushumvyi atunzwe na Sebuja nawe ataco yishoboje, n’uwundi nawe tukaba twamuhaye imigisha myiza ivuye kuri twebwe, nawe akaba atanga muri iyo migisha mumwiherero canke k’umugaragaro, none abo bantu barangana ikenguruko ryose ni ry’Imana, mugabo benshi muribo ntavyo bazi

    Verse 76

    N’Imana itanga akarorero k’abantu babiri, umwe muribo n’ikiragi adashoboye n’ikintu nakimwe nawe afise ingorane na Sebuja wiwe, kuko aho amweretse kuja nta nakimwe amumarira, mbega uyo muntu angana nurya ategeka ibintu vy’ukuri nawe ari hejuru y’inzira igororotse

    Verse 77

    Ntahandi hari amabanga y’Amajuru hamwe n’ibiri kw’Isi atari ku Mana, kandi ntihari kuba ijambo ry’umuhero w’Isi atari uko vyari kuba nkugukoma urugohe canke kuba hafi yaho cane, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubushobozi bw’ibintu vyose

    Verse 78

    N’Imana niyo yabakuye munda z’abavyeyi banyu mugihe mutari muzi n’ikintu nakimwe, itako ibaha n’amatwi hamwe n’amaso hamwe n’imitima kugira ngo mushobore gukenguruka

    Verse 79

    Mbega ntibabona ingene inyoni zikoreshwa ziri mukirere c’ijuru, rero ntawuzi zitira mukirere kugira ngo ntizikoroke atari Imana yonyene gusa, ntankeka muri ibi vyose harimwo ibitekerezo ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri

    Verse 80

    N’Imana yarabahezagiye amazu yanyu ngo abe aribwo buraro bwanyu kandi ibahezagira amazu y’inshato z’ibikoko mubona yuko yoroshe mugihe c’ingendo zanyu n’igihe c’ukuruhuka kwanyu, no kw’isufi zavyo hamwe no kumoya yazo n’imishatsi yazo, hamwe no kubikoresho bakoresha mugihe kirekire

    Verse 81

    N’Imana mubintu yaremye yarabagiriye ibintu bizana igitutu, nukubagirira amazu ari mumisozi, kandi ibagirira impuzu zibakingira ubushuhe, n’impuzu z’ivyuma zibakingira mugihe c’ingwano zanyu, uku rero niko Imana ibakwiriza imigisha yayo kugira ngo muyigamburukire

    Verse 82

    Nibahakana sikuri wewe atari ugushikana ubutumwa bwawe buri k’umugaragaro

    Verse 83

    Barafise ubumenyi bw’imigisha y’Imana mugabo barayihakana, kandi benshi muribo n’abahakanyi b’Imana

    Verse 84

    N’Umusi tuzorengutsa ivyabona ku bantu bose hanyuma ntibazo kwemererwa kubahakanye Imana yabo y’ukuri, canke ntibazobwirwa ngo nimusabe ikigongwe

    Verse 85

    Na bamwe bahemukiye imitima yabo mugihe bazobona ibihano vy’Imana, ntibazo gabanirizwa ivyo bihano, kandi ntibazohabwa ikindi kiringo

    Verse 86

    Nayo abagereranije Imana n’ibindi bintu mugihe bazobona abo bagereranije Imana n’ibindi bintu bazovuga bati:- Muremyi wacu, aba nibo bagereranywa bacu b’Imana y’ukuri twahora dusenga aho kugusenga wewe Mana yacu, niho bazobabwira iri jambo abo bagereranya Imana n’ibindi bintu yuko mu vy’ukuri mwebwe muri ababeshi

    Verse 87

    No kuri uwo musi w’imperuka bazokwemera amategeko yose imbere y’Imana, kandi bazokwibagira ivyo bahora badukana navyo

    Verse 88

    Abahakanye Imana yabo y’ukuri nukuzitira inzira y’Imana, tuzo bongereza ibihano hejuru y’ibindi bihano kubera ubwononyi bwabo

    Verse 89

    N’umusi tuzohagarika ivyabona kubantu babo bose bababona kubijanye nabo, hanyuma tukuzane nawewe ube muvyabona hejuru yabo, natwe twakumanuriye iki gitabu gisigura ibintu vyose, kandi kirimwo uburokoke n’imigisha hamwe n’inkuru z’umunezero ku bantu bemeye yuko ari aba Isilamu

    Verse 90

    Mu vy’ukuri Imana itegeka ibintu vy’ubutungane, hamwe nukugira impuhwe hamwe nuguha abagenzi, hamwe n’ugutuza abafise umwanda w’amabi n’ubuhemu, kandi ikaba kebura kugira ngo mushobore kumenya nugukurikira

    Verse 91

    Nimukwize indagano mutanga kw’izina ry’Imana mugihe muzitanze, kandi ntimuze mudohoke kurizo mugihe mwamaze kuzemeza, mugihe mwamaze kuyigira Imana kuba ariyo cabona canyu, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo mugira vyose

    Verse 92

    Kandi ntimube nkawa mukenyezi yaca urunyuzi rwiwe ibice bice mugihe rwari rukomeye, hanyuma mugira indahiro zanyu kuba ariyo nzira zuguhendana hagati yanyu, kubera umurwi umwe w’abantu kuba ariwo ufise ubushobozi gusumba uwundi, mu vy’ukuri Imana iriko irabagerageza muri iyo nzira, kandi ntankeka izobibereka k’umusi w’imperuka kuvyo mwahora mutumvikanako

    Verse 93

    N’Imana iyo ibishaka mu vy’ukuri yari kubagira umurwi umwe wonyene gusa, mugabo ireka hakazimira uwo yishakiye, nukurongora uwo yishakiye, mu vy’ukuri muzobazwa kuvyo mwahora mugira

    Verse 94

    Kandi ntimugire indahiro zanyu kuba ariyo nzira yuguhendana hagati yany(u, hanyuma ukuguru ntikuze kunyerere munyuma yaho kwari guhagaze neza, n’uguhonja amabi yanyu kubera ukuzitira inzira y’Imana nukuronka ibihano bininiya cane)

    Verse 95

    Kandi ntimugurishe indagano z’Imana kukiguzi ataco kimaze, n’ibiri ku Mana nivyo vyiza kuri mwebwe nimwaba mutahura neza

    Verse 96

    Ivyo mufise vyose bizohera, n’ibiri ku Mana nivyo bizoramba, mu vy’ukuri twebwe tuzoha impembo zabigumije kuvyo bahora bagira

    Verse 97

    Abagira ineza mubagabo no mubagore nabo ari aba Isilamu, twebwe tuzobahindurira ubuzima bwiza nukubaha impembo zabo niniya cane kubera ineza bahora bagira

    Verse 98

    Niwaba ushaka gusoma iyi Qur’ani ntagatifu, ni wikingire ku Mana yawe ikurinde na Sheteni yavumwe n’Imana

    Verse 99

    Mu vy’ukuri Shetani ntabubasha ifise kuri barya bemeye Imana yabo y’ukuri n’abizera Umuremyi wabo

    Verse 100

    Ubushobozi bwayo nikuri barya bantu bayigira basoma mbike bayo no hejuru yabagereranya Imana n’ibindi bintu

    Verse 101

    Mugihe duhinduye ijambo ry’Imana kurindi jambo, n’Imana nayo ikaba ifise ubumenyi bw’ivyo imanura, baca bavuga bati:- wewe wiyadukije gusa, mugabo benshi muribo ntabumenyi bafise

    Verse 102

    Vuga uti:- Mutima mweranda niwo wamanuye kuva k’Umuremyi wawe w’ukuri, kugira ngo bemeze kuri bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri yuko uburongozi hamwe n’inkuru nziza kuba Isilamu

    Verse 103

    Ntankeka turazi neza yuko bavuga bati:- hariho umuntu amwigisha ururimi rw’uwo batumberezako, n’imvugo y’abanyamahanga, n’iyi n’imvugo y’ururimi rw’icarabu rutomoye neza

    Verse 104

    Mu vy’ukuri bamwe batemera amajambo y’Imana y’ukuri, Imana ntizobarongora, mugabo bazoronka ibihano bibabaza cane

    Verse 105

    Abadukana ububeshi nibarya batemera amajambo y’Imana y’ukuri abo rero nibo babeshi

    Verse 106

    Uwuhakana Imana yiwe y’ukuri munyuma yubu Isilamu bwiwe, nuko dukuyemwo uwategetswe nawe umutima wiwe uturuye kw’idini rya Isilamu, mugabo uwugururiye igikiriza ciwe k’ubuhakanyi bw’Imana, abo nibo ishavu ry’Imana rizoba hejuru yabo, kandi bazoronka ibihano bininiya cane

    Verse 107

    Ivyo vyose nukubera yuko bakunze cane ubuzima bwo ng’aha kw’Isi gusumba ubuzima bwo mw’Ijuru, kandi nuko Imana itarongora abahakanyi b’Imana

    Verse 108

    Abo nibo bantu Imana yazivye imitima yabo n’amatwi yabo, hamwe n’amaso yabo, abo rero nibo bibagiwe bimwe vy’ukuri

    Verse 109

    Ntankeka yuko abo bantu aribo bantu bari muruhombo rwo k’umusi w’imperuka

    Verse 110

    Hanyuma mu vy’ukuri Umuremyi wawe kuri barya bimutse munyuma yukugira ingorane z’ibihano, hanyuma bakarwanira idini hamwe n’ukwihangana, ntankeka Umuremyi wawe inyuma y’ibi vyose niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije

    Verse 111

    Umusi waho umutima wumw’umwe wese uzoshika kwiregura, n’umutima wumw’umwe wese uzorihwa kubikorwa wagize, kandi nabo ntibazo hemukirwa

    Verse 112

    N’Imana ibatangirako akarorero kugisagara cari gifise amahoro n’umutekano ntangere, imigisha yaco yagishikira kubwinshi buvuye kumpande zose, mugabo barahakanye imigisha y’Imana, kuri ivyo rero Imana ica irambika ico gisagara impuzu y’ikigoyi n’ubwoba kubera ivyo bahora bagira

    Verse 113

    Yarabashikiye intumwa y’Imana ivuye muribo mugabo barayihakanye, rero ibihano vyarabashikiye mugihe bonyene bari bihemukiye kumitima yabo

    Verse 114

    Nimufungure kuvyo Imana yabahaye, arivyo vyarekuriwe n’amategeko kandi vyiza, kandi mukengurukire imigisha y’Imana mu vy’ukuri nimwaba muyisenga bimwe biboneka

    Verse 115

    Yarababujije gufungura kubikoko vyapfuye vyonyene hamwe n’amaraso, n’inyama z’ingurube hamwe n’ivyabazwe kw’izina ritari iry’Imana, mugabo uwugeramiwe n’ikigoyi canke atiyonkoye kandi atarenze imbibe mu vy’ukuri Imana niyo ifise ikigongwe cinshi hamwe n’impuhwe zihagije

    Verse 116

    Kandi ntimuvuge kubera ububeshi buvugishwa n’indimi zanyu zivuga yuko:- ibi n’ibirekuriwe n’amategeko y’Imana, nibi navyo ntibirekuriwe n’amategeko y’Imana, rero ntimuze mwadukane n’ububeshi ku Mana, mu vy’ukuri bamwe badukana ububeshi ku Mana ntantsinzi bafise

    Verse 117

    N’umunezero mukeyi nabo bazoronka ibihano bibabaza cane

    Verse 118

    N’abayahudi twarababujije kuvyo twababwiye kuva kera, natwe ntitwaba hemukiye ahubwo nibo bonyene bahemukiye imitima yabo

    Verse 119

    Hanyuma mu vy’ukuri Umuremyi wawe kuri barya bagize amabi yabo kubujuju bwabo hanyuma bagaca basaba ikigongwe kuri ivyo bagaca bagira ibikorwa vyiza, ntankeka Umuremyi wawe munyuma y’ivyo vyose niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije

    Verse 120

    Mu vy’ukuri intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yari indongozi nubugamburutsi ku Mana bimwe bikwiye, kandi ntiyari mubantu bagereranya Imana n’ibindi bintu

    Verse 121

    Yarashimira imigisha y’Imana, nukumutora hamwe nuku muyobora munzira igororotse

    Verse 122

    Duca tumuha ubugira neza, kuri iy’Isi mu vy’ukuri niwe k’umusi w’imperuka azoba ari mu bantu beranda

    Verse 123

    Hanyuma tukwereka yuko ukurikira imigenzo y’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) agamburuka bimwe bikwiye, kandi ntiyari mu bantu bagereranya Imana n’ibindi bintu

    Verse 124

    Mu vy’ukuri umusi wa gatandatu wagenywe kubera abatumvikana kuwo musi, mu vy’ukuri Umuremyi wawe azocira urubanza ruzoba hagati yabo k’umusi w’imperuka kuvyo bahora batumvikana ko

    Verse 125

    Bahamagare munzira y’Umuremyi wawe, ukoresheje ubuhizi n’ubutumwa bwiza, hanyuma uharire nabo munzira nziza, mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi bw’ukumenya uwatakaye munzira yiwe, nawe niwe abazi abarongotse

    Verse 126

    Nimwihorana nimwihore neza naneza nkuko mwabonewe, rero nimwihangana mu vy’ukuri ivyo nivyo vyiza ku bantu bihangana

    Verse 127

    Niwihangane, n’uwihangana kwawe ntikube atari kubera Imana gusa, kandi ntugire agahinda kubera abo bantu, kandi ntube mu bantu batuntuye kubeera ingeso zabo bagira

    Verse 128

    Mu vy’ukuri Imana iri kumwe nabamwe bayigamburukira hamwe n’abagira ineza