Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 18 - Al-Kahf
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Al-Kahf 18:1
Ndakengurukiye Imana yamanuriye umushumvyi wayo iki gitabu gitagatifu, kandi ntiyakigize ngo kibemwo amahinyu
Verse 2 — Surah Al-Kahf 18:2
Giteguwe neza kugira ngo gituze abantu kubijanye n’ibihano bivuye ku Mana, kandi kibahe inkuru nziza bamwe bemera ari nabo bagira ibikorwa vyiza yuko bazoronka impembo nziza
Verse 3 — Surah Al-Kahf 18:3
Bazobamwo mubuzima bwabo bwose
Verse 4 — Surah Al-Kahf 18:4
Hanyuma ico gitabu kibatuze bamwe bavuga bati:- Imana yarigiriye ikibondo
Verse 5 — Surah Al-Kahf 18:5
Ntabumenyi bafise buri hejuru yiri jambo canke abavyeyi babo, kandi n’ijambo rihambaye rivuye muminwa yabo, kandi ntibashobora kuvuga atari ububeshi gusa
Verse 6 — Surah Al-Kahf 18:6
Kumbure wota umutima wawe mw’ihumbi kubera agahinda, n’ingene nabo batemera ibiganiro vyacu ubashikiriza
Verse 7 — Surah Al-Kahf 18:7
Mu vy’ukuri twebwe twagize ibiri hejuru y’Isi ngo bibe arivyo bisharizo vyaryo, kugira ngo turabe uwariwe muribo mubagira ibikorwa vyiza cane
Verse 8 — Surah Al-Kahf 18:8
Mu vy’ukuri ni twebwe tugira gutyo kubiri hejuru yiy’Isi, kuba ari Isi y’ubugararwe
Verse 9 — Surah Al-Kahf 18:9
Mbega wiyumvira yuko abantu bo mw’Isenga hamwe n’abafise amakuru yanditswe mubitabu bari mubantu b’ibitangaza vyacu
Verse 10 — Surah Al-Kahf 18:10
Iyo misore mugihe yirukira mw’isenga baciye bavuga bati:- Muremyi wacu, n’uduhe imigisha ivuye kuri wewe, kandi utugirire uburokoke kubintu vyacu vyose
Verse 11 — Surah Al-Kahf 18:11
Duca tuziba amatwi yabo bari mw’isenga kukiringo c’imyaka mwinshi cane
Verse 12 — Surah Al-Kahf 18:12
Hanyuma turabazura kugira ngo tumenyeshe igiki kiri muri iyo mirwi uko ari ibiri yaharuye neza na neza ikiringo babayeyo muri iryo senga
Verse 13 — Surah Al-Kahf 18:13
Twebwe tukumenyesha inkuru zabo z’ukuri, kuko mu vy’ukuri iyo miyabaga bari mubemeye Umuremyi wabo bimwe bivuye k’umutima, natwe turabongereza uburokoke
Verse 14 — Surah Al-Kahf 18:14
Hanyuma tubaha inguvu mumitima yabo mugihe bahagarara bavuga bati:- Umuremyi wacu n’Umuremyi w’Amajuru n’Isi, na twebwe ntituzo kwigera dusenga narimwe iyindi Mana itari Imana yonyene y’ukuri, ntankeka twebwe tuzoba twavuze ikinyoma kigaritse
Verse 15 — Surah Al-Kahf 18:15
Aba bantu bacu bagize izindi Mana atari Imana y’ukuri, none ni kuki batazana hejuru yabo ivyemezo biri k’umugaragaro, none ni nde muhemu mukuru gusumba uwubeshera Imana y’ukuri
Verse 16 — Surah Al-Kahf 18:16
Mugihe mwari mwavavanuye nabo hamwe n’ivyo basenga aho gusenga Imana y’ukuri, rero nimwirukire mw’isenga niho Umuremyi wanyu azobugururira imigisha yayo, nuku borohereza mubintu vyanyu vyose
Verse 17 — Surah Al-Kahf 18:17
Urabona Izuba mugihe riserutse rica kure y’isenga ryabo k’uruhande rw’iburyo, mugihe bugorovye naho ribacako k’uruhande rw’ibubamfu nabo bari ahantu harangaye muri iryo senga nyene, ivyo rero nimu bimenyetso vy’Imana kuko uwo Imana yarongoye uyo niwe muntu yarongotse, nayo uwo Imana yaretse kuzimira ntuzo muronkera uwuzo mukingira wukumu rongora
Verse 18 — Surah Al-Kahf 18:18
Umengo barakanuye nabo basinziriye, natwe tuba hindura kuruhande rw’ibiryo no kuruhande rw’ibubamfu n’imbwa yabo igoroye amaboko yayo iri kw’irembo, wobabonye mu vy’ukuri wociye uhindukira ningoga na ningoga wiruka, mu vy’ukuri wari kugira ubwoba kuribo
Verse 19 — Surah Al-Kahf 18:19
Rero uku niko twabazuye kugira ngo babazanye hagati yabo, umwe mubavugizi babo avuga ati:- mwabayeho igihe kingana gute?Nabo bishura bati:- tubaye ngaha umusi umwe canke igice c’umusi, nabo bishura bati:- Umuremyi wanyu niwe afise ubumenyi cane bw’ukumenya ikiringo mwabayeho, rero nimu rungike umwe muri mwebwe abe afise aya mahera yanyu aje mugisagara kuraba ivyo bifungurwa, hanyuma arabe ivyiza murivyo gusumba, hanyuma abazanire muri ivyo bifungurwa, kandi agire ivyo bintu k’ubukerebutsi ntangere kandi agire ivyo bintu n’ubwenge kandi ntabavuge k’umuntu n’umwe
Verse 20 — Surah Al-Kahf 18:20
Kuko nibabamenya aho muri bazoba tera iminana canke bazoba subiza mw’idini ryabo barimwo, aho naho ntantsinzi muzoba mufise na gatoyi
Verse 21 — Surah Al-Kahf 18:21
Uku niko twaba menyesheje kubantu kugira ngo bamenye yuko indagano y’Imana ari iy’ukuri kandi umusi w’imperuka atankeka urimwo, mugihe bashamirana hagati yabo kubera ijambo ryabo, abandi baca bavuga bati:- nimwubake inyubakwa hejuru yabo, kuko Umuremyi wabo arabazi neza, nabo baca bavuga bamwe batsinda k’urubanza rwabo bati:- ntankeka twebwe tuzokwubaka isengero hejuru yabo
Verse 22 — Surah Al-Kahf 18:22
Bazovuga bati:- hari abantu batatu n’uwakane muribo yari imbwa yabo, n’abandi bavuga bati:- bari abantu batanu, n’uwagatandatu muribo yari imbwa yabo, bavuga ivyo batazi, n'abandi bavuze bati:- bari abantu indwi, nuw’umunani muribo yari imbwa yabo, n’uvuge uti:- Umuremyi wanje niwe afise ubumenyi bw’igitigiri cabo bantu neza na neza, ntawufise ubumenyi atari bakeya gusa, rero ntuharire nabo bantu atari kubihari bibayabaye, kandi ntubaze inkuru zabo kuwariwe wese
Verse 23 — Surah Al-Kahf 18:23
Kandi ntuvuge ikintu icarico cose yuko nzokigira ejo
Verse 24 — Surah Al-Kahf 18:24
Atari uko Imana yabishatse, kandi wibuke Umuremyi mugihe wibagiye icarico cose hanyuma uvuge uti:- nkumbure Umuremyi wanje azondongora munzira iri hafi cane w’uburokoke gusumba ubu naronse
Verse 25 — Surah Al-Kahf 18:25
Barabaye muri iryo senga imyaka amajana atatu, bararenzako iyindi myaka icenda
Verse 26 — Surah Al-Kahf 18:26
Vuga uti:- Imana niyo ifise ubumenyi bukwiye bw’ukumenya ikiringo c’imisi babayeyo, n’amabanga yose y’amajuru n’Isi nirwiwe, nayo Imana ibona gute nukwumva kwayo? Nabo ntibafise uwubakingira atariyo yonyene gusa kandi nayo ntifashanya n’umuntu uwariwe wese kumategeko yayo
Verse 27 — Surah Al-Kahf 18:27
Kandi usome muvyo washikirijwe mubutumwa warungikiwe buri mugitabu c’Umuremyi wawe, kandi ntawushora guhindura amajambo yayo, na wewe ntuzoronka ubuhungiro bw’ukuyihunga ngo ntikuronke aho uri
Verse 28 — Surah Al-Kahf 18:28
Kandi wifatanye nabamwe basenga Umuremyi wabo kuva mugitondo no kumugoroba, nabo bipfuza kuronka impuhwe zayo, n’amaso yawe ntabasimbe mukurondera ibisharizo vy’ubuzima bwo ngaha kw’Isi, kandi ntugamburukire bamwe twibagije imitima yabo nugu kurikira ivyipfuzo vyabo yishakiye, n’ivyabo bikaba vyararenze imbibe
Verse 29 — Surah Al-Kahf 18:29
N’uvuge uti:- uko niko kuri kuvuye k’Umuremyi wanyu, rero uwushaka niyemere, n’uwudashaka nawe nahakane, mu vy’ukuri twabateguriye abahemukuye imitima yabo umuriro udahera, impome zawo zizoba zibakikuje hose, basaba imfashanyo yukuronswa amadahurwa kubera inyota yabafashe, rero bazofashwa muguhabwa amazi ameze nk’umujumpu wabijijwe uzoturira amaso yabo, ico n’ikinyobwa kibi cane, kandi n’ahantu habi cane hameze gute
Verse 30 — Surah Al-Kahf 18:30
Mu vy’ukuri bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri twebwe ntituzo takaza impembo z’abagize ibikorwa vyiza
Verse 31 — Surah Al-Kahf 18:31
Abo bantu bazoronka imirima y’ubuzima budahera, icamwo inzuzi z’amazi imbere yabo, muri iryo juru bazosharizwa n’imyambaro yo mumaboko y’inzahabu, hanyuma bambare impuzu z’urwatsi rubisi zihwahutse n’izindi ziremereye begamiye bari hejuru y’ubusaswa busharije neza, n’impembo nziza imeze gute ? Kandi n’ahantu heza hameze gute hukuruhukira
Verse 32 — Surah Al-Kahf 18:32
N’ubagirire akarorero k’abantu babiri umwe muribo twamugiriye imirima ibiri y’imizabibu, hanyuma tuyikikuzako ibiti vy’imitende hanyuma hagati yiyo mirima tuyishiramwo ibiterwa mbumbarugo
Verse 33 — Surah Al-Kahf 18:33
Iyo mirima yose uko ari ibiri yaruzuyemwo ivyamwa kandi ntana kimwe cagabanutse muriyo, no muriyo twaha cishijemwo inzuzi
Verse 34 — Surah Al-Kahf 18:34
Akaba yari afise n’ayandi matungo hanyuma abwira mugenzi wiwe nabo bariko baraharira nawe avuga ati:- jewe ndafise amatungo menshi kugusumba, hamwe n’inguvu nyinshi kugusumba, kubera yuko mfise n’abankurikira benshi
Verse 35 — Surah Al-Kahf 18:35
Aca yinjira mumurima wiwe nawe yidoga muguhemukira umutima wiwe avuga ati:- sinibaza nagatoyi yuko uwu murima wanje wokwononekara
Verse 36 — Surah Al-Kahf 18:36
Kandi sinibaza yuko hazoba umusi w’umuhero w’Isi, ninasubizwa ku Muremyi wanje ntankeka nzohasanga icicaro ciza gusumba iki
Verse 37 — Surah Al-Kahf 18:37
Mugenzi wiwe amubwira nawe amwishura ati:- mbega uramuhakanye uwakuremye agukuye mw’ivu, no kw’ima ry’intanga, hanyuma nukugira umuntu akwiye
Verse 38 — Surah Al-Kahf 18:38
Mugabo Imana niyo Muremyi wanje, kandi Umuremyi wanje sindamu gereranya n’ikindi kintu
Verse 39 — Surah Al-Kahf 18:39
N’igihe winjiye mumurima wawe wavuze uti:- ibi vyose mfise nivyo Imana yanshakiye kumpa, n’ubushobozi ntiburonswa atari ubuhawe n’Imana, niwambona mfise aya matungo makeyi hamwe n’ibibondo bikeyi gusumba wewe
Verse 40 — Surah Al-Kahf 18:40
Kumbure Umuremyi wanje azompa ibindi vyiza gusumba uwo murima wawe n’ukuyiteramwo imituragaro y’inkuba ivuye mw’ijuru ugasanga iyo Si ibaye ubugararwa gusa bunyerera
Verse 41 — Surah Al-Kahf 18:41
Canke amazi yayo akaba ari ayibira kugeza naho udashobora kuyaronka
Verse 42 — Surah Al-Kahf 18:42
Ivyamwa vyayo biba birakikujwe, aca atangura kugaragura ibiganza vyiwe kubijanye n’akigoro yagize, ibiti navyo biba vyahenutse biri hejuru y’ibitsina vyavyo, n’uguca avuga ati:- iyo ntagereranya Umuremyi wanje n’ikindi kintu
Verse 43 — Surah Al-Kahf 18:43
Kandi ntiyari afise abantu bamufasha inyuma y’Imana yonyene, canke kuri wenyene ngo yifashishe
Verse 44 — Surah Al-Kahf 18:44
Iyo mw’Ijuru ubwami nubw’Imana gusa yonyene w’ubuzima bwose, kandi niyo nziza kumpembo, kandi niyo nziza yukuzana ingaruka nziza
Verse 45 — Surah Al-Kahf 18:45
N’ubagirire akarorero k’ubuzima bwo ngaha kw’Isi, bumeze nk’amazi tumanura avuye mubicu, hanyuma akivanga n’ibiterwa vy’aha kw’Isi hanyuma ivyo biterwa bigahinduka ivyatsi vyumye vyavungaguritse mugihe umuyaga uca ubigurura hirya no hino, n’Imana irafise ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose
Verse 46 — Surah Al-Kahf 18:46
Amatungo hamwe n’ibibondo vyanyu n’ibisharizo vy’ubuzima bwo ngaha kw’Isi, n’ibikorwa vyiza bisigara ngaha kw’Isi nivyo vyiza imbere y’Umuremyi wawe kubijanye n’impembo hamwe n’icizero ciza
Verse 47 — Surah Al-Kahf 18:47
N’umusi tuzogendesha iyi misozi uzobona iy’Isi igaragara, tuzozura ibiremwa vyose kandi ntituzosiga n’umuntu n’umwe muribo
Verse 48 — Surah Al-Kahf 18:48
Kandi abo bantu bazoshengezwa imbere y’Umuremyi wawe bari kumirongo n’iyindi babwirwe bati:- ntankeka muragarutse nkuko twabaremye ubwambere ahubwo mwiyumviriye yuko tutaba shiriyeho iri sango
Verse 49 — Surah Al-Kahf 18:49
N’ibitabu bizoshirwa imbere yabo, hanyuma uzobabona abantu babi ingene batekewe n’ubwoba kubera ibiri mubitabu vyabo hanyuma baze bavuge bati:- Yoh! Uguhonywa kwacu nukwuno musi, none nigute ibi bitabu vyacu bitasigaje ikintu nagitoyi canke ikintu kininiya atari uko vyose birimwo, kandi bazosanga ivyo bagize vyose vyaranditswe murico, n’Umuremyi wawe ntashobora guhemukira umuntu uwariwe wese
Verse 50 — Surah Al-Kahf 18:50
Mugihe twabwira Abamarayika ngo bapfukamire intumwa y’Imana Adamu (iii) bashize imitwe yabo hasi, barapfukamye bashira imitwe yabo hasi dukuyemwo uwitwa Ibilisi ariyo Shetani yari mubisigo aca arenga amategeko y’Umuremyi wiwe, mbega mwamugize hamwe n’uruvyaro rwiwe kuba ari abagenzi banyu gusumba jewe, mugihe ari abansi banyu? Nibibi cane kubahemukiye imitima yabo nk’abo
Verse 51 — Surah Al-Kahf 18:51
Sinaba bereye icabona mukuremwa kw’Amajuru n’Isi canke mukuremwa kw’imitima yabo, kandi sinagize abatakaza kuba abafasha banje
Verse 52 — Surah Al-Kahf 18:52
Umusi Imana izovuga iti:- nimu hamagare abafasha banje mubo mwavuze yuko aribo bafasha banje, nabo bazoba hamagara mugabo ntibazo bitaba natwe tuzoba shiriraho uruzitiro hagati yabo kugira ngo ntibabonane
Verse 53 — Surah Al-Kahf 18:53
N’abantu babi bazowubona umuriro udahera, kandi bazomenya yuko ari ngombwa kuribo kwinjira muri uwo muriro udahera, kandi ntibazoronka aho bawuhungira
Verse 54 — Surah Al-Kahf 18:54
Ntankeka twaraba menyesheje abantu muri ubu buryo n’ubundi buri muri iyi Qur’ani ntagatifu k’uburorero bwose, mugabo ikiremwa muntu cararengeje mubintu vyose kubijanye n’ibihari
Verse 55 — Surah Al-Kahf 18:55
Mugabo ntivyakingiye aba bantu kwemera mugihe bashikirwa Muremyi wabo kiretse bashikiwe nk’abaho hambere canke bashikirwe n’ibihano biri k’umugaragaro
Verse 56 — Surah Al-Kahf 18:56
Kandi ntituzana intumwa z’Imana atari uko baba bari mubatanzi b’inkuru nziza n’abatuza, nayo abahakanye Imana yabo y’ukuri baraharira kubintu bidafise ukuri nakumwe atari kuri ivyo bintu kugira ngo bahindure ukuri, hanyuma bagira aya majambo yanje hamwe nivyo batujijwe kuba ari ibintu vy’ibijajuro
Verse 57 — Surah Al-Kahf 18:57
None ni nde muhemu mukuru gusumba uwibukiijwe amajambo y’Umuremyi wiwe nawe akaba atavyinezweho nukwibagira ivyabayeho kandi vyagizwe n’amaboko yiwe, twebwe twashize mumitima yabo imipfundikizo kugira ngo ntibatahure icarico cose no mumatwi yabo twashizeyo uburemere bw’ukutumva, rero ubahamagaye kubijanye n’uburokoke ntibemera kurokoka
Verse 58 — Surah Al-Kahf 18:58
N’Umuremyi wawe niwe nyene ikigongwe cinshi cane hamwe n’Impuhwe zihagije, kuko iyo ibahana kubera ibikorwa vyabo bagize, ntankeka yari kubaha ibihano vy’igihuti huti, mugabo abo bantu barafise indagano ry’ivyo batazo ronka ubuhungiro ubwaribwo bwose bw’uguheshanya nayo
Verse 59 — Surah Al-Kahf 18:59
N’ivyo bisagara twarabahoneje mugihe bahemukira imitima yabo, hanyuma tubashiriraho isango ry’uguhonywa kwabo
Verse 60 — Surah Al-Kahf 18:60
N’intumwa y’Imana Mussa (iii) mugihe yabwira umusore wiwe ati:- jewe nzobandanya gusa ngenda kugeza aho nzoshika kumahuriro y’ibiyaga bibiri, canke mbandanye ngenda ibinjana n’ibindi kugeza aho nzohura nuwo nshaka guhura nawe
Verse 61 — Surah Al-Kahf 18:61
Mugihe bashika bose uko ari babiri, ariho kumahwaniro y’ivyo biyaga uko ari bibiri, baribagiye impamba yabo ariyo fi, nawe aca yifatira inzira yiwe yukuja kukiyaga
Verse 62 — Surah Al-Kahf 18:62
Bamaze gushika imbere intumwa y’Imana Mussa (iii) ibwira wamusore wiwe iti:- nuduhe ibifungurwa vyacu vyo mugitondo kuko urabona yuko turushe muri runo rugendo rwacu
Verse 63 — Surah Al-Kahf 18:63
Wamusore amwishura ati:- urabona harya hantu twaruhukiye kuri urya musozi, aho niho nibagiriye yafi yacu, kandi ntawundi yayinyibagije atari Shetani yatumye ndavyibagira, intumwa y’Imana Mussa (iii) aca abandanya urugendo rwiwe aja kukiyaga k’urugendo rw’igitangaza
Verse 64 — Surah Al-Kahf 18:64
Intumwa y’Imana Mussa (iii) ivuga iti:- aha niho twashaka gushika, baca basubira inyuma bakurikira inzira yabo
Verse 65 — Surah Al-Kahf 18:65
Baca basanga umwe mubashumvyi bacu twahaye imigisha ivuye kuri twebwe nuwo twigishije nuguha ubumenyi bwinshi buvuye kuri twebwe
Verse 66 — Surah Al-Kahf 18:66
Intumwa y’Imana Mussa (iii) ibwira wa musore iti:- mbega ndagukurikire kugira ngo unyigishe ibiri muri bwaburongozi wigishijwe
Verse 67 — Surah Al-Kahf 18:67
Nawe amwishura ati:- mu vy’ukuri wewe ntushobora kwihangana kuba hamwe nanje
Verse 68 — Surah Al-Kahf 18:68
Mbega ushobora kwihangana gute kubintu utazi ukuri kwavyo
Verse 69 — Surah Al-Kahf 18:69
Nawe yishura ati:- Imana ibishatse uzombona ndimu bantu bihangana, kandi sinzohakana itegeko ryawe
Verse 70 — Surah Al-Kahf 18:70
Intumwa y’Imana Mussa (iii) imubwira iti:- niwa nkurikira ntusubire kumbaza icarico cose kugeza aho jewe nzotangura kubi kumenyesha
Verse 71 — Surah Al-Kahf 18:71
Uko ari babiri baciye bagenda kugeza aho burira ubwato, aca arabu tobora, wamusore aca avuga ati:- mbega utoboye ubu bwato kugira ngo wibize abari muribwo? Mu vy’ukuri ugize icaha kibi cane
Verse 72 — Surah Al-Kahf 18:72
Nawe aca avuga ati:- sinakubwiye yuko wewe udashobora kwihangana kuba hamwe nanje
Verse 73 — Surah Al-Kahf 18:73
Intumwa y’Imana Mussa (iii) avuga ati:- ntunteko umwikomo kubijanye n’ukwibagira kwanje, kandi ntungirire umukazo wacane kubijanye n’ibi bintu vyanje vy’ugukurikirana na wewe
Verse 74 — Surah Al-Kahf 18:74
Bose uko ari babiri baraba ndanya urugendo rwabo kugeza aho bahura n’umusore akiri mutoyi aca aramu gandagura, intumwa y’Imana Mussa (iii) aca avuga ati:- wishe umuntu atagicumuro nawe atishe umuntu, ntankeka ugize ikintu kibi cane
Verse 75 — Surah Al-Kahf 18:75
Avuga ati:- mbega sinakubwiye yuko mu vy’ukuri wewe udashobora kwihangana ngo tugumane twese hamwe
Verse 76 — Surah Al-Kahf 18:76
Intumwa y’Imana Mussa (iii) imubwira iti:- ninasubira kukubaza ikindi kintu munyuma y’ibi ntuze usubire kungira umugenzi wawe, kuko wewe uramaze kuronka ingenda muvano izoba iturutse kuri jewe
Verse 77 — Surah Al-Kahf 18:77
Barasubira kubandanya urugndo rwabo kugeza aho bashikira abantu b’ico gisagara, baca babasaba ibifungurwa baranka kubazimana, baca basanga uruhome rw’inzu yabo rugomba guhenuka, nawe aca ararusanura, intumwa y’Imana Mussa (iii) aca avuga ati:- iyo ubishaka wari kubasaba agashiruka bute
Verse 78 — Surah Al-Kahf 18:78
Wa muntu aca avuga ati:- uku niko kuvavanura kwanje jewe nawewe, ubu rero ndakubwijije ukuri kuvyo utashoboye kwihanganirako
Verse 79 — Surah Al-Kahf 18:79
Aca avuga ati:- bwabwato bwari ubw’ubwakene bakorera muri ico kiyaga, nkaba nashatse kubwonona kubigirampaka kuko imbere yabo hari Umwami yafata amato meza meza n’ukwishima
Verse 80 — Surah Al-Kahf 18:80
Nayo wa musore, abavyeyi biwe bari aba Isilamu babukwiye, duca tugira amakenga yuko atota abavyeyi biwe mubuzimire n’ubuhakanyi bw’Imana y’ukuri
Verse 81 — Surah Al-Kahf 18:81
Twashatse yuko Umuremyi wabo yoba hindurira ikibondo ciza gusumba uwo wambere yisukuye neza, kandi ari hafi cane afise n’ikigongwe
Verse 82 — Surah Al-Kahf 18:82
Nayo uruhome rwari urw’abana babiri b’impfuvyi bo muri ico gisagara, no munsi y’urwo ruhome hakaba hari ububiko bwabo, n’Umuvyeyi wabo yari mubagira ineza, kuri ivyo rero Umuremyi wawe yashatse yuko boshika mubigero vy’abo hanyuma bashobore kwikurira ubwo bubiko bwabo, uwo n’umuhezagiro uvuye ku Muremyi wawe, nanje sinagize ibi vyose kw’itegeko ryanje, uku niko kuri kw’ivyo utashoboye kwihanganirako
Verse 83 — Surah Al-Kahf 18:83
Kandi barakubaza inkuru z’uwitwa Dhul’qar’naini, wewe n’ubabwire uti:- nzoba somera bimwe munkuru ziwe
Verse 84 — Surah Al-Kahf 18:84
Nitwebwe twamuhaye inguvu ng’aha kw’Isi duca tumuha n’inzira y’ukuronkeraho ibintu vyose
Verse 85 — Surah Al-Kahf 18:85
Aca arakurikira inzira
Verse 86 — Surah Al-Kahf 18:86
Kugeza aho yashika kumugoroba yaciye abona Izuba rigorobeye mw’iriba ry’ivyondo vyinshi, aho hantu naho ahasangayo abantu, duca tuvuga duti:- Ewe Dhul’qarnaini, abo bantu n’ubahane canke ubagirire ineza
Verse 87 — Surah Al-Kahf 18:87
Nawe abishura ati:- uwahemukiye umutima wiwe tuzomuhana hanyuma azosubizwa ku Muremyi wiwe nawe azomuhana ibihano bibi cane
Verse 88 — Surah Al-Kahf 18:88
Nayo uwuzokwemera n’ukugira ibikorwa vyiza azoronka impembo nziza natwe tuzomubwira ibimworoheye mumategeko yacu
Verse 89 — Surah Al-Kahf 18:89
Hanyuma aca arakurikira inzira
Verse 90 — Surah Al-Kahf 18:90
Kugeza aho yashika mubuseruko bw’Izuba yabonye ribaserukira abantu tudashiriraho uruzitiro ryukuba kingira iryo zuba
Verse 91 — Surah Al-Kahf 18:91
Nuko rero twari dufise ubumenyi bw’inkuru zose uko zari zimeze turi kumwe nawe
Verse 92 — Surah Al-Kahf 18:92
Hanyuma aca arakurikira inzira
Verse 93 — Surah Al-Kahf 18:93
Kugeza aho yashika hagati y’imisozi ibiri yasanze inyuma yiwe hari abantu bashoboye kumenya ijambo babwiwe
Verse 94 — Surah Al-Kahf 18:94
Baca bavuga bati:- ewe Dhul’qarnaini, mu vy’ukuri uwitwa Ya’ajuja na Ma’juja nibo bagisibije kuri iy’Isi, mbega tuguhe akarusho kugira ngo udu tandukanirize ibiri hagati yacu hamwe nabo habe uruzitiro
Verse 95 — Surah Al-Kahf 18:95
Nawe abishura ati:- ivyo Umuremyi wanje yampaye nivyo vyiza gusumba impembo yanyu mugabo nimumfashe n’inguvu zanyu nanje nzoshira hagati yanyu hamwe nabo uruzitiro rukomeye cane
Verse 96 — Surah Al-Kahf 18:96
Nimunzanire ibimanyu vy’ivyuma kugeza aho avyuzuza y’imisozi uko ari ibiri, hanyuma aca avuga ati:- nimuhuhere uwo mukomezwa kugeza aho vyavyuma kuba ari umuriro, aca avuga ati:- nimunzanire ubutare bw’umujumpu bumaze kubira neza ndabusuke kuri ivyo vyuma
Verse 97 — Surah Al-Kahf 18:97
Ntiba shoboye kwiyerekana canke ngo batobore ico cuma
Verse 98 — Surah Al-Kahf 18:98
Avuga ati:- uwu n’umuhezagiro uvuye ku Muremyi wanje, nihashika isango ry’Umuremyi wanje azowu menagura, nayo indagano y’Umuremyi wanje niy’ukuri kwama
Verse 99 — Surah Al-Kahf 18:99
Tuzosiga bamwe muribo kuri uwo musi bagundaranye kubandi, hace havuzwa inzamba y’ukubegeranya hamwe bose
Verse 100 — Surah Al-Kahf 18:100
Tuzo wereka icese uwo muriro udahera witiriwe Jahannamu, kuri uwo musi imbere y’abahakanyi b’Imana y’ukuri imbona nkubone
Verse 101 — Surah Al-Kahf 18:101
Abo amaso yabo yari muruzitiro mukutitaho ubutumwa bwanje, kandi ntibashobora kubumva
Verse 102 — Surah Al-Kahf 18:102
Mbega bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri biyumvira yuko kurya kugira abashumvyi banje kuba aribo babakingira atari jewe, mu vy’ukuri twebwe twarateguye uwo muriro udahera witiriwe Jahannamu ubabere ubushungurukiro bwabo bahakanyi b’Imana y’ukuri
Verse 103 — Surah Al-Kahf 18:103
Vuga uti:- mbega tubamenyeshe abafise uruhombo rw’ibikorwa vyabo bagize
Verse 104 — Surah Al-Kahf 18:104
Abagize ingoga n’ishaka ngaha kw’Isi zizobabera impfagusa mubuzima bwabo bwo ngaha kw’Isi, nabo bakiyumvira yuko bagize ibikorwa vyiza
Verse 105 — Surah Al-Kahf 18:105
Abo nibamwe bahakanye ibimenyetso vy’Umuremyi wabo nukudahura nayo, kuri ivyo ibikorwa vyabo vyasimbiye ahagaragara, kandi ntituzoba hagarikira iminzani k’umusi w’imperuka
Verse 106 — Surah Al-Kahf 18:106
Kuri ivyo rero wamuriro witiriwe Jahannamu niyo mpembo yabo kubera yuko bahakanye umuremyi wabo n’ukugirira ibijajuro kumajambo yanje hamwe n’intumwa zanje
Verse 107 — Surah Al-Kahf 18:107
Mu vy’ukuri abemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, ubwicaro bwabo buzoba ari ayo Majuru yitiriwe Fir’dausi
Verse 108 — Surah Al-Kahf 18:108
Bazobayo mubuzima bwabo bwose, kandi ntibazo kwipfuza kuyavayo
Verse 109 — Surah Al-Kahf 18:109
Vuga uti:- naho coba ikiyaga ariryo bara ry’ukwandikira amajambo y’Umuremyi wanje, rero ico kiyaga cari gukama imbere y’uguhera kw’amajambo y’Umuremyi wanje, naho twari kuzana ikindi kiyaga nk’ico c’ukwongereza ko ayandi mazi
Verse 110 — Surah Al-Kahf 18:110
Babwire uti:- ntankeka jewe nd’umuntu nkamwe, nshikirizwa ubutumwa yuko Imana yanyu ari Imana imwe gusa, rero uwushaka yuko azohura n’Umuremyi wiwe n’agire ibikorwa vyiza, kandi ntaze ayigereranye Imana n’ibindi bintu haba mu masengesho y’Umuremyi wiwe