Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 24 - An-Nur
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah An-Nur 24:1
Iki n’igisomwa twamanuye nukugitegeka hamwe nukumanura murico aya majambo y’Imana matagatifu ari k’umugaragaro kugira ngo mwibuke
Verse 2 — Surah An-Nur 24:2
Umushurashuzi kazi hamwe n’umu shurashuzi nimubakubite umwe wese inkoni ijana (100), kandi ntimubagirire ikigongwe kw’itegeko ry’Imana, nimwaba mwemera Imana yanyu y’ukuri hamwe n’umusi w’imperuka, kandi habe n’ivyabona vy’ibihano vyabo hamwe n’umurwi waba Isilamu
Verse 3 — Surah An-Nur 24:3
Umushurashuzi ntahuza igitsina ciwe atari k’umushurashuzi kazi nkawe canke kumugore agereranya Imana n’ibindi bintu, n’umushurashuzi kazi ntahuza igitsina ciwe atari kumu shurashuzi canke kumugabo agereranya Imana n’ibindi bintu, ivyo vyose bikaba bibujijwe kuba Isilamu bose
Verse 4 — Surah An-Nur 24:4
Nabamwe babeshera abagore bisukuye neza hanyuma ntibazane ivyabona vy’abantu bane, abo bantu nibakubitwe inkoni mirongo umunani (80) kandi ntimubemerere ivyabona vyabo kuko abo bantu nibo bononyi
Verse 5 — Surah An-Nur 24:5
Dukuyemwo bamwe basaba ikigongwe munyuma yivyo vyose nugutegura ibikorwa vyiza, ntankeka Imana niyo nyene ikigongwe cinshi hamwe n’Impuhwe zihagije
Verse 6 — Surah An-Nur 24:6
Nabamwe babeshera abakenyezi babo atavyabona bafise ataribo bonyene kubwabo, rero ukuba icabona c’umwe umwe muribo kuzoba ari ukurahira kw’incuro zine kundahiro y’Imana atankeka yuko ari umwe wabavugisha ukuri kwama
Verse 7 — Surah An-Nur 24:7
Nubugira gatanu nukurahira yuko umuvumo w’Imana ube kuriwe niyaba ari mubantu b’ababeshi
Verse 8 — Surah An-Nur 24:8
Ivyo bihano bizomuvako yiyemeje mu kwemanga arahiye incuro zine zijanye n’indahiro y’Imana yuko ari umwe mubabeshi
Verse 9 — Surah An-Nur 24:9
Nubugira gatanu nuko ishavu ry’Imana riba kuriwe niyaba ari muba vugisha ukuri
Verse 10 — Surah An-Nur 24:10
Iyo hataba imigisha y’Imana kuri mwebwe n’Impuhwe zayo, nukuba Imana ariyo yakira imbabazi z’abantu n’ubuhizi buhagije
Verse 11 — Surah An-Nur 24:11
Mu vy’ukuri bamwe mubazanye ubwo bubeshi n’umurwi womuri mwebwe nyene, rero ntimwiyumvire yuko ari ishari kuri mwebwe ahubwo n’amahoro, umuntu uwariwe wese muribo azoronswa ico yasoromye kiri muri ivyo bicumuro, nuwikoreye bimwe muri ivyo azoronka ibihano bininiya cane
Verse 12 — Surah An-Nur 24:12
Mbega mugihe mwumva izi nkuru, aba Isilamu hamwe naba Isilamu kazi ntibiketse bagenzi babo ineza nukuvuga bati:- ibi nivyiyadukije biri k’umugaragaro
Verse 13 — Surah An-Nur 24:13
Mbega ko batazanye ivyabona vy’abantu bane, mugihe babura ivyo vyabona niho imbere y’Imana bazoba ari ababeshi nyakuri
Verse 14 — Surah An-Nur 24:14
Iyo hataba hejuru yanyu ingabirano y’Imana hamwe n’impuhwe zayo kuri mwebwe ngaha kw’Isi, no mw’Ijuru, ntankeka mwari gushikirwa n’ibihano bininiya
Verse 15 — Surah An-Nur 24:15
Mugihe mwabwakira ubwo bubeshi kundimi zanyu muca muvuga mukoresheje iminwa yanyu namwe atavyo muzi, muca mwiyumvira yuko ari ijambo ritoyi mugabo imbere y’Imana ari rininiya cane
Verse 16 — Surah An-Nur 24:16
Mbega mugihe mwumva ayo majambo ko mutavuze muti:-ntaruhusha dufise rwukuvuga ibi bintu, ininahazwa niryawe wewe Muremyi wacu ubu n’ububeshi buhanitse
Verse 17 — Surah An-Nur 24:17
Imana irabahanura mukuda subira kugira akarorero nkaka ni mwaba muri aba Isilamu bukuri
Verse 18 — Surah An-Nur 24:18
N’Imana irabi garagaza mumajambo yayo matagatifu, nayo niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
Verse 19 — Surah An-Nur 24:19
Mu vy‘ukuri bamwe bashaka yuko hasasagara amabi kubemeye Imana yabo y’ukuri, bamenye yuko bazoronka ibihano bibabaza cane ngaha kw’Isi no mw’Ijuru, n’Imana niyo ifise ubumenyi namwe ntavyo muzi
Verse 20 — Surah An-Nur 24:20
Iyo hataba ingabirano y’Imana kuri mwebwe hamwe n’Impuhwe zayo nukuba ariyo ihumuye nukuba ariyo nyene ikigongwe
Verse 21 — Surah An-Nur 24:21
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimukurikire inyosha mbi za Shetani, nuwuzo kurikira izo nyosha mbiza Shetani kubera yuko itegeka ibintu vy’ibitera soni hamwe n’ayandi mabi, rero iyo hataba ingabirano z’Imana hamwe n’Impuhwe zayo kuri mwebwe, ntihari kuba umuntu n’umwe muri mwebwe yisukuye, mugabo Imana isukura uwo yishakiye kuko ariyo yumva kandi niyo nyene ubumenyi buhagije
Verse 22 — Surah An-Nur 24:22
Kandi ntibarahire bamwe mubafise inyifato nziza y’idini hamwe nabafise ubuzima bwiza muri mwebwe, muguha muncuti no mubakene hamwe n’abimutse bari munzira y’Imana, kandi ubagirire imbabazi ubareke, mbega mwebwe ntimukunda yuko Imana yobagirira ikigongwe? Nayo niyo ifise ikigongwe cinshi hamwe n’Impuhwe zihagije
Verse 23 — Surah An-Nur 24:23
Ntankeka bamwe babeshera abakenyezi bisukuye batazi kugira ibicumuro ivyarivyo vyose nabo ari aba Isilamu kazi, abo bantu baravumwe kuri iy’Isi no mw’Ijuru kandi bazoronka ibihano bininiya cane
Verse 24 — Surah An-Nur 24:24
Kuri uwo musi indimi zabo hamwe n’amaboko yabo n’amaguru yabo azobabera icabona kuvyo bahora bagira
Verse 25 — Surah An-Nur 24:25
Kuri uwo musi Imana izobaha impembo yabo ikwiranye y’ukuri, kandi bazomenya yuko Imana ariyo nyene ukuri kwama kuri k’umugaragaro
Verse 26 — Surah An-Nur 24:26
Abakenyezi babi nibo bene abanega babi, n’abagabo babi nibo bene abatambukanyi babi, n’abakenyezi b’intungane nibo bene abanega beza, n’abagabo beza nibo bene abatambukanyi b’intungane, abo nibo bari kure y’ivyo babavugako, kandi nibo bazoronka ikigongwe n’imigisha y’iteka
Verse 27 — Surah An-Nur 24:27
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimwinjire mumazu y’abantu atari rwanyu kugeza aho musabira uruhusha, muteko muramutse bene inzu, ivyo nivyo vyiza kuri mwebwe nkumbure muzokwibuka
Verse 28 — Surah An-Nur 24:28
Nimuta hasangayo umuntu n’umwe ntimwinjire muri izo nzu kugeza aho muzoronkera uruhusha, nimwabwirwa nabene inzu gusubira inyuma nugusubira inyuma, uko kuzoba ari ukwisukura kuri mwebwe, n’Imana niyo ifise ubumenyi buhagije kuvyo mugira vyose
Verse 29 — Surah An-Nur 24:29
Si bibi kuri mwebwe kwinjira mumazu atarimwo abantu, murizo hoba harimwo akarusho kanyu, n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo muserura hamwe n’ivyo munyegeza
Verse 30 — Surah An-Nur 24:30
Nubwire aba Isilamu b’abagabo bunamike amaso yabo, kandi bakingire ibitsina vyabo uko kuzoba ari ukwisukura kwabo, ntankeka Imana niyo ifise inkuru z’ivyo bagira vyose
Verse 31 — Surah An-Nur 24:31
Kandi ubabwire aba Isilamu kazi nabone bunamike amaso yabo hasi, kandi bakingire neza ibitsina vyabo, kandi ntiberekane ibihimba vy’imibiri yabo atari ibibonekana kuribo, kandi bamanure imwishishiro yabo kugeza kubikiriza vyabo, kandi ntiberekane ibisharizo vyabo atari kubanega babo gusa, canke kwabase babo, canke kubakwe babo, canke kubana babo, canke kubana b’abagabo babo, canke basaza babo, canke abana babasaza babo, canke abana babashiki babo, canke abagore nkabo, canke bamwe mubo mwitungiye n’amaboko yanyu y’iburyo, canke ingendanyi z’abagabo badafise ibihababu vy’abagore, canke abana batarashika mubigero vyukwubaka izabo, kandi ntibatere imigere y’amaguru yabo ngo imenyekane muvyo bahishije mubisharizo vyabo, rero mwese nimusabe imbabazi ku Mana yanyu mwebwe aba Isilamu kugira ngo muronke intsinzi nyakuri
Verse 32 — Surah An-Nur 24:32
Nimubahe uburenganzira bw’ukubaka izabo abo bapfasoni bapfakaye hamwe n’abashumvyi banyu b’intungane muri mwebwe hamwe n’abashumvyikazi banyu niba bazoba ari abakene Imana izobaha amatungo kungabirano zayo, n’Imana niyo ikwiye hose kandi niyo nyene ubumenyi buhagije
Verse 33 — Surah An-Nur 24:33
Nibikinge nuwo mwanda kuri barya batashoboye kwubaka izabo kugeza aho Imana izobaha amatungo kungabirano zayo, na bamwe bashaka kwandikwa muri bamwe mwitungiye kumaboko yanyu y’iburyo, nimubandikire nimwabona yuko hari ineza kuribo, kandi mubahe mumatungo y’Imana yabahaye, kandi ntimubategeke abo bashumvyi banyu kugira ubushurashuzi niba bashaka kuguma bari mubantu beranda kugira ngo barondere icobafasha mubuzima bwo ng’aha kw’isi n’uwuzoba cinyiza bamenye yuko Imana mugihe bazoba bacinyijwe gutyo izoba girira ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
Verse 34 — Surah An-Nur 24:34
Mu vy’ukuri twarakumanuriye amajambo y’Imana matagatifu asigurwa k’umugaragaro hamwe n’uburorero bw’ibintu vy’abantu baho hambere yanyu hamwe n’ubutumwa ku bantu beranda
Verse 35 — Surah An-Nur 24:35
Imana niyo muco w’Amajuru n’Isi, n’akarorero k’umuco wayo ni nk’umuco urimwo itara, iryo tara naryo rikaba riri mumubindi no muri uwo mubindi ukaba waka nk’inyenyeri zisayangana zakijwe zakirizwa mugiti cahezagiwe c’Umuzayituni kitari muruhande rw’ubuseruko canke muruhande rw’uburengera zuba, amavuta y’ico giti yegereje gusayangana mugihe umukomezwa utarayashikira, n’umuco uri hejuru y’uwundi n’Imana irongora mumuco wayo kuwo yishakiye, kandi yama itanga uburorero kubantu bayo kandi niyo ifise ubumenyi bw’ibintu vyose
Verse 36 — Surah An-Nur 24:36
Mungoro z’Imana yategetse yuko zihayagizwa no murizo hasamirane izina ryiwe, ni muri ayo masengero bayiha yagirizamwo kuva mugitondo no k’umugoroba
Verse 37 — Surah An-Nur 24:37
Kubijanye n’abantu hamwe n’ibidandazwa vyabo hamwe nukugurisha kwabo bitabasamaza mukwibuka Imana yabo y’ukuri nuguhagarika amasengesho yabo nugutanga imperezwa zabo, mugabo bagatinya umusi imitima yabo izohindagurika hamwe n’amaso yabo
Verse 38 — Surah An-Nur 24:38
Kugirango Imana ibarihe impembo nziza y’ivyo bakoreye hamwe nukubongereza kungabirano zayo, n’Imana iha uwo yishakiye itarinze guharurirana
Verse 39 — Surah An-Nur 24:39
Nabahakanye Imana yabo y’ukuri ibikorwa vyabo bimeze nk’amazi yakure ubonera mubugararwa k’umuntu afise inyota ayabona yuko ari amazi, yayashikira naho ntayabone bakazosanga Imana ngaho kugira ngo ibarihe kubiharuro vyabo bikwiranye neza nivyo bakoze, n’Imana iroroshe muguharura
Verse 40 — Surah An-Nur 24:40
Canke ni nk’umwijima uri hagati y’ikiyaga c’amazi menshi gifuswe n’imikuba iri hejuru y’iyindi, no hejuru yayo hakaba hariho ibicu n’uwu mwijima ukaba uri hejuru y’uwundi, mugihe asokoroye ukuboko kwiwe nuwegereje kuwutawubona, rero uwo Imana itahaye uwo muco, uwo muntu ntamuco azoba afise
Verse 41 — Surah An-Nur 24:41
Mbega ntubona yuko Imana ihayagizwa mubiri mu Majuru yose no kw’Isi hamwe n’ibirimwo vyose hamwe n’inyoni mugihe zizinguruye amababa yazo, imwe yose muri izo nyoni ziba zamaze kumenya ugusenga kwazo n’ingene zihayagiza Imana yazo, nayo niyo ifise ubumenyi bw’ivyo bagira vyose
Verse 42 — Surah An-Nur 24:42
Ubwami bw’Ijuru n’Isi nubw’Imana, noku Mana niho abantu bose bazosubizwayo
Verse 43 — Surah An-Nur 24:43
Mbega ntubona yuko Imana ariyo isunika ibicu hanyuma ikavyegeranya bimwe kubindi, mukanya ugaca ubona imvura ivuye murivyo, nayo imanura kuva hejuru y’imisozi yivyo bicu imvura y’urubura igashikira kuwo yishakiye canke nukudashikira kuwo yishakiye, hakaba hegereje umuco w’umuravyo wayo wohumisha amaso
Verse 44 — Surah An-Nur 24:44
Imana niyo ihindura Ijoro n’Umutaga, ntankeka muri ivyo vyose harimwo ivyemezo ku bantu bafise amaso
Verse 45 — Surah An-Nur 24:45
N’Imana niyo yaremye ibikoko vyose ikoresheje amazi, n’ibindi murivyo bigendesha inda zavyo, n’ibindi navyo bigira kumaguru abiri, n’ibindi navyo bigira kumaguru ane, Imana rero irema uko yishakiye mu vy’ukuri niyo ifise ubushobozi bw’ibintu vyose
Verse 46 — Surah An-Nur 24:46
Mu vy’ukuri nitwebwe twamanuye aya majambo y’Imana matagatifu y’ukuri agaragaza ibikenewe vyose biri mw’idini ry’ukuri, n’Imana niyo irongora uwo yishakiye munzira igororotse
Verse 47 — Surah An-Nur 24:47
Nabo bavuga bati:- turemeye Imana hamwe n’intumwa yayo kandi turi abagamburutsi munyuma y’ivyo vyose, rero abo simu bantu bemera na gatoyi
Verse 48 — Surah An-Nur 24:48
No mugihe bahamagawe kubera Imana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa yayo kugira ngo ibacire urubanza ruri hagati yabo, bamwe muribo baca bayahakana
Verse 49 — Surah An-Nur 24:49
Niba ukuri ari rwabo, baca baza iwe n’ubugamburutsi ntangere
Verse 50 — Surah An-Nur 24:50
Mbega barafise ingwara mumitima yabo, canke barafise amakenga canke batinya yuko Imana izoba hemukira hamwe n’intumwa yayo, ahubwo nibo bahemukiye imitima yabo
Verse 51 — Surah An-Nur 24:51
Ntihaba hari ijambo ry’aba Isilamu mugihe bahamagawe n’Imana hamwe n’intumwa yayo kugira ngo ibacire urubanza ruri hagati yabo, nuko baca bavuga bati:- twebwe turumvise kandi turemeye, abantu nk’abo nibo bene intsinzi
Verse 52 — Surah An-Nur 24:52
Naba gamburukira Imana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa yayo hamwe nuku gamburukira Imana nukuyitinya, abo nibo bene intsinzi
Verse 53 — Surah An-Nur 24:53
Bararahira kw’Izina ry’Imana kundahiro yabo niniya yuko ubategetse ntankeka bazogenda rero nuvuge uti:- ntimurahire kuko ubugamburutsi bwanyu burazwi, mu vy’ukuri Imana irafise inkuru z’ivyo mugira vyose
Verse 54 — Surah An-Nur 24:54
Vuga uti:- nimu gamburukire Imana kandi mu gamburukire intumwa yayo, ni mwiyonkora rero ni kuriyo kuvyo mwikorejwe no kuri mwebwe mwikorejwe ubwo buremere, rero nimwa mugamburukira muzoba murongotse, ntakiri kuntumwa y’Imana atari ugushikiriza ubutumwa buri k’umugaragaro
Verse 55 — Surah An-Nur 24:55
Imana yarabemereye bamwe bemeye muri mwebwe nukugira ibikorwa vyiza yuko azobagira abaserukizi bayo ngaha kw’Isi nkuko yabagize abaserukizi babayeho imbere yabo, mu vy’ukuri izoba hagarikira kw’idini ryabo yabakundishije kandi izobahindurira amahoro mugihe bari batekewe n’ubwoba bwabo, babe bansenga batangereranya n’ibindi bintu, nayo abazohakana munyuma y’ibi vyose abo nibo basenyuzi b’amategeko yacu
Verse 56 — Surah An-Nur 24:56
Nimuhagarike amasengesho, kandi mutange n’imperezwa kandi mugamburukire intumwa y’Imana kugira ngo muronke impuhwe zayo
Verse 57 — Surah An-Nur 24:57
Ntimubikeke bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri yuko bazoyinanira Imana kuri iy’Isi, bamenye yuko ubwicaro bwabo ari ubwo mumuriro udahera, n’igaruka ryabo ntankeka rizoba ari ribi cane
Verse 58 — Surah An-Nur 24:58
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, niba badodorere ba bapfasoni mwitungiye n’amaboko yanyu y’iburyo hawe nabatara shikira mubigero vyugukura muri mwebwe incuro zitatu imbere y’amasengesho yo mugitondo no mugihe mwiyambuye impuzu zanyu zo kumutaga no mumpera z’amasengesho yo mw’ijoro, iyi rero niyo myanya itatu yagenewe yukuruhukiramwo kuri mwebwe, kandi sibibi kuri mwebwe canke kuribo muri iyo myanya muriko muragendanirana bamwe n’abandi, uku rero niko Imana ibamenyesha mumajambo yayo matagatifu nayo niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
Verse 59 — Surah An-Nur 24:59
Nabana muri mwebwe mugihe bazoshika mubigero vyabo nibadodore nkuko badodoye abaho hαmbere yabo uko niko Imana ibigaragaza mu majambo yayo matagatifu nayo niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
Verse 60 — Surah An-Nur 24:60
N’abakenyezi bifashe runtu batizeye kwubaka izabo, si bibi kuribo kugabanya imyambaro yabo bambaye, kandi baterekanye ibisharizo vyabo, mugabo nibihangana ni vyiza kuribo n’Imana niyo yumva kandi niyo ifise ubuhizi buhagije
Verse 61 — Surah An-Nur 24:61
Si bibi kumpumyi, canke kuwamugaye, canke kumurwayi, canke kubwanyu nyene nimwafungura muri mumazu yanyu, canke mumazu y’abavyeyi banyu, canke mumazu yaba nyoko banyu, canke mumazu yabene wanyu, cake mumazu yabashiki banyu, canke mumazu yaba so wanyu, canke mumazu yaba Inasenge banyu, canke mumazu yaba Inarume banyu, canke mumazu yabashiki banyokwanyu, canke zabamwe mwafatiye imfunguruzo zabo, canke abagenzi banyu, rero si bibi kuri mwebwe mufunguriye muri izonzu murikumwe nabo, canke mutandukanye nabo kure nakure, nimwinjira mumazu, mubanze muramutse kuko ariko kaganuke kavuye ku Mana irimwo imihezagiro n’imigisha uko rero niko Imana ibimenyesha mumajambo yayo matagatifu kugira ngo mushobore gutahura neza
Verse 62 — Surah An-Nur 24:62
Aba Isilamu b’ukuri nibarya bemeye Imana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa yayo no mugihe bari kumwe nayo kw’ijambo rijanye n’imigenderanire ya bose, nabo ntibigera bava aho bari batarinze gusaba uruhusha kuriwe, mu vy’ukuri abo bagusaba urwo ruhusha abo nibo bemera Imana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa yayo, rero mugihe bagusaba urwo ruhusha kubera ingorane zabo bafise, nuhe mubo wishakiye muribo kandi ubasabire ikigongwe ku Mana, mu vy’ukuri niyo ifise ikigongwe cinshi n’Impuhwe zihagije
Verse 63 — Surah An-Nur 24:63
Ntimugire ubu butumwa bw’intumwa y’Imana Muhammadi (aui) buri hagati yanyu, mu vy’ukuri Imana irabazi bamwe muri mwebwe biyonkora nabinyegeje, abo bantu rero nibagabe muri bamwe barenga kumategeko y’Imana, ntibahave bahura n’ingorane canke bagashikirwa n’ibihano bibabaza cane
Verse 64 — Surah An-Nur 24:64
Nimutegere neza, mu vy’ukuri ibiri mu Majuru yose hamwe no kw’Isi ni vy’Imana, ntankenka rero niyo ifise ubumenyi bw’ivyo mufise vyose no k’umusi bazogarurwa iwe niho izobabwira ivyo bagize vyose, nayo niyo ifise ubumenyi bw’ibintu vyose