Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 25 - Al-Furqan
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Al-Furqan 25:1
Nihaninahazwe Imana ariyo yazanye imigisha ikaba ariyo yamanuye iyi Qur’aani ntagatifu kuntumwa yiwe Muhammadi (aui) kugira ngo abe uwutuza kubantu bose
Verse 2 — Surah Al-Furqan 25:2
Ubwami bw’amajuru yose n’Isi nubw’Imana kandi bamenye yuko Imana itavyaye umwana canke idafise uwo bishigikiranye mubwami bwayo kandi niyo yaremye ibintu vyose nukubigirira uburinganire bungana
Verse 3 — Surah Al-Furqan 25:3
Aho bogize Imana y’ukuri baciye bafata izindi Mana z’ibintazi zitigera zirema icarico cose mugabo bakaba aribo baremwe gusa, nabo kubwabo bakaba batigaba mukwikurako ingorane bafise, canke agahengwe akariko kose, canke batagaba urupfu, canke ubuzima, canke ukuzurwa
Verse 4 — Surah Al-Furqan 25:4
Baravuze babahakanyi b’Imana y’ukuri bati:- ibi vyose n’ivyaduka yadukanye mugufashwa n’abandi bantu, noneho nibo bazanye ubuhemu n’ububeshi
Verse 5 — Surah Al-Furqan 25:5
Bavuga bati:- n’ingeso z’abantu bakera muvyo yandikishije asomerwa mugitondo no k’umugoroba
Verse 6 — Surah Al-Furqan 25:6
Vuga uti:- uwayamanuye aya majambo yose nurya afise ubumenyi bw’amabanga y’amajuru yose n’Isi, ntankeka niwe afise imbabazi nyinshi n’Impuhwe zihagije
Verse 7 — Surah Al-Furqan 25:7
Baciye bavuga bati:- n’intumwa y’Imana nyabaki ifungura nukugenda mw’isoko, none ni kuki itamanuriye Abamarayika ngo babe mu bantu batuza hamwe nawe
Verse 8 — Surah Al-Furqan 25:8
Canke ni kuki itamanuriwe ububiko canke ntibe idafise n’umurima wugufungurira mwo, nayo abahemukiye imitima yabo y’ukuri bakaba bavuze bati:- mwebwe ntimu mukurikira atari uko iri mubantu barozwe
Verse 9 — Surah Al-Furqan 25:9
Nurabe ingene bagutangirako uburorero, rero barazimiye kandi ntibazo shobora kuronka iyindi nzira igororotse
Verse 10 — Surah Al-Furqan 25:10
N’uwuzoba yazanye imihezagiro nurya azoba ashaka kukugirira ineza gusumba ivyo harimwo n’imirima yo mw’Ijuru icamwo inzuzi imbere yabo, hanyuma iguhe ingoro yacami iri mw’ijuru
Verse 11 — Surah Al-Furqan 25:11
Ahubwo barahakanye yuko ata musi w’umuhero w’Isi uriho, natwe twarawuba teguriye abo batawemera uwo musi umuriro ukaze cane
Verse 12 — Surah Al-Furqan 25:12
Uwo muriro ubabonye bakiri kure, baca bumva ishavu ryawo n’uguhinda kwawo
Verse 13 — Surah Al-Furqan 25:13
Batawe muri uwo muriro udahera hakaba hari ahantu hatoyi cane nabo baboshwe, aho niho bazohamagara urupfu rubashikire
Verse 14 — Surah Al-Furqan 25:14
Ntimuhamagare uno musi urupfu rumwe, ahubwo nimu hamagare amapfu menshi
Verse 15 — Surah Al-Furqan 25:15
Vuga uti:- mbega ibi nivyo vyiza canke Ijuru ry’ubuzima budahera ryateguriwe abantu batinya Imana yabo y’ukuri kugira ngo bibe kuribo impembo nziza n’ingaruka nziza
Verse 16 — Surah Al-Furqan 25:16
Bazoronswa muri ayo Majuru ivyo bipfuzamwo vyose hanyuma babeyo mubuzima bwabo bwose, kuko iyi niyo ndagano y’Umuremyi wawe ikenewe kurihwa
Verse 17 — Surah Al-Furqan 25:17
Umusi Imana izobegeranya abo bahakanyi bayo, hamwe n’ababasenga aho bosenze Imana y’ukuri ninaho izovuga ibabwira iti:- mbega ni mwebwe mwatakaje aba bantu banje canke nibo bonyene bazimiye inzira kubwabo
Verse 18 — Surah Al-Furqan 25:18
Nabo bazovuga bati:- Imana irisukuye nigabanukirwa ryivyarivyo vyose kandi ntibirekuriwe kuri twebwe kubagira ngo babe abaducungera atariyo yonyene, mugabo warabanejereje hamwe n’abavyeyi babo kugeza naho bibagira ubu butumwa bwawe nukuba mu bantu bahonejwe
Verse 19 — Surah Al-Furqan 25:19
Ntankeka barabahakanye kubijanye nivyo mwavuze kandi ntimuzo shobora kwikurako ibihano canke kuronka imfashanyo, n’uwuzogira inabi iyariyo yose muri mwebwe tuzo muhonjesha ibihano bininiya cane
Verse 20 — Surah Al-Furqan 25:20
Kandi ntitwarungitse imbere yawe intumwa z’Imana atari uko atamakenga arimwo kuko bahora bafungura ibifungurwa nukugenda mumasoko gusuma, kandi twarabahezagiye bamwe muri mwebwe ngo babe ibigeragezo kubandi, mbega muzo kwihangana? N’umuremyi wawe niwe abibona
Verse 21 — Surah Al-Furqan 25:21
Baravuze bamwe badatinya guhura natwe bati:- nikuki twebwe tutamanurirwa Abamarayika canke ngo tubone Umuremyi wacu? Ntankeka barihayagije mumitima yabo nukwidohora kumwe kuniniya cane
Verse 22 — Surah Al-Furqan 25:22
Umusi bazobona Abamarayika kuri uwo musi, ntamunezero uzoba uhari ku bantu bagize ivyaha kuko bazovuga bati:- Imana yobirenza kure ibi bihano bitwegereye
Verse 23 — Surah Al-Furqan 25:23
Natwe tuzogendera kuvyo bakoze mubikorwa vyabo hanyuma tubigire nk’inkungugu zasanzajwe
Verse 24 — Surah Al-Furqan 25:24
Abantu bo mw’ijuru kuri uwo musi bazoba bari mubwicaro bwiza n’ahantu hukwinezereza heza
Verse 25 — Surah Al-Furqan 25:25
N’umusi Amajuru azosatagurika hanyuma hazemwo ibicu bizo manukiramwo Abamarayika benshi cane
Verse 26 — Surah Al-Furqan 25:26
Ubwami bw’ukuri kuri uwo musi buzoba ari bwanyene imigisha, kandi uwo musi uzoba ari umusi ugoye cane ku bantu batemera Imana yabo y’ukuri
Verse 27 — Surah Al-Furqan 25:27
No k’umusi w’uwahemukiye umutima wiwe azokwirya amaboko yiwe avuga ati:- iyo nkurikira inzira y’ukuri hamwe n’intumwa y’Imana Muhammadi (aui)
Verse 28 — Surah Al-Furqan 25:28
Eh! iyo ntagira naka ngo abe ariwe umugenzi wanje
Verse 29 — Surah Al-Furqan 25:29
Niwe yantakaje nca ndareka gukurikira ubutumwa bw’Imana bumaze kunshikira, mu vy’ukuri Shetani ita umuntu mukaga
Verse 30 — Surah Al-Furqan 25:30
N’intumwa y’Imana yama ivuga iti:- Muremyi wanje, mu vy’ukuri abantu banje bagize iyi Qur’aani ntagatifu nk’ikintu cahunzwe
Verse 31 — Surah Al-Furqan 25:31
Uku rero niko twagiriye intumwa z’Imana zose ubwansi bw’abantu babi, n’Umuremyi wawe arahagije kuba indongozi n’umufasha
Verse 32 — Surah Al-Furqan 25:32
Baravuze bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri bati:- ni kuki atamanuriwe iyi Qur’ani ntagatifu icarimwe nk’uku imeze kugira ngo dutsimbataze umutima wawe kandi tukaba twayitondesheje kurutonde rwiza
Verse 33 — Surah Al-Furqan 25:33
Kandi ntibazo kuzanira akarorero akariko kose mugabo tuzo kuzanira ukuri kwama hamwe n’insiguro itomoye neza
Verse 34 — Surah Al-Furqan 25:34
Abazo kwegeranywa bubitse inda zabo hasi, bagashikanwa mumuriro udahera witiriwe Jahannamu, abo bantu bazoba ahantu habi cane nukuba barataye inzira y’ukuri
Verse 35 — Surah Al-Furqan 25:35
Ntankeka twaramuhaye intumwa y’Imana Mussa (iii) igitabu duca tumushira hamwe na musaza wiwe Haruna (iii) kuba muba shikiranganji biwe
Verse 36 — Surah Al-Furqan 25:36
Duca tubabwira ngo bagende ku bantu bahakanye amajambo yacu matagatifu, natwe duca turabahonya ukuri kwama
Verse 37 — Surah Al-Furqan 25:37
N’abantu b’intumwa y’Imana Nuhu (iii) mugihe bahakana intumwa z’Imana twaciye tubibiza mumazi nukubagira ibitekerezo ku bantu bose, kandi twarabateguriye abahemukiye imitima yabo ibihano bibabaza cane
Verse 38 — Surah Al-Furqan 25:38
Nabene Aadi hamwe na Thamuda, hamwe n’abantu bo mubinogo hamwe n’imvukira nyinshi zaho zari muribo
Verse 39 — Surah Al-Furqan 25:39
Bose twarabagiriyeko uburorero nabose uko bangana twarabahoneje bimwe vy’akarorero
Verse 40 — Surah Al-Furqan 25:40
Mu vy’ukuri barashitse kw’Isi yamanuriweko imvura mbi cane, mbega ntibayibona, ahubwo ntibemera yuko hariho ukuzurwa kw’abantu
Verse 41 — Surah Al-Furqan 25:41
Bakubonye ntakindi bagira atari ukujajura gusa nukuvuga bati:- mbega iyi niyo Mana yarungitse ngo ibe intumwa y’Imana
Verse 42 — Surah Al-Furqan 25:42
Mu vy’ukuri yari hafi yukutuzimiza kubera Imana zacu iyo tutigumya kuribo, kuko ubu vuba bari hafi yukumenya igihe bazobona ibihano vyuwahe yazimiye agata inzira
Verse 43 — Surah Al-Furqan 25:43
Mbega wamubonye umwe yikunze gusumba ibindi vyose kuba ariyo Mana yiwe, mbega woshobora kumukingira
Verse 44 — Surah Al-Furqan 25:44
Canke wiyumvira yuko benshi muribo bumva canke bategera? Ntibari abo nuko bari bameze nk’ibikoko, ahubwo bari bazimiye inzira gusumba ibindi vyose
Verse 45 — Surah Al-Furqan 25:45
Mbega ntiwabonye Umuremyi wawe ingene yasanzaje igitutu, iyo ibishaka ntankeka yarikukigira ngo kigume hamwe gusa, hanyuma tugira izuba ngo ribe icemezo kuriryo
Verse 46 — Surah Al-Furqan 25:46
Hanyuma tugikwegera iwacu buhoro buhoro
Verse 47 — Surah Al-Furqan 25:47
Nayo niyo yabagiriye ijoro kuba ari impuzu, n’itiro kuba nk’urupfu, nukugira umutaga kuba nk’ukuzuka
Verse 48 — Surah Al-Furqan 25:48
Nayo niyo irungika imiyaga kuba ari inkuru nziza imbere y’imigisha yayo, nukumanura amazi meza avuye mubicu
Verse 49 — Surah Al-Furqan 25:49
Kugira ngo tuzure Isi yari yarapfuye, nuku nyweshereza kuri bamwe twaremye haba mubikoko n’abantu benshi
Verse 50 — Surah Al-Furqan 25:50
Mu vy’ukuri twarayigabuye kuribo kugira ngo abantu bibuke, mugabo benshi muribo barahakanye atari ukugereranya Imana n’ibindi bintu gusa
Verse 51 — Surah Al-Furqan 25:51
Iyo dushaka twari kubarungikira mugisagara kimwe kukindi umuntu abatuza
Verse 52 — Surah Al-Furqan 25:52
Rero ntugamburukire abahakanyi b’Imana yabo y’ukuri, ahubwo nuhiganwe nabo kuri iyi Qur’aani ntagatifu kwihiganwa rininiya cane
Verse 53 — Surah Al-Furqan 25:53
Nayo niyo ihuza ibiyaga bibiri kimwe nigifise amazi meza y’umusarara, n’ikindi naco nic’umunyu ukaze cane, hanyuma ishiraho uruzitiro hagati yayo mazi uruzitiro ruzitiye neza
Verse 54 — Surah Al-Furqan 25:54
Niyo yaremye umuntu mumazi, hanyuma imushiriraho n’ubwoko bw’ubuhungu hamwe n’umuryango w’abakobwa, n’Umuremyi wawe niwe nyene ubushobozi bw’ibintu vyose
Verse 55 — Surah Al-Furqan 25:55
Barayasenga bitajanye n’amategeko y’Imana ataco abamariye canke ataninabi abagirira, n’uwuhakana Imana yiwe y’ukuri nurya atagendera kumategeko y’Umuremyi wiwe
Verse 56 — Surah Al-Furqan 25:56
Natwe ntitwakuzanye atari uko uba umutanzi w’inkuru nziza n’uwutuza
Verse 57 — Surah Al-Furqan 25:57
Vuga uti:- sindabasaba impembo kuri ibi, mugabo uwushaka nafate inzira imushikana kumuremyi wiwe
Verse 58 — Surah Al-Furqan 25:58
Kandi wizere uwufise ubuzima budahera kandi adasandaba, kandi uyininahaze nkuko ihayagizwa kwihayagizwa ryiza, nayo irahagije kubicumuro vy’abantu bayo kuba aribo bene inkuru zabo nziza
Verse 59 — Surah Al-Furqan 25:59
Uwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose kumisi itandatu hanyuma iganza hejuru y’inyegamo yayo, n’Imana nyene ikigongwe, n’ubaze inkuru ziwe kuwuzifitiye ubumenyi
Verse 60 — Surah Al-Furqan 25:60
Mugihe babwiwe bati:- ni mupfukamire nyene imigisha myinshi, baca bavuga bati:- uyo nyene Imigisha myinshi ni nde? Mbega dupfukamire uwudutegeka gusa twebwe, kandi nukutwongereza inzigo gusa
Verse 61 — Surah Al-Furqan 25:61
Niyo izana imigisha y’ukuri ikaba ariyo yahezagiye inyenyeri ziri mw’Ijuru nuguhezagira muriyo Izuba n’Ukwezi bisayangana
Verse 62 — Surah Al-Furqan 25:62
Nayo niyo yagize Ijoro n’Umutaga bigende bikurikirana kuwushaka kwibuka canke k’uwushaka gushima
Verse 63 — Surah Al-Furqan 25:63
N’abantu b’Imana nibarya bagendera ngaha kw’Isi n’ubwitonzi ntangere, nayo ibijuju bivuganye nabo babishura bati:- n’amahoro
Verse 64 — Surah Al-Furqan 25:64
Nabarya barenza bimwe mubihe vy’umwanya w’Ijoro kubera Umuremyi wabo bamupfukamira n’uguhagarara
Verse 65 — Surah Al-Furqan 25:65
Nabamwe bavuga bati:- Muremyi wacu, dukurire ibihano vyo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu, ntankeka ibihano vyiwe nibiguma bibandanya
Verse 66 — Surah Al-Furqan 25:66
Mu vy’ukuri uwo muriro udahera n’igituro kibi cane kandi n’ahantu habi hukubayo
Verse 67 — Surah Al-Furqan 25:67
Nabamwe mugihe bakoresheje amatungo yabo bataya sesagura kandi batigira ingumyi, ahubwo bari hagati na hagati muribo
Verse 68 — Surah Al-Furqan 25:68
Nabamwe badasaba iyindi Mana hamwe n’Imana y’ukuri, kandi bakaba batica umutima Imana yabujije kwica atari munzira y’ukuri, kandi bakaba batagira ubushurashuzi, nuwuzogira ivyo vyose azoronka ivyago vy’ibicumuro
Verse 69 — Surah Al-Furqan 25:69
Kandi azo kwongerezwa ibihano k’umusi w’imperuka, kandi azoba muriwo n’ibitetero vyinshi mubuzima bwiwe bwose
Verse 70 — Surah Al-Furqan 25:70
Dukuyemwo uwuzosaba ikigongwe nukwemera nukugira ibikorwa vyiza abo nibo Imana izohindurira amabi yabo kuba ibikorwa vyiza, n’Imana niyo nyene ikigongwe cinshi hamwe n’impuhwe zihagije
Verse 71 — Surah Al-Furqan 25:71
Nayo uwasavye imbabazi nukugira ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri azoba yasavye izo mbabazi bimwe vy’ukuri ku Mana yiwe
Verse 72 — Surah Al-Furqan 25:72
Nabamwe batigeze baba ivyabona vy’ububeshi mugihe bashitse ahantu atakamaro kahari baharengana n’urupfasoni ntangere
Verse 73 — Surah Al-Furqan 25:73
Nabamwe bibukijwe amajambo y’Umuremyi wabo ntibayagwako nkakumwe batayumvise canke ari impumyi
Verse 74 — Surah Al-Furqan 25:74
Nabamwe bavuga bati:- Muremyi wacu, n’uduhe muba tambukanyi bacu hamwe n’ibibondo vyacu ivyo nezereza amaso yacu kandi uduhezagire tube mundongozi ziku gamburukira
Verse 75 — Surah Al-Furqan 25:75
Abo nibo bazoronswa impembo y’amazu agerekeranye kuyandi kubera yuko bihanganye kandi bazoha sangayo urufasoni n’amahoro
Verse 76 — Surah Al-Furqan 25:76
Bazobayo mubuzima bwabo bwose n’iyo mw’ijuru nico gituro ciza cukubaho
Verse 77 — Surah Al-Furqan 25:77
Vuga uti:- Umuremyi wanje ntiyari kubitaho iyo hataba ugusenga kwanyu, namwe mwaramaze kubesha, rero mumenye yuko ibihano vyayo bizobafata atagisivya