Back to Languages

Rundi - Chapter 31 - Luqman

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah Luqman 31:1

Alif, Laam, Miiym. (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo bwose n’Imana yonyene gusa)

Verse 2 — Surah Luqman 31:2

Aya n’amajambo y’Imana matagatifu ari muriki gitabu categuwe neza cane

Verse 3 — Surah Luqman 31:3

Uburokoke hamwe n’imigisha niku bantu bagira ineza

Verse 4 — Surah Luqman 31:4

Bamwe bahagarika amasengesho yabo n’ugutanga imperezwa bakaba bafise icemezo c’umusi w’umuhero w’Isi yuko uriho

Verse 5 — Surah Luqman 31:5

Abo nibo bari hejuru y’uburokoke buvuye ku Muremyi wabo, kandi nibo bafise intsinzi nyakuri

Verse 6 — Surah Luqman 31:6

Nomu bantu bawe harimwo abatora amajambo ataco amaze kugira ngo bahuvye abantu hamwe n’inzira y’Imana, nabo atabumenyi bw’ikintu na kimwe bazi, nugufyinata munzira y’Imana, rero abo bantu bazoronka ibihano bibatetereza

Verse 7 — Surah Luqman 31:7

Mugihe basomewe amajambo yacu matagatifu, baca bayaha imigongo mukwishima nkuko womengo ntibayumvise nkuko kandi mumatwi yabo harimwo uburemere, rero nubashikirize inkuru y’ibihano bibabaza cane

Verse 8 — Surah Luqman 31:8

Ntankeka bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, kuribo bazoba bafise imirima y’imigisha

Verse 9 — Surah Luqman 31:9

Bazobayo mubuzima bwabo bwose, n’indagano y’Imana ni y’ukuri, nayo niyo ifise ubushobozi hamwe n’ubuhizi buhagije

Verse 10 — Surah Luqman 31:10

Niyo yaremye amajuru yose atankingi zifise kandi arizo mwibonera, hanyuma ishiraho imisozi kuri iy’Isi kugirango ntibazingezinge nugukwiragiza ibikoko vy’ubwoko bwose nukumanura amazi avuye mubicu, no muriyo tunagishako ibiterwa vyiza vy’ubwoko bwose

Verse 11 — Surah Luqman 31:11

Ibi vyose Imana niyo yabiremye rero nimunyereke ivyahe baremye bamwe batari Imana, mugabo abahemukiye imitima yabo bari mubuzimire buri k’umugaragaro

Verse 12 — Surah Luqman 31:12

Mu vy’ukuri twaramuhaye intumwa y’Imana Luq’manu (iii) ubuhizi duca tumubwira duti :- nukengurukire Imana yawe, n’uwuzo kenguruka muri mwebwe mu vy’ukuri azoba akengurukiye umutima wiwe, nayo uwuzoba ari umuhakanyi w’Imana y’ukuri, Imana niyo nyene ubutunzi kandi ihayagizwa hose

Verse 13 — Surah Luqman 31:13

Nawe Luqmanu mugihe yabwira ikibondo ciwe nawe ariko aramuhanura avuga ati:- mwananje ntuhirahire ngo ugereranya Imana n’ibindi bintu, kuko ukugereranya Imana n’ibindi bintu nibwo buhemu bukuru cane

Verse 14 — Surah Luqman 31:14

Twarahanuye umuntu kubera abavyeyi biwe kuko nyina wiwe yasamye inda yiwe k’uburuhe n’ubundi nukumucusha kw’ibere kukiringo c’imyaka ibiri yuko yonshimira abavyeyi bawe kuko ingaruka yamwese n’iwanje

Verse 15 — Surah Luqman 31:15

Nibagutegeka kugira ngo bangereranye n’ivyo ata bumenyi ufise, ntuba gamburukire, mugabo n’ubane nabo neza ng’aha kw’Isi, hanyuma ufate inzira yaba tumbera iwanje, hanyuma ingaruka yamwese n’iwanje, aho niho nzoba bwira muvyo mwahora mugira

Verse 16 — Surah Luqman 31:16

Mwananje, mu vy’ukuri ijambo iryariryo ryose rifise uburemere bwaryo nkubw’igishishwa c’imbuto y’icamwa c’umutende naho coba kiri hagati y’imisozi canke kiri mw’Ijuru canke kw’Isi, Imana izokizana ico kintu, ntankeka niyo nyene ubumenyi bw’ibintu vyinyegeje nibiri k’umugaragaro

Verse 17 — Surah Luqman 31:17

Mwananje, nuhagarike amasengesho yawe hanyuma utegeke abantu kugira ineza hamwe nugutuza amabi ayariyo yose, kandi wihangane hejuru yibizo gushikira, mu vy’ukuri ivyo nimu bintu bitegerezwa kugirwa

Verse 18 — Surah Luqman 31:18

Kandi ntubarabire kuruhande rumwe rw’amaso kandi ntugire kuri iy’Isi n’ivyishimo vy’umurengera mu vy’ukuri Imana ntikunda uwo wese yishima nukwibona

Verse 19 — Surah Luqman 31:19

Kandi ugire kurugendo rwo hagati na hagati kandi umanure ijwi ryawe, ntankeka ijwi ry’indogobwe niryojwi ribi cane gusumba amajwi yose mabi

Verse 20 — Surah Luqman 31:20

Mbega ntimubona yuko Imana yabaremeye ibiri mu Majuru no kw’Isi nukubakwiriza imihezagiro yayo iri k’umugaragaro n’iyindi iri mw’ibanga, hakaba hari abantu baharira kubijanye n’Imana atabumenyi bafise canke uburongozi bwavyo canke igitabu gifise umuco kurivyo

Verse 21 — Surah Luqman 31:21

Mugihe babwiwe bati :- nimu kurikire muvyo Imana yamanuye, nabo bishura bati :- ahubwo twebwe dukurikira muvyo twasanganye abavyeyi bacu bagira, mbega naho Sheteni ibahamagarira mubihano vyo mumuriro udahera harico

Verse 22 — Surah Luqman 31:22

N’uwushikanye amaso yiwe imbere y’Imana mugihe agira ineza, ntankeka azoba yamaze gufata ifundo rigumije neza, n’amaherezo y’ibintu vyose niku Mana yonyene gusa

Verse 23 — Surah Luqman 31:23

Nuwuhakana kuri ibi vyose wewe ntugire agahinda kubuhakanyi bwabo, ingaruka yabo n’iwacu, aho niho tuzobabwira ivyo bagize, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubumenyi bw’ibiri mubikiriza vyacu

Verse 24 — Surah Luqman 31:24

Tuzoba nezereza gatoyi gusa hanyuma tuze tubasunike mubihano bigoye cane

Verse 25 — Surah Luqman 31:25

Ubabajije uti:- ni nde yaremye Amajuru n’Isi ? Ntankeka bazo kwishura bati:- n’Imana, rero nimu babwire muti:- ishimagizwa ryose niry’Imana mugabo benshi muribo ntanakimwe bazi

Verse 26 — Surah Luqman 31:26

Ibiri mu Majuru yose no kw’Isi vyose nivy’Imana, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubutunzi nuguhayagizwa gukwiye

Verse 27 — Surah Luqman 31:27

Iyo ibiti vyose biri ngaha kw’Isi vyari kuba amakaramu, hamwe n’ibiyaga bifatanijwe n’ibindi biyaga indwi, aya majambo y’Imana ntiyari guhera, ntankeka n’Imana niyo ifise ubusobozi hamwe n’ubuhizi buhagije

Verse 28 — Surah Luqman 31:28

Ntikwari ukuremwa kwanyu canke ukuzurwa kwanyu atari nkuko ari umutima umwe gusa, mu vy’ukuri Imana niyo yumva kandi niyo ibona

Verse 29 — Surah Luqman 31:29

Mbega ntubona yuko Imana yinjiza ijoro mumutaga nukwinjiza umutaga mw’ijoro, nuku gamburutsa Izuba n’Ukwezi ivyo vyose bigira kumwanya wageneweko, n’Imana niyo ifise inkuru yivyo mugira vyose

Verse 30 — Surah Luqman 31:30

Ibi vyose nukubera yuko Imana ari iy’ukuri nico basaba aho gusaba Imana yonyene ari ibitariho, n’Imana niyo nyene iteka rininiya cane

Verse 31 — Surah Luqman 31:31

Mbega ntubona yuko amato agendera hejuru y’Ibiyaga kumihezagiro y’Imana kugira ngo ibereke ibimenyetso vyayo, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso vy’umuntu yihanganye hamwe nuwushima

Verse 32 — Surah Luqman 31:32

N’imikuba ibahwikiye nk’ibicu baca batabaza Imana n’ubwitonzi ntangere, mugabo imaze kubarokora ikabashikana kunkengera z’ikiyaga muribo baca bafata urugendo ruri hagati na hagati rwiza nayo abandi barahakana imigisha y’Imana, kandi ntabahakana imigisha y’Imana atari uwoba yihenze mukuru ariwe muhakanyi karuhariwe

Verse 33 — Surah Luqman 31:33

Mwebwe bantu, nimu gamburukire Umuremyi wanyu kandi mutinye wamusi umuvyeyi atazofasha ikibondo ciwe, canke umwana ataco azofasha umuvyeyi wiwe n’ikintu nagitoyi, ntankeka isango ry’Imana niry’ukuri rero ntimugahendwe n’ubuzima bwo ng’aha kw’Isi, canke ntimugahendwe n’urya mubeshi mukuru mubijanye n’ibintu vy’Imana

Verse 34 — Surah Luqman 31:34

Mu vy’ukuri ubumenyi bw’umuhero w’Isi buri ku Mana yonyene gusa, nayo niyo imanura imvura kandi ikaba ifise ubumenyi bw’ibiri munda z’abakenyezi n’umutima uwariwo wose, kandi ntabumenyi ufise bw’ivyo uzogira ejo, canke umutima w’umuntu ntabumenyi ufise bw’aho azopfira, ntankeka Imana niyo nyene ubumenyi n’inkuru z’ibintu vyose