Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 39 - Az-Zumar
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Az-Zumar 39:1
Imanuka ry’iki gitabu gitagatifu nikivuye ku Mana nyene ubushobozi hamwe n’ubuhizi buhagije
Verse 2 — Surah Az-Zumar 39:2
Mu vy’ukuri twebwe twaku manuriye iki gitabu bimwe vy’ukuri, rero n’usenge Imana yawe nukuyigira yuko ariyo Muremyi wenyene gusa
Verse 3 — Surah Az-Zumar 39:3
Uwizerwa w’Umuremyi n’Imana yonyene gusa, mugabo bamwe bagira abandi kuba arizo Mana aho kuba ariyo yonyene rudende bavuga bati:- twebwe abo ntituba senga mugabo niba dushikane hafi cane y’Imana, mu vy’ukuri Imana izocira urubanza ruri hagati yabo kuvyo batumvikanye ko, ntankeka Imana ntirongora umubeshi w’umuhakanyi w’Imana
Verse 4 — Surah Az-Zumar 39:4
Iyo Imana ibishaka ngo ironke ikibondo ntankeka yari gutora uwo yishakiye mubo yiremeye, mugabo iri kure yivyo vyose kuko n’Imana imwe yonyene rudende igira ivyo yishakiye
Verse 5 — Surah Az-Zumar 39:5
Niyo yaremye Amajuru n’Isi bimwe vy’ukuri, ikaba ariyo yapfuse Ijoro hejuru y’Umutaga kandi ikaba ariyo yapfuse Umutaga hejuru y’Ijoro kandi ikaba ariyo yagamburukije Izuba n’Ukwezi vyose bikagira gusa kugihe categekanijwe, mumenye yuko ariyo nyene ubushobozi kandi ariyo nyene ikigongwe cinshi
Verse 6 — Surah Az-Zumar 39:6
Niyo yabaremye mu mutima umwe, hanyuma igira mugenziwe kuba nkawe nukuba manurira ibikoko umunani harimwo impfizi n’inyana, rero ibarema munda z’abavyeyi banyu mufise iremwa ritandukanye n’irindi, riri mumyijima itatu, iyo rero niyo Mana ariyo Muremyi wanyu, ubwami bwose ni rwiwe kandi ntawundi asengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa, none mwebwe muhindukizwa hehe
Verse 7 — Surah Az-Zumar 39:7
Ni mwaba muri ahakanyi b’Imana y’ukuri, Imana ntibakeneye mwebwe mugabo ntiyemera ubuhakanyi bw’abantu bayo beranda, rero nimwa shima ivyo nivyo biyinezereza kuko biba bivuye kuri mwebwe, n’uwikorera ntazo kwikorera itu ry’uwundi, hanyuma ingaruka yanyu niku Muremyi wanyu, niyo izoba bwira ivyo mwahora mugira, ntankeka niyo ifise ubumenyi bw’ibiri mubikiriza vyanyu
Verse 8 — Surah Az-Zumar 39:8
Mugihe umuntu ashikiwe n’ingorane yama atakambira Umuremyi wiwe nugu tumbera iwe, hanyuma imuhaye imigisha ivuye kuriyo, wa muntu aca yibagira kuvyo yahora imu hamagarira aho hambere hahise nukuyi gereranya n’ibindi bintu kugira ngo ibatakaze munzira yayo, wewe rero nuvuge uti:- nunezerwe kubera ubuhakanyi bwawe mukiringo gitoyi gusa kuko wewe uzoba uri mu bantu bo mumuriro udahera
Verse 9 — Surah Az-Zumar 39:9
Mbega agire amasengesho mumyanya y’ijoro nugupfukama hamwe nuguhagarara nugutinya uwo musi w’imperuka hamwe nukwizera imigisha y’Umuremyi wiwe, wewe vuga uti:- mbega boshobora kungana bamwe bafise ubumenyi nabamwe badafise ubumenyi, rero abikebura nibarya bafise ubwenge gusa
Verse 10 — Surah Az-Zumar 39:10
Vuga uti:- mwebwe bantu banje bemeye Imana y’ukuri, ni mutinye Umuremyi wanyu, bamwe bagira ineza iyariyo yose ng’aha kw’isi bazoronswa ivyiza vyabo, n’Isi y’Imana iragutse cane, kandi ntankeka abatenyenya bazoronswa impembo yabo batarinze kurimburirana n’Imana
Verse 11 — Surah Az-Zumar 39:11
Vuga uti:- mu vy’ukuri jewe nategetswe yuko nsenga Imana nukwizera yuko Umuremyi ariwe wenyene gusa
Verse 12 — Surah Az-Zumar 39:12
Kandi nategetswe ngombe ndimu bantu bambere biyemeje kuba ndi umu Isilamu
Verse 13 — Surah Az-Zumar 39:13
Vuga uti:- jewe ntinya ibihano vy’umusi mukuru mugihe no cumurira Umuremyi wanje
Verse 14 — Surah Az-Zumar 39:14
Vuga uti:- jewe nsenga Imana yanje nemeza yuko ariyo yonyene gusa kandi ariyo Mana
Verse 15 — Surah Az-Zumar 39:15
Rero mwebwe nimusenge muvyo mukunda bitari Imana, nawe nuvuge iti:- mu vy’ukuri abazo ronka uruhombo nibarya bataye imitima yabo muruhombo hamwe n’abantu babo k’umusi w’imperuka, ni murabe urwo nirwo ruhombo ruri k’umugaragaro
Verse 16 — Surah Az-Zumar 39:16
Hazoshirwa hejuru yabo ibicu vy’umuriro no munsi yabo hazobayo ibindi bicu, kuri ivyo rero Imana irabagabisha abantu bayo, namwe bantu banje nimutinye
Verse 17 — Surah Az-Zumar 39:17
Na bamwe batitaho mukugira amasengesho y’amasanamu nuku gamburukira Imana, inkuru nziza nirwabo rero nubahe inkuru nziza aba bantu banje
Verse 18 — Surah Az-Zumar 39:18
Nabumviriza amajambo bagakurikira ayafise akamaro kuribo abo bantu nibo Imana yarongoye, kandi nibo bafise ubwenge
Verse 19 — Surah Az-Zumar 39:19
Mbega uwategerejwe gucirirwa urubanza rw’ibihano, mbega woshobora kurokora uwuri mumuriro udahera
Verse 20 — Surah Az-Zumar 39:20
Mugabo aba gamburukiye Umuremyi wabo bazoronka amazu maremare agerekeranye kuyandi mazu maremare, munsi yayo mazu hazocamwo inzuzi, iyo niyo ndagano y’Imana, kuko Imana ntirenga kundagano yayo
Verse 21 — Surah Az-Zumar 39:21
Mbega ntubona yuko Imana yamanuye amazi iyakuye mubicu hanyuma iyacisha hasi, nukuba amasoko y’amazi ari mukuzimu, hanyuma inagisha ivyamwa vy’ubwoko butandukanye, rero uca ubona ivyo vyamwa vyumutse nuguhindura amabara y’umuhondo, hanyuma bigaca bitangura gucika gurika, ntankeka muri ibi vyose harimwo ivyibutso ku bantu bafise ubwenge
Verse 22 — Surah Az-Zumar 39:22
Mbega umuntu Imana yugururiye igikiriza ciwe nukwemera ubu Isilamu kandi akaba ari mumuco uvuye ku Muremyi wiwe, rero ibihano bikaze cane bizoshikira bamwe bafise imitima y’agatimatare batibuka Imana namba, aba kandi nibo bari mubuzimire buri k’umugaragaro
Verse 23 — Surah Az-Zumar 39:23
Imana yamanuye amajambo meza cane arico gitabu kirimwo amajambo ahuje n’ayandi kandi aguma asubirwamwo, urukoba rw’umubiri narwo rwama ruhinda agashitsi kuri barya batinya Umuremyi wabo, hanyuma urukoba rwabo narwo hamwe n’imitima yabo iguma ihwahutse mukwibuka Umuremyi wabo, ubwo nibwo burokoke bw’Imana, kuri ubwo burokoke irongora uwo yishakiye, kandi uwurekuriwe n’Imana yuko yazimiye, ntankundi rero uwo muntu ntawuzo murongora
Verse 24 — Surah Az-Zumar 39:24
Mbega uwuzoba akingiye amaso yiwe n’ibihano bibi vyo k’umusi w’imperuka nayo abahemukiye imitima yabo bazobwirwa bati:- nimuhonje kuvyo mwamuye
Verse 25 — Surah Az-Zumar 39:25
Abamyeho imbere yabo barahakanye, n’ibihano vyaraba shikiye bivuye ahantu batazi
Verse 26 — Surah Az-Zumar 39:26
Imana yaciye ibahonjesha ibimaramare mubuzima bwo ng’aha kw’Isi n’ibihano vyo k’umusi w’imperuka nivyo bininiya iyo bobimenya
Verse 27 — Surah Az-Zumar 39:27
Ntankeka abantu twaraberetse uburorero butagira uko bungana buri muri iki gitabu gitagatifu ca Qur’aani kugira ngo abantu bagume bibuka
Verse 28 — Surah Az-Zumar 39:28
Iyi Qur’aani ntagatifu yamanutse mururimi rw’icarabu itarimwo ibintu bihuvya kugira ngo bikingire
Verse 29 — Surah Az-Zumar 39:29
Imana ibatangirako uburorero bw’umuntu afise basebuja bari mumatati, n’uwundi muntu afise Sebuja wiwe umwe wenyene gusa, mbega ubona yuko bongana mubuzima bwabo n’ugushimira Imana, mugabo benshi muribo ntavyo bazi
Verse 30 — Surah Az-Zumar 39:30
Mu vy’ukuri wewe uzosandaba, nabo nyene bazosandaba
Verse 31 — Surah Az-Zumar 39:31
Hanyuma ntankeka muzo kwitwara k’umusi w’imperuka imbere y’Umuremyi wanyu
Verse 32 — Surah Az-Zumar 39:32
Ni nde yoba ari umuhemu yahemukiye umutima wiwe gusumba uwubeshera Imana nuguhakana ukuri kwama mugihe kwamushikiye, none simuri wa muriro udahera aribwo bwicaro bwabo bahakanyi b’Imana y’ukuri
Verse 33 — Surah Az-Zumar 39:33
Nuwazanye ukuri nuku kwemeza, abo bantu nibo bagamburukira Imana yabo
Verse 34 — Surah Az-Zumar 39:34
Bazoronka ivyo bipfuza vyose ku Muremyi wabo, iyo niyo mpembo yabakora ibikorwa vyiza
Verse 35 — Surah Az-Zumar 39:35
Kugira ngo Imana ibahana gurire amabi yabo yose bagize nukubariha impembo yabo kuvyiza bahora bagira
Verse 36 — Surah Az-Zumar 39:36
Mbega Imana ntihagiza umuntu wayo, kandi baragutera ubwoba kuri barya mutari kumwe nabo rero uwaciriwe urubanza n’Imana yuko atakara ntawundi muntu yomu rongora
Verse 37 — Surah Az-Zumar 39:37
Nuwo Imana yarongoye ntawu shobora kumutakaza, mbega Imana siyo nyene ubushobozi ishobora kwihorera
Verse 38 — Surah Az-Zumar 39:38
Ubajije uti :- mbega ni nde yaremye Amajuru n’Isi, ntankeka bazokwishura bavuga bati :- n’Imana, nawe nubishure uti :- mbega mwebwe mubona gute muri bamwe musaba atari Imana y’ukuri, yuko Imana ishatse kungirira inabi, mbega barashobora kunkurira izo ngorane ziwe, canke ishatse kumpezagira mbega nibo bashobora gukingira imigisha yayo ? wewe nuvuge uti :- jewe Imana irampagije ni kuriyo bizera abayizera
Verse 39 — Surah Az-Zumar 39:39
Vuga uti :- mwebwe bantu banje, ni mugire ibikorwa vyanyu mutekereje nanje nuko nyene ndiko ndakora, rero ubu vuba muzobimenya
Verse 40 — Surah Az-Zumar 39:40
Ninde azo shikirwa n’ibihano bizomu tetereza hamwe nibizo manukira kuriwe kandi bibandanya
Verse 41 — Surah Az-Zumar 39:41
Twebwe twakumanuriye iki gitabu gitagatifu ca Qur’aani kubera abantu bose, kandi kugira ngo uba sobanurire ukuri, rero uwuzo rongoka ni kukamaro k’umutima wiwe, nayo uwuzo takara azo takara ntankeka azoba atakaye k’uruhombo rw’umutima wiwe, na wewe nturi mu bantu baba cungera
Verse 42 — Surah Az-Zumar 39:42
Imana niyo yica imitima y’abantu kumwanya w’urupfu rwayo, n’iyindi mitima itarapfa iri mw’itiro ryayo, rero ica igumya ya mitima yandikiwe urupfu hanyuma igaca isubiriza yayindi kugeza kumwanya wagenewe, ntankeka muri ibi vyose hariho icirwa ku bantu biyumvira
Verse 43 — Surah Az-Zumar 39:43
Canke nibo bigiriye ababa sabira imbere y’Imana? Wewe nuvuge uti:- naho ata butegetsi bafise bw’ikintu na kimwe kandi ntabumenyi bafise
Verse 44 — Surah Az-Zumar 39:44
Vuge uti :- isabirwa ryose riri kw’itegeko ry’Imana kuko ariyo nyene ubwami bw’Amajuru n’Isi, hanyuma mwese muzo subizwa iwe
Verse 45 — Surah Az-Zumar 39:45
Mugihe havuzwe Imana yonyene rudende, imitima yabamwe batemera umusi w’imperuka ica ishavura, no mugihe havuzwe abatavuga rumwe nabo mumwanya uca ubona banezerewe
Verse 46 — Surah Az-Zumar 39:46
Vuga uti:- ewe Muremyi waremye Amajuru n’Isi, ufise ubumenyi bw’ibintu bitaboneka n’ibiboneka, ni wewe uzocira urubanza ruzoba ruri hagati y’abantu bawe kuvyo bahora batumvikana ko
Verse 47 — Surah Az-Zumar 39:47
Niba abahemukiye imitima yabo iyo boba bafise ibiri ng’aha kw’Isi n’ibindi nk’ivyo, ntankeka bari gutanga kugira ngo bikombore kubijanye n’ibihano bibi vy’umusi w’imperuka, kandi bizo garagazwa ku Mana kuvyo batari bizeye
Verse 48 — Surah Az-Zumar 39:48
Hazo bonekana amabi yabimwe bahora bagira, kandi bazo kikuzwa nivyo bahora bafata minenerwe
Verse 49 — Surah Az-Zumar 39:49
Ingorane ishikiye umuntu aca adusaba twebwe, hanyuma tumuhaye imigisha ivuye iwacu aca avuga ati:- ibi ndabihawe kubera ubumenyi bwanje none sivyo, ico n’ikibazo mugabo benshi muribo ntakintu na kimwe bazi
Verse 50 — Surah Az-Zumar 39:50
Barayavuze aya majambo abamyeho imbere yabo mugabo ntaco vyabamariye muvyo bahora bagira
Verse 51 — Surah Az-Zumar 39:51
Rero barahuye n’amabi yivyo bakoze, n’abahemukiye imitima yabo muri aba, ubu vuba nabone bazohura n’amabi bahora bagira, nabo s’abazo nanirana
Verse 52 — Surah Az-Zumar 39:52
Mbega ntibazi yuko Imana itanga imigisha yayo kuwo yishakiye nukwima uwo yishakiye, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibintu vy’ugutegera ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri
Verse 53 — Surah Az-Zumar 39:53
Vuga uti :- mwebwe bantu banje mwahemukiye imitima yanyu, ntimu debukirwe kumigisha y’Imana, ntankeka Imana yama igira ikigongwe kubicumuro vyose, mu vy’ukuri niyo ifise ikigongwe cinshi kandi niyo nyene impuhwe zihagije
Verse 54 — Surah Az-Zumar 39:54
Nimu garuke ku Muremyi wanyu kandi muyi gamburukire imbere yuko mushikirwa n’ibihano vy’Imana hanyuma ntimuzo ronka umufasha
Verse 55 — Surah Az-Zumar 39:55
Nimu kurikire ibintu vyiza muvya manuwe kuri mwebwe bivuye ku muremyi wanyu imbere yugu shikirwa n’ibihano bije giturumbuka namwe mutabizi
Verse 56 — Surah Az-Zumar 39:56
Ntuze uvuge umutima w’umuntu uti:- ewe maganya yanje kuvyo nagabanije kuruhande rw’Imana, mu vy’ukuri jewe nari mubantu bafata ibintu minenerwe
Verse 57 — Surah Az-Zumar 39:57
Canke niyavuga iti:- iyo Imana indongora, ntankeka nari kuba mu bantu batakambira Imana
Verse 58 — Surah Az-Zumar 39:58
Canke ikavuga mugihe ibonye ibihano:- iyo ndonka ingaruka nari kuba mubagira ineza
Verse 59 — Surah Az-Zumar 39:59
Ni vy’ukuri kandi ntankeka warashikiwe n’amajambo yanje uraya hakana k’umugaragaro nu kwishima hanyuma uca uba muba hakanyi b’Imana
Verse 60 — Surah Az-Zumar 39:60
No k’umusi w’imperuka uzoba bona bamwe babesheye Imana mumaso yabo hamaze kwirabura, mbega simu muriro udahera witiriwe Jahannamu ariho hazoba ubwicaro bwabamye bishima
Verse 61 — Surah Az-Zumar 39:61
N’Imana izoba rokora bamwe bayitinya kubera intsinzi yabo, kandi ntibazo korwako n’amabi canke ntibazo teterezwa
Verse 62 — Surah Az-Zumar 39:62
Imana niyo rurema rw’ibintu vyose kandi niyo mureretsi w’ibiri hejuru y’ibintu vyose
Verse 63 — Surah Az-Zumar 39:63
Impfunguruzo z’Amajuru n’Isi zose ziri ku Mana nabamwe bahakanye amajambo y’Imana abo nibo bari muruhombo runiniya
Verse 64 — Surah Az-Zumar 39:64
Vuga uti:- mbega muntegetse gusenga uwutari Imana mwabijuju mwe
Verse 65 — Surah Az-Zumar 39:65
Mu vy’ukuri wewe warugururiwe hamwe n’abari imbere yawe yuko niwa gereranya Imana n’ibindi bintu ntankeka ibikorwa vyawe bizoba bibaye ivy’impfagusa, kandi ningombwa uzoba uri mu bantu bari muruhombo
Verse 66 — Surah Az-Zumar 39:66
Ahubwo wewe n’usenge Imana yawe gusa kandi ube mu bantu bashima
Verse 67 — Surah Az-Zumar 39:67
Ntibasoneye Imana yabo bimwe bikwiye, no k’umusi w’imperuka Isi yose izoba iri muminwe yayo, n’Amajuru yose azo zingirwa mukuboko kwayo kw’iburyo, nayo ikaba itandukanye nuku gabanukirwa n’ikintu icarico cose, kandi niyo iri hejuru gusumba kuvyo bayi gereraniriza ko
Verse 68 — Surah Az-Zumar 39:68
Hazovuzwa inzamba hace havamwo imitima y’abantu bari mumajuru hamwe nabari kw’Isi dukuyemwo uwo Imana yikundiye, hanyuma hazovuzwa iyindi nzamba igira kabiri aho rero niho hazozuka ibiremwa vyose bagume barabana gusa
Verse 69 — Surah Az-Zumar 39:69
N’Isi izosa yangana k’umuco w’Umuremyi wayo, n’ibitabu vyose bizobikwa hanyuma hace hazanwa intumwa z’Imana n’ivyabona vyazo, hanyuma hazocibwa urubanza ruzoba ruri hagati yabo bimwe vy’ukuri, kandi ntibazo hemukirwa
Verse 70 — Surah Az-Zumar 39:70
N’umutima wu mw’umwe wese uzorihwa kuvyo wakoze nayo niyo ifise ubumenyi buhanitse bw’ivyo bagira vyose
Verse 71 — Surah Az-Zumar 39:71
N’abahakanye Imana yabo y’ukuri bazojanwa mumuriro udahera witiriwe Jahannamu bari imirwi n’iyindi kugeza naho bazoyishikira yugururwe imiryango yayo n’abacungereye uwo muriro bazobwirwa bati:- mbega ntimwashikiwe n’intumwa z’Imana ziri muri mwebwe ziba somera amajambo y’Umuremyi wanyu nukuba tuza kw’ihuriro ry’uwo musi wanyu, nabone bazovuga bati:- nukubera iki? mugabo ryaremejwe ijambo ry’ibihano rizoba kuri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri
Verse 72 — Surah Az-Zumar 39:72
Hazovugwa hati:- ni mwinjire muri iyo myugariro y’uwo muriro udahera hanyuma muce mwicarayo, mugabo ubwo bwicaro bumeze gute, bwabo bantu bishima
Verse 73 — Surah Az-Zumar 39:73
N’abemeye Umuremyi wabo bimwe biboneka bazojanwa mw’ijuru bari imirwi n’iyindi kugeza naho bazoshikira imyugariro yaho yamaze kwugururwa naba cungereye bazoba bwira bati:- amahoro y’Imana abe kuri mwebwe, kandi ni munezerwe, kandi mwinjire ng’aha mw’ijuru mubeho muzima bwanyu bwose
Verse 74 — Surah Az-Zumar 39:74
Nabo bazovuga bati:- ihayagizwa ryose ni ry’Imana kuko ariyo iri mw’ijuru kandi ikaba ariyo yatwemereye indagano yayo hamwe nukudusigira ibisigi vy’Isi tuzokwicara muri iyo mirima aho dushaka hose, rero n’impembo nziza zimeze gute z’abagize ibikorwa vyiza
Verse 75 — Surah Az-Zumar 39:75
Uzobona Abamarayika bakikuza hambavu y’inyegamo y’Imana bahayagiza nugu himbaza Umuremyi wabo, hakazo cibwaho n’urubanza ruzoba hagati yabo rw’ukuri kandi hazovurwa hati:- amahayagizwa yose meza nay’Imana Umuremyi w’ibiremwa vyose