Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 43 - Az-Zukhruf
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Az-Zukhruf 43:1
Ha, Miiym. (Insiguro y’izi ndome hamwe nuwufise ubumenyi bwazo zose n’Imana yonyene gusa)
Verse 2 — Surah Az-Zukhruf 43:2
Ndarahiye kuri iki gitabu gitagatifu kimenyesha neza aya majambo
Verse 3 — Surah Az-Zukhruf 43:3
Ntankeka natwe twagize ngo kibe igisomwa co mururimi rw’icarabu kugira ngo mutegere neza
Verse 4 — Surah Az-Zukhruf 43:4
Mu vy’ukuri iyi Qur’aani ntagatifu iri mububiko bw’ibitabu vyose vyavuye iwacu kandi n’igitabu catewe iteka n’ubuhizi
Verse 5 — Surah Az-Zukhruf 43:5
Mbega natwe tureke kubibutsa kubera yuko mwabaye abantu mwamaze kurengerana kumabi yanyu
Verse 6 — Surah Az-Zukhruf 43:6
Mu bantu bakera twebwe twaraba rungikiye intumwa z’Imana nyinshi
Verse 7 — Surah Az-Zukhruf 43:7
Ntantumwa y’Imana iyariyo yose atari uko bahora bayigaya nukuyityoza
Verse 8 — Surah Az-Zukhruf 43:8
Rero twaraba honeje abari bafise ubushobozi buhanitse gusumba abo baqurayshi hamwe n’uburorero bw’ibihano vyashikiye abantu baho hambere
Verse 9 — Surah Az-Zukhruf 43:9
Ubabajije uti:- mbega ni nde yaremye Amajuru n’Isi? Mu vy’ukuri bakwishura bati :- uwaremye ibi vyose n’uwufise ubushobozi hamwe n’ubumenyi
Verse 10 — Surah Az-Zukhruf 43:10
Uwabagiriye iy’Isi kuba nk’ubusaswa nukugira amayira muriyo nukugira ngo murongore iyo mugomba kuja ahariho hose
Verse 11 — Surah Az-Zukhruf 43:11
Nuwamanuye amazi avuye mubicu kurugero no kuri ayo mazi niho twazuye Isi yari yarapfuye nikuri ivyo niko muzozurwa
Verse 12 — Surah Az-Zukhruf 43:12
Uwaremye ikigabo n’ikigore mubintu vyose nukubagirira amato hamwe n’ibikoko mwurira ko
Verse 13 — Surah Az-Zukhruf 43:13
Kugira ngo mwicareko neza hejuru y’imigongo yavyo hanyuma mwibuke imigisha y’Umuremyi wanyu mugihe mwicaye neza hejuru yavyo muvuga muti :- nihaninahazwe Imana yatugamburukije ibi vyose kandi ntitwari kwigirira ibi vyose
Verse 14 — Surah Az-Zukhruf 43:14
Ntankeka twebwe tuzo subira ku Muremyi wacu
Verse 15 — Surah Az-Zukhruf 43:15
Bamugirira mubantu beranda ahantu bavuga yuko ibi biremwa ari ibibondo vy’Imana mu vy’ukuri umuntu n’umuhakanyi w’imihezagiro iri k’umugaragaro
Verse 16 — Surah Az-Zukhruf 43:16
Yitwariye ibibondo vy’abakobwa muvyo yiremeye mukubatorera mwebwe ibibondo vy’abahungu
Verse 17 — Surah Az-Zukhruf 43:17
Umwe muribo mugihe ashikirijwe inkuru y’ivyo yagiriweko akarorero kanyene imigisha, mumaso yiwe haca hirabura cane n’agahinda kenshi
Verse 18 — Surah Az-Zukhruf 43:18
Uwarerewe mubisharizo nawe kubijanye nibihari ntashobora kuvuga k’umugaragaro
Verse 19 — Surah Az-Zukhruf 43:19
Kandi bagira Abamarayika aribo biremwa vy’Imana vyeranda ngo n’abagore bayo, mbega n’ivyabona mukuremwa kwabo? Ukuba kwabo kw’ivyabona kuzo kwandikwa kandi bazobazwa
Verse 20 — Surah Az-Zukhruf 43:20
Bavuga bati:- iyo ishaka nyene imigisha mininiya ntitwari kubasenga, kuko atabumenyi bafise kuri ibi vyose kandi ntibavuga atari amajambo y’ububeshi bw’ivyo bavuze
Verse 21 — Surah Az-Zukhruf 43:21
Mbega twebwe ntitwabahaye igitabu imbere y’iki ? Nabo bakaba bagifashe nkankama
Verse 22 — Surah Az-Zukhruf 43:22
Ahubwo bavuga bati :- mu vy’ukuri twebwe twasanze abavyeyi bacu kubera imigenzo yabo natwe twaciye dukurikira nkuko bamye bagira
Verse 23 — Surah Az-Zukhruf 43:23
Kandi ntitwarungitse uwutuza mubisagara ivyarivyo vyose atari uko abatunzi baho bavuze bati:- mu vy’ukuri twebwe twasanze abavyeyi bacu n’imigenzo yabo natwe duca dukurikiza ingeso zabo
Verse 24 — Surah Az-Zukhruf 43:24
Yavuze ati:- naho ndabazaniye imigenzo yacu ifise uburokoke bwiza gusumba iyo bari basanganywe abo bavyeyi banyu, nabo baciye bavuga bati:- twebwe turanse ubwo butumwa mwarungikanywe
Verse 25 — Surah Az-Zukhruf 43:25
Rero natwe duca turabihora, mugabo nimurabe ukugene kwabaye amaherezo yabigize abahakanyi b’Imana y’ukuri
Verse 26 — Surah Az-Zukhruf 43:26
N’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) mugihe yabwira umuvyeyi wiwe hamwe n’abantu biwe ati:- ntankeka jewe mbanje kuba kure yivyo mwebwe musenga
Verse 27 — Surah Az-Zukhruf 43:27
Dukuye mwo gusa uwandemye mu vy’ukuri niwe azondongora
Verse 28 — Surah Az-Zukhruf 43:28
Ninawe yagize iri jambo rizo gumaho muruvyaro rwiwe kugira ngo bagaruke
Verse 29 — Surah Az-Zukhruf 43:29
Ahubwo baranezerejwe mugihe bari kumwe n’abavyeyi babo kugeza naho bashikirwa n’ukuri n’intumwa y’Imana irabi garagaza
Verse 30 — Surah Az-Zukhruf 43:30
Mugihe bashikirwa n’ukuri baciye bavuga bati:- ubu n’uburozi kandi mu vy’ukuri twebwe turabu hakanye
Verse 31 — Surah Az-Zukhruf 43:31
Nabo bavuze bati:- ni kuki iyi Qur’aani itamanuwe k’umuntu mukuru wo muri ibi bisagara vyacu bibiri bikuru bikuru
Verse 32 — Surah Az-Zukhruf 43:32
Mbega nibo bagabura imigisha y’Umuremyi wawe, twebwe twarabugabuye ubu buzima bwabo ku buzima bwo ng’aha kw’Isi, kandi twarabareruye bamwe muribo tubaha n’iteka rininiya cane gusumba abandi, kuri ivyo rero bamwe muribo bagira abandi kuba ari abakozi babo, n’imigisha y’Umuremyi wawe niyo myiza gusumba ivyo begeranya
Verse 33 — Surah Az-Zukhruf 43:33
Iyo hataba abantu kuba ari umurwi umwe, ntankeka twari kugira ibisenge vy’inzu z’abantu bahakana nyene imigisha kuba ari iz’umwakaka hamwe n’ingazi burirako
Verse 34 — Surah Az-Zukhruf 43:34
N’inzugi z’inzu zabo hamwe n’ubusaswa bwabo hamwe n’inyegamo z’ukwegamira ko
Verse 35 — Surah Az-Zukhruf 43:35
Ahubwo n’inzahabu mugabo ivyo vyose ntaco bimaze atari amahirwe y’ubuzima bwo ng’aha kw’isi gusa nayo k’umusi w’imperuka uri ku Muremyi wawe niyaba yigamburukira
Verse 36 — Surah Az-Zukhruf 43:36
Uwuyagirira ubuhumyi amajambo yanyene imigisha tumushirira ho Shetani kuba ariyo mugenzi wiwe
Verse 37 — Surah Az-Zukhruf 43:37
Nabo nabazitira inzira y’amahirwe bakiyumvira yuko barokotse
Verse 38 — Surah Az-Zukhruf 43:38
N’igihe azodushikira k’umusi w’umuhero w’Isi nawe atwarwa mumuriro udahera azovuga abwira Shetani ati:- iyo aba ari kure y’ubuseruko n’ubumanuko hagati yanje na wewe, n’ubugenzi bubi bumeze gute
Verse 39 — Surah Az-Zukhruf 43:39
Uno musi nta nakimwe kizoba marira muvyo mwahemukiye imitima yanyu yuko mwebwe muri kumwe mubijanye n’ibihano
Verse 40 — Surah Az-Zukhruf 43:40
Mbega woshobora kwumvisha abatumva, canke woshobora kurongora impumyi hamwe n’abari mubuzimire buri k’umugaragaro
Verse 41 — Surah Az-Zukhruf 43:41
Twebwe nitwagukura ng’aha kw’isi utarabona ibihano vyabo ntugire amakenga twebwe tuzokwihora kuribo
Verse 42 — Surah Az-Zukhruf 43:42
Canke twebwe tuzokwereka neza muvyo twasezeranye nabo, natwe ntankeka turafise ububasha buri hejuru yabo
Verse 43 — Surah Az-Zukhruf 43:43
Rero nubifate nka nkama kuvyo twaguhaye, kandi ntankeka wewe uri munzira nziza igororotse
Verse 44 — Surah Az-Zukhruf 43:44
Mu vy’ukuri iki n’icibutso kuri wewe no ku bantu bawe, n’ubu vuba mwese muzobazwa
Verse 45 — Surah Az-Zukhruf 43:45
Nimugende mubaze intumwa zacu twazanye imbere yawe, mbega twebwe twoba twaragize izindi Mana zisengwa aho gusenga nyene imigisha myinshi ihagije
Verse 46 — Surah Az-Zukhruf 43:46
Ntankeka twebwe twararungitse intumwa y’Imana Mussa (iii) ifise amajambo yacu iyajana kwa Fir’auni no kubakuru b’abantu babo nukubabwira iti:- mu vy’ukuri jewe nd’intumwa y’Umuremyi w’abantu bose
Verse 47 — Surah Az-Zukhruf 43:47
Mugabo mugihe yashika afise ivyemezo vyacu, mu mwanya baciye bazitwenga ntibazemera
Verse 48 — Surah Az-Zukhruf 43:48
Kandi ntitwaberetse icemezo icarico cose atari icemezo cari kininiya gusumba ica mugenzi wiwe nukuba fata kubihano vyacu kugira ngo bagaruke iwacu
Verse 49 — Surah Az-Zukhruf 43:49
Nabo bavuze bati:- wamurozi we ! dusabire ku Muremyi wawe kubijanye naya ndagano yaguhaye mu vy’ukuri tuzoba turi mu bantu barongotse
Verse 50 — Surah Az-Zukhruf 43:50
Rero mugihe twaba kuriraho ivyo bihano mukanya isase twaciye tubona bayahonyanga ko
Verse 51 — Surah Az-Zukhruf 43:51
Nuyo Fir’auni yara menyesheje ku bantu biwe avuga ati:- bantu banje intwaro y’igihugu ca Misiri si rwanje hamwe n’izi nzuzi zica imbere yanje, mbega ntavyo mubona
Verse 52 — Surah Az-Zukhruf 43:52
Canke jewe ntacomaze gusumba uyu Mussa ajunjagariye ng’aha, kandi adashoboye kuvuga ibintu bitomoye
Verse 53 — Surah Az-Zukhruf 43:53
Mbega ni kuki atambitswe ibisharizo vy’inzahabu, canke ngo haze abamarayika bari kumwe nawe bamu kurikira
Verse 54 — Surah Az-Zukhruf 43:54
Yasanze bagaba nukiwe n’ubwenge bamu gamburukira, mugihe bari mu bantu bataye umurongo
Verse 55 — Surah Az-Zukhruf 43:55
Rero mugihe badu shavuza, twaciye tubihora, duca tubibiza mumazi uko bangana bose
Verse 56 — Surah Az-Zukhruf 43:56
Hanyuma twaciye tubagira kuba akarorero n’ibiganiro ku bantu bazoba baje munyuma yabo
Verse 57 — Surah Az-Zukhruf 43:57
No mugihe yaciribwa ko akarorero umwana wa Mariyamu (iii) mumwanya abantu bawe baciye bakoma akaruru
Verse 58 — Surah Az-Zukhruf 43:58
Baca bavuga bati:- mbega Imana zacu nizo nziza gusumba canke niwe, canke ntaco bakubwira atari munzira z’ibihari gusa, ahubwo abo bantu n’abasinzi
Verse 59 — Surah Az-Zukhruf 43:59
Ntiyari intumwa y’Imana ariwe Issa mwene Mariyamu (iii) atari uko yari umushumvyi w’Imana twamanuriye nuku mugira umwe muburorero bwiza kuri bene Israeri
Verse 60 — Surah Az-Zukhruf 43:60
Iyo tuba dushaka twari kubagira Abamarayika bari ngaha kw’Isi aho kuba ari mwebwe kuri iy’Isi
Verse 61 — Surah Az-Zukhruf 43:61
Mu vy’ukuri n’ikimenyetso c’umusi w’umuhero w’Isi kandi ntimukigirire amakenga kandi nimunkurikire iyi niyo nzira igororotse
Verse 62 — Surah Az-Zukhruf 43:62
Kandi Shetani ntibazitire, ntankeka kuri mwebwe niwe mwansi wanyu, kandi niwe mwansi wanyu aboneka neza k’umugaragaro
Verse 63 — Surah Az-Zukhruf 43:63
Mugihe intumwa y’Imana Issa mwene Mariamu (iii) yari afise ibimenyetso biri k’umugaragaro yavuze ati :- ndabashikiye mfise ubumenyi kugira ngo ndaba menyeshe bimwe muvyo mutumvikanyeko, rero ni mutinye Imana nanje mungamburukire
Verse 64 — Surah Az-Zukhruf 43:64
Mu vy’ukuri Imana niyo Muremyi wanje kandi niyo Muremyi wanje n’Umuremyi wanyu, rero ni muyisenge kuko niyo nzira igororotse
Verse 65 — Surah Az-Zukhruf 43:65
Imirwi n’iyindi yaracanye mwo rero bazoshikirwa bamwe bahemukiye imitima yabo muguhonywa n’ibihano vy’umusi ubabaza cane
Verse 66 — Surah Az-Zukhruf 43:66
Barindiriye iki atari ugushikirwa n’umusi w’umuhero w’Isi gusa kandi ukazoba shikira giturumbuka nabo aho bari batabizi
Verse 67 — Surah Az-Zukhruf 43:67
Abagenzi kuri uwo musi bazoba bari abansi kubandi dukuye mwo b’abagenzi bamye bagamburukira Imana yabo y’ukuri
Verse 68 — Surah Az-Zukhruf 43:68
Bantu banje ntabwoba muzoba mufise kuri uwo musi w’imperuka kandi mwebwe ntimuzo teterwa
Verse 69 — Surah Az-Zukhruf 43:69
Abemeye amajambo yacu bakaba bari aba Isilamu b’ukuri
Verse 70 — Surah Az-Zukhruf 43:70
Nimwinjire mumirima yo mw’ijuru mwebwe n’imiryango yanyu, iyo niho muzo nezerezwa
Verse 71 — Surah Az-Zukhruf 43:71
Bazohora bacishirizwa amasahani y’inzahabu hamwe n’ibikombe vyabo birimwo ivyo imitima yabo yipfuza hamwe n’ivyo amaso yabo azonezereza namwe iyo mw’Ijuru muzobayo mubuzima bwanyu bwose
Verse 72 — Surah Az-Zukhruf 43:72
N’uwu n’umurima mwasigiwe kuvyo mwahora mugira
Verse 73 — Surah Az-Zukhruf 43:73
Murahafitiye ivyamwa vyinshi muzo fungurira yo
Verse 74 — Surah Az-Zukhruf 43:74
Mu vy’ukuri abahakanyi b’Imana bazoba bicaye mubihano vyo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu
Verse 75 — Surah Az-Zukhruf 43:75
Ntibazo ruhutswa nivyo bihano biri muri uwo muriro udahera, kandi niho bazo kwiheburira yo
Verse 76 — Surah Az-Zukhruf 43:76
Natwe ntitwaba hemukiye, ahubwo nibo bonyene bahemukiye imitima yabo
Verse 77 — Surah Az-Zukhruf 43:77
Kandi bazokoma induru bavuga bati:- ewe mwami wacu, uyo Muremyi wawe natwice, nawe ace abishura ati :- ntankeka mwebwe aho muri muzoguma muri uwo muriro nyene
Verse 78 — Surah Az-Zukhruf 43:78
Mu vy’ukuri twebwe twarakuzaniye ukuri kwama mugabo benshi muri mwebwe mwamye mukugaya uko kuri kwama
Verse 79 — Surah Az-Zukhruf 43:79
Egome, boshobora gucishaho itegeko, canke natwe turashobora gucishaho irindi
Verse 80 — Surah Az-Zukhruf 43:80
Canke bikeka yuko twebwe tutumva amabanga yabo hamwe n’ukwongorerana kwabo, oya ! n’intumwa zacu ziri hafi yabo baravyandika
Verse 81 — Surah Az-Zukhruf 43:81
Vuga uti:- nyene imigisha iyo iba ifise ikibondo nari kuba uwambere mukuyisenga
Verse 82 — Surah Az-Zukhruf 43:82
Umuremyi w’Amujuru n’Isi Umuremyi n’inyegamo yiwe ntagatifu iri kure nivyo bayihayagiza ko
Verse 83 — Surah Az-Zukhruf 43:83
Rero nimubareke bagume bayogora nugutamba batarika kugeza naho bazohura n’uwo musi wabo baraganiwe
Verse 84 — Surah Az-Zukhruf 43:84
Niyo isengwa mw’Ijuru no kw’Isi, nayo niyo nyene ubuhizi n’ubumenyi buhagiije
Verse 85 — Surah Az-Zukhruf 43:85
Niyo iterwa iteka ry’ukuri kuko ariwe mwami w’Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose nirwiwe, kandi irafise ubumenyi bw’ugushika k’umusi w’umuhero w’Isi, namwe uko muri kwose muzo subizwa iwe
Verse 86 — Surah Az-Zukhruf 43:86
Nabo ntabubasha bafise bw’ugu sabira abo basabira atari Imana yonyene dukuye mwo bamwe bemera uku kuri nukuyimenya
Verse 87 — Surah Az-Zukhruf 43:87
Ubabajije uti;- ni nde yabaremye? Mu vy’ukuri bakwishura bati:- n’Imana, none ni hehe bahindukirizwa
Verse 88 — Surah Az-Zukhruf 43:88
N’imvugo yiwe n’iyi:- ewe Muremyi wanje, mu vy’ukuri aba n’abantu batemera Imana yabo y’ukuri
Verse 89 — Surah Az-Zukhruf 43:89
Rero nubagirire ikigongwe kandi ubabwire amajambo y’amahoro kuko ubu vuba bazotegera neza