Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 55 - Ar-Rahman
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Ar-Rahman 55:1
Nyene Imigisha myinshi
Verse 2 — Surah Ar-Rahman 55:2
Yigishije iyi Qur’ani ntagatifu
Verse 3 — Surah Ar-Rahman 55:3
Yaremye ikiremwa muntu
Verse 4 — Surah Ar-Rahman 55:4
Nuku mwigisha kuvuga
Verse 5 — Surah Ar-Rahman 55:5
Izuba n’Ukwezi bigira kugiharuro cayo
Verse 6 — Surah Ar-Rahman 55:6
N’ibiti bito bito na bininiya vyose bigamburukira Imana
Verse 7 — Surah Ar-Rahman 55:7
N’Amajuru yose niyo yayadugije hejuru n’ukuzishira k’uburinganire bungana
Verse 8 — Surah Ar-Rahman 55:8
Kugira ngo ntimuhemuke mu gupima ku minzani yanyu
Verse 9 — Surah Ar-Rahman 55:9
Rero ni mupime kubipimo vy’ukuri kandi ntimu gabanye kuri iyo minzani
Verse 10 — Surah Ar-Rahman 55:10
N’Isi yayishize ho kubera ibiremwa vyiwe
Verse 11 — Surah Ar-Rahman 55:11
Muriyo harimwo ivyamwa hamwe n’imitende yegeranye kuyindi
Verse 12 — Surah Ar-Rahman 55:12
Harimwo n’ibifungurwa vy’intete bifise ibishishwa hamwe n’ibifungurwa bifise akamoto keza
Verse 13 — Surah Ar-Rahman 55:13
Mwebwe biremwa bantu bo mubwoko bubiri, ni iyihe migisha y’Umuremyi wanyu muhakana
Verse 14 — Surah Ar-Rahman 55:14
Yaremye umuntu imukuye mw’ivu ry’ibumba nkakumwe kw’ibikoresho ry’ibumba
Verse 15 — Surah Ar-Rahman 55:15
Arema ibisigo akoresheje ururimi rw’umuriro
Verse 16 — Surah Ar-Rahman 55:16
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 17 — Surah Ar-Rahman 55:17
Umuremyi w’useruko bubiri n’Umuremyi w’uburengera zuba uko ari bubiri
Verse 18 — Surah Ar-Rahman 55:18
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 19 — Surah Ar-Rahman 55:19
Niyo yahujije ibiyaga bibiri
Verse 20 — Surah Ar-Rahman 55:20
Hagati y’avyo hariho uruzitiro rutinjirana n’ayandi mazi
Verse 21 — Surah Ar-Rahman 55:21
None n’iyihe migisha y’umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 22 — Surah Ar-Rahman 55:22
Muri ivyo biyaga uko ari bibiri harimwo ibisharizo vyiza vyitiriwe Ilulu hamwe n’ibindi vyitiriwe Mar’jani
Verse 23 — Surah Ar-Rahman 55:23
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 24 — Surah Ar-Rahman 55:24
Vyose biri kw’itegeko ryayo kuri ibi vyakozwe bigira mubiyaga umengo n’imisozi
Verse 25 — Surah Ar-Rahman 55:25
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 26 — Surah Ar-Rahman 55:26
N’ibiri hejuru y’Isi hamwe n’Amajuru vyose bizo zimangana
Verse 27 — Surah Ar-Rahman 55:27
Hasigare ukwamaho kw’Umuremyi wawe, nyene iteka, n’urupfasoni
Verse 28 — Surah Ar-Rahman 55:28
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 29 — Surah Ar-Rahman 55:29
Bimusaba ibiri mu majuru no kw’Isi ibirimwo vyose n’imisi yose, nayo ikaba iri mubindi bintu
Verse 30 — Surah Ar-Rahman 55:30
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 31 — Surah Ar-Rahman 55:31
Ubu vuba tuzoba kurikirana mwebwe ngabo uko muri babiri
Verse 32 — Surah Ar-Rahman 55:32
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 33 — Surah Ar-Rahman 55:33
Mwebwe miryango y’ibisigo n’abantu, nimwa shobora kwinyuvya ngo mwinjire mw’Ijuru no kw’Isi, rero ni mwinyuvye, mugabo ntimuzo kwinyuvya atari kububasha bwanje
Verse 34 — Surah Ar-Rahman 55:34
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 35 — Surah Ar-Rahman 55:35
Muzoshikirizwa urubeya rw’umuriro w’umujumpu, namwe ntimuzo shobora kwikingira nawo
Verse 36 — Surah Ar-Rahman 55:36
None n’iyihe migisha y’umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 37 — Surah Ar-Rahman 55:37
Nimwibuke igihe Amajuru azosenyagurika agaca aba nk’agahama k’urushato rwatukuye
Verse 38 — Surah Ar-Rahman 55:38
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 39 — Surah Ar-Rahman 55:39
Kuri uwo musi nta muntu azobazwa kubijanye n’ibicumuro vyiwe canke mubisigo
Verse 40 — Surah Ar-Rahman 55:40
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 41 — Surah Ar-Rahman 55:41
Bazo menyekana abantu babi kubimenyetso vyabo, hanyuma baze bafatwe kumishatsi y’imitwe y’abo y’ubuhori hori no kumaguru yabo
Verse 42 — Surah Ar-Rahman 55:42
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 43 — Surah Ar-Rahman 55:43
Uwu niwa muriro udahera witiriwe Jahannamu waba bahakanyi bahora bahakana
Verse 44 — Surah Ar-Rahman 55:44
Bazohora bakikuza hambavu yuwo muriro udahera no hambavu y’amazi ashushe abira nk’amarike
Verse 45 — Surah Ar-Rahman 55:45
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 46 — Surah Ar-Rahman 55:46
N’uwutinya guhagarikwa imbere y’Umuremyi wiwe azoronka imirima ibiri
Verse 47 — Surah Ar-Rahman 55:47
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 48 — Surah Ar-Rahman 55:48
N’imirima irimwo ibiti bifise amashami menshi cane
Verse 49 — Surah Ar-Rahman 55:49
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 50 — Surah Ar-Rahman 55:50
Muriyo harimwo amasoko abiri y’amazi ahitamwo iyo myonga neza cane
Verse 51 — Surah Ar-Rahman 55:51
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 52 — Surah Ar-Rahman 55:52
Muri iyo mirima harimwo ivyamwa vy’ubwoko bubiri bubiri n’uburenga
Verse 53 — Surah Ar-Rahman 55:53
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 54 — Surah Ar-Rahman 55:54
Bazoba begamiye k’ubusaswa bushashweko ibitambara vyoroshe n’ibiremereye. hamwe n’ivyamwa vyo muri iyo mirima icundereye hafi
Verse 55 — Surah Ar-Rahman 55:55
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 56 — Surah Ar-Rahman 55:56
Hazoba harimwo abagore bahumurije amaso yabo, bakaba batarakorwako n’umuntu uwariwe wese imbere yabo canke ibisigo
Verse 57 — Surah Ar-Rahman 55:57
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 58 — Surah Ar-Rahman 55:58
Ninkuko abo bapfasoni basayangana nk’ubutare bwitiriwe Yaquuti na Mar’jaani
Verse 59 — Surah Ar-Rahman 55:59
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 60 — Surah Ar-Rahman 55:60
Ntandishi y’ubugizi bw’ineza atari ukuriha ineza kuyindi
Verse 61 — Surah Ar-Rahman 55:61
None n’iyihe migisha y’umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 62 — Surah Ar-Rahman 55:62
No hejuru y’ivyo vyose, hariho n’iyindi mirima ibiri
Verse 63 — Surah Ar-Rahman 55:63
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 64 — Surah Ar-Rahman 55:64
Ifise amabara meza y’urwatsi rutoto ruhiye neza
Verse 65 — Surah Ar-Rahman 55:65
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 66 — Surah Ar-Rahman 55:66
Harimwo amasoko abiri y’amazi ayo mazi avamwo n’inguvu nyinshi cane
Verse 67 — Surah Ar-Rahman 55:67
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 68 — Surah Ar-Rahman 55:68
Harimwo ibiti vy’ivyamwa vy’ubwoko bwose, cane cane ibiti vy’imitende hamwe n’imikoma manga
Verse 69 — Surah Ar-Rahman 55:69
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 70 — Surah Ar-Rahman 55:70
Harimwo n’abapfasoni beza beza
Verse 71 — Surah Ar-Rahman 55:71
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 72 — Surah Ar-Rahman 55:72
Bafise amaso yera derere kandi meza manini maniniya kubaguma bari mu mazu y’abo gusa
Verse 73 — Surah Ar-Rahman 55:73
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 74 — Surah Ar-Rahman 55:74
Abo bapfasoni nti barakorwako n’umuntu uwariwe wese imbere y’abo canke ibisigo
Verse 75 — Surah Ar-Rahman 55:75
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 76 — Surah Ar-Rahman 55:76
Bazo kwegamira kunyegamo z’urwatsi rutoto no hejuru y’ubusaswa bwiza cane
Verse 77 — Surah Ar-Rahman 55:77
None n’iyihe migisha y’Umuremyi wanyu mwebwe muhakana
Verse 78 — Surah Ar-Rahman 55:78
Rira ninahajwe izina
ry’Umuremyi
wawe,
nyene
iteka n’urupfasoni
ruyikwiye