Back to Languages
Rundi - Chapter 64
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba
Verse 1
Ibiri mu Majuru no kw’Isi vyose bininahaza Imana, ubwami ni rwayo n’ihayagizwa ryiza ni rwayo, nayo niyo nyene ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose
Verse 2
Niyo yabaremye mwese, n’abandi muri mwebwe batemera Imana yabo y’ukuri n’abandi muri mwebwe naba Isilamu, n’Imana niyo ibona ivyo mugira vyose
Verse 3
Niyo yaremye Amajuru n’Isi bimwe vy’ukuri, n’ukugira amashusho yanyu, hanyuma ayo mashusho ayagira neza, n’ingaruka ya vyose iriwe
Verse 4
Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibiri mu Majuru no kw’Isi, n’ukumenya ivyo munyegeza nivyo muserura, nayo niyo ifise ubumenyi bw’ibiri mubikiriza vyanyu
Verse 5
Mbega ntimwashikiwe n’inkuru ya bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri baho hambere, bahonjeje amabi y’ibikorwa vyabo, nabo nibo bafise ibihano bibabaza cane
Verse 6
Ivyo vyose n’ukubera intumwa z’Imana zabo zaguma zibashikira zifise ivyemezo biri k’umugaragaro, mugabo bavuga bati:- abantu nkatwe nibo boturongora? Kuri ivyo barahakanye n’uguhindukira kurundi ruhande, n’Imana ntaco ikeneye, ahubwo irihagije kubwayo, kandi niyo ihayagizwa gusumba ibindi vyose
Verse 7
Abahakanye Imana yabo y’ukuri bavuga yuko batazozurwa, wewe n’uvuge uti:- ni kuki kw’ukuri k’Umuremyi wanje, mwebwe muzozurwa vyanka bikunda, kandi ningombwa yuko muzo menyeshwa ivyo mwagize vyose, kandi ivyo bintu n’ivyoroshe ku Mana
Verse 8
Rero ni muyemere Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa yayo n’umuco twamanuye, n’Imana niyo ifise inkuru zivyo mugira vyose
Verse 9
Umusi Imana izobakoranya mwese, kubera uwo musi w’ukwegeranywa, uwo niwo musi w’uruhombo rw’abantu babi, n’uwemera Imana yiwe y’ukuri izomu hanagurira amabi yiwe yose nukumwinjiza mu mirima yo mw’Ijuru icamwo inzuzi imbere yiwe, hanyuma baze babeyo mu buzima bwabo bwose, iyo niyo ntsinzi niniya
Verse 10
Nabamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri n’uguhakana amajambo y’acu matagatifu, abo nibo bantu bo mumuriro udahera, bazobayo mu buzima bwabo bwose, naho hari ingaruka mbi cane kuribo
Verse 11
Nta vyago ivyarivyo vyose bishika atari kw’itegeko ry’Imana, n’uwemera Imana yiwe y’ukuri niwe arongora umutima wiwe, n’Imana niyo nyene ubumenyi bw’ibintu vyose
Verse 12
Ni mugamburukire Imana yanyu y’ukuri n’intumwa yayo, ni mutitaho ni kuntumwa yacu gubashikiriza ubutumwa gusa buri kumugaragaro
Verse 13
Imana, ntayindi isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa, naba Isilamu nibizere Imana yonyene gusa
Verse 14
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, mu vy’ukuri bamwe mu bakenyezi banyu hamwe n’ibibondo vyanyu nibo bansi banyu, rero ni mwirinde kuribo nimwaba girira ikigongwe n’ukutitaho kuvyabaye n’uguhanagura ibiri mu mitima yanyu, nuko Imana ifise ikigongwe cinshi hamwe n’impuhwe zihagije
Verse 15
Ntankeka amatungo yanyu hamwe n’ibibondo vyanyu n’ibigeragezo kuri mwebwe bantu no kuMana niho hari impembo niniya cane
Verse 16
Ni mugamburukire Imana yanyu y’ukuri uko mubishoboye kwose, kandi mwumvirize muteko mugamburuke, kandi mutange ivyanyu mu nzira nziza bizoba ari vyiza ku mitima yanyu, n’abazo kingirwa nukutaba ingumyi y’imitima y’abo, abo nibo bene intsinzi nyakuri
Verse 17
Nimwa begurira Imana ikimanyu ciza, izo bongerezako, kandi izoba girira ikigongwe, n’Imana niyo itanga imihezagiro myinshi kandi niyo ntungane
Verse 18
Niyo yene kumenya ibiri mumbari hamwe n’ibiri k’umugaragaro, niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije