Back to Languages

    Rundi - Chapter 69

    Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

    Verse 1

    Icabaye c’ukuri

    Verse 2

    Nico cabaye c’ukuri n’igiki

    Verse 3

    N’igiki kizo kumenyesha ico kintu cabaye c’ukuri

    Verse 4

    Bene Thamudu na bene Aadi barahakanye umusi w’umuhero w’isi

    Verse 5

    Rero abo bene Thamudu barahonejwe kuvyago bininiya cane

    Verse 6

    Nayo bene Aadi barahonejwe n’igihuhusi gikaze cane kida kingirwa

    Verse 7

    Wabatwaye amajoro indwi n’imitaga umunani, ubwo nyene uda hengeshanije, ugasanga abantu baguye igihumure nkakumwe kw’ibishitsi vy’imitende vyaguye hasi bimeze nk’imiroha

    Verse 8

    Mbega wabonye umwe muribo yasigaye

    Verse 9

    Na Fir’auni hamwe n’abamyeho imbere yiwe nabo mubisagara vyahinduwe, nabone baragize amakosa

    Verse 10

    Bariyonkora kuntumwa z’Umuremyi wabo ari naho yabafata kunguvu zitabaho

    Verse 11

    Mugihe umwuzurire w’amazi washika, twebwe twarabadugije tuburiza muri ico kigenda aribwo bwato

    Verse 12

    Kugira ngo kibe icibutso kuri mwebwe, n’ugutwi kwumva kwumvire ho

    Verse 13

    N’igihe hazovuzwa inzamba izovuzwa rimwe gusa

    Verse 14

    N’Isi hamwe n’Imisozi bizo kurwaho n’ugusenyurwa rimwe gusa

    Verse 15

    Kuri uwo musi ibizoba bizoba vyamaze kuba

    Verse 16

    N’amajuru azo manyagurika, rero kuri uwo musi Amajuru azoba ahoyahoya cane

    Verse 17

    N’Abamarayika bazoba bari hambavu yayo majuru n’Abamarayika b’ubwoko umunani nibo bazorerura inyegamo y’iteka y’Umuremyi wawe

    Verse 18

    Kuri uwo musi mwese muzo kwerekwa naho hatazo nyegezwa amabanga yanyu yose

    Verse 19

    Rero uwuzo habwa igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo azovuga n’akamwemwe kenshi ati:- ni musome igitabu canje

    Verse 20

    Mu vy’ukuri ndazi yuko nzohabwa ibiharuro vyanje

    Verse 21

    Nawe azoba ari mu buzima bw’akanyamuneza ntangere

    Verse 22

    Mw’ijuru ritagatifu

    Verse 23

    Ivyamwa bigerekeranye kubindi bizoba hafi kuribo

    Verse 24

    Nimufungure muteko munywe n’umunezero ntangere, kubera ibikorwa mwagize muri iyo misi yahera

    Verse 25

    Mugabo uwuzohabwa igitabu ciwe mukuboko kwiwe kw’ibubamfu azovuga ati :- Yo! Iyo ntohawe iki gitabu canje

    Verse 26

    Kandi sinari kumenya ikihe giharuro canje

    Verse 27

    Iyo urupfu rumarira ivyanje vyose

    Verse 28

    Amatungo yanje ntaco yamariye

    Verse 29

    Ubutegetsi bwanje bwara ntakaranye

    Verse 30

    Ni mumufate mumushire ko iminyororo

    Verse 31

    Hanyuma mumujugunyire mumuriro udahera

    Verse 32

    Kandi abe yaboshwe n’umunyororo ufise uburebure bw’imetero mirongo indwi muce mu mwinjiza yo

    Verse 33

    Mu vy’ukuri ntiyigeze yemera Imana yiwe ntagatifu

    Verse 34

    Kandi ntiya himiriza abandi kugira ngo arishe abakene

    Verse 35

    Rero uno musi ngaha ntamukunzi muhire n’umwe afise

    Verse 36

    Nta n’ibifungurwa afise atari amazi y’amashira gusa

    Verse 37

    Ntiba gufungura ivyo bifungurwa atari abanya vyaha

    Verse 38

    Rero ndarahiye kubintu mubona

    Verse 39

    N’ivyo mutabona

    Verse 40

    Mu vy’ukuri aka n’akamo kazanywe n’intumwa y’Imana ifise iteka rininiya cane

    Verse 41

    Kandi s’imvugo y’umwanditsi w’amajambo y’ubuhizi nkuko mu bivuga, nani bakeyi cane muyemera

    Verse 42

    Kandi s’amajambo y’umurozi nkuko mubivuga, ni gakeyi cane kuri mwebwe kugira ngo mushobore kwemera ubu butumwa

    Verse 43

    N’imanurwa rivuye ku Muremyi w’ibiremwa vyose

    Verse 44

    Iyo yiyadukiza kuri twebwe bimwe mu majambo asanzwe gusa

    Verse 45

    Ntankeka twebwe twari kumu cakira n’ukuboko kw’iburyo

    Verse 46

    Kandi mu vy’ukuri twari kumuca umutsi mukuru w’umutima wiwe

    Verse 47

    Kandi nta n’umwe muri mwebwe yari kutubuza mukuta mufata

    Verse 48

    Mu vy’ukuri iyi Qur’ani ntagatifu n’ubutumwa ku bantu bagamburukira Imana yabo y’ukuri

    Verse 49

    Mu vy’ukuri twebwe turazi neza yuko muri mwebwe harimwo abahakanyi

    Verse 50

    Uzoba ari umubabaro ku bantu batemera Imana yabo y’ukuri

    Verse 51

    Mu vy’ukuri uku n’ukuri nyakuri

    Verse 52

    Rero n’uninahaze izina ry’Umuremyi wawe ariwe mukuru. Igisomwa c’Ukuduga. Ikigabane ca (29). Camanukiye IMakkat. Gifise imirongo