Back to Languages
Rundi - Chapter 71
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba
Verse 1
Mu vy’ukuri twebwe twararungitse intumwa y’Imana Nuhu (iii) ku bantu biwe, yuko yobatuza imbere yuko bashikirwa n’ibihano bibabaza cane
Verse 2
Nawe avuga ati:- emwe bantu banje, mu vy’ukuri jewe ndi uwutuza mboneka neza kuri mwebwe
Verse 3
Yuko mwosenga Imana yanyu y’ukuri, muyigamburukire kandi munyubahe
Verse 4
Izoba girira ikigongwe kubicumuro vyanyu, kandi izoba tebereza kugeza k’umwanya wagenewe, mu vy’ukuri naho impanuka yoturuka ku Mana ntikingirwa nk’iyo mwobimenya
Verse 5
Intumwa y’Imana Nuhu (iii) yavuze iti:- ewe Muremyi wanje, mu vy’ukuri abantu banje jewe nabashikirije ubutumwa ijoro n’umutaga
Verse 6
Mugabo ubutumwa bwanje nta nakimwe bwongereje atari uku mpunga gusa
Verse 7
Nuko naba hamagara kugira ngo ubagirire ikigongwe, baca baziba amatwi yabo bakoresheje intoke zabo, n’ukwipfuka impuzu zabo hose, baca bongereza babandanya guhakana n’ukwishima kwinshi cane
Verse 8
Kandi jewe naraba hamagaye k’umugaragaro
Verse 9
Hanyuma ndabatera akamo k’ijwi rirerire, kandi ndavugana nabo mu mwiherero
Verse 10
Ndababwira nti:- ni musabe ikigongwe ku Muremyi wanyu, mu vy’ukuri niyo ifise ikigongwe cinshi gusumba
Verse 11
Izoba zanira ibicu bisesa gurika imvura nyinshi cane
Verse 12
Kandi izobaha amatungo hamwe n’ibibondo, kandi izobaha n’imirima, kandi ibagirire n’inzuzi
Verse 13
Mubaye gute, nta rupfasoni mugirira Imana
Verse 14
Mugihe ariyo yabaremye muri ubu buryo n’ubundi
Verse 15
Mbega nti mubona ingene Imana yaremye Amajuru uko ari indwi agerekeranye kuyandi
Verse 16
N’ukugira Ukwezi muri kwo kube ari umuco, n’ukugira Izuba kuba ari itara
Verse 17
N’Imana yaraba nagishije kw’isi ibiterwa
Verse 18
Hanyuma izoba subiza muri yo kandi izo bakuramwo
Verse 19
N’Imana yarabagiriye Isi kuba ikintu ciza mwasasiwe
Verse 20
Kugira ngo mugire kuriyo mu nzira z’agutse
Verse 21
Intumwa y’Imana Nuhu (iii) yavuze iti:- Muremyi wanje, mu vy’ukuri abo bantu banje biyonkoye kuri jewe, kandi bakurikiye abafise amatungo yabo n’ibibondo vyabo ata kindi babongereje atari uruhombo gusa
Verse 22
Baca bagira ingeso niniya z’uguta idini
Verse 23
N’abababwiye aba bakurikiye bati:- ntimusige Imana zanyu canke ntimusige uwitwa Waddan hamwe na Suwa’a, na Yaghutha na Yauqa na Nas’raa
Verse 24
Nabo bakaba baratakaje abantu benshi, rero ntubongereze aba hemukiye imitima y’abo atari ukuzimirira kure
Verse 25
Rero kubera amakosa yabo baciye bibizwa mumazi n’ukwinjizwa mu muriro udahera, kandi ntiba ronse ababa tabara imbere y’Imana
Verse 26
N’intumwa y’Imana Nuhu (iii) yagumye abandanya avuga ati:- Muremyi wanje, ntusige uwariwe wese kuri iy’Isi muri abo bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
Verse 27
Mu vy’ukuri niwaba siga abo bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri bazo zimiza abantu bawe barongotse, kandi ntibazo kwibaruka atari ibibondo bibi cane vy’abahakanyi b’Imana y’ukuri nkuko kwabo
Verse 28
Muremyi wanje, jewe n’ungirire ikigongwe hamwe n’abavyeyi banje, hamwe n’uwinjiye munzu yanje nawe ari umu Isilamu, hamwe naba Isilamu b’abagabo hamwe naba Isilamu kazi, kandi ntu bongereze abahemukiye imitima yabo atari ukuba honya gusa