Back to Languages

    Rundi - Chapter 72

    Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

    Verse 1

    Vuga uti:- naramenyeshejwe kuri jewe yuko umurwi umwe w’ibisigo wumvise amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani uca uvuga uti:- mu vy’ukuri twumvise amajambo ya Qur’ani y’igitangaza

    Verse 2

    Irongora k’uburongozi, kuri ivyo natwe turayemeye kandi ntituzo kwigera tugereranya Imana n’ikindi kintu hamwe n’Umuremyi wacu

    Verse 3

    Kandi mu vy’ukuri iteka ry’Umuremyi wacu riratewe iteka rihagije cane kuko itigeze yigirira umukenyezi canke ikibondo

    Verse 4

    Mu vy’ukuri abadafise ubwenge muri twebwe bamye bavuga amajambo yarengeje urugero hejuru y’Imana

    Verse 5

    Natwe twamye twiyumvira yuko abantu hamwe n’ibisigo batazo besha hejuru y’Imana

    Verse 6

    Mu vy’ukuri hari abagabo mubiremwa vy’Imana bikingira kubagabo b’ibisigo, kuri ivyo babongereza ingorane zidasanzwe

    Verse 7

    Mu vy’ukuri biketse nkuko mwiketse mwebwe yuko Imana itazo zana iyindi ntumwa y’Imana iyariyo yose

    Verse 8

    Natwe twarakoze kumajuru tuyabona acungerewe n’abafise inguvu hamwe n’inyenyeri zisa yangana

    Verse 9

    Mu vy’ukuri twahora twicara mu nyubakwa kugira ngo twumvirize mugabo uwashaka kwumviriza ubwo nyene yahasanga ibishirira vy’umucanwa bimu rorereye

    Verse 10

    Natwe ntavyo twari tuzi yuko bashakirwa ishari bamwe baba ngaha kw’isi, canke Umuremyi wabo abashakira uburokoke

    Verse 11

    Mu vy’ukuri muri twebwe harimwo abantu beza n’abandi muri twebwe bateye ukundi, rero turi mu nzira zitandukanye

    Verse 12

    Natwe twari tuzi yuko tudashobora gutsinda Imana kuri iy’Isi kandi tudashobora kumwiyaka ngo twiruke

    Verse 13

    Natwe mugihe twumva ubwo burokoke twaciye tubwemera rero uwemeye Umuremyi wiwe ntazotinya kuzimbwa canke kwegekwako ibicumuro vy’uwundi muntu

    Verse 14

    Natwe harimwo bamwe muri twebwe bemeye kuba aba Isilamu hakaba n’abandi muri twebwe baguma bajuragirika bamaze kuba aba Isilamu abo nibo barondeye uburokoke

    Verse 15

    N’abajuragirika abo bazoba ari inkwi zo mu muriro udahera witiriwe Jahannamu

    Verse 16

    Iyo bafata nka nkama inzira igororotse twari kuba nywesha amazi menshi

    Verse 17

    Kugira ngo tubagerageze kuri ivyo vyose n’uwutitaho mu kwibuka Umuremyi wiwe, izomu sunika mubihano bigoye cane

    Verse 18

    Mu vy’ukuri amasengero yose nay’Imana, rero ntimusenge uwariwe wese hamwe n’Imana y’ukuri

    Verse 19

    Mu vy’ukuri umushumvyi w’Imana Muhammadi (aui) igihe yahagarara asaba Umuremyi wiwe bari hafi yukumurwako

    Verse 20

    Vuga uti:- Jewe nsenga Umuremyi wanje gusa, kandi sinda mugereranya n’ibindi bintu

    Verse 21

    Vuga uti:- jewe sindabaganza kugira ngo ndabagirire inabi, canke kubarongora

    Verse 22

    Vuga uti:- ntankeka ntan’umwe ashobora kunkingira n’Imana, kandi sinzoronka ibwicaro bw’amahoro atari kuriyo yonyene gusa

    Verse 23

    Mugabo mugushikiriza ubutumwa buvuye ku Mana hamwe n’amategeko yayo, hamwe n’abazokwiyonjorora ku Mana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa yayo ntankeka bazoronswa umuriro udahera witiriwe Jahannamu bazowubamwo mu buzima bwabo bwose

    Verse 24

    Kugeza aho bazobonera ivyo bemerewe, niho bazotahura uwariwe afise umufasha uhoya hoya n’uwufise igitigiri gitoyi

    Verse 25

    Vuga uti:- sindabizi yuko ivyo mwemerewe biri hafi canke Umuremyi wanje azo biha ikiringo kirekire

    Verse 26

    Niyo nyene ubumenyi bw’amabanga yose, kandi ntiyereka uwariwe wese amabanga yayo

    Verse 27

    Dukuye mwo intumwa yayo yemereye, uyo niyo yashiriye ho abamu kingira bari imbere yiwe n’inyuma yiwe

    Verse 28

    Kugira ngo atahure yuko bashikanye ubutumwa bw’umuremyi wabo, n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo bafise vyose, kandi niyo yafashe nka nkama igitigiri c’ibintu vyose