Back to Languages

    Rundi - Chapter 96

    Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba

    Verse 1

    N’usome kw’izina ry’Umuremyi wawe yaremye

    Verse 2

    Yaremye umuntu kukimanyu c’amaraso

    Verse 3

    N’usome, n’Umuremyi wawe n’umugira neza cane

    Verse 4

    Niyo yigishije umuntu ikoresheje ikaramu

    Verse 5

    Yigishije umuntu ibintu atari abifitiye ubumenyi

    Verse 6

    None s’ibi, mu vy’ukuri umuntu yama yishima

    Verse 7

    Akishima yuko yaronse ubutunzi

    Verse 8

    Ntankeka ingaruka ya bose iri ku Muremyi wawe gusa

    Verse 9

    Mbega wabonye umwe amubuza

    Verse 10

    Umuntu mweranda ariko arasenga

    Verse 11

    Mbega wabonye yuko ari hejuru y’uburongozi

    Verse 12

    Canke ategeka kugira ibikorwa vyiza

    Verse 13

    Mbega ubona gute ko yoba ari umuhakanyi w’Imana y’ukuri nugusubira inyuma

    Verse 14

    Mbega ntabumenyi afise yuko Imana imubona

    Verse 15

    None s’ibi, nata reka kugira ivyo agira, twebwe tuzomukwega kumishatsi yiwe yo kuga hori hori k’umutwe wiwe

    Verse 16

    Aga hori hori k’umubeshi gafise ibicumuro

    Verse 17

    N’ahamagare basoma mbike biwe bamufashe

    Verse 18

    Natwe tuzohamagara aba Marayika bo mu muriro udahera bamuhane

    Verse 19

    None s’ibi, ntumugamburukire, ahubwo n’upfukame ushire umutwe wawe hasi ube hafi cane y’Umuremyi wawe

    Unexpected Application Error!

    Unexpected token '<', "<!DOCTYPE "... is not valid JSON

    SyntaxError: Unexpected token '<', "<!DOCTYPE "... is not valid JSON