Back to Languages

Rundi - Chapter 98 - Al-Bayyinah

Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink

Verse 1 — Surah Al-Bayyinah 98:1

Bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri mu bantu bahawe igitabu gitagatifu, hamwe nabagereranya Imana n’ibindi bintu, ntibazoreka kugira ivyo basanganywe bagira, kugeza aho bazoshikirwa n’ivyemezo biri k’umugaragaro

Verse 2 — Surah Al-Bayyinah 98:2

Intumwa yavuye ku Mana ibasomera impapuro zisukuye

Verse 3 — Surah Al-Bayyinah 98:3

Muri izo harimwo amategeko akoma komeye

Verse 4 — Surah Al-Bayyinah 98:4

Kandi abo bantu ntibacanyemwo mubahawe igitabu c’Imana gitagatifu atari uko munyuma bashikiwe n’ivyemezo bashaka

Verse 5 — Surah Al-Bayyinah 98:5

Kandi ntibategetswe kugira icarico cose atari ugusenga Imana yonyene gusa, mugusukura idini ryiwe, n’ukureka gusenga amadini y’ubuzimire, hanyuma bace bahagarika amasengesho n’ugutanga imperezwa, iyo rero niyo dini ihagaze neza y’ukuri

Verse 6 — Surah Al-Bayyinah 98:6

Ntankeka bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri mu bantu bahawe igitabu c’Imana c’ukuri, hamwe n’abagereranya Imana n’ibindi bintu, bazo kwinjira mu muriro udahera witiriwe Jahannamu bawicare mwo mu buzima bwabo bwose, kuko abo nibo biremwa bibi cane

Verse 7 — Surah Al-Bayyinah 98:7

Mu vy’ukuri bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, abo nibo bantu beranda mubiremwa vy’Imana

Verse 8 — Surah Al-Bayyinah 98:8

Impembo yabo iri ku Muremyi wabo, n’imirima y’ubuzima bwabo bwose budahera, kuko muriyo haca imbere yabo imyonga, baze babeyo mu buzima bwabo bwose, kuko Imana yarabemereye nabo barashima, iyo mpembo ni kuri urya muntu atinya Umuremyi wiwe