Back to LanguagesPrevious ChapterNext Chapter
Rundi - Chapter 13 - Ar-Rad
Translation by Sheikh Amissi Radjabu Ntamba — Permalink
Verse 1 — Surah Ar-Rad 13:1
Alif, Laam, Miiym, Ra. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa). Izi ndome ziri muri iki gitabu hamwe n’ivyamanuriwe kuri wewe ntumwa y’Imana bivuye k’Umuremyi wawe arivyo vy’ukuri, mugabo abantu benshi ntibavyemera nagatoyi
Verse 2 — Surah Ar-Rad 13:2
Imana niyo yareruye amajuru adafise inkingi nkuko namwe muvyibonera hanyuma ica iganza hejuru y’inyegamo yayo, nukugamburutsa Izuba hamwe n’Ukwezi kimwe muri ivyo kiguma kibandanya kugeza kumwanya cagenewe, Imana rero niyo igendesha ibintu, nayo niyo itandukanya aya majambo yayo matagatifu kugira ngo muronke icizero cuko muzohura n’Umuuremyi wanyu
Verse 3 — Surah Ar-Rad 13:3
Nayo niyo yashashe Isi nugushira muriyo Imisozi n’Inzuzi, no muvyamwa vyose ibigiramwo ubwoko bubiri, ifuka ijoro hejuru y’umutaga mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso kubantu biyumvira
Verse 4 — Surah Ar-Rad 13:4
No kw’Isi harimwo ibimanyu bimatanye hakaba n’ahandi harimwo imirima y’imizabibu, n’izindi mbuto hamwe n’imitende y’imivyaro yavyo mw’itsina rimwe hamwe n’ibindi bitamerera kugitsina kimwe, vyose binywesherezwa nayo mazi nyene, kandi tukabigira neza bimwe murivyo mukubifungura, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibimenyetso ku bantu bashira ibintu mubwenge
Verse 5 — Surah Ar-Rad 13:5
Niwaba ufise igitangaro, rero ico gutangaza gusumba n’imvugo yabo ivuga iti:- mbega nitwaba twamaze kuba ivu, nivy’ukuri tuzoba murindi remwa rishasha, abo nibo bantu bahakanye Umuremyi wabo, kandi abo nibo bazoba bafise ibiziriko mumazosi yabo kandi abo nyene nibo bantu bo mumuriro udahera, muriwo bazowubamwo mu buzima bwabo bwose
Verse 6 — Surah Ar-Rad 13:6
Baguhimiriza ngo uzane amabi imbere y’ineza mugihe hamaze guhita ibihano vy’ubwoko bwose imbere yabo, mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ikigongwe kubantu biwe kubera ubuhemu bw’imitima yabo n’ibicumuro vyabo kandi mu vy’ukuri Umuremyi wawe arakaze cane muguhana
Verse 7 — Surah Ar-Rad 13:7
Bavuga babahakanyi b’Imana y’ukuri bati:- nikuki atamanuriwe ibitangaro bivuye kumuremyi wiwe, mu vy’ukuri wewe uri mubantu batuza, n’imirwi y’abantu bose irafise umuyobozi
Verse 8 — Surah Ar-Rad 13:8
Imana niyo ifise ubumenyi bw’ico umukenyezi wese yibungenze hamwe nicoba kigabanutse munda yiwe hamwe nicoba congerekanye kuriwe,vyose Imana irabizi, n’ikintu icarico cose kuriyo kiri kurugero rwaco
Verse 9 — Surah Ar-Rad 13:9
Uwufise ubumenyi bw’amabanga hamwe n’ibiri k’umugaragaro, n’Imana, nayo niyo nkuru kandi niyo iri hejuru y’ibintu vyose
Verse 10 — Surah Ar-Rad 13:10
Nivyiza k’umuntu anyegeza imvugo yiwe muri mwebwe hamwe n’uwuyiserura, n’uwuyinyegeza mw’ijoro hamwe n’uwuyiserura k’umurango
Verse 11 — Surah Ar-Rad 13:11
Irafise umurwi uri imbere yiwe hamwe n’uwundi uri inyuma yiwe yabamucungera kw’itegeko ry’Imana, mu vy’ukuri Imana ntihindura ibiri mu bantu kugeza aho bazohindura ibiri mumitima yabo, n’Imana mugihe ibashakiye abantu ibihano ntakintu gishobora gukingira, canke ntawufise inkinzo uwariwe wese atari Imana yonyene gusa
Verse 12 — Surah Ar-Rad 13:12
Niyo ibereka umuravyo w’ubwoba hamwe n’itamariro ry’ukuronka imvura nukuzana ibicu biremereye cane
Verse 13 — Surah Ar-Rad 13:13
N’inkuba iratakambira Imana nugushima hamwe n’abamarayika mukuyitinya, n’Imana itwara imituragaro y’inkuba nukuyikubita uwo yishakiye, nabo baharira kubera Imana mugihe bazi yuko ikaze cane muguhana
Verse 14 — Surah Ar-Rad 13:14
Iwe niho hari ibisabisho vy’ukuri nabamwe basaba ibitari Imana ntanakimwe babishura ahubwo nink’uwugorora amaboko yiwe abiri mumazi kugirango ayo mazi ashike mukanwa kiwe, mugabo ntashike kandi ntabisabisho vy’abatemera Imana yabo y’ukuri bibaho atari uko ari ubuzimire gusa
Verse 15 — Surah Ar-Rad 13:15
Bapfukamira Imana abari mumajuru no kw’Isi kugushaka kwabo canke kunguvu, n’ibitutu vyabo bishira imitwe yavyo hasi kuva mugitondo kugeza kumugoroba
Verse 16 — Surah Ar-Rad 13:16
Vuga uti:- ni nde Muremyi w’Amajuru n’Isi? Usubire uvuge uti:- n’Imana, vuga uti:- mbega mugira izindi mana atari yo ? Mugihe izo mana ataco zifashije kubera imitima yabo canke ukwikwegerako agahengwe canke ukwikurako inabi, vuga uti:- mbega boshobora kungana impumyi hamwe n’umuntu abona? Canke birashoboka kungana k’umwijima hamwe n’umuco, canke bagiriye Imana kuba ari basomambike bayo baremye nkuko Imana yabaremye kuri ivyo biremwa vyabahenze, vuga uti:- Imana niyo rurema w’ibintu vyose, kandi niyo yonyene rudende icisha aho yishakiye
Verse 17 — Surah Ar-Rad 13:17
Niyo yamanuye amazi avuye mubicu hamwe n’imyaba icishamwo amazi ahagije kurugero rwayo, n’imyuzurire y’amazi itwara ifuro riri hejuru y’amazi, no muri bimwe bashusha mumuriro bashakamwo ibisharizo canke ibindi bikoresho hagaca haboneka ifuro nkuko nyene, uku rero niko Imana itanga akarorero k’ukuri n’ikinyoma hanyuma ryafuro rikagenda nk’umwanda gusa, rero bimwe bibafitiye akamaro kuribo biba ng’aha kw’Isi, uku niko Imana itanga akarorero
Verse 18 — Surah Ar-Rad 13:18
Bazoronka ineza nziza bamwe bitaba akamo k’Umuremyi wabo yabateye, nabamwe batitabiye ako kamo naho boba bafise ibiri ngaha kw’Isi hamwe n’ibindi nk’ivyo, ntankeka bari gubitanga mukwikombora kwabo, abo bazoba bafise ibiharuro bibi cane n’ubwicaro bwabo buzoba ari ubwo mumuriro udahera witiriwe Jahannamu, kandi n’ahantu habi cane naho hameze gute
Verse 19 — Surah Ar-Rad 13:19
Mbega uwufise ubumenyi yuko ivyamanuwe kuri wewe bivuye ku Muremyi wawe ari ivy’ukuri ninkakumwe kw’impumyi ? Abafise ubwenge nibo bategera
Verse 20 — Surah Ar-Rad 13:20
Abakwiza amasezerano y’Imana kandi batarenze kuyandi masezerano y’abandi bantu
Verse 21 — Surah Ar-Rad 13:21
N’abateranya ivyo Imana yategetse ngo vyungwe, n’ugutinya Umuremyi wabo n’ugutinya ibiharuro bibi
Verse 22 — Surah Ar-Rad 13:22
N’abantu batenyenya barondera impuhwe z’Umuremyi wabo n’uguhagarika amasengesho hamwe nugutanga muvyo twabahaye mumbari no k’umugaragaro, n’ugukuraho amabi basubizaho ineza, abo nibo bazoronka impembo nziza y’ingoro yo mw’ijuru
Verse 23 — Surah Ar-Rad 13:23
Imirima y’ubuzima budahera bazokwinjiramwo hamwe n’abagize ineza kubavyeyi babo hamwe n’abatambukanyi babo hamwe n’uruvyaro rwabo, hamwe n’Abamarayika binjira mumiryango yose
Verse 24 — Surah Ar-Rad 13:24
Amahoro y’Imana abe kuri mwese kandi abe kuri mwebwe kubera yuko mwihanganye, rero n’ibikorwa vyiza bimeze gute vy’ingaruka y’inyubakwa yo mw’ijuru kubagamburukira Imana
Verse 25 — Surah Ar-Rad 13:25
Nabamwe basenyura amasezerano y’Imana munyuma yaho yamaze gupfundikwa nukwanka ivyategetswe n’Imana yategetse ngo ntapfundikwe nukugira ubwononyi ngaha kw’Isi, abo bantu nibo bazoronka umuvumo w’Imana nukuronka inzu mbi cane
Verse 26 — Surah Ar-Rad 13:26
Imana yugururira imigisha yayo kuwo yishakiye nukuyima uwo yishakiye, abandi bakanezerezwa n’ubuzima bwo ng’aha kw’Isi n’ubuzima bwo ngaha kw’Isi ubugereranije n’ubuzima bwo mw’ijuru ntakintu kirimwo ahubwo nukwinezereza gutoyi gusa
Verse 27 — Surah Ar-Rad 13:27
Abahakanye Imana yabo y’ukuri bavuga bati:- ni kuki atamanuriwe ibitangaro bivuye ku Muremyi wiwe? Wewe vuga uti:- mu vy’ukuri Imana yama ireka umuntu agatakara kugushaka kwayo kandi ikarongora abatumbereye iwe
Verse 28 — Surah Ar-Rad 13:28
Nibarya bemeye Imana yabo y’ukuri n’imitima yabo ikaba ihumuye neza mukwibuka Imana, namwe nimwumvirize neza mukwibuka Imana imitima yabo ihumuye
Verse 29 — Surah Ar-Rad 13:29
Bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri nukugira ibikorwa vyiza, umunezero uzoba ari uwabo n’ingaruka nziza
Verse 30 — Surah Ar-Rad 13:30
Uko rero niko twakuzanye mubantu bamaze kuhita imbere yabo n’abandi bantu kugira ngo ubasomere kuvyo twaguhaye, nabo bakaba bahakana nyene Imigisha mininiya wewe vuga uti:- niwe Muremyi wanje kuko ntayindi Mana isengwa atariyo yonyene ikaba ariyo nizeye n’ingaruka yanje nikuriyo
Verse 31 — Surah Ar-Rad 13:31
Iyo haba iyi Qur’ani nyeranda hakaba muriyo imisozi yari gukurwaho canke kuriyoSi yari gusatagurika, canke abitavye Imana yabo bari kuvugishwa, mugabo si uko rero ibintu vyose nivy’Imana, mbega ntibaramenya abemeye Imana yabo y’ukuri yuko Imana iyo ibishaka ntankeka yari kurongora abantu bose, canke ivyago ntibizoreka kubashikira bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri kubera ivyo bagize, canke hazomanuka ubu vuba no mubisagara vyabo kugeza aho hazoshika indagano y’Imana, mu vy’ukuri Imana ntita indagano yayo
Verse 32 — Surah Ar-Rad 13:32
Mu vy’ukuri intumwa z’Imana zarakengerewe, cane cane muntumwa zabayeho imbere yawe nanje sinabahanye ningoga na ningoga muri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri munyuma yaho niho nabifatira mumaboko yanje, mbega ibihano vyanje vyari bimeze gute
Verse 33 — Surah Ar-Rad 13:33
Mbega uhagarikiye umutima w’umwumwe kuvyo wagize, bakaba bagiriye Imana mukuyi gereranya n’ibindi bintu, wewe vuga uti:- nimubavuge abo mugereranya nabo n’Imana canke muyibwira ivyo itazi biri ngaha kw’Isi canke n’amajambo agaragara gusa, rero abo bahakanyi b’Imana y’ukuri basharijwe n’ivyo badukana navyo nukuzitira inzira y’ukuri, rero uwo Imana yatakaje ntawundi amurongora
Verse 34 — Surah Ar-Rad 13:34
Barafise ibihano vyo mubuzima bwo ngaha kw’Isi kandi ntankeka ibihano vy’umusi w’umuhero w’Isi nibigoye cane, kandi ntawuzoba kingira imbere y’Imana
Verse 35 — Surah Ar-Rad 13:35
Akarorero k’Ijuru bemerewe kubatinya Imana yabo y’ukuri, imbere yabo niho haca imyonga n’ivyamwa vyaho nivy’ubuzima budahera hamwe n’igitutu caho nyene, aya niyo maherezo ya bamwe bemera Imana yabo yukuri, n’imperuka y’abahakanyi b’Imana nimuriro udahera gusa
Verse 36 — Surah Ar-Rad 13:36
Nabo twahaye igitabu banezerezwa nivyo wamanuriwe nomumirwi yabo bahakanyi b’Imana harimwo ivyo banka, bimwe muri ibi, rero nuvuge uti:- jewe nategetswe gusenga Imana yanje gusa, kandi sindayigereranya n’ibindi bintu, niyo ntakambira kandi niwe niho hari ingaruka yanje
Verse 37 — Surah Ar-Rad 13:37
Uku rero niko twamanuye iyi Qur’ani ntagatifu mugihe ari itegeko ry’Imana ryamanuwe muririmi rw’icarabu, niwakurikira itamariro ryabo mugihe umaze gushikirwa nubu bumenyi umenye yuko utazoba ukironse umugenzi canke uwugukingira imbere y’Imana
Verse 38 — Surah Ar-Rad 13:38
Twararungitse intumwa z’Imana imbere yawe, nukubaha abakenyezi hamwe n’ibibondo, kandi ntibishoboka kuntumwa y’Imana kuzana igitangaro icarico cose atari kw’itegeko ry’Imana, rero umwanya uwariwo wose urafise amategeko yanditwse n’Imana
Verse 39 — Surah Ar-Rad 13:39
Imana ihanagura ivyo yishakiye n’ukuvyemeza, kandi n’amamuko y’amategeko yose ari ku Mana yonyene
Verse 40 — Surah Ar-Rad 13:40
Tukweretse bimwe mubihano twabemereye canke tukwishe, rero kuri wewe gushikana ubutumwa bwivyo wategetswe kugira gusa, no hejuru yacu nukuba harura gusa k’umusi w’imperuka
Verse 41 — Surah Ar-Rad 13:41
Mbega ntibabonye yuko dushikira Isi yabo nukuyi gabangura kumbibe zayo, n’Imana itegeka k’ukuri, kandi ntawuharira kw’itegeko ryayo, nayo iroroshe muguharura
Verse 42 — Surah Ar-Rad 13:42
Baragize ingeso bamwe batemera Imana yabo y’ukuri bamwe bamyeho imbere yabo, mugabo ingeso zose niku Mana kuko niyo ifise ubumenyi bw’ivyo ikiremwa muntu wese agira nayo abahakanyi b’Imana yabo y’ukuri bazotahura inyishu nziza y’ingoro yo mw’Ijuru yuko izoba ari ayande
Verse 43 — Surah Ar-Rad 13:43
Bavuga bamwe batemera Imana yabo y’ukuri bati:- wewe nturi intumwa y’Imana y’ukuri, nawe nubishure uti:- Imana yonyene irahagije kuba ariyo cabona hagati yanje namwebwe hamwe nurya afise ubumenyi bw’igitabu gitagatifu